ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Ndamukiza rup. 8-13
  • Ya «Mana y’ukuri» yama ishitsa ivyo isezerana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ya «Mana y’ukuri» yama ishitsa ivyo isezerana
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IMVO ZOTUMA TWIZIGIRA YA MANA Y’UKURI
  • YA MANA Y’UKURI IRASHITSA IVYO ISEZERANA
  • YA MANA Y’UKURI IRAKORANIRIZA HAMWE ABANTU BOSE BAKUNDA UKURI
  • TURIZIGIRA KO YEHOVA AZOSHITSA IVYO YASEZERANYE
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Niwizigire umwe Segaba w’ibiriho vyose
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Woba ushobora gutandukanya ukuri n’ikinyoma?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Ndamukiza rup. 8-13

8-14 RUHESHI 2026

URURIRIMBO RWA 8 Yehova ni we buhungiro bwacu

Ya «Mana y’ukuri» yama ishitsa ivyo isezerana

«Warancunguye, ewe Yehova Mana y’ukuri.»—ZAB. 31:​5, akajambo k’epfo.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ivyotuma turushiriza kwizigira ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye vyose be n’uko vuba Ubwami bwiwe buzokuraho burundu ibinyoma vyose vya Shetani.

1. Twisunze Zaburi 31:​2-5, kubera iki twokwizigira Yehova?

TUBAYE mw’isi itwarwa na Shetani aho ibinyoma, uruhendo, be n’ubuhemu vyiraye. Biragoye kumenya uwo wokwizigira. Abadandaza benshi usanga ari abanyamanyanga. Abahayanisha ibidandazwa barabesha abantu kugira ngo babashorere. Vyongeye, abantu bamwebamwe ntibacizera mbere n’ivyo abagenzi babo somambike bavuga. Naho ari ukwo, birahumuriza kumenya ko dushobora kwama twizigira Yehova. Kanatsinda, ni «Imana y’ukuri.» (Soma Zaburi 31:​2-5, akajambo k’epfo.) Ukuri kuri mu bigize kamere ziwe. Ku bw’ivyo rero, turakwiye kwizigira duherejeko ko yama ashitsa ivyo asezerana vyose.

2. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

2 Muri iki kiganiro, tuza guhera ku kurimbura imvo zimwezimwe zotuma twizigira Yehova duherejeko. Ubukurikira, turaza kubona ingene Yehova ya Mana y’ukuri azokuraho iyi si mbi ya Shetani be n’ivyo ariko arakora ubu kugira azoshitse ivyo yasezeranye. Vyongeye, iki kiganiro kiraza kudufasha kubandanya twamamaza ata bwoba.

IMVO ZOTUMA TWIZIGIRA YA MANA Y’UKURI

3. Kubera iki dukwiye kwizigira Yehova duherejeko?

3 Turakwiye kwizigira Yehova kubera ko ari Umuremyi wacu. Ni we yaremye ijuru n’isi kandi ni we Soko ry’ibiri n’ubuzima vyose. (Ita. 1:1; Zab. 36:9; Ivyah. 4:11) Ni we kandi ibinyabuzima vyose bizeyeko uburaro n’uburamuko. Igihe yarema isi, yarayitunganije ku buryo ibinyabuzima biri kuri yo bibandanya kuronka ibibibeshaho. Vy’ukuri, ni we azokwama agaba akaganza ibiriho vyose. Kubera ko ari we Muremyi wacu, akaba n’Imana y’ubukerebutsi n’ububasha ntangere, birakwiye gutuma twizigira ko ashoboye kutuyobora mu buzima no kuturonsa kazoza keza.

4. Twemezwa n’iki ko Yehova adukunda?

4 Turakwiye kwizigira Yehova kubera ko adukunda. Yehova yaremye abantu kugira ngo na bo bahimbarirwe ingabire y’ubuzima. Yaseruye umugambi yari afise mu kuvuga ati: «Tureme umuntu mw’ishusho yacu, asa natwe.» (Ita. 1:26) Yaraduhaye ubushobozi bwo kwihitiramwo, aduha n’isi nziza cane yo kubako. (Zab. 115:16) Vyongeye, yarateye agateka kadasanzwe abavyeyi bacu ba mbere ko guhindura iyi si yose iparadizo. (Ita. 1:28; 2:15) Yaranabaronkeje ivya nkenerwa vyose vyari gutuma bahimbarirwa ubuzima. Vy’ukuri, ivyo birerekana ko «urukundo rwa Yehova rwamaho ibihe vyose.»—Zab. 103:17.

5. (a) Yehova yerekanye gute ko yama ashitsa ivyo asezerana, naho Shetani yagize utwigoro two guhonya umuryango w’abantu? (b) Ni imihango imwimwe iyihe Imana yashikije? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Imana yama ivuga ukuri.»)

5 Turakwiye kwizigira Yehova kubera ko yama ashitsa ivyo asezerana. Yehova ‘ntiyaremye isi ngo ibeko ubusa ahubwo yayiremye kugira ngo ibeko abantu.’ (Yes. 45:​18, 19) Igihe Adamu na Eva bagarariza, bari bikwegeye urupfu. Ivyo vyatumye umugambi w’Imana usa nk’aho uhagaze. Ariko rero Yehova yama ashitsa ivyo asezerana vyose. (Yes. 46:​10, 11) Umugambi yari afise w’uko isi ibako abantu batunganye ntiwigeze uhinduka. Ni co gituma Yehova yaretse Adamu na Eva bakibaruka abana. Vyongeye, yaratanze Umwana wiwe w’ikinege kugira ngo acungure abokomotse kuri Adamu, maze bagire icizigiro ciza igitangaza co kubaho ibihe bidahera.—Yoh. 3:16.

Imana yama ivuga ukuri

Raba imihango imwimwe Yehova yashikije:

  • Yasezeraniye Musa ko Abisirayeli bobaye mu gihugu cabo bwite gitemba amata n’ubuki.—Kuv. 3:​6-8; Gus. 27:3.

  • Yasezeranye ko Mesiya yoje agakura umuryango w’abantu mu buja bw’icaha n’urupfu.—Yes. 53:​11, 12.

  • Yasezeranye ko inkuru nziza yokwamamajwe kw’isi yose kugira ngo abantu bamenye ibimwerekeye imbere y’uko umuhero uza.—Mat. 24:14.

Ubona gute wiyumviriye ubundi burorero bw’ingene Yehova yashikije ivyo yasezeranye?

YA MANA Y’UKURI IRASHITSA IVYO ISEZERANA

6. Inyuma ya bwa bugarariji bwo muri Edeni, ni ibiki Yehova yavuze ko vyobaye?

6 Uwoheje Adamu na Eva kugarariza Imana, ni «ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani.»a (Ivyah. 12:9; Ita. 3:​4, 5; Yoh. 8:44) Ivyo vyatumye Yehova amucira urubanza rw’uko amaherezo yoranduwe. (Ita. 3:15) Ariko imbere y’uko ivyo biba, abantu benshi bogiye ku ruhande rwa Shetani kandi bakigana inyifato yiwe. Ariko rero, abantu bamwebamwe bogumye ari intahemuka kuri Yehova.

7. Ni bande bari ku ruhande rwa Shetani, kandi ni ibiki bizobashikira?

7 Abari ku ruhande rwa Shetani, ni abamarayika b’abagarariji be n’abantu badakora ivyo Imana igomba. Kubera ko barwanya umugambi w’Imana, bituma baba mu bagize uruvyaro rwa Shetani. Ariko rero igihe Imana yashinze nicagera, Shetani n’abari ku ruhande rwiwe bazorandurwa.—Dan. 2:44; Rom. 16:20.

8. Yezu yakoze iki mu 1914? (Raba n’amafoto.)

8 Twemezwa n’iki ko umugambi Imana ifise wo gukuraho Shetani n’abari ku ruhande rwiwe uzoranguka? Mu 1914, Yezu yaratanguje intambara yo kurwanya Shetani n’amadayimoni yiwe, aca abakororera kw’isi. (Ivyah. 12:​7-9) Naho iyo ntambara yabereye mw’ijuru, abantu bo kw’isi barashikiwe n’ingaruka zayo. Bibiliya ivuga iti: «Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani yabamanukiye afise ishavu ryinshi, azi ko asigaje igihe gito.» (Ivyah. 12:12) Kuva mu 1914, Shetani ariko arazimiza abantu bo kw’isi yivuye inyuma kandi ivyo bituma ingorane zirushiriza kwunyuka. Vy’ukuri, ‘isi iragowe’. Ariko rero, vuba Yezu ‘azosozera intsinzi yiwe’ mu kurandura Shetani n’abamushigikiye bose. (Ivyah. 6:2) Yezu azotuma izina rya Yehova ryezwa rimwe rizima. (Zab. 45:​4-6) Abantu bose bazomenya ko Yehova ari Imana y’ukuri.—Ezk. 38:23.

Amafoto: Ibintu biriko biraba kw’isi kuva 1914. 1. Shetani uwugereranywa n’igisato gifise imitwe indwi, araririjwe kw’isi. 2. Abasoda binyegeje ku nkombe y’umufurege mu gihe c’intambara. 3. Ivyotsi bivuye ku kibombe gituritse. 4. Umuvyeyi atagira aho aba yicaye kw’ibarabara, akaba ateruye umwana wiwe ariko ararira. 5. Umusoda atumbereje inkoho kugira arase. 6. Umugabo ariko aragendagenda mu bisigarira vy’igisagara casambuwe. 7. Ihinguriro ririko rirekurira mu kirere ivyuka bibi. 8. Abantu bariko baragendagenda mu gisagara bambaye udupfukamunwa. 9. Abantu bari mu myiyerekano bariko baratana mu mitwe n’abapolisi.

Intambara ya mbere y’isi yose: U.S. National Archives photo; ikibombe: USAF photo; ibiza: blvdone/stock.adobe.com; riot: inhauscreative/E+ via Getty Images

Kuva mu 1914, ingorane zararushirije kwunyuka kw’isi (Raba ingingo ya 8)


YA MANA Y’UKURI IRAKORANIRIZA HAMWE ABANTU BOSE BAKUNDA UKURI

9. Ni bande Yehova ariko arakoraniriza hamwe muri iki gihe?

9 Yehova aramaze igihe ariko arakoraniriza «hamwe ibintu vyose muri Kristu, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi.» (Ef. 1:10) «Ibintu vyo mw’ijuru» vyerekeza ku barobanuwe, abo Yehova yahisemwo ngo bazofadikanye na Kristu kuganza mw’ijuru. «Ibintu vyo kw’isi» na vyo vyerekeza ku bazoba mw’iparadizo ibihe bidahera ng’aha kw’isi. Abo basavyi ba Yehova bose barakorana umwete mu gushira ku mugaragaro ibinyoma vya Shetani no mu gufasha abafise agatima kabereye kumenya ukuri.

10. Yehova ariko afasha abantu gute kumenya ukuri? (Ivyahishuwe 14:​6, 7)

10 Yehova ariko akoraniriza hamwe abantu bakunda ukuri biciye ku gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose vyigeze gukorwa kw’isi, na co akaba ari ukwamamaza inkuru nziza. (Soma Ivyahishuwe 14:​6, 7.) Naho Yehova akoresha abantu kugira babwire abandi inkuru nziza, abamarayika na bo nyene baragira uruhara mu gufasha abantu bafise agatima kabereye kuza mw’ishengero. Ico gikorwa co kwamamaza kirashira ku mugaragaro ibinyoma vyigishwa na Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, iyo Shetani amaze ibinjana n’ibindi akoresha mu gukwiragiza ibinyoma ku vyerekeye Yehova. (Ivyah. 18:​2, 4) Vuba amadini yose y’ikinyoma azokurwaho ubutakigaruka, kandi abakunda ya Mana y’ukuri bose bazoyiha ubuninahazwa ibereye.—Ivyah. 17:16.

11. Twomenya gute abasavyi ba Yehova b’ukuri?

11 Yehova azana abantu bose mw’ishengero ryiwe ataravye icubahiro bafise, uko ivyabo vyifashe mu vy’ubutunzi, imico yabo canke igihugu bavamwo. (Ivyah. 7:​9, 10) Igihe bumva «inkuru nziza» baratahuye ko bubuye ukuri, baca barifatanya n’abasavyi ba Yehova babikunze. (Mrk. 13:10) Uko imyaka yagiye irarengana ni ko abasenga Imana mu buryo yemera bagiye bararushiriza kwibonekeza. Kanatsinda, umuhanuzi Malaki yavuze ati: «Muzokwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.» (Mal. 3:18) Inyifato nziza abasavyi ba Yehova bagaragaza be n’igikorwa co kwamamaza barangura, birerekana ko ari bo basenga ya Mana y’ukuri.

12. Igikorwa co kwamamaza gifasha gute mu gushitsa umugambi wa Yehova?

12 Igihe twamamaje «inkuru nziza y’Ubwami» tuba tugamburutse itegeko rya Yezu, ariko kandi tuba turiko turashitsa ubuhanuzi. (Mat. 24:14; 28:​18-20) Ico gikorwa kiriko kiratuma abantu bo hirya no hino kw’isi baba abigishwa ba Kristu, bakagira n’icizigiro co gusenga ya Mana y’ukuri ibihe bidahera. Ese ukuntu ari agateka kadasanzwe kugira uruhara mu gushitsa umugambi wa Yehova!

TURIZIGIRA KO YEHOVA AZOSHITSA IVYO YASEZERANYE

13. Shetani arwanya canecane bande, kandi kubera iki?

13 Shetani afise ishavu ryinshi kubera azi yuko ‘hasigaye igihe gito’ ngo isi yiwe isangangurwe. (Ivyah. 12:​12, 13) Ararwanya canecane abaserukira Ubwami bw’Imana ng’aha kw’isi, ni ukuvuga «abubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bagakora igikorwa co gushingira intahe Yezu.» (Ivyah. 12:17; 14:12) Vyongeye, ararwanya abo bose babashigikira kandi bakifatanya na bo mu gikorwa co kwamamaza.

14. Bizogenda gute Shetani niyatera abasavyi ba Yehova? (Raba n’ifoto yo ku gipfukisho.)

14 Inyuma y’isangangurwa rya Babiloni Akomeye, abari ku ruhande rwa Shetani bazogaba igitero sindamusiga ku basavyi ba Yehova. Ico gitero ni co kizoba imbarutso y’intambara ya Harumagedoni. (Ivyah. 16:​13, 14, 16) Yezu ari kumwe n’ingabo zo mw’ijuru bazorokora abasavyi ba Yehova, bongere basangangure ibintu vyose vy’isi ya Shetani bizoba bisigaye. (Ivyah. 19:​19-21) Ababeshi bose, ababisha be n’abakora ivy’uruhendo ntibazoba bakiriho. (Ivyah. 21:8) Emwe, ya Mana y’ukuri n’ubugororotsi izokwezwa bimwe bishitse.

Yezu n’ingabo ziwe zo mw’ijuru bari ku mafarasi yera, bakaba bariko bararwanya ingabo zo kw’isi. Yezu afoye umuheto wiwe, abandi bamarayika na bo bafise inkota.

Yezu n’ingabo ziwe zo mw’ijuru bari ku mafarasi mu gihe c’intambara ya Harumagedoni, bakaba baje guhonya abansi b’Imana (Raba ingingo ya 14)


15. Kubera iki twokwizigira ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye? (Yesaya 65:​16, 17) (Raba n’ifoto.)

15 Muri iki gihe, isi iguma irushiriza kwicamwo imice. Naho ari ukwo, Yehova arafasha abasavyi biwe kuguma bunze ubumwe. Vyongeye, arabandanya kuzana abantu mw’ishirahamwe ryiwe. Nta kintu na kimwe cobuza Yehova guhezagira abasavyi biwe n’igikorwa bariko baramukorera. (Soma Yesaya 65:​16, 17.) Turizigiye ko azoshitsa ivyo yasezeranye. Amajambo intumwa Pawulo yavuze mu Baroma 8:​38, 39 aradukura amazinda. Yavuze ko «rwaba urupfu, canke ubuzima, canke abamarayika, canke intwaro, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha, canke uburebure bw’amahagarara, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.»

Abavyeyi bari kumwe n’abana babo kw’ibaraza, aho bashobora kubona ikiyaya giteye igomwe. Impande yabo hari igifaro kiriko kirarisha.

Mw’isi nshasha, ingorane zidushikira ubu ntituzosubira no kuzibuka (Raba ingingo ya 15)


16. Ni imvo izihe zituma wizigira Yehova n’umutima wawe wose?

16 Turafise imvo zotuma twizigira Yehova ya Mana y’ukuri. Ni Umuremyi wacu kandi aradukunda cane. Abagize isinzi rinini baguma bongerekana cane, kubera ko abantu bo mu mahanga yose bariko baraza gusenga Yehova. (Yes. 60:22; Zak. 8:23) Turizigiye ko azoshitsa ivyo yasezeranye kandi ko vuba azokuraho Shetani n’ibinyoma vyiwe. Cokimwe na Dawidi, dusenga dusaba duti: «Hahezagirwe Yehova Imana, . . . we wenyene akora ibikorwa vy’agatangaza. Izina ryiwe rihambaye nirininahazwe ibihe vyose, kandi ubuninahazwa bwiwe bwuzure isi yose.»—Zab. 72:​18, 19.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni imvo izihe zotuma twizigira ya «Mana y’ukuri?»

  • Yehova azokuraho gute iyi si ya Shetani, kandi ni ibiki ariko arakora ubu mu gushitsa umugambi wiwe?

  • Kubera iki twokwizigira ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye?

URURIRIMBO RWA 2 Wewe witwa Yehova

a Bibiliya ntivuga ingene uwo mumarayika mubi yitwa mu ntango. Amazina yonyene akoreshwa mu kumudondora ni «Mubesheranyi» [Uwubeshera abandi], be na «Shetani» [Umwansi].

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika