ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 138
  • «Muzokwumva intambara»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • «Muzokwumva intambara»
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yigishije
  • Ivyo Yezu azokora
  • Intambara zizovaho ryari? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Ingene dushobora kumenya ko Harumagedoni iri hafi
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ingene Imana ibona intambara muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Intambara yarahinduye isura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 138
Amafoto: Yezu ariko arabwira abigishwa biwe uko ibintu vyobaye vyifashe muri iki gihe. Udufoto turi mu mizingi twerekana intambara ziriko ziraba muri iki gihe: igisagara cuzuye imyotsi kubera intambara, ahantu haturikiye ikibombe ruhonyanganda, abasirikare bafise ibirwanisho bari mw’ibarabara bari kumwe n’amaburende.

IVYO TWIGIRA KURI YEZU

«Muzokwumva intambara»

«Kuva mbaye umumenyeshamakuru mu myaka ya 1960, naranditse ibijanye n’intambara zirenga 40 zabaye hirya no hino kw’isi. Igihe ya mishamirano yaba hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti yakomera, mu nyuma igahagarara, naravyiboneye. Ariko mbona ko mu mwaka wa 2025, ibintu vyarushirije kuba bibi kuruta iyindi myaka yose. Ivyo vyatumwe n’uko hagiye haraba intambara nyinshi zikomeye, be n’uko imwe muri zo ishobora kugira ingaruka zikomeye ku bantu benshi kw’isi, kuruta uko vyagenze ku zindi ntambara.»—John Simpson, umumenyeshamakuru akaba n’umusesanguzi wo kuri BBC.

Abantu bararajwe ishinga n’intambara ziriko ziraba hirya no hino kw’isi. Benshi baribaza nimba intambara zizoteba zigahera. Yezu yabivuzeko iki?

Ivyo Yezu yigishije

Yezu yari yaravuze ibiriko biraba muri iki gihe. Yaburiye abigishwa biwe ati: «Muzokwumva intambara n’amakuru y’intambara.»—Matayo 24:6.

Naho intambara n’ubukazi tubona muri iki gihe bitesha umutwe, turafise imvo yotuma tugira icizigiro. Uti kubera iki? Kubera ko Yezu yigishije yuko izi ntambara zose zibangamiye abantu, hamwe n’ibindi bintu bibabaje biriko birashika, be n’ukuntu abantu bigenza, vyobaye ari «ikimenyetso» c’«iherezo ry’ivy’iyi si.» (Matayo 24:3; Luka 21:7) Ivyo vyerekana ko hari igihe kizoshika aho Yezu azokuraho intambara. None azobigira gute?

Ivyo Yezu azokora

Vuba, Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana, «a[zo]hagarika intambara kw’isi yose.»—Zaburi 46:9.

Kugira umenye n’ibindi ku kuntu tuzoronka amahoro kw’isi hamwe n’ukuntu ubuzima buzoba bumeze ico gihe, nusome ikiganiro kivuga ngo «Ingene intambara n’imishamirano bizohera.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika