ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Ndamukiza rup. 2-7
  • Yehova yamenyereje kuva nkiri muto

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova yamenyereje kuva nkiri muto
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEHOVA YAGUMYE AMENYEREZA
  • GUKORA UBUTSIMVYI BIRAZANA UMUNEZERO
  • NDUNGIKWA GUKORERA MURI SENEGALE
  • DUKORERA UBUTSIMVYI I NEW BRUNSWICK NO MURI KEBEKE
  • TUGUMA TWIBUKA ABAVUKANYI BITANZE CANE MU GIKORWA
  • IVYIGWA NIGIYE KU BAVUKANYI B’INTAHEMUKA
  • TWIMUKIRA MURI AMERIKA
  • Kwigira ku burorero bwiza vyaratumye ndonka imihezagiro myinshi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Kwitwararika abandi biravamwo imihezagiro
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Kumenyereza abasuku b’Ubwami
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Kuba nahisemwo neza vyatumye ngira imihezagiro mu buzima bwanje bwose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Ndamukiza rup. 2-7
Umuvukanyi David Splane ariko akorera mu biro vyiwe.

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yamenyereje kuva nkiri muto

NK’UKO VYAVUZWE NA DAVID SPLANE

NARIHWEJE agapapuro umuvukanyi umwe yampaye. Kari kanditseko amajambo agira ati: «David Splane, ku wa 8 Ndamukiza 1953: ‘Gutangaza iherezo ry’ivy’iyi si.’» Naciye ndamubaza nti: «Ibi bisobanura iki?» Nawe aca anyishura ati: «Iyi ni insiguro wahawe uzoshikiriza mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi.a» Naciye ndamwishura nti: «Ivyo ntavyo nigeze nsaba.»

Reka inkuru yanje ndayihere mu ntango. Navukiye i Calgary muri Kanada, mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose. Mu mpera z’imyaka ya 1940, Hari umutsimvyi akiri muto yitwa Donald Fraser yaje kwamamaza muhira kandi mama yaremeye kwiga Bibiliya. Mama yarakunze cane ukuri, mugabo yari afise ingorane zikomeye z’amagara zamubuza kwama yitaba amakoraniro. Naho ari ukwo, yagumye atera imbere maze abatizwa mu 1950. Ikibabaje, yapfuye ata n’imyaka ibiri irahera. Naho ico gihe papa atari yizeye, yaremeye ko Ivyabona vya Yehova ari bo batunganya amaziko ya mama.

Haciye imisi mikeyi amaziko abaye, hari umudada umwe yitereye mu myaka ari mu barobanuwe yitwa Alice yantumiye kw’ikoraniro. Yamenye kubera ko nahora njana na mama ku makoraniro igihe yaba ashoboye kuyitaba. Naciye rero nsaba uruhusha papa. Yaranyemereye mbere aca avuga ko twojana incuro imwe gusa kugira ashimire umuvukanyi yatanze insiguro ku maziko ya mama. Kuri uwo mugoroba, habaye Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo. Iryo koraniro rya mbere papa yitavye, ryamubereye iridasanzwe. Kubera ko yari yarize ivyigwa bijanye no kuvugira imbere y’abantu, yarakozwe ku mutima cane n’ivyo yumviye kuri iryo koraniro. Yaciye afata ingingo yo kuza aritaba iryo koraniro buri ndwi. Haciye igihe yaratanguye kwitaba amakoraniro yose.

Ico gihe, umuhagarikizi w’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi yatangura ikoraniro mu guhamagara amazina y’abavukanyi baba bariyandikishije muri iryo shure, umwe wese agaca yitaba ati: «Sabwe.» Umusi umwe, narasavye nanje ko izina ryanje ryosomwa kw’ikoraniro ryokurikiye. Wa muhagarikizi yarankeje, mugabo ntiyambajije nimba naratahura ico vyasobanura.

Sinarinzi ko nemeye kwitanga kugira ngo nze ndatanga insiguro muri iryo shure. Nashaka gusa ko baza barampamagara. Mu ndwi yakurikiye narahamagawe, nanje nca nditaba n’umunezero mwinshi nti: «Sabwe.» Ikoraniro riheze, barankeje. Haciye indwi nka zingahe, narahawe agapapuro kariko insiguro noshikirije nk’uko natanguye ndabibabwira.

Narahagaritse umutima cane. Ico gihe vyari vyitezwe ko abanyeshure bategura insiguro iri hagati y’iminuta itandatu n’umunani. Nta gisomwa ca Bibiliya cahaba. Papa yaramfashije gutegura iyo nsiguro aramfasha no kuyisubiramwo incuro 20 imbere y’uko ndayishikiriza. Inyuma yo kuyitanga, umuhagarikizi yarampaye impanuro ngirakamaro. Uko imyaka yagiye irarengana, Yehova yagumye amenyereza abicishije kuri papa, ku bavukanyi na bashiki bacu bazi utuntu n’utundi be no kw’ishirahamwe ryiwe.

YEHOVA YAGUMYE AMENYEREZA

Umwe Alice nari navuze, yaramenyereje igihe natangura kwamamaza. Ico gihe twaremeshwa gusomera umunyamuhana ivyanditswe bitatu tugaca tumuha igitabu. Igihe naba nshikiriwe kudodora ku muhana, Alice yaridondora, agatanguza ikiyago agaca ansaba ngo nsome icanditswe ca mbere. Inyuma y’ivyo, naca mbandanya ikiyago ngasoma icanditswe ca kabiri n’ica gatatu maze ngaca mpa igitabu umunyamuhana. Mu nyuma nahavuye menya ingene jewe ubwanje notanguza ikiyago. Papa amaze kubatizwa mu mpera za 1954, yarabandanije kumenyereza mu bijanye no kwamamaza. Naho yari wenyene, yarakoze uko ashoboye kwose kugira anderere mu kuri. Yaraha agaciro cane ibikorwa vy’impwemu. Buri gihe naba nzi ko twitaba amakoraniro yose kandi ko tugenda kwamamaza mu ma wikendi.

Kw’ishure sinaba muba mbere kandi sinaba muba nyuma. Ariko rero, ivyigwa nize mu myaka 12 namaze kw’ishure vyaramfashije mu buzima. Nk’akarorero, narize ibijanye n’ibiharuro nongera ndanonosora indimburo y’icongereza. Ivyigwa nize vy’icongereza be n’ibijanye no kwandika inkuru, biramfasha mu gateka natewe ko gukorana n’Urwego nshingwayandika.

Akenshi abantu barakunda kumbaza igituma nkunda umuziki. Abavyeyi banje bompi barakunda umuziki. Mfise imyaka indwi naratanguye kwiga kuvuza ipiyano, mugabo uwayinyigisha yabona ko atavyo nzoshobora. Yagiriye inama papa ko vyoba vyiza mpagaritse kuyiga. Ndatahura igituma yavuze uko, kubera ko ico gihe ntiyumvamwo ivyo kuvuza ipiyano.

Haciye amezi makeyi, papa yarandonkeye uwundi mwigisha. Ico gihe hoho niga kuvuza ipiyano no kuririmba kandi vyompi narabishobora. Nkiri muto nari mfise ijwi ryiza, kandi naratsinze mu mahiganwa amwamwe. Nize umuziki mfise intumbero yo kuronka urupapuro rw’umutsindo rwotumye nanje nza ndawigisha abandi kugira ngo ndonke amahera yomfashije mu murimo w’ubutsimvyi. Ariko rero igihe nari nimirije kuronka urupapuro rw’umutsindo, narabonye ko nomaze umwanya munini ndiko nditegurira gukora ibibazo bijanye no guhuza amajwi, kahise k’umuziki be no kwandika indirimbo. Ivyo vyatumye mpagarika ivyo vyigwa nca ntangura ubutsimvyi busanzwe. Aho hari 1963.

GUKORA UBUTSIMVYI BIRAZANA UMUNEZERO

Maze umwaka nkora ubutsimvyi, nararungitswe kuba umutsimvyi adasanzwe i Kapuskasing muri Ontario. Umutsimvyi twakorana yitwa Daniel Skinner, yansumvya imyaka myinshi. Yaranyigishije vyinshi ku bijanye n’ingene ibikorwa vyo mw’ishengero bitunganywa. Nagenywe kuba mu bagize komite y’umurimo y’ishengero mfise imyaka 20. Ku bw’ivyo rero, nari mfise vyinshi vyo kwiga. Birankora ku mutima kubona ishirahamwe ryarongeye gushimika ku bijanye no kumenyereza abavukanyi bakiri bato. Igihe abo bavukanyi bitanze cane, barashobora kuba kirumara mw’ishirahamwe rya Yehova mbere naho boba bafise imyaka mike.

Akarere ka Kapuskasing kari gafise ingorane kisangije. Mu gihe c’urushana harakanya kugera kuri dogere 44 munsi y’ubusa canke rimwe na rimwe naho ubukanye bukagabanuka gushika kuri dogere 33 munsi y’ubusa. Naho ari ukwo, jewe na Dan ivyo ntivyatubuza kuja aho dushaka hose. Ariko rero umwe mu mihezagiro nironkeye igihe nakorera ngaho, kwabaye uguhura na mushiki wacu Linda Cole uwo twahavuye twubakana.

Linda yari umwamamaji w’umunyamwete kandi yari afise abantu benshi yigisha. Yari umuntu atanga, afise igishika kandi akunda kumarana umwanya n’abandi. Mama wiwe Goldie yari mushiki wacu w’intahemuka. Papa wiwe Allen nawe, mu ntango yararwanya ukuri. Naho Allen yabarwanya, Goldie yama atwara ku Ngoro y’Ubwami Linda na basaza biwe ari bo John na Gordon. Vyongeye, yarabamenyereza mu gikorwa co kwamamaza. Mu nyuma, Goldie, Linda, John, na Gordon bose bahavuye bakora ubutsimvyi. Haciye imyaka, Allen yahavuye yemera ukuri kandi yaritanga cane mw’ishengero.

Mu 1965, naratumiwe kwitaba Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami kuri Beteli yo muri Kanada ryamara ukwezi, kugira ngo ndonke ukumenyerezwa kwiyongereye. Igihe nari kuri iryo shure, narasabwe kwuzuza ifomu yo kwitaba Ishure rya Gileyadi. Sinigeze niyumvira umurimo wo kuba umumisiyonari kandi siniyumvira ko noba nkwije ibisabwa. Naho ari ukwo, narujuje iyo fomu maze ntumirwa mu mugwi ugira 42. Muri iryo shure rya Gileyadi, abigisha baguma baduha ama raporo y’amaterambere ariko araba. Kuva mu ntango, abigisha bandemesheje kwiga ivyo nshoboye vyose ku bijanye n’ishirahamwe muri ico kiringo nari muri iryo shure. Emwe, iyo yari impanuro ibereye ku muvukanyi w’imyaka 21.

Kimwe mu vyigwa twigiye i Gileyadi, kwari ukuntu twokoranye n’amaradiyo, amateleviziyo be n’ibinyamakuru. Ico cigwa carandyoheye. Ariko rero sinarinzi ko congiriye akamaro muri kazoza nk’uko nza kubigarukako mu nyuma.

NDUNGIKWA GUKORERA MURI SENEGALE

Haciye imisi mikeya turonse impapuro z’umutsindo, jewe na Michael Höhle, umumisiyonari twakorana, twarungitswe gukorera muri Senegale, igihugu co muri Afrika. Ico gihe muri Senegale hari nk’abamamaji 100.

Haciye amezi atari make, naratumiwe gukorera ku biro vy’ishami umusi umwe mu ndwi. Ibiro vy’ishami vyari bito cane ku buryo vyakorera mu cumba kimwe cari mu nzu y’abamisiyonari. Naho ivyo biro vy’ishami vyari biciye bugufi, umuvukanyi Emmanuel Paterakis akaba yari umusuku w’ishami, yaguma anyibutsa ko ivyo biro vy’ishami vyaserukira ishirahamwe rya Yehova muri ico gihugu. Umusi umwe umuvukanyi Paterakis yavuze ko twokwandikira abamisiyonari bose ikete ry’indemesho. Ico gihe, nta buryo bworoshe canke buzimbutse bwari buhari bwo gucapura amakete menshi icarimwe. Ni co gituma twabwirijwe kwandika ikete rimwe rimwe dukoresheje imashini y’iminwe. Cari igikorwa kitoroshe. Vyadusaba kwiyubara kugira ngo ntidushiremwo ikosa na rimwe kubera ko bitakunda ko dufuta.

Kuri uwo mugoroba ndiko nditegurira gutaha mu nzu twabamwo, umuvukanyi Paterakis yarampaye ibahasha. Yambwiye ati: «David, ishirahamwe ryakwandikiye.» Nuguruye iryo bahasha, nasanzemwo rimwe mu makete nari nanditse. Ico kintu cabaye, caranyigishije kwubaha ishirahamwe naho ibiro vy’ishami vy’aho mbaye vyoba ari bito canke binini.

Splane ari kumwe n’abavukanyi na bashiki bacu baryohewe, bakaba bariko baramwenyura kugira babafotore.

Ndi kumwe n’abandi bamisiyonari muri Senegale mu 1967

Abamamaji benshi bo mw’ishengero narimwo twarabaye abagenzi, kandi kenshi ku wa gatandatu ku mugoroba naramarana umwanya na bo. Vyari ibiringo biteye umunezero kandi n’ubu turacayaga. Nize igifaransa kubera ko ari co gikoreshwa cane muri Senegale kandi n’ubu ndacagikoresha igihe ngendeye amashami atandukanye yo hirya no hino kw’isi.

Mu 1968, jewe na Linda twaremeranije kuzokwubakana. Naramaze amezi atari make ngerageza kurondera akazi nokora imisi mike mu ndwi kugira nshobore gukorana ubutsimvyi na Linda muri Senegale. Ariko rero abatanga ubuzi bahitamwo guha akazi imvukira zaho, aho gukoresha abanyamahanga. Maze gusubira muri Kanada, narubakanye na Linda duca tugenwa kuba abatsimvyi badasanzwe i Edmundston muri New Brunswick, agasagara gatoyi kari k’urubibe rw’intara ya Kebeke.

David Splane na Linda bariko baramwenyura, bakaba bahagaze mu kayira gakikijwe n’amashurwe.

Ku musi w’ubugeni bwacu mu 1969

DUKORERA UBUTSIMVYI I NEW BRUNSWICK NO MURI KEBEKE

Muri ico gisagara, nta mwamamaji n’umwe yariyo. Hariyo gusa abatohoji ba Bibiliya bakeyi. Idini rya Gatolika ryari ryarigaruriye abantu mu mice yose y’ubuzima. ku mihana nka yose, hari icapa cavuga ngo: «Nta Vyabona vya Yehova dukeneye ng’aha.» Kubera ko ico gihe kwubahiriza mwene ivyo vyapa tutabiha agaciro cane nk’ubu, nta muhana n’umwe tutagendera, waba uriko ico capa canke atakiriko. Buri ndwi, idini rya Gatolika ryarasohora itangazo mu kinyamakuru co muri ico gisagara ryavuga ngo: «Nimuze duhige buhongo Ivyabona vya Yehova tubatuze.» Twaca dutahura ko ari twebwe bariko baravuga, kuko ico gihe muri ico gisaga hari Ivyabona vya Yehova bane gusa ari bo Victor Norberg n’umugore wiwe Velda be na jewe n’umugore wanje Linda.

Sinzokwigera nibagira indwi idasanzwe ya mbere twagize. Turangije iyo ndwi idasanzwe, umuhagarikizi w’umuzunguruko yatubwiye ati: «Biboneka ko igikorwa nyamukuru mufise ari ugufasha abantu bo muri iki gisagara guhindura ukuntu babona Ivyabona vya Yehova.» Kuva ico gihe, ico kintu ni co twaciye twitunirako kandi vyaragenze neza. Buhorobuhoro, abantu baratanguye kubona itandukaniro ryari hagati ya twebwe Ivyabona vya Yehova be n’indongozi z’idini rya Gatolika. Ubu muri ico gisagara, hariyo ishengero ritoyi.

Tumaze nk’umwaka muri ico gisagara, twaciye turungikwa gukorera mw’ishengero rinini ryo mu gisagara ca Kebeke. Twahamaze amezi atandatu dukorana n’abavukanyi na bashiki bacu baho bari bimereye neza, mu nyuma duca turungikwa mu gikorwa co kugendera amashengero.

Imyaka 14 yakurikiye, twayimaze dukorera mu muzunguruko mu ntara ya Kebeke. Cabaye ikiringo giteye umunezero cane. Ico gihe muri iyo ntara hariko haraba iterambere rikomeye cane, kandi akenshi warashobora kubona mw’ishengero imiryango itandukanye yigira Bibiliya rimwe kandi igatera imbere.

TUGUMA TWIBUKA ABAVUKANYI BITANZE CANE MU GIKORWA

Abavukanyi bo muri Kanada baba mu gace kavugwamwo igifaransa, ni abantu boroshe gukunda. Naho batarya umunwa, ni abantu barangwa umunezero n’igishika. Ariko rero ntivyamye biborohera kwakira ukuri, kandi bararwanijwe cane n’imiryango. Abakiri bato bamwebamwe baratewe ubwoba n’abavyeyi babo batari Ivyabona. Bababwira bati: «Hagarika ivyo bintu vy’Ivyabona canke mutuvireho.» Benshi muri bo bagumye ari intahemuka kuri Yehova naho bariko bararwanywa. Nta gukeka ko batumye Yehova ahimbarwa.

Sinokwibagira kandi umugwi w’abatsimvyi basanzwe n’abadasanzwe b’intahemuka bakorera muri Kebeke muri iyo myaka. Benshi muri bo bari baje bava mu tundi turere two muri Kanada. Uretse ko babwirizwa kwiga igifaransa, bategerezwa kandi kwiga imico n’imigenzo y’abantu baho abari bariziziwe n’idini rya Gatolika.

Abatsimvyi badasanzwe akenshi wasanga barungikwa mu turere turi kure tutagiramwo abamamaji. Kubera ko abantu baho binuba Ivyabona, ntivyari vyoroshe kuronka inzu tubamwo. Ikitovugwa coco kwari ukuronka akazi twokora imisi imwimwe mu ndwi. Ababa baherutse kurushinga bobo, bapanga inzu imwe ari bane, batandatu canke umunani kugira ngo bakoreshe uburyo buke. Ntivyari vyoroshe kwihanga inzu uri wenyene. Abo batsimvyi barakora cane. Batanguje inyigisho ya Bibiliya, barayitwararika cane. Kubera ko ubu i Kebeke hatagikenewe abamamaji baja kubafasha, benshi muri abo batsimvyi baragiye gukorera mu tundi turere tugikeneye abamamaji.

Igihe twari mu gikorwa co kugendera amashengero, akenshi twarajana kwamamaza n’imiyabaga ku misi ya gatandatu mu gitondo. Ivyo vyaradufasha kumenya ibigeragezo vyaba biriko birabashikira. Bamwebamwe muri iyo miyabaga twakorana, ubu bakorera mu bindi bihugu ari abamisiyonari abandi nabo baratewe utundi duteka.

Ico gihe amashengero amwamwe ntiyari ashoboye kudusubiza amahera twaba twakoresheje twabagendeye. Ivyo rero vyatuma rimwe na rimwe ukwezi guhera amahera yaduheranye. Muri ivyo bihe, twabwirizwa kwiheka kuri Yehova duherejeko kubera ko ari we wenyene yari azi uko ivyacu vyifashe. Ntiyigeze aduheba kandi twama tuva mw’ishengero rimwe tuja murindi.

IVYIGWA NIGIYE KU BAVUKANYI B’INTAHEMUKA

Nari navuze ko nungukiye cane ku cigwa twigiye i Gileyadi kijanye no ku gukorana n’ibimenyeshamakuru. Ico gihe muri Kebeke twari dufise uturyo twinshi two kwamamaza kw’iradiyo, kuri televiziyo no mu bimenyeshamakuru. Akenshi nakorana n’umuhagarikizi w’umuzunguruko mugenzanje yitwa Léonce Crépeault, akaba yari umuhinga mu bijanye no gukorana n’ibimenyeshamakuru. Igihe yaba ariko aravugana n’umuyobozi akomeye mu bijanye no gutangaza amakuru, ntiyagerageza kumwereka ko azi ibintu vyinshi muri uwo mwuga. Ahubwo mu kumuganiriza yavuga ati: «Nyakubahwa, jewe na mugenzanje turi abantu basanzwe. Nta vyinshi tuzi mu bijanye no gutangaza amakuru. Naho ari ukwo, twahawe igikorwa co kumenyesha abantu ivyerekeye igikorane Ivyabona vya Yehova bazogira. Tuzokenguruka cane ukuntu muzodufasha.» Ukwo kuntu yagaragaza ukwicisha bugufi vyatumye dushika ku bintu tutokwigeze dushikako.

Mu nyuma, ibiro vy’ishami vyaranshinze gukorana n’umuvukanyi Glen How, umwe mu bashingwamanza bacu, tukaba twakorana mu bibazo bikomakomeye vyashobora gutuma abamenyeshamakuru baza kurondera amakuru. Ukumenyerezwa naronkeye i Gileyadi be n’utuntu n’utundi nigiye kuri Léonce vyaramfashije cane muri ico gikorwa. Emwe, gukorana n’umuvukanyi How vyaranteye umunezero. Ntiyagira ubwoba na gato mu vyo yakorana n’inzego z’ubutungane, ariko ikiruta vyose yari umuntu yubaha Imana. Yarakunda Yehova cane.

Mu 1985 twaciye turungikwa gukorera mu burengero bwa Kanada mu muzunguruko wari hafi y’akarere papa wanje yabamwo, ivyatumye dushobora kumwitwararika. Inyuma y’amezi atatu gusa dushitseyo, yaciye apfa. Twarabandanije gukorera mu mizunguruko itandukanye yo ng’aho mu burengero gushika mu 1989 igihe twaronka ubutumire bwo kuja gukorera kuri Beteli yo muri Amerika. Ivyo vyasobanura ko duhagaritse igikorwa co kugendera amashengero twari tumazemwo imyaka nka 19. Muri iyo myaka yose, abavukanyi na bashiki bacu bagiye baraduha indaro muhira iwabo be n’abagiye baratwakira kugira ngo dusangire ibifungurwa, ni benshi cane. Ntiworaba ingene dukengurukira abo bavukanyi na bashiki bacu b’abakiranyi.

TWIMUKIRA MURI AMERIKA

Igihe twashika i Brooklyn, naciye nshingwa gukorera mu rwego rw’umurimo. Ndakenguruka cane ukumenyerezwa naharonkeye. Kimwe mu vyo nahigiye, ni ukubanza kwegeranya amakuru yose yerekeye ikintu aho kwibaza ko ndagitahura. Mu 1998 naciye ndungikwa gukorera mu Rwego nshingwayandika, aho n’ubu nkiriko ndiga ibijanye no kwandika. Naramaze imyaka itari mike ndi umufasha w’umuvukanyi John Barr. Yari umuhuzabikorwa wa Komite nshingwayandika. Sinzokwigera nibagira ukumenyerezwa naharonkeye be n’umwanya twamaze dukorana. Yari umuvukanyi afise kamere nziza igitangaza.

David Splane na Linda bariko barifotoza bari kumwe n’umuryango wa John Barr na Mildred.

Turi kumwe n’umuryango wa John Barr na Mildred

Birahimbaye gukorana n’abavukanyi na bashiki bacu bicisha bugufi mu Rwego nshingwayandika. Bama basenga Yehova bamusaba ngo abafashe kurangura neza ibikorwa bajejwe, kandi barazi ko ivyo bashikako vyose babikesha impwemu yiwe atari ububangukirwe bwabo.

Umuvukanyi Splane ariko araririmbisha abavukanyi na bashiki bacu 20 bagize umugwi w’abaririmvyi wa Watchtower, ku ruhande hakaba hari mushiki wacu ariko aravuza ipiyano.

Ndiko ndaririmbisha umugwi w’abaririmvyi ba Watchtower kw’ikoraniro rya buri mwaka ryo 2009

Umuvukanyi Splane ahaye Bibiliya mushiki wacu.

Ndiko ndatanga Bibiliya kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i Seoul muri Koreya mu 2014

Jewe n’umukenyezi wanje Linda tubona ko ari agateka kuba tumaze kugendera abavukanyi bo mu bihugu 110. Twariboneye ukuntu abamisiyonari n’ abavukanyi bo mu makomite y’amashami bakunda cane Yehova. Twariboneye kandi ingene abavukanyi bo muri ivyo bihugu baguma bakorera Yehova badahemuka bagashira imbere ivyungura ubwami naho baba bahanzwe n’ingorane z’ivy’ubutunzi, uruhamo be n’intambara. Nta gukeka ko Yehova abakunda cane.

Mu myaka itari mike, umukenyezi wanje Linda yarambereye umufasha adasanzwe mu bikorwa nagiye ndashingwa. Arakundana cane kandi yama arondera uturyo two gufasha abandi. Vyongeye, aroroherwa no gutanguza ikiyago. Yarafashije abantu benshi kumenya ukuri yongera aratuma bamwebamwe mu bari barahororokewe basubira gukorera Yehova. Vy’ukuri, Linda ni ingabire y’agaciro Yehova yampaye. Uko twiterera mu myaka, turakenguruka ukuntu abavukanyi na bashiki bacu bakiri bato badufasha mu bijanye n’ingendo no mu bindi dukenera.—Mrk 10:​29, 30.

Ndakenguruka cane iyo ntereje amaso inyuma mu myaka 80 iheze. Ndemeranya n’umwanditsi w’amazaburi, uwanditse ati: «Ewe Mana, waranyigishije kuva nkiri muto, kandi gushika n’ubu nguma ntangaza ibikorwa vyawe bitangaje.» (Zab. 71:17) Uwo ni wo mwiyemezo wanje igihe cose nzoba nkiriho.

a Muri iki gihe, ukwo kumenyerezwa kuba mw’ikoraniro ryo hagati mu ndwi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika