IVYO TWIGIRA KURI YEZU
Nufate akanya ko kwiga ivyerekeye Imana
Niwafata akanya ko kwiga ivyerekeye Imana bizokugirira akamaro mu buzima. Ivyo ubigize, bizotuma umenya neza Imana. Raba ivyo Yezu yigishije kuri ico ciyumviro.
Ivyo Yezu yavuze
«Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’Imana.»—Matayo 5:3.
Twese turipfuza kumenya inyishu z’ibibazo bikurikira: Ubuzima bufise intumbero iyihe? Kubera iki hari ingorane nyinshi? Bigenda gute iyo dupfuye? Kuronka inyishu z’ivyo bibazo bizotuma tunezerwa.
«Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, ahubwo akwiye kubeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehovaa.»—Matayo 4:4.
Kurya nyene twama dukenera gufungura, ni ko nyene dukenera kumenya ivyerekeye Imana. Yezu yaratomoye neza ko dukwiye kwama twizigira ivyo Imana ivuga kugira tuyimenye.
«Ijambo ryawe ni ukuri.»—Yohani 17:17.
Yezu yavuze ko uburyo nyamukuru Imana ikoresha kugira tuyimenye ari Ijambo ryayo, Bibiliya.
Ubona gute ugiye urafata akanya kugira wige ivyerekeye Imana? Ivyo bizotuma uronka umunezero mwinshi. Raba ibintu bimwebimwe vyogufasha:
Nusome Bibiliya ku buntu.
Nusabe ko woronka uwogufasha kwiga Bibiliya ku buntu.
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»