Ibibazo vy’abasomyi
Ijambo “kumbure” riri muri Zefaniya 2:3 ryoba risobanura ko abasavyi b’Imana batokwemeza yuko bazoronka ubuzima budahera?
Ico canditswe kivuga ngo: “Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’Uhoraho”. Ni kubera iki uyo murongo uvuga ngo “kumbure”?
Kugira ngo dutegere ico Yehova azogirira abasavyi biwe b’intahemuka kuri Harumagedoni, turakeneye kwibuka ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye ico Imana izokorera abapfuye imbere y’ico gihe co guca urubanza. Bamwe bazozuka ari ibiremwa vy’impwemu bahabwe ubuzima budahwera mw’ijuru, abandi na bo bazukire kw’isi bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo (Yohana 5:28, 29; 1 Ab’i Korinto 15:53, 54). Nimba Yehova yibuka akongera agaha impera abasavyi biwe b’abagumyabanga bapfa imbere ya Harumagedoni, nta gukeka ko ari ukwo nyene azogirira abasavyi biwe bazoba bakiri bazima ku musi w’uburake bwiwe.
Amajambo intumwa Petero yanditse ahumekewe n’Imana, na yo nyene araremesha. Yanditse ati: ‘Imana yarakijije Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw’isi y’abatayubaha; kandi ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora yarabiciriyeko iteka ryo gukomvomvorwa bicika umunyota, irokora Loti. Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya gushitsa ku musi wo guca urubanza kugira ngo bahanwe’ (2 Petero 2:5-9). Naho Yehova yatikije abanyakibi mu bihe vya kera, yarakijije Nowa na Loti, abamukoreye badahemuka. Yehova azosubira gukiza abantu bamwubaha niyatikiza abanyakibi kuri Harumagedoni. “Ishengero ryinshi” ry’abagororotsi rizorokoka.—Ivyahishuwe 7:9, 14.
Biboneka rero yuko ijambo “kumbure” ridakoreshwa muri Zefaniya 2:3 kugira ngo ryerekane ko ata wokwemeza yuko Imana ifise ubushobozi bwo gukingira abo yemera. Ahubwo riho, igihe umuntu aba ari ho agitangura kurondera ukugororoka n’ukwicisha bugufi, ni ho gusa ata wokwemeza ko azokinjishwa ku musi w’uburake bwa Yehova. Umuntu abandanije kurondera ukwicisha bugufi n’ukugororoka, ni ho azozigurizwa.—Zefaniya 2:3.
[Ifoto ku rup. 31]
“Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza”