Ku wa gatanu, 16 Gitugutu
Ntimureke ngo abatware umutima, kandi ntimwiyerereze mu nzira ziwe.—Imig. 7:25.
Inkuru Salomo yavuze irerekana ibintu vyoshobora gushikira umusavyi wa Yehova uwo ari we wese. Yoshobora kugwa mu gicumuro gikomeye hanyuma akavuga ko yakiguyemwo bukwi na bukwi. Ariko rero asubije ubwenge inyuma akaraba ingene ibintu vyagenze, hari aho yosanga hariho intambwe zitabereye yabanje gutera zamushikanye kuri ico gicumuro. Izo ntambwe zoshobora kuba ari ukwifatanya n’abagenzi babi, ukwisamaza mu buryo butabereye, kuja ahantu hateye amakenga, canke kuja ku mbuga zo kuri internet ziteye amakenga. Hari n’aho yosanga yari yarahevye gusenga, gusoma Bibiliya, kwitaba amakoraniro canke kuja mu ndimiro. Cokimwe na wa musore avugwa mu Migani, yoshobora gusanga ico gicumuro atakiguyemwo bukwi na bukwi nk’uko avyiyumvira. None icigwa ni ikihe? Ntidukwiye kwirinda igicumuro gusa, ahubwo turakwiye no kwirinda gutera intambwe zodushikana kuri co. Ico ciyumviro ni co nyene Salomo ashira ahabona ahejeje kuvuga ya nkuru.—Mat. 5:29, 30. w24.07 16 ing. 10-11
Ku wa gatandatu, 17 Gitugutu
Dufise iryo tunga mu nkono z’ibumba.—2 Kor. 4:7.
None iryo tunga ni iki? Ni igikorwa kirokora ubuzima co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (2 Kor. 4:1) Izo nkono z’ibumba zozo zigereranya iki? Zigereranya abasavyi b’Imana baja kubwira abandi bantu inkuru nziza. Mu gihe ca Pawulo, abadandaza barakoresha inkono z’ibumba mu gutwara ibintu vy’agaciro, nk’ibifungurwa, umuvinyu be n’amahera. Na twebwe nyene, Yehova yaratujeje ubutumwa bw’agaciro, ari yo nkuru nziza. Yehova araturonsa inkomezi dukeneye kugira ngo tubandanye gushikiriza ubwo butumwa tudahemuka. Vyoshobora gushika tugatinya abantu. None iyo ngorane twoyitsinda gute? Zirikana kw’isengesho intumwa zatuye igihe bazitegeka kutamamaza. Aho guca batekerwa n’ubwoba, basavye Yehova ngo abafashe kuguma bavugana ubutinyutsi. Yehova yaciye yishura isengesho ryabo. (Ivyak. 4:18, 29, 31) Bishitse ukagira ubwoba, nusabe Yehova agufashe kugira ngo urwo ukunda abantu rurengere ubwoba wogira bwo kubabwira inkuru nziza. w24.04 16 ing. 8-9
Ku wa mungu, 18 Gitugutu
Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.—Mat. 6:9.
Urukundo dukunda Yehova ruratuma tweza izina ryiwe. Twipfuza kurikurako iceyi Shetani yarisize biciye ku binyoma vyiwe. (Ita. 3:1-5; Yobu 2:4; Yoh. 8:44) Igihe turi mu ndimiro tuba dushashaye kuburanira Imana yacu mu kubwira abantu bose batwumviriza ukuri ku biyerekeye. Twipfuza ko abantu bose bamenya ko Yehova ahanini arangwa n’urukundo, ko ategeka mu buryo bugororotse kandi bubereye, be n’uko vuba Ubwami bwiwe buzokuraho imibabaro yose, maze abantu bakiberaho mu mahoro kandi bahimbawe. (Zab. 37:10, 11, 29; 1 Yoh. 4:8) Iyo tuburaniye izina rya Yehova mu ndimiro, tuba twejeje izina ryiwe. Ku rundi ruhande, kubaho tugendera izina ryacu biratuma duhimbarwa. w24.05 18 ing. 12