ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Habakuki
  • Habakuki

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Habakuki
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Habakuki

HABAKUKI

1 Ubutumwa buhambaye umuhanuzi Habakuki* yeretswe:

 2 Ewe Yehova, nzogeza ryari kugutabaza ntiwumve+?

Nzogeza ryari kugutakambira ngo udukize abantu b’inkazi, nawe ntuhaseruke*+?

 3 Kubera iki unyereka amabi?

Kubera iki wirengagiza agacinyizo?

Kubera iki mbona agatikizo n’ubukozi bw’ikibi?

Kubera iki gushwana be n’amatati vyiraye?

 4 Ni co gituma itegeko ritagikora,

ubutungane na bwo ntibwigere bwubahirizwa.

Umubisha abuza umugororotsi isaganirizo,

ni co gituma hacibwa imanza za ngondagonde+.

 5 «Nimurabe mu mahanga, mwitegereze.

Nimutangare mwumirwe.

Kuko mu misi yanyu hagiye kuba ikintu mutokwemera

naho hogira uwukibiganira+.

 6 Ngira mpagurutse Abakaludaya+,

ihanga rikaze kandi rikora nk’iryariye amavubi.

Bakwira isi yose

kugira bigarurire ahantu atari ahabo+.

 7 Bateye ubwoba. Bararandura umutima.

Ni bo bishingira amategeko, bakiha n’ububasha*+.

 8 Amafarasi yabo anyaruka kurusha ingwe,

akaze kurusha amabingira mw’ijoro+.

Amafarasi yabo y’intambara aza yiruka cane.

Amafarasi yabo ava kure.

Agenda nk’inkona imanuka buravyo gucakira ico irya+.

 9 Bose baza bazanywe no kurwana+.

Iyo bagiye hamwe, igitero cabo kimeze nk’umuyaga wo mu buseruko*+.

Bayora imbohe nk’umusenyi.

10 Bashinyagurira abami,

bagatwenga abategetsi bakurubakuru+.

Batwenga ikibanza cose gikingijwe ibihome+,

kuko baharunda ibivu buririrako, bakahafata.

11 Barahaca, bagatera baja imbere nk’umuyaga.

Mugabo bazoharurwako icaha+

kubera ko ububasha bwabo babwitirira imana yabo*+.»

12 Ewe Yehova, mbega ntiwamyeho kuva kera na rindi+?

Mana yanje, Mweranda wanje, wewe ntupfa*+.

Ewe Yehova, wabashinze igikorwa co gushitsa urubanza.

Gitandara+ canje, wabagenye kugira batange igihano*+.

13 Ufise amaso atyoroye rwose ku buryo utokwitegereza ikibi,

kandi ntushobora kwirengagiza ububisha+.

Kubera iki none wirengagiza ibihemu+,

ukaguma winumiye igihe umubisha amira uwumurusha ubugororotsi+?

14 Kubera iki umuntu umugira nk’amafi yo mu kiyaga,

ukamugira nk’ibiremwa vyo mu mazi* bitagira uwubiganza?

15 Bose umwansi* abarobesha igera.

Abafatisha urusenga rwiwe rw’umukwabu,

akabegeraniriza mu rusenga arobesha.

Ni co gituma anezerwa agahimbarwa+.

16 Ni co gituma ashikanira ibimazi urusenga rwiwe rw’umukwabu,

agaha ibimazi* urusenga arobesha.

Kuko izo nsenga ari zo zamutungishije*,

zigatuma arya ibifungurwa vyizavyiza.

17 Yoba none azokwama yuzuza yongera acuranura urusenga rwiwe*,

agume ahonya amahanga ata kagongwe+?

2 Nzoguma ku kirindiro canje+,

mpagarare ku gihome.

Nzoguma nderetse kugira ngo ndabe ico azovuga biciye kuri jewe,

n’ico nzokwishura niyankosora.

 2 Maze Yehova aranyishura ati:

«Andika ivyo weretswe, uvyandike neza ku bisate

vy’amabuye*+ kugira ngo uwubisoma n’ijwi ryumvikana, abisome bitamugoye*+.

 3 Kuko ivyo weretswe bikirindiriye igihe vyashingiwe,

mugabo biguma vyihuta kugira biranguke*, kandi ntibizobesha.

Naho vyoteba*, ugume ubirindiriye*+,

kuko bitazobura kuranguka.

Ntibizocerwa.

 4 Raba umuntu yishima*,

umutima wiwe ntugororotse.

Ariko umugororotsi azobeshwaho n’uko ari umwizigirwa*+.

 5 Vyongeye, kubera ko umuvinyu uhendana,

umuntu yishima ntazoshika ku mugambi wiwe.

Umunoho wiwe ungana ukuzimu.

Ameze nk’urupfu, ntiyigera ahaga.

Aguma yegeranya amahanga yose,

akikwegerako amoko yose y’abantu+.

 6 Mbega abo bose ntibazomucako umugani, bakamuvugako amajambo ahinyitse n’ay’ubupfindo+?

Bazovuga ngo:

“Aragowe uwugwiza ibitari ivyiwe,

akongereza ideni ryiwe.

Mbega ivyo bizogeza ryari?

 7 Mbega abo ufitiye ideni, ntuzoza ubona baguhagurukiye?

Bazokuvyukira bakujegeze vy’akarorero,

bagusahure+.

 8 Ko wasahuye amahanga menshi,

ugasesa amaraso y’abantu,

ukanakorera ikibi isi n’ibisagara n’ababibamwo+,

abasigaye muri ayo mahanga,

bose bazogusahura nawe+.

 9 Aragowe uwuronderera umuryango* wiwe inyungu mbi,

kugira yarike icari ciwe hejuru cane,

ngo ntashikirwe n’ivyago.

10 Imigambi yawe yakwegeye umuryango* wawe ibimaramare.

Guhonya amahanga menshi biragucumuza bikanagukwegera+.

11 Kuko ibuye riri mu ruhome rizosemerera,

igiti co ku gisenge na co kiryishure.

12 Aragowe uwubaka igisagara mu gusesa amaraso,

akagikomeza mu gukora ibibi.

13 Mbega Yehova Nyeningabo si we atuma abantu babirira akuya ibizoturirwa n’umuriro,

amahanga akaruhira ubusa+?

14 Kuko isi izoba yuzuye ubumenyi bwerekeye ubuninahazwa bwa Yehova,

nk’uko amazi yuzuye ikiyaga+.

15 Uragowe wewe uha bagenzawe ico kunywa,

ukakibahana ishavu n’uburake kugira ubaboreze

ngo witegereze ubwambure bwabo.

16 Uzokwuzura ibimaramare mu gishingo c’icubahiro.

Nawe nunywe, maze bose babone ko utagenyerewe*.

Igikombe kiri mu kuryo kwa Yehova, na wewe kizogushikira+,

ahari icubahiro hasigare ukumaramara.

17 Ikibi wakoreye Libani nawe kizokugarukako,

n’agatikizo wateje bigatuma ibikoko bigira ubwoba kazokuzako,

kuko washeshe amaraso y’abantu,

kandi ugakorera ikibi isi,

ibisagara n’ababibamwo+.

18 Mbega igishusho kibajwe kimaze iki

igihe umuntu amaze kukibāza?

Igishusho gikoze mu cuma*, cigisha ibinyoma, kimaze iki?

Kimaze iki naho uwagikoze acizigira,

agahingura imana ata co zimaze zidashobora no kuvuga+?

19 Aragowe uwubwira ikigegene c’igiti ngo: ‘Ikangure!’

Canke akabwira ibuye ritavuga ngo: ‘Vyuka utwigishe!’

Erega biriko inzahabu n’ifeza+,

ariko nta mpemu na nkeyi bifise+.

20 Yehova we ari mu rusengero rwiwe rweranda+.

Isi yose nicereze imbere yiwe+!”»

3 Isengesho umuhanuzi Habakuki yatuye nk’uwucura intimba:

 2 Ewe Yehova, narumvise ivyawe.

Ewe Yehova, ibikorwa vyawe bintera akoba.

Nusubire ubikore mu kiringo washinze*.

Nubimenyekanishe mu kiringo washinze*.

Niwibuke kugira imbabazi mu gihe c’uruhagarara+.

 3 Imana yaraje ivuye i Temani,

Umweranda aza avuye ku musozi Parani+. (Sela*)

Ubuninahazwa bwiwe bwuzura ijuru+,

isi na yo yuzura ishemezo ryiwe.

 4 Yarakaka nk’umuco+.

Hari imishwarara ibiri y’umuco yava mu kuboko kwiwe.

Aho ni ho inkomezi ziwe zari zinyegeye.

 5 Ikiza+ cagendera imbere yiwe,

inyonko ikaze na yo ikamukurikira.

 6 Yarahagaze anyiganyiza isi+.

Ijisho ryiwe ryatumye amahanga ajugumira+.

Imisozi yo kuva kera na rindi yarasenyaguritse,

imirambi imaze igihe kirekire igwa hasi+.

Izo ni zo nzira ziwe zo kuva kera.

 7 Nabonye ivyago mu mahema y’i Kushani.

Ibitambara biri ku mahema y’igihugu ca Midiyani vyariko birahinda agashitsi+.

 8 Mbega inzuzi ga Yehova, ni zo ushavuriye?

Zoba ari zo ziguteye gushavura bigeze iyo hose?

Ikiyaga coba ari co ufitiye uburake+

kugira urinde ugendera ku mafarasi yawe+?

Imikogote yawe yatahukanye intsinzi*+.

 9 Umuheto wawe uwushize ahabona, witeguriye kuwurasisha.

Ibirwanisho* vyawe wabishinze igikorwa biciye ku ndahiro*. (Sela)

Isi wayisatuje inzuzi.

10 Imisozi yarakubonye irigonyonzora+.

Imvura y’isegenya yakwiye igihugu cose.

Amazi yo mu nyenga yaratontomye+,

yitera hejuru*.

11 Izuba n’ukwezi vyigumiye mu kibanza cavyo iyo hejuru+.

Imyampi yawe yagenda yakaka+,

icumu ryawe rikagenda riravya.

12 Wagendagenda mw’isi waratse.

Wahonyanga* amahanga washavuye.

13 Wazanywe no gukiza abantu bawe, ngo ukize uwo warobanuje amavuta*.

Wamenaguye umukuru* w’inzu y’umubisha.

Wasambuye inzu yiwe kuva ku mushinge gushika hejuru*. (Sela)

14 Wacumitishije umukuru w’abarwanyi biwe ibirwanisho vyiwe* bwite,

igihe baza nk’igihuhusi kugira badushwiragize*.

Bari bashashaye kumira umugorwa mu mpisho.

15 Waciye mu kiyaga n’amafarasi yawe,

uca mu mazi menshi asuriranya.

16 Naravyumvise mpinda agashitsi*,

iminwa yanje iradegedwa kubera ijwi ryavyo.

Amagufa yanje yaciye atangura kubora+,

amaguru yanje na yo arajugumira.

Ariko ndindiriye umusi w’amagorwa ntekanye+,

kuko uwo musi uzoza ku badutera.

17 Naho igiti c’umusukoni kitoshurika

n’imizabibu ntitange umwimbu,

naho igiti c’umwelayo* kitokwama

n’imirima* ntiyimbuke,

naho ibitungwa bitobito vyohona mu ruhongore

n’inka zigahona mu mararo,

18 jewe nzokwigina Yehova,

nzonezererwa Imana yo Mukiza wanje+.

19 Umukama Segaba Yehova ni we nkomezi zanje+.

Azotuma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,

atume ngendagenda ahantu hahanamye+.

Ku wuririmbisha: hakoreshwe ibicurarangisho vyanje vy’imirya.

Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «kugumbira n’igishika cinshi.»

Canke «ntudukize.»

Canke «icubahiro.»

Ni umuyaga wo mu bugaragwa ukaze kandi ushushe.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ububasha bwabo babwita imana yabo.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntituzopfa.»

Canke «igikangiro.»

Canke «ivyikwega hasi.»

Ni Abakaludaya.

Canke «umwotsi w’ibimazi.»

Mu giheburayo havuga ngo «zatumye aronka ibirimwo amavuta akwiye.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «azokwama asokora inkota.»

Canke «ibisate vy’imbaho.»

Canke «adatsitagurika.»

Mu giheburayo havuga ngo «bishike kw’iherezo.»

Canke «womenga biratevye.»

Canke «ubirindire ubishashaye.»

Canke «raba, umutima wiwe urivyimvya.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «azobeshwaho n’ukwizera kwiwe» canke «ukwemera kwiwe.»

Canke «ihanga.» Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «ihanga.» Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «maze ugende uricako.»

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu gihe cacu.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati mu myaka.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu gihe cacu.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati mu myaka.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «yabaye ubukiriro.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «imyampi.» Mu giheburayo havuga ngo «inkoni.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «indahiro z’imiryango ziravuzwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «aduza amaboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «wakubita» (nka kurya bakubita ivyimburwa vy’intete).

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Mu giheburayo havuga ngo «umutwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «kw’izosi.»

Mu giheburayo havuga ngo «inkoni ziwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «banshwiragize.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu nda haradobangana.»

Ico giti cama imyelayo (olive).

Canke «imikobeko.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika