UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZEFANIYA 1–HAGAYI 2
Rondera Yehova umusi w’ishavu ryiwe utarashika
Kugira Yehova azodukingire ku musi w’ishavu ryiwe, hariho n’ibindi dutegerezwa gukora uretse kumwiyegurira gusa. Tubwirizwa kugamburuka ivyo Zefaniya yabwiye Abisirayeli.
Rondera Yehova: Nuzigame ubucuti somambike ufitaniye na we mu kwifatanya n’ishirahamwe ryiwe
Rondera ubugororotsi: Nubeho wisunga ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse
Rondera ubutekereji: Nukurikize ivyo Imana igomba wicishije bugufi kandi wemere igutoze indero
Norushiriza gute kurondera Yehova, ubugororotsi be n’ubutekereji?