11-17 RUSAMA 2026
URURIRIMBO RWA 7 Yehova we, uri inkomezi zacu!
Niwizigire umwe Segaba w’ibiriho vyose
‘Yehova, ni wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose!’—ZAB. 83:18.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Iki kiganiro kiraza kudufasha kurushiriza kwizigira ko Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose, congere kituremeshe ko azodufasha mu ngorane zose zodushikira ubu no muri kazoza.
1. Ni ibintu bibabaje ibihe vyashikiye Yobu?
WA MUGABO w’intahemuka Yobu yarashikiwe n’ingorane z’urutavanako. Yarabuze abana biwe, aratakaza amatungo yiwe, n’amagara yiwe arahasinzikarira. Ikigeretseko, ivyo bintu vyatumye atakaza icubahiro yari afise mu kibano. Abo twokwita «abagenzi» biwe na bo, ahanini bamubwiye amajambo yo kumuca intege. Mbere n’umugore wiwe yararengewe n’intuntu gushika aho amuhimiriza ngo ‘atuke Imana apfe.’ (Yobu 2:9; 15:4, 5; 19:1-3) Ivyo bintu bibabaje vyashikiye Yobu vyari gushobora gutuma atakaza icizere yari afitiye Imana, mbere akanakekeranya ko itoshoboye gukingira abasavyi bayo.
2-3. Ni ikintu ikihe twoshobora kwibaza, kandi ni ibiki tuza kwigira mu gitabu ca Yobu?
2 Rimwe na rimwe, na twebwe turashikirwa n’ibintu bibabaje vyoshobora gutuma tutaba tucizigira Yehova. Tubayeho mu «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.» (2 Tim. 3:1) Igihe rero dushikiwe n’ingorane z’urutavanako, twoshobora kurengerwa tukumva ko tudashobora kuzihanganira. Ibintu nk’ivyo vyaratumye abantu bamwebamwe bibaza nimba Yehova abitwararika vy’ukuri.
3 Nimba nawe vyaragushikiye ukibaza ikintu nk’ico, ntucike intege. Yobu yariboneye ko Yehova atigera aheba intahemuka ziwe. Na twebwe turakwiye kwizigira duherejeko uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Reka turabe ingene igitabu ca Yobu kibidufashamwo, mu kudukura amazinda kuri ibi bintu bibiri bihambaye: Ica mbere, Yehova wenyene ni we Segaba w’ibiriho vyose. Ica kabiri, Imana yacu Mushoboravyose irashoboye kuyobora ibintu biba mw’isi kugira ngo irangure umugambi wayo no kugira ngo ikingire abasavyi bayo ivyohava bibonkora kuri yo burundu.
SHETANI YARINJIRANYE NA BO
4. Ni bande bitavye inama yabereye mw’ijuru ivugwa mu gitabu ca Yobu?
4 Umusi umwe, abamarayika barakoraniye imbere ya Yehova mw’ijuru. Iyo nkuru yongerako iti: «Na Shetani yinjirana na bo.» (Yobu 1:6) Aho ni ho hantu ha mbere muri Bibiliya haboneka izina «Shetani» wa mwansi mukuru wa Yehova. Ico gihe, ntiyari agiharurwa mu bamarayika b’Imana b’abizigirwa. Yari yaramaze gucika umwansi wa Yehova, w’abamarayika b’abizigirwa, be n’uw’abantu b’intahemuka bo kw’isi. Ivyo Yehova yavuze mw’Itanguriro 3:15, birerekana ko Shetani atari agiharurwa mu bana biwe bo mw’ijuru. Shetani rero ntari mu bagize ‘wa mugore’ yotumye haboneka ‘rwa ruvyaro’, uwo mugore akaba agereranya umuryango wa Yehova ugizwe n’ibiremwa vy’impwemu.
5. Ivyavugiwe muri ya nama yabera mw’ijuru biduhishurira iki?
5 Ivyavugiwe muri ya nama yabera mw’ijuru, Yehova yarabitwandikishirije muri Bibiliya. Ivyo Shetani yavuze ico gihe birerekana neza ko ari umubeshi katwa kandi ko atagira ikinya. (Yobu 1:9; gereranya n’ Ivyahishuwe 12:10.) Vyongeye, ivyabereye muri iyo nama biradukura amazinda ko Yehova akoresha neza ububasha bwiwe budasanzwe. Birerekana kandi ko Mushoboravyose ashingira abandi akarimbi ntarengwa.
YEHOVA ARASHINGA AKARIMBI
6. Yehova yerekanye gute ko ari we Kizigenza muri ya nama yabera mw’ijuru? (Yobu 1:7, 8)
6 Soma Yobu 1:7, 8. Yehova yarerekanye ko ari we Kizigenza muri ya nama yabera mw’ijuru. Yabajije Shetani ati: «Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu?» Ico kibazo kirerekana ko Yehova yari azi neza umugambi mubi Shetani yari afitiye umusavyi wiwe w’umwizigirwa Yobu. Reka turabe ingene Yehova yakoresheje ububasha bwiwe budasanzwe mu gufasha Yobu.
7. Twisunze ibivugwa muri Yobu 1:10, 11, Shetani yashatse kuvuga ko abantu bakorera Yehova kubera iki?
7 Soma Yobu 1:10, 11. Kubera ko Yehova ari Mushoboravyose akaba na Segaba w’ibiriho vyose, arafise ububasha n’uburenganzira bwo gukora ibintu mu buryo abona ko bubereye. (Yer. 32:17; Dan. 4:35) Naho ari ukwo, Shetani yamwagirije ko akoresha ububasha bwiwe nabi. Ni nk’aho Shetani yagirije Yehova ko aha abantu bose igiturire, ushizemwo na Yobu, kugira bamusenge. Shetani kandi yashatse kuvuga ko abantu basenga Imana kubera gusa ivyo ibaha. None Yehova yaciye akora iki?
8-9. Ni akarimbi akahe Yehova yashingiye Shetani, kandi kubera iki? (Yobu 1:12) (Raba n’ifoto.)
8 Soma Yobu 1:12. Yehova yarahaye akaryo Shetani ko kwerekana nimba ivyo yavuga kwari ukuri, ariko amushingira akarimbi ntarengwa. Yamutegetse ati: «Ariko [Yobu] we ntihagire ico umugira.» Imbere y’abari muri iyo nama bose, Yehova yarashingiye Shetani akarimbi ntarengwa. Kubera ko Shetani ata bubasha yari afise bwo kurenga kuri iryo tegeko, nta kundi yari kubigenza atari ukwubahiriza ako karimbi yari yashingiwe. N’ubu ni ko bikimeze, ntashobora kurenga ku karimbi Yehova amushingira. Muri ubwo buryo, Yehova yari akoresheje ubukuru bwiwe n’ububasha bwiwe kugira akingire Yobu no kugira ngo yikureko iceyi Shetani yari yamwambitse.
9 Ibitero vya mbere Shetani yagavye kuri Yobu, nta co vyashitseko. Yobu yagumye ari intahemuka ku Muvyeyi wiwe wo mw’ijuru. (Yobu 1:22) Ariko rero, Shetani yari akibandanya umugambi wiwe mubi wo kugerageza Yobu.
Yehova yararetse Shetani arashikiriza ibirego vyiwe imbere y’abandi bamarayika (Raba ingingo ya 8-9)
10. Kubera iki Yehova yaretse Shetani ngo abandanye kugerageza Yobu? (Yobu 2:2-6)
10 Soma Yobu 2:2-6. Ubu hoho Shetani yaciye yongerereza akariro kugira ngo arabe ko Yobu yohemukira Yehova. Shetani yavuze ko Yobu yohevye akavuma Imana kugira ngo arabe ko yorokora igufa. Kugira ngo Yehova yerekane ko Shetani yari abeshe yaciye amureka arateza Yobu indwara ikomeye. Ariko rero, n’ico gihe Yehova yaramushingiye akarimbi. Yamubwiye ati: «Ariko gusa ntumwice.» N’ico gihe nyene nta kundi Shetani yari kubigenza atari ukwubahiriza akarimbi yari yashingiwe. N’ubu turasubiye kubona ko Yehova yerekanye ko ari Kizigenza, kubera ko Shetani atari gushobora kurenga akarimbi yari yamushingiye mu kugerageza Yobu.
YEHOVA AKIZA YOBU INGORANE YARIMWO
11. Yehova yahezagiye gute Yobu inyuma y’aho amukirije ingorane yarimwo? (Yobu 42:10-13)
11 Soma Yobu 42:10-13. Bimaze kugaragara ko Yobu atarota ahemukira Imana, Yehova yaciye ahagarika ibitero Shetani yariko aramugabako. Yehova yaciye afata ingingo yo gukura umusavyi wiwe w’intahemuka mu ngorane yarimwo. N’ico gihe nyene, Shetani nta bubasha yari afise bwo kurenga kuri iyo ngingo Yehova yari yafashe. Shetani ntiyari arekuriwe kubandanya agaba ibitero kuri uwo musavyi w’Imana w’umwizigirwa Yobu.
12. Tanga akarorero kerekana ingene Yehova yafashije abizigira ububasha bwiwe bwo gukiza.
12 Muri iki kiringo c’imisi y’iherezo, abatari bake bariboneye ububasha Yehova afise bwo gukiza abasavyi biwe. Nk’akarorero, mu gihe c’Abanazi mu 1945 hari Ivyabona vya Yehova 230 bakuwe mw’ikambi y’itunatuniro, bategekwa kugira urugendo rwari ruteye akaga gakomeye rwitiriwe urugendo rw’urupfu. Igishimishije bose bararokotse. Bafatiye kuri ivyo bintu bibabaje vyabashikiye, banditse bati: «Ikiringo c’ibigeragezo bikomeye ubu carangiye, kandi twebwe abarusimvye, abameze nk’abakuwe mw’ifuru y’umuriro, nta n’akotsi katunukako. . . . Ahubwo riho twuzuye inkomezi n’ububasha biva kuri Yehova.» Bongeyeko bati: «Dufise icipfuzo kimwe gusa . . . [inyuma] yo kuva mu cobo c’intambwe, na co akaba ari uko twokwemererwa kuguma dukorera Yehova . . . ibihe bidahera. Ico kintu ubwaco yoba ari impembo ikomeye kuri twebwe.»—Gereranya na Daniyeli 3:27; 6:22.
13. Ni igiki twokwizigira tudakeka igihe turi mu ngorane? (Raba n’ifoto.)
13 Mu buzima, na twebwe twoshobora gushikirwa n’ingorane zikomeye nk’aho umengo twaterewe mu cobo c’intambwe. (1 Pet. 5:8-10) Rimwe na rimwe, twoshobora gucika intege tukibaza nimba izo ngorane zizokwigera zihera. Mu bihe nk’ivyo, kwibuka inkuru ya Yobu birashobora kudufasha. Turakwiye kwizigira tudakeka ko Yehova afise ububasha bwo guhagarika ingorane turiko turacamwo. Ashobora kubigira muri iki gihe canke mw’isi nshasha yimirije. Ntazokwemera ko hagira umusi n’umwe wiyongerako ku gihe yashinze co gukuraho iyi si ya Shetani.
Yehova azoha impera abasavyi biwe b’intahemuka, nk’uko yabigiriye Yobu (Raba ingingo ya 13)
YEHOVA ARAKUNDA ABASAVYI BIWE B’INTAHEMUKA
14-15. Yehova abona gute ivyo guha impera abasavyi biwe b’intahemuka? (Yobu 14:15) (Raba n’ifoto yo ku gipfukisho.)
14 Soma Yobu 14:15. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ntiyigera aheba abasavyi biwe b’intahemuka. Arabakunda cane ku buryo n’iyo vyoshika bagapfa, azobazura bagasubira kuba bazima. Yehova azoruhurira abantu intuntu iterwa n’urupfu.—Yes. 65:17.
15 Naho Yobu yabandanije kuba mw’isi itwarwa na Shetani, inkuru yiwe dusanga muri Bibiliya irerekana ko Yehova yamukijije yongera aramuronsa ibintu vyinshi kuruta ivyo yari afise imbere y’uko ashikirwa n’ibigeragezo. Iyo mihezagiro Yehova yaronkeje Yobu, yari imponjo gusa y’ivyo azomukorera muri kazoza. Yehova yarerekanye ko yipfuza yuko abasavyi biwe b’intahemuka babaho bahimbawe vy’ukuri. N’ikivyemeza, n’uko asezeranira abantu bose baguma ari intahemuka yuko bazokwiberaho ibihe bidahera mw’iparadizo ng’aha kw’isi, bafise ubuzima bwiza. (Ivyah. 21:3, 4) Kubera ko ari Segaba w’ibiriho vyose, aripfuza kubikora. Kuzirikana kuri ico kintu biraduhumuriza cane igihe tuba turi mu ngorane.
Inyuma y’ibigeragezo vyashikiye Yobu, we n’umugore wiwe Yehova yarabahezagiye cane (Raba ingingo ya 14-15)
16. Ni ikindi kintu ikihe cotuma twizigira Yehova, umwe Segaba w’ibiriho vyose?
16 Inyuma y’imyaka myinshi, Yobu yahavuye apfa. Ariko kubera ko Yehova ari Mushoboravyose akaba na Segaba w’ibiriho vyose, arafise ububasha bwo gukuraho mbere n’urupfu. (Gus. 32:39) Nta n’umwe rero ashobora kumubuza kuzura abasavyi biwe yikundira, kandi azobigira ku gihe yashinze.—Rom. 8:38, 39.
NIWIZIGIRE YEHOVA UHEREJEKO
17. Twemezwa n’iki ko Shetani yananiwe kuzimanganya abasavyi ba Yehova?
17 Inkuru ya Yobu dusanga muri Bibiliya, iratuma tugira imvo zumvikana zo kwizigira Yehova duherejeko. Ntiworaba ingene dukenguruka kubona Shetani vyaramunaniye kuzimanganya abasavyi ba Yehova! Kubona muri iki gihe hari abantu nk’imiliyoni icenda bariko barakorera Yehova badahemuka, ni ikimenyamenya c’uko afise ububasha be n’uko ari we Segaba w’ibiriho vyose. Twariboneye akatari gake ko ibirwanisho vyacuriwe kuturwanya ata co vyigeze bishikako. (Yes. 54:17) Intwaro be n’amadini bikomakomeye, vyarananiwe kuzimanganya abasavyi ba Yehova basa n’abatagira gitabara. Vyongeye, nta kintu na kimwe coshobora kutubuza kubwira abandi ukuri kwerekeye Yehova no kwerekana ko Shetani ari umubeshi akaba n’umwicanyi. Mbere n’urupfu ntirushobora kudukanga kuko tuzi ko Yehova azozura abaguma ari intahemuka kuri we.—Hos. 13:14.
18. Kubera iki tudakwiye gutinya kazoza?
18 Kuzirikana ku nkuru ya Yobu birakomeza ukwizera kwacu, bigatuma tudatinya ivyodushikira muri kazoza. Mu gihe ca ya makuba akomeye, Shetani n’abayoboke biwe bazotera abasavyi b’Imana kuko bazoba basa n’abatagira gitabara. Ariko rero cokimwe no mu gihe ca Yobu, Yehova azoca akoresha ububasha bwiwe atume Shetani atazimanganya abasavyi biwe. Vuba, Yehova azokuraho burundu ingorane zose Shetani yakwegeye abantu. Shetani n’amadayimoni yiwe bazotererwa mu nyenga bamareyo imyaka 1000. (Luka 8:31; Ivyah. 20:1-3) Amaherezo, Shetani n’abamushigikiye bose bazorandurwa. (Ivyah. 20:10) Ico gihe, Shetani azoba afyonyowe umutwe nk’uko Yehova yari yarabivuze. Azozimanganywa ubutakigaruka.—Ita. 3:15; Rom. 16:20.
19. Abizigira Yehova baherejeko biteze impera iyihe? (Raba n’ifoto.)
19 Abasavyi b’Imana barashashaye kuzobaho mw’isi nshasha igiye kuza bafise ubuzima bwiza kandi bahimbawe vy’ukuri. Tuzobaho ubuzima bwiza cane kuruta uko tuvyibaza. Yehova asezerana ati: «Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.» (Ivyah. 21:5) None ivyo bisobanura iki? Kuva Adamu na Eva bacumuye, buzoba ari bwo bwa mbere abantu basubiye kubaho batoshwa canke ngo bacumukuzwe na Shetani n’amadayimoni yiwe. Emwe, tuzoba tuza twaruhurirwa! Nta wuzosubira kurara adatoye agatiro kubera imyitwarariko y’iyi si mbi. Kw’isi yose, abazorokoka Harumagedoni bazokwibonera ibitangaro vyinshi, ushizemwo no gukira indwara. Vyongeye, abacu bapfuye bazozuka. Tuzoca tubaho nk’ukwo Umuvyeyi wacu yari yaravyipfuje kuva mu ntango.
Yehova azohezagira cane abagumye ari intahemuka kuri we (Raba ingingo ya 19)
20. Twiyemeje gukora iki?
20 Magingo tugihanganye n’ingorane zo muri iyi misi y’iherezo, turakeneye umutima rugabo kugira ngo tugume turi intahemuka. Nimuze rero twiyemeze kwizigira Yehova duherejeko twongere tuyobokere ubukuru bwiwe. Ese twobandanya gukunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, gutyo tukerekana ko Shetani ari umubeshi. Ego cane, turizigira ko nitwaguma turi intahemuka kuri Yehova, umwe Segaba w’ibiriho vyose, tuzokwironkera ivyiza yadusezeraniye kubera ko ashashaye guhezagira abasavyi biwe.
URURIRIMBO RWA 153 Numpe umutima rugabo