ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 136
  • Nufate akanya ko kwiga ivyerekeye Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufate akanya ko kwiga ivyerekeye Imana
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yavuze
  • «Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’Imana.»​—Matayo 5:3.
    «Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’Imana.»—Matayo 5:3.
  • Ingene tworonka agahimbare
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Urashobora kuronka agahimbare nyakuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ku bijanye n’Imana y’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 136
Amafoto y’urwaruka rwo mu mihingo itandukanye y’isi. Bamwe bariko barasoma Bibiliya, abandi barategekanya umwanya wo kwiga Ijambo ry’Imana, abandi na bo bagasenga.

IVYO TWIGIRA KURI YEZU

Nufate akanya ko kwiga ivyerekeye Imana

Niwafata akanya ko kwiga ivyerekeye Imana bizokugirira akamaro mu buzima. Ivyo ubigize, bizotuma umenya neza Imana. Raba ivyo Yezu yigishije kuri ico ciyumviro.

Ivyo Yezu yavuze

«Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’Imana.»​—Matayo 5:3.

  • Twese turipfuza kumenya inyishu z’ibibazo bikurikira: Ubuzima bufise intumbero iyihe? Kubera iki hari ingorane nyinshi? Bigenda gute iyo dupfuye? Kuronka inyishu z’ivyo bibazo bizotuma tunezerwa.

«Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, ahubwo akwiye kubeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehovaa.»​—Matayo 4:4.

  • Kurya nyene twama dukenera gufungura, ni ko nyene dukenera kumenya ivyerekeye Imana. Yezu yaratomoye neza ko dukwiye kwama twizigira ivyo Imana ivuga kugira tuyimenye.

«Ijambo ryawe ni ukuri.»​—Yohani 17:17.

  • Yezu yavuze ko uburyo nyamukuru Imana ikoresha kugira tuyimenye ari Ijambo ryayo, Bibiliya.

Ubona gute ugiye urafata akanya kugira wige ivyerekeye Imana? Ivyo bizotuma uronka umunezero mwinshi. Raba ibintu bimwebimwe vyogufasha:

  • Nusome Bibiliya ku buntu.

  • Nusabe ko woronka uwogufasha kwiga Bibiliya ku buntu.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika