Ingene turiko turafasha impumyi
Kw’isi yose, abantu nk’imiliyoni 43 ni impumyi, abandi nk’imiliyoni 295 bakaba batabona neza.a Ikibabaje, benshi muri bo barafatwa nabi canke bakarenganywa.
None Imana ibona gute impumyi? Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye impumyi? Vyongeye, Ivyabona vya Yehova bariko barafasha gute impumyi?
Ukuntu Imana ibona impumyi
Bibiliya ivuga ko Yehovab yitwararika cane impumyi. Yipfuza ko bafatwa nk’abandi kandi bakiga ibimwerekeye. Vyongeye, na bo nyene arabasezeranira kazoza keza.
Icanditswe: «Aravumwe umuntu wese azimiza impumyi.»—Gusubira mu vyagezwe 27:18.
Ico bisobanura: Mu bihe vya kera, Imana yari yaratanze amategeko yabuza abantu gufata nabi impumyi.
Icanditswe: «Imana [nti]gira nkunzi.»—Ivyakozwe 10:34.
Ico bisobanura: Imana iraha agaciro impumyi nka kurya nyene iha agaciro abantu babona.
Icanditswe: Yezu «[yatumye] impumyi nyinshi zisubira kubona.»—Luka 7:21.
Ico bisobanura: Igihe Yezu yari kw’isi, yarakijije abantu bamwebamwe barasubira kubona. Ivyo vyerekana ivyo intwaro y’Imana izoshikako muri kazoza.
Icanditswe: «Amaso y’impumyi azohumuka.»—Yesaya 35:5.
Ico bisobanura: Yehova asezerana ko vuba igihe intwaro y’Imana izoba iganza, impumyi zizosubira kubona.
Ingene Ivyabona vya Yehova bariko barafasha impumyi
Kw’isi yose, twebwe Ivyabona vya Yehova turiko turigisha impumyi ivyerekeye icizigiro Imana itanga. None ivyo tubigira gute?
Turasohora Bibiliya, ibitabu bishingiye kuri yo, hamwe n’amavidewo mu mero zitandukanye zorohereza impumyi hamwe n’abatabona neza. Aho harimwo ibitabu bifise indome nininini, ivyo mu ndome z’impumyi hamwe n’ama odio.
Twama dukoranira hamwe kugira dusenge, kandi turaha ikaze abantu bose, harimwo n’impumyi.
Uwo wese yipfuza kwiga Bibiliya arashobora kuronka uwumwigisha.c
Ivyo vyose tubikora ku buntu. Kubera iki? Kubera ko Yezu yadutegetse ati: «Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.»—Matayo 10:8.
Ivyabona vya Yehova baritaho cane impumyi. Abipfuza gusenga Imana bari kumwe natwe bazoronka abagenzi babitwararika. Raba inkuru zerekeye Ivyabona vya Yehova bamwebamwe b’impumyi.
Talita Alnashi wo muri Suwede, yavukanye ingorane yo kutabona neza. Nurabe ukuntu abavyeyi biwe bamwigishije Bibiliya hamwe n’ingene abagenzi babo bitayeho umuryango wabo.
James Ryan wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yavutse ari umuragi mu nyuma arahuma. Nurabe icatumye ahimbarwa mu buzima.
Cynthia Pablo wo muri Filipine, ni umuragi kandi akaba ari impumyi. Nurabe ukuntu Ivyabona vya Yehova bagenzi we bamufashije mu kiringo ca Korona. Nurabe ikiganiro kivuga ngo «Ingene ishengero ryafashije mushiki wacu w’umuragi kandi w’impumyi mu kiringo ca Korona.» (kiraboneka mu gifaransa)
Dukoresha iki mu kubigisha Bibiliya?
Ibitabu vyo mu ndome z’impumyi. Turasohora Bibiliya yo mu ndome z’impumyi yaba yose canke igice cayo mu ndimi zitari nke. (Kugira ubone izo ndimi ibonekamwo, nurabe uruzitiro ruvuga ngo «Bibiliya y’isi nshasha mu ndome z’impumyi.») Turasohora kandi n’ibindi bitabu vyinshi bishingiye kuri Bibiliya vyo mu ndome z’impumyi. Ku boba bipfuza kwiga gusoma indome z’impumyi, harasohotse igitabu kivuga ngo Niwige gusoma indome z’impumyi. Ico gitabu kigenewe gufasha impumyi kumenya gusoma afashijwe n’umuntu abona.
Kugira uronke ibitabu vyo mu mpapuro biri mu ndome z’impumyi, nubisabe umwe mu Vyabona vya Yehova canke usabe uwokugendera.
Nuvome kuri jw.org, ibintu vyo mu buhinga bwa none bikorana n’utwuma dusohora amajwi, tukerekana n’indome z’impumyi twitwa Bloc-notes braille.d
Turasohora ibitabu bifise indome zishobora kwagurwa mu buhinga bwa none hamwe n’ibitabu vyo mu mpapuro bifise indome nininini. Vyinshi mu bitabu vyacu vyo mu mpapuro biraboneka mu ndome nininini ku bantu batabona neza. Urubuga rwacu rwa jw.org rutunganije ku buryo ibiri kuri rwo biguma biboneka neza naho uba waguye ivyo uba uriko uraraba. Agaprograma ka JW Library na ko nyene gatunganije ku buryo ushobora kwagura indome canke ukazigabanya.
Nimba wipfuza kuronka ibitabu vyo mu mpapuro mu ndome nininini, nubisabe umwe mu Vyabona vya Yehova canke usabe uwokugendera.
Nuvome kuri jw.org ibitabu vy’indome nininini vyo mu buhinga bwa none, bitunganije nk’uko ivyo mu mpapuro vy’indome nininini nyene bimeze.
Ama odio. Turasohora ama odio ya Bibiliya y’isi nshasha mu ndimi zirenga 200. Vyongeye, turatunganya ama odio y’ibitabu vyinshi bishingiye kuri Bibiliya. Mu vyo dufata muri ayo ma odio, haba harimwo n’insobanuro z’amafoto.
Niwumvirize ayo ma odio ku rubuga rwa jw.org no kuri programa ya JW Library canke uyavugirizeko utarinze kuyavoma.
Kuri jw.org, nuvome ibintu bigenewe gufasha impumyi kwumviriza ivyafashwe amajwi, harimwo ibisomwa bikorana na lecteurs d’écran hamwe n’ivyo mu buhinga bwa DAISY bikoreshwa mu kwumviriza odio z’ibitabu.e
Amavidewo arimwo amajwi afasha impumyi kumenya ibiriko biraba. Ivyabona vya Yehova barasohora amavidewo ashingiye kuri Bibiliya arimwo amajwi afasha impumyi kumenya ibiriko biraba. Ayo mavidewo araboneka mu ndimi zirenga 100, kandi arafasha abantu gutahura impanuro zo muri Bibiliya no kuzishira mu ngiro.
Amakoraniro n’ibikorane. Kw’isi yose, turahurira hamwe turi mu migwi yitwa kandi amashengero kugira dusenge Imana twongere twige ibiyerekeye. Turatunganya kandi ibikorane buri mwaka, na vyo nyene bikaba bidufasha kwiga Bibiliya. Igihe herekanwa amavidewo muri mwene ivyo bikorane, turatunganya ivy’uko abipfuza gukurikira amavidewo arimwo amajwi afasha impumyi kumenya ibiriko biraba, na bo nyene bayakurikira. Igihe bishoboka, iyo hari abitavye amakoraniro canke ibikorane vyacu b’abaragi kandi batabona, turakoresha ubuhinga bwo kuyaga na mwene abo bantu, maze tukabafasha gutahura ibiriko biravugwa. Turatumira uwo ari we wese kuri ayo makoraniro no kuri ivyo bikorane, kandi nta n’umwe dukumira.
José Luis Ayala aba muri Megizike. Yavutse ari umuragi, mu nyuma ashikanye imyaka 29 aca arahuma. Nurabe ukuntu amakoraniro yacu amugirira akamaro mu buzima bwiwe, hamwe n’ingene amufasha kwigisha neza abandi Bibiliya.
a Muri iki kiganiro, tuvuze «impumyi» tuba dushatse kuvuga abatabona namba hamwe n’abatabona neza.
b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»
c Urashobora gusaba ko hagira uwukwereka ingene ivyo vyigwa vya Bibiliya bigenda.
d Utwuma bita Bloc-notes braille dukozwe mu buryo butuma umuntu ashobora gusoma no kwandika indome z’impumyi. Muri utwo twuma, hari udushobora no gusohora amajwi afasha uwuba ariko aragakoresha. Igihe umuntu afise mwene ako kuma, ntakenera ibintu vyo mu mpapuro vyinshi.
e Ubuhinga bukorana na lecteurs d’écran be na Livre audio numérique (DAISY) butuma umuntu yumviriza odio y’igisomwa cafashwe amajwi canke amajwi yatunganijwe na ordinateri. Ubwo buhinga butuma umuntu yumviriza odio y’igitabu ahereye aho ashatse.