ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/1 rup. 2-4
  • Intambara yarahinduye isura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intambara yarahinduye isura
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ziterwa n’iki?
  • Intambara zizovaho ryari? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Ikizorangiza intambara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • «Muzokwumva intambara»
    Ibindi biganiro
  • Kubera iki tutaja mu ntambara kandi Abisirayeli barazijamwo?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/1 rup. 2-4

Intambara yarahinduye isura

INTAMBARA yamye nantaryo isinzikaza. Yamye ihitana ubuzima bw’abasoda kandi yamye icumukuza abanyagihugu. Mugabo muri iyi myaka ya vuba, intambara yarahinduye isura. Mu buhe buryo?

Intambara zo muri iki gihe usanga ahanini ari intambara z’abanyagihugu, ni ukuvuga intambara ziba hagati y’imigwi y’abanyagihugu batavuga rumwe bo mu gihugu kimwe. Bisubiye, intambara z’abanyagihugu kenshi zimara igihe kirekire, zigasiga abantu bahahamutse cane, kandi zigasambura ibihugu mu buryo bukomeye kuruta intambara ziba hagati y’igihugu n’ikindi. Umutohozakahise wo muri Esupanye yitwa Julián Casanova avuga ati: “Intambara z’abanyagihugu usanga ziranga ubunyamaswa, zirimwo ibikorwa vy’ugusesa amaraso bituma abantu ibihumbi n’ibihumbi bapfa, abantu bagakorerwa ivya mfura mbi, bagateshwa izabo canke igihugu cabo ku nguvu, maze iyo ibintu vyadabutse na ho, hakaba ihonyabwoko”. Si ivy’imbeshere, igihe umubanyi akoreye amabi mugenziwe, ibisebe vyo mu mutima bishobora kumara ibinjana n’ibindi bitarakira.

Kuva aho ya mishamirano y’Abarusiya n’Abanyamerika irangiriye, ni intambara nkeyi ubiravye zabaye hagati y’ingabo z’amahanga. “Yose, ukuyemwo atatu mu matati akomakomeye akoreshwamwo ibirwanisho, avugwa ko yabaye hagati ya 1990 na 2000, yabereye mu banyagihugu”. Ukwo ni ko Urwego mpuzamakungu rurondera amahoro rw’i Stockholm ruvuga.

Ego ni ko, amatati aba hagati y’abasangiye igihugu ashobora gusa n’ayadateye ubwoba cane kandi ashobora kuba yirengagizwa rwose n’ibimenyeshamakuru vyo mu makungu, mugabo ntikibuza ko umubabaro uterwa n’ayo matati be n’ivyo yonona usanga bibabaza. Abantu amamiliyoni barapfiriye mu matati aba hagati y’abasangiye igihugu. Kukaba nkako, mu myaka mirongo ibiri iheze, hafi abantu imiliyoni zitanu barahasize ubuzima mu bihugu bitatu gusa vyatabaguwe n’intambara, ari vyo Afuganistani, Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo be na Sudani. Mu bihugu vyo mu karere ka Balkans, indwano ikaze ishingiye ku bwoko yahitanye ubuzima bw’abantu hafi 250.000, intambara y’abitwaje ibirwanisho yo muri Kolombiya yamaze igihe kirekire na yo ihitana abantu 100.000.

Ububi bw’intambara y’abanyagihugu bugaragarira canecane ku ngaruka igira ku bana. Nk’uko Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi ribivuga, mu myaka cumi iheze, abana barenga imiliyoni zibiri barasize ubuzima mu matati y’abanyagihugu. Abandi imiliyoni zitandatu barakomeretse. Igitigiri kirushiriza kwongerekana c’abana barajanywe mu gisoda. Umusoda umwe w’umwana avuga ati: “Baramenyereje. Barampaye inkoho. Narafashe ibiyayura umutwe. Narishe abanyagihugu. Benshi. Yari intambara gusa . . . . Nakurikira amategeko gusa. Nari nzi ko ari bibi. Si vyo nipfuza”.

Abana benshi bo mu bihugu aho intambara y’abanyagihugu yacitse ikintu gisanzwe mu buzima, bariko bakura batazi amahoro ico ari co. Baba ahantu usanga amashure yarasambuwe, n’inkoho ari zo zivugira. Dunja, umwigeme w’imyaka 14, avuga ati: “Abantu benshi cane barishwe . . . . Ntugishobora kwumva ukuririmba kw’inyoni, humvikana gusa urwamo rw’abana barira kubera ukubura nyina canke se, musaza wabo canke mushiki wabo”.

Ziterwa n’iki?

Ni igiki gitera mwene izo ntambara z’abanyagihugu ziranga ubunyamaswa? Urwanko rushingiye ku bwoko no ku muryango, ukudahuza mu vy’idini, akarenganyo, uruhagarara rwo mu vya politike, ivyo vyose ni ibintu bihambaye bizitera. Ikindi kintu nyamukuru kizitera ni umwina, na wo ukaba ari umwina wo gutwara be n’umwina w’amahera. Indongozi zo mu vya politike, akenshi zibitumwe n’umwina, ziravyura urwanko rutuma iyo ntambara yunyuka. Hari raporo yasohowe na rwa rwego rurondera amahoro ivuga yuko abantu benshi baja muri ayo matati akoreshwamwo ibirwanisho, “babitumwa n’inyungu zabo bwite”. Nya raporo yongerako iti: “Umwina ubonekera mu buryo bwinshi, guhera ku rudandaza rukomeye rw’ubutare bwa diyama rugirwa n’abasoda be n’indongozi zo mu vya politike gushika ku vy’ugusahura kwo mu kibano kugirwa n’urwaruka rukoresheje inkoho”.

Ukuba haboneka bitagoranye ibirwanisho bizimbutse yamara vyica, birongereza ubwicanyi. Hafi nk’abantu 500.000 bapfa uko umwaka utashe, ahanini bakaba ari abagore n’abana, bapfa bivuye ku vyo bita ngo ni ibirwanisho bitobito. Mu gihugu kimwe ca Afirika, inkoho yo mu bwoko bwa karashinikove (AK-47) ishobora kugurwa amahera nk’ayogura inkoko. Ikibabaje ni uko ahantu hamwehamwe, inkoho ziriko zigwirirana ku rugero rugomba kungana n’urw’izo nkoko. Mw’isi yose, ubu hagereranywa ko hoba hari ibirwanisho bitobito bishika imiliyoni 500, ni ukuvuga ikirwanisho 1 ku bantu 12.

Amatati y’abanyagihugu akaze yoba ari yo azoranga ikinjana ca 21? Intambara z’abanyagihugu zoba zishobora guhagarikwa? Abantu boba bazoshika aho bareka kwicana? Ikiganiro gikurikira kirihweza ivyo bibazo.

[Uruzitiro ku rup. 4]

Inkurikizi zibabaje ziterwa n’intambara z’abanyagihugu

Mu ntambara z’abanyagihugu zikoreshwamwo ibirwanisho bisanzwe ariko zisinzikaza, ibice 90 kw’ijana vy’abo zihitana usanga ari abanyagihugu kuruta abarwanyi. Graça Machel, Umuhinga ku bijanye n’ingaruka amatati akoreshwamwo ibirwanisho agira ku bana wo mu biro vy’umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ati: “Biribonekeza yuko kenshi na kenshi, abana ari bo ayo matati akoreshwamwo ibirwanisho ahitana, kandi bikagirwa n’ibigirankana”.

Gufata abagore ku nguvu bwabaye uburyo abasoda bakoresha. Mu turere tumwetumwe twatabaguwe n’intambara, abitwaje ibirwanisho barafata ku nguvu hafi umukobwa wese w’umuyabaga babonye mu bigwati bigaruriye. Intumbero ya mwene abo bantu bafata abagore ku nguvu ni iyo gukwiragiza ubwoba canke gusambura ubucuti bwo mu miryango.

Amapfa n’indwara ni vyo bikurikira aho intambara iciye. Intambara y’abanyagihugu ituma abantu batera bikeyi bakimbura bikeyi, igatuma hakora amavuriro make canke mbere ntihakore na rimwe, igatuma kandi imfashanyo ziva mu makungu nkeyi ari zo zishikira abo zagenewe. Itohoza rimwe ryagizwe ku ntambara y’abanyagihugu yo muri Afirika ryahishuye yuko ibice 20 kw’ijana vy’abashikwako n’intambara bicwa n’indwara, ibice 78 kw’ijana na vyo bakicwa n’inzara. Ibice 2 kw’ijana vyonyene ni bo bapfa bishwe n’iyo ntambara.

Ugize incahagati, uko iminuta 22 ihera, hari umuntu acika amaguru n’amaboko canke akahasiga ubuzima ahonyoye mine yatezwe mw’ivu. Hagereranywa ko hari amamine imiliyoni 60 gushika ku miliyoni 70 akwiragiye mu bihugu birenga 60.

Abantu babwirizwa guta izabo. Hirya no hino kw’isi, ubu hariho impunzi be n’abateshejwe izabo imiliyoni 50, igice cabo bakaba ari abana.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

Igipfukisho: Agahungu: Ifoto yafashwe na Chris Hondros/Getty Images

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

Ifoto yafashwe na Chris Hondros/Getty Images

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika