ZEFANIYA IBIRIMWO MURI MAKE 1 Umusi w’urubanza rwa Yehova uri hafi (1-18) Umusi wa Yehova uriko uraza wihuta (14) Ifeza n’inzahabu ntibishobora kurokora umuntu (18) 2 Nimurondere Yehova umusi w’ishavu ryiwe utarashika (1-3) Nimurondere ubugororotsi n’ukwicisha bugufi (3) «Hari aho Yehova yobahisha» (3) Urubanza rwaciriwe amahanga akikuje Ubuyuda (4-15) 3 Yeruzalemu, igisagara kigarariza kandi gikora ibibi (1-7) Urubanza rw’amahanga; abasavyi b’Imana basubizwa iteka (8-20) Ururimi rutyoroye (9) Abantu bicisha bugufi kandi bitonda ni bo bazorokoka (12) Yehova azohimbarwa cane kubera Siyoni (17)