ZEFANIYA
1 Mu gihe ca Yosiya+ mwene Amoni+, umwami w’Ubuyuda, Yehova yabwiye Zefaniya* mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya ati:
2 «Nzohonya ikintu cose kiri kw’isi», ni ko Yehova avuze+.
3 «Nzohonya umuntu n’igikoko.
Nzohonya inyoni zo mu kirere n’amafi yo mu kiyaga+,
nzimanganye ibitsitaza*+ n’abantu bakora ibibi.
Nzorandura abantu kw’isi», ni ko Yehova avuze.
4 «Nzoramvura ukuboko kugira nkubite Ubuyuda
n’ababa i Yeruzalemu bose;
nzozimanganya muri iki kibanza ibisigarira vyose vya Bayali+,
izina ry’abaherezi b’imana z’inyamahanga n’abaherezi bahemutse+;
5 nzohonya abunamira ingabo zo kw’ijuru*+ bari hejuru ku mazu,
abunama basezerana ko batazompemukira jewe Yehova+
bakongera bagasezerana ko batazohemukira Malikamu+.
6 Nzozimanganya kandi abaheba kunkurikira jewe Yehova+,
ntibandondere jewe Yehova canke ngo bampanuze+.»
7 Nimucereze imbere y’Umukama Segaba Yehova, kuko umusi wa Yehova uri hafi+.
Yehova yateguye ikimazi, yatyoroye* abatumire biwe.
8 «Ku musi w’ikimazi canje, jewe Yehova nzohana abatware,
abahungu b’umwami+ n’abo bose bambara impuzu z’abanyamahanga.
9 Kuri uwo musi, nzohana abantu bose begera ikibanza gitaramutse*,
abuzuza amazu ya ba shebuja ubukozi bw’ikibi n’ububeshi.»
10 Yehova kandi avuze ati: «Kuri uwo musi
hazokwumvikana induru kw’irembo ry’amafi+,
amaborogo mu gace ka kabiri k’igisagara+,
n’urwamo rwinshi mu misozi.
12 Ico gihe Yeruzalemu nzoyisaka nitonze nkoresheje ibimuri,
kandi nzohana abantu ata co bitaho, bibwira mu mitima yabo ngo:
“Yehova nta ciza azokora, kandi nta n’ikibi azokora+.”
13 Ubutunzi bwabo buzosahurwa, amazu yabo na yo asenyurwe+.
Bazokwubaka amazu ariko ntibazoyabamwo;
bazotera imizabibu ariko ntibazonywa umuvinyu wayo+.
14 Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi+!
Uri hafi kandi uriko uregereza ningoga+!
Uguhinda kw’umusi wa Yehova kurateye ubwoba+.
Kuri uwo musi, umurwanyi akomeye azoboroga+.
15 Uwo musi ni umusi w’uburake+,
umusi w’amaganya n’umubabaro+,
umusi w’igihuhusi n’agatikizo,
umusi w’ikizime n’umwiza+,
umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya+,
16 umusi abantu bazovuza inzamba n’akaruru k’intambara+,
bagiye gutera ibisagara bizitije ibihome hamwe n’iminara miremire+.
18 Yaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake+ bwanje jewe Yehova,
kuko isi yose izorigatwa n’ishavu ryanje rirurumba+,
kandi nzotikiza ababa kw’isi yose, emwe, nzobatikiza bimwe bikomeye+.»
2 Imbere y’uko ingingo y’Imana ishirwa mu ngiro,
imbere y’uko wa musi uhita nk’umuguruka,
imbere y’uko ishavu rirurumba rya Yehova ribazako+,
imbere y’uko umusi w’ishavu rya Yehova ubazako,
3 nimurondere Yehova+, mwese abicisha bugufi* bo kw’isi,
mwebwe mukurikiza ingingo* ziwe zigororotse.
Nimurondere ubugororotsi, nimurondere ukwicisha bugufi*.
Hari aho Yehova yobahisha ku musi w’ishavu ryiwe+.
5 «Haragowe ababa ku nkengera y’ikiyaga, ihanga ry’Abakereti+!
Kuko Yehova yabaciriye urubanza rubi.
Ewe Kanani, gihugu c’Abafilisitiya, nzogutikiza
ku buryo ata muntu azosigara muri wewe.
6 Inkengera y’ikiyaga izohinduka uburagiro,
burimwo ibinogo vy’amazi y’abungere n’impongore z’intama.
Ku mugoroba bazokwiryamira mu mazu y’i Ashikeloni.
Kuko Yehova Imana yabo azobitwararika,
akagarukana abantu babo bagizwe imbohe+.»
8 «Narumvise agacokoro k’Abanyamowabu+ n’ibitutsi vy’Abamoni+,
ivyo batutse abantu banje, birata ngo bazobatwara akarere kabo+.
9 Ku bw’ivyo, ndirahiye jewe Imana nzima», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, ya Mana ya Isirayeli,
«Mowabu hazoba nka Sodomu+,
Amoni na ho habe nka Gomora+,
higanzirwe n’ivyatsi vy’ibisuru, isi y’umunyu, habe umusaka ibihe vyose+.
Abasigaye mu bantu banje bazosahura ibintu vyabo,
kandi abasigaye mw’ihanga ryanje bazokwigarurira akarere kabo.
10 Iyo ni yo izoba impembo y’ubwishime bwabo+,
kuko batutse abantu ba Yehova Nyeningabo kandi bakabiratako.
11 Yehova azotuma batekerwa n’ubwoba,
kuko azohindura ubusa* imana zose zo kw’isi,
kandi ababa mu mazinga bose bazomwunamira*+,
umwe wese mu kibanza ciwe.
12 Na mwebwe Abanyetiyopiya muzokwicwa n’inkota yanje+.
13 Azoramvurira ukuboko mu buraruko atikize Ashuri,
kandi azotuma Ninewe hacika umusaka+, ahantu humye nk’ubugaragwa.
14 Amasho y’ibikoko ni ho azokwiryamira, emwe, ibikoko vy’ubwoko bwose.
Inyoni bita igisafu n’ikinyogoto bizokwirarira hagati y’inkingi zaho.
Hazokwumvikana ijwi riririmba* mw’idirisha.
Mu rwinjiriro rwaho hazokwuzura isakamburira,
kuko azoshishagura ibisharizo vyometse ku mbaho z’amasederi.
15 Ico ni ca gisagara cirata, cahora ciraramiye ata co cinona,
kimwe cahora cibwira mu mutima ngo: “Ndi uwa mbere, nta wonyigereranya.”
Ewe kuntu gisigaye giteye ikigongwe!
Gisigaye ari uburaro bw’ibikoko vyo mw’ishamba.
Uwuzoca iruhande yaco wese azovuza agahwa, azunze umutwe*+.»
3 Haragowe igisagara kigarariza, canduye kandi gicinyiza ababa muri co+!
2 Caranse kwumvira impanuro+, caranse gukosorwa+.
Caranse kwizigira Yehova+, caranse kwiyegereza Imana yaco+.
3 Abaganwa baco ni intambwe ziroha hagati muri co+.
Abacamanza baco ni amabingira ahiga ijoro,
ntasigaza n’igufa ryo guhekenya mu gitondo.
4 Abahanuzi baco ntibisonera, ni ibihemu+.
5 Yehova ni umugororotsi hagati muri co+; nta kibi na kimwe akora.
Buri gitondo aguma amenyekanisha imanza ziwe+,
ntizigera zibura nka kurya kw’umuco w’umurango.
Ariko uwukora ibitagororotse ntiyigera amaramara+.
6 «Naratikije amahanga, iminara yaho yarasambaguritse.
Narasibanganije amabarabara yaho, ku buryo ata wusubira kuhaca.
Ibisagara vyaho bisigaye ari umusaka, nta muntu akihaboneka, nta wukihaba+.
7 Nari nakibwiye nti: “Ntuzobura kuntinya, ukemera gukosorwa*+”,
kugira ngo sindakizimanganye+,
kandi sindagihanire ibicumuro vyaco vyose.
Ariko carushirije kwipfuza gukora ibibi+.
8 “Nimugume mundindiriye+ rero, ni ko Yehova avuze,
gushika umusi nzohaguruka kugira ndabanyage*,
kuko nafashe ingingo yo kwegeranya amahanga no gukoranya ubwami,
kugira ndabisukeko uburake bwanje, ishavu ryanje rirurumba ryose+,
9 Ico gihe nzohindura ururimi rw’abantu* rube ururimi rutyoroye,
kugira ngo bose bambaze izina ryanje, ari ryo Yehova,
10 Abansenga, ari bo bantu banje basabagiye,
bazonzanira ingabire bavuye mu karere k’inzuzi za Etiyopiya+.
11 Kuri uwo musi ntuzomaramara
kubera ibintu vyose wakoze mu kungarariza+,
kuko ico gihe nzoba nakuye muri wewe abanyabwibone bihayagiza,
kandi ntuzosubira kugira ubwibone ku musozi wanje mweranda+.
12 Nzosigaza muri wewe abantu bicisha bugufi kandi bitonda+,
kandi bazohungira mw’izina ryanje, ari ryo Yehova.
13 Abisirayeli basigaye+ ntibazokora ibitagororotse+,
ntibazobesha canke ngo bakoreshe ururimi rwabo mu guhendana.
Bazorya bongere biryamire, kandi nta n’umwe azobatera ubwoba+.»
14 Niwihe akaruru k’umunezero, wa mukobwa wa Siyoni!
Vuza akaruru k’intsinzi, ewe Isirayeli+!
Nezerwa, wigine n’umutima wawe wose, wa mukobwa wa Yeruzalemu+!
15 Yehova yakuyeho urubanza yari yaguciriye+.
Yasubije inyuma umwansi wawe+.
Yehova, umwami wa Isirayeli, ari hagati yawe+.
Nta vyago bizosubira kugutera ubwoba+.
16 Kuri uwo musi, Yeruzalemu izobwirwa iti:
«Ntutinye, Siyoni we+!
Ntucike inkokora*.
17 Jewe Yehova Imana yawe ndi hagati yawe+.
Nzogukiza, kuko ndi Umunyenkomezi.
Nzohimbarwa cane kubera wewe+.
Nzokwumva ntekanye kubera urukundo ndagufitiye.
Nzonezerwa kubera wewe, nihe akaruru k’umunezero.
18 Nzokwegeranya abababazwa n’uko batakiza ku misi mikuru yawe+.
Ntivyakunze ko baza kubera bariko barateterezwa+.
19 Ico gihe nzorwanya abo bose bagucinyiza+;
nzorokora abacumbagira+
kandi nzokwegeranya abashwiragiye+.
Nzotuma bashimagizwa bongere bavugwe neza
mu gihugu cose bamaramariyemwo.
20 Ico gihe nzogarukana abantu bawe,
ico gihe nzobakoraniriza hamwe.
Nzotuma bashimagizwa bongere bavugwe neza+ mu mahanga yose yo kw’isi,
ninagarukana abantu bawe bagizwe imbohe, kandi uzovyibonera», ni ko Yehova avuze+.
Iryo zina risobanura ngo «Yehova yaranyegeje (yarakingiye).»
Bishobora kuba vyari ibikoresho canke ibikorwa bifitaniye isano no gusenga ibigirwamana.
Izo ngabo zishobora kuba ari izuba, ukwezi n’inyenyeri.
Canke «yejeje.»
Canke «begera umukiruruko», «begera urwinjiriro.» Biboneka ko cari ikibanza gitaramutse carimwo intebe y’umwami.
Biboneka ko cari igice ca Yeruzalemu cari hafi y’irembo ry’amafi.
Mu giheburayo havuga ngo «banumijwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «amara.»
Canke «abatekereza.»
Mu giheburayo havuga ngo «imanza.»
Canke «ubutekereji.»
Canke «sasita.»
Canke «kuko azokwondesha.»
Canke «bazomusenga.»
Rishobora kuba ryari ijwi ry’umuyaga uhuhuta, ry’inyoni canke ry’ibikoko vyo mw’ishamba.
Mu giheburayo havuga ngo «ahagere ingumu.»
Canke «gutozwa indero.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kugira ndabagirize.»
Canke «n’umwete wanje.»
Ni ukuvuga abantu bo mu moko atandukanye.
Canke «bankorere bahuje inama.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaboko yawe ntaregere.»