ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Ntwarante rup. 26-31
  • Imvo zotuma tunezerwa igihe abantu batwanse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imvo zotuma tunezerwa igihe abantu batwanse
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IMVO ZITUMA ABANTU BATWANKA
  • IMVO ZOTUMA TUNEZERWA IGIHE ABANTU BATWANSE
  • Urukundo ruratuma twihanganira urwanko
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ikete ryodufasha kuguma turi intahemuka gushika kw’iherezo
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ingene Yehova adufasha kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • «Nimwihitiremwo . . . uwo muzokorera»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Ntwarante rup. 26-31

1-7 RUHESHI 2026

URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa

Imvo zotuma tunezerwa igihe abantu batwanse

«Muzoba muhiriwe igihe cose abantu bazoba babanse.»—LUKA 6:22.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona imvo zotuma tunezerwa igihe abantu batwanse baduhora ko dukorera Yehova.

1. Ni ibiki Yezu yavuze ku bijanye no kwankwa, kandi ni kubera iki bitanganje?

MURI ya nsiguro Yezu yashikiriza ari ku musozi, yavuze ati: «Muzoba muhiriwe igihe cose abantu bazoba babanse.» (Luka 6:22) Ayo majambo ategerezwa kuba yaratangaje abariko baramwumviriza. Kanatsinda, nta muntu n’umwe yipfuza kwankwa. Kubera iki none Yezu yavuze ayo majambo? Birahambaye ko tubimenya kubera yuko na twebwe abigishwa ba Yezu twankwa n’abantu benshi muri iki gihe. Tugiye rero guca irya n’ino igituma abantu batwanka be n’imvo zotuma tunezerwa igihe batwanse.

IMVO ZITUMA ABANTU BATWANKA

2-3. Imwe mu mvo zituma abakirisu b’ukuri bahamwa ni iyihe, kandi ivyo bikwiye gutuma tubona gute abaduhama? (Yohani 16:​2, 3)

2 Turahamwa kubera ko dusenga Yehova. Abigishwa ba Yezu bohamwe, mbere bamwe muri bo no kwicwa bakicwa. Ku bijanye n’abobakoreye ivyo bintu, Yezu yavuze ko bobikoze kubera ko ‘batazi Data canke we.’ (Soma Yohani 16:​2, 3.) None ni nde atuma abasavyi b’Imana barwanywa? Ni Shetani, umwe yitwa kandi «imana y’iyi si.» (2 Kor. 4:​3, 4) Arahuma amaso abantu ngo ntibamenye ukuri kwerekeye Yehova, akongera akabosha ngo barwanye abamaze kumenya Yehova kandi bakamukunda. (Yoh. 8:​42-44) None kumenya ivyo bikwiye gutuma tubona gute abaturwanya? Kumenya ko bahenzwe na Shetani biratuma natwe tudaca tubanka.

3 Raba akarorero k’uwitwa Pavel,a aba mu gihugu aho igikorwa cacu kibujijwe. Kuguma akorera Yehova adahemuka vyatumye afatwa, arakubitwa bunyamaswa, yongera amara amezi menshi apfungiwe mu gasho ka wenyene. Ubu Pavel avuga ati: «Ndatahura neza ko Shetani n’amadayimoni yiwe ari bo baturwanya kugira duhagarike gukorera Yehova. Biboneka ko abakorera mu mabohero benshi, ubwabo ata rwanko badufitiye. Bobo bakora gusa akazi bajejwe.» Umuvukanyi umwe na we wo muri Krowasiya yahamwe bimwe bikomeye n’abavyeyi biwe atari Ivyabona, avuga ati: «Naratahuye ko umwansi wanje nyakuri ari Shetani, ko atari abavyeyi banje.»—Ef. 6:12.

4. Twokwigira iki ku karorero ka Yezu n’ak’umwigishwa wiwe Sitefano? (Raba n’ifoto.)

4 Twebwe ntitwanka abaturwanya. Wanashima, twoshobora no kubasengera. (Mat. 5:44) Ku bijanye n’ivyo, turashobora kugira ico twigiye ku karorero ka Yezu n’ak’umwigishwa wiwe Sitefano. Igihe abasoda b’Abaroma bariko baramanika Yezu ku giti co kubabarizwako, yasenze ati: «Dawe, bababarire.» (Luka 23:34) Yezu yariko asaba Yehova ngo ababarire abo basoda bari bategetswe kumwica. Ashobora kandi kuba yariko asabira isinzi ry’abantu ryari ryohejwe n’abakuru b’idini ngo risemerere risaba ko yokwicwa. Yezu yaratahura ko abo bantu bari babikoze mu kutamenya. Umwigishwa Sitefano na we nyene yarasavye Yehova ngo ababarire abariko baramwica. (Ivyak. 7:​58-60) None Yehova yoba yarishuye iryo sengesho rya Yezu be n’irya Sitefano? Ego cane. Benshi mu bagize uruhara mw’iyicwa rya Yezu bahavuye bigaya, baramwizera bongera barabatizwa. (Ivyak. 2:​36-41) Ku bijanye n’urupfu rwa Sitefano na ho, n’imiburiburi umwe mu bemeje ko yicwa ari we Sawuli w’i Taruso, yahavuye aba umukirisu kandi aricuza cane ku mabi yose yari yarakoze mu kutamenya.—1 Tim. 1:13.

Umuvukanyi yakomeretse ku maso ariko asenga ari mw’ibohero, mu gihe umurinzi w’ibohero na we ahagaze hafi yiwe.

Turakwiye gusengera abaduhama nka kurya nyene Sitefano yasengeye abariko baramuhama (Raba ingingo ya 4)


5. Wigiye iki ku karorero ka César?

5 No muri iki gihe, Yehova arabandanya kwishura amasengesho dutura dusabira abaturwanya. Raba akarorero k’uwitwa César wo muri Venezuwela. Se wiwe yararwanya ukuri yivuye inyuma. César avuga ati: «Mama yari umuvyeyi w’intangakarorero. Naho yama ashira imbere ivy’Ubwami, ntiyigera yirengagiza papa. Twe n’abo tuvukana yaratwigishije kwubaha papa. Yaranatwibutsa kuguma tugamburukira papa, kiretse gusa adusavye gukora ikintu kidahimbara Imana.» Haciye igihe se wa César yahavuye ahinduka. César avuga ati: «Umusi umwe, naratuye Yehova isengesho rivuye ku mutima, maze nca mbaza papa nimba yokwemera ko twiga Bibiliya. Igihe yambwira ko avyemeye, nararengewe n’umunezero.» Mu nyuma se wa César yahavuye abatizwa. Naho abaturwanya bose badaca bagira ihinduka nk’iryo, bamwebamwe baragira ivyo bahinduye iyo babonye ingene tuvugana icubahiro n’ingene twigenza neza. Iyo ivyo bibaye turahimbarwa cane. Turashashaye kwibonera ingene Yehova, wa «Mucamanza w’isi yose» yuzuye imbabazi, azofasha abantu nk’abo kumenya ibimwerekeye.—Ita. 18:25.

6. Twisunze Mariko 13:​13, ni iyindi mvo iyihe ituma abantu batwanka?

6 Turankwa kubera ko twubaha Yezu. Yezu yavuze ko abakirisu b’ukuri bokwanswe n’abantu bose ‘kubera izina ryiwe.’ (Soma Mariko 13:13.) None iryo «zina» rya Yezu rigereranya iki? Rigereranya kamere ziwe be n’ubukuru afise bwo kuba Umwami w’Ubwami bw’Imana. Abatwanka usanga bizigira indongozi z’iyi si, aho kwizigira umutegetsi Yehova yahisemwo ngo aganze ibiriho vyose, ari we Yezu Kristu. Yezu ni Umwami w’Ubwami bw’Imana kuva mu 1914. Vuba, azokuraho intwaro zose zateye akagere ubukuru bwiwe.

7-8. Ni iyindi mvo iyihe ituma abasavyi ba Yehova bamwebamwe bankwa? (Yohani 15:​18-20) (Raba n’amafoto.)

7 Turankwa kubera ko tutifatanya n’iyi si ya Shetani. Yezu yaravuze ko abigishwa biwe bokwanswe kubera ko ‘atari b’isi.’ (Soma Yohani 15:​18-20.) Cokimwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, turanka inyifato be n’imvugo mbi vy’iyi si. Ivyo rero bituma abavukanyi na bashiki bacu batari bake bafatwa nabi ku kazi canke kw’ishure. (1 Pet. 4:​3, 4) Ariko rero, turahimbarwa kubona abaturwanya bamwebamwe barahinduye ingendo bagasigara bashima ukuntu twigenza.

8 Raba akarorero k’uwitwa Ignacio wo muri Amerika yo hagati. Kw’ishure yigako, hari umwigisha yamaze imyaka itari mike amutwenga kubera ko yabaho yigenza runtu. Ariko imbere yuko Ignacio arangiza amashure, uwo mwigisha yaramubajije icamufashije kuguma abaho yisunga impanuro zo muri Bibiliya, naho yari mu bantu bamwanka ukuraho. Ignacio Yavuze ko icamufashije ari uko yagumye abona ko amategeko y’Imana amukingira. Yaciye atumira uwo mwigisha kw’ikoraniro, kandi rero igitangaje uwo mwigisha yaragiye. Nya mwigisha yarakozwe ku mutima cane n’urukundo ishengero ryamugaragarije ku buryo yaciye abandanya kwitaba amakoraniro. Mu nyuma, uwo mwigisha na we yaratanguye guhamwa kubera ko yariko ariga Bibiliya. Naho ari ukwo, yarabandanije kwiga aratera imbere mu nyuma na ho arabatizwa.

Amafoto: Ivyakinywe vyerekana Ignacio ari kw’ishure. 1. Yicaye atekanye mw’ishure naho umwigisha wiwe ariko aramutyekeza imbere y’abandi banyeshure. 2. Mu nyuma, wa mwigisha ariko arumviriza yitonze ivyo Ignacio amubwira.

Twaba turi bato canke dukuze, turashobora kuburanira ukwizera kwacu tubigiranye umutima rugabo (Raba ingingo ya 8)b


9-10. (a) Ni iyindi mvo iyihe ituma abakirisu baba abatandukanye n’iyi si ya Shetani? (b) Twokwigira iki ku karorero k’intumwa Pawulo?

9 Ikindi kintu gituma tuba abatandukanye n’isi ya Shetani, ni uko tutagira uruhara mu vya politike no mu ntambara z’iyi si. (Yoh. 18:36) Naho ari ukwo, turakurikiza impanuro dusanga mu Baroma 13:​1, mu kwihatira kwubahiriza amategeko y’igihugu. Ariko kubera ko twebwe abakirisu tuguma ata ho duhengamiye mu vya politike, ntitwitoza canke ngo dutore indongozi n’imwe. Uti kubera iki? Kubera ko twipfuza kuguma turi intahemuka kuri Yehova no ku Bwami bwiwe burongowe na Kristu. Ivyabona vya Yehova benshi bagiye barapfungwa bahorwa ukwizera kwabo. Ariko rero gupfungwa ntibibabuza kubandanya bavuga inkuru nziza. Barigana intumwa Pawulo, uwamaze imyaka itari mike mu nzu yari acungiwemwo be no mw’ibohero. (Ivyak. 24:27; 28:​16, 30) Muri ico kiringo, yagumye abwira inkuru nziza abantu bose bashobora kumwumviriza, ushizemwo abarinzi b’ibohero, abakozi bo ku kirimba, ba buramatari, abami, kumbure mbere n’abategetsi bakurubakuru bakorana n’umwami w’abami w’Umuroma Nero.—Ivyak. 9:15.

10 No muri iki gihe, abavukanyi bacu bapfunzwe barabwira inkuru nziza uwushima kwumviriza wese, ushizemwo abacamanza, abategetsi be n’abarinzi b’amabohero. Umuvukanyi umwe yamaze imyaka irenga itandatu apfunzwe ahorwa kuba atagira uruhara mu vya politike, avuga ko ico kiringo yamaze mw’ibohero atakibona nk’igihano, ahubwo ko yakibona nk’igikorwa Yehova yari yaramushinze co kurondera abameze nk’intama. Ese ingene duhimbarwa cane iyo Yehova adukoresheje muri ubwo buryo kugira ngo tubwire inkuru nziza abantu nk’abo. (Kol. 4:3) Nimuze ubu na ho turabe izindi mvo zotuma tunezerwa, mbere n’igihe abantu botwanka baduhora gukorera Yehova.

IMVO ZOTUMA TUNEZERWA IGIHE ABANTU BATWANSE

11. Guhamwa bishobora gute gukomeza ukwizera kwacu? Tanga akarorero.

11 Turazi ko kwankwa n’abantu bishitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Mu buhanuzi bwa mbere buvugwa muri Bibiliya, Yehova yaramenyesheje ko Shetani n’uruvyaro rwiwe, ni ukuvuga abamuyoboka, bokwanse abakunda Yehova kandi bakamukorera. (Ita. 3:15) Twisunze ibivugwa muri za Njili zose uko ari zine, Yezu yaremeje incuro nyinshi ko amajambo y’ubwo buhanuzi ari ay’ukuri. (Mat. 10:22; Mrk. 13:​9-12; Luka 6:​22, 23; Yoh. 15:20) Hari n’abandi banditsi ba Bibiliya bavyemeje. (2 Tim. 3:12; Yak. 1:2; 1 Pet. 4:​12-14; Yuda 3, 17-19) Igihe rero duhamwe ntibidutangaza. Ahubwo turanezerwa no kubona ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buba buriko buraranguka. Ivyo biradukura amazinda ko dusenga Imana y’ukuri. Mushiki wacu umwe aba mu gihugu aho igikorwa cacu kiburabuzwa, avuga ati: «Igihe niyegurira Yehova narinzi ko bitebe bitebuke noshikiwe n’uruhamo. Ni co gituma amakuba yanshikiye atanteye ubwoba canke ngo antangaze.» Umugabo wiwe yari umwe mu bantu benshi bamurwanya. Yaramufashe nabi yongera arumuturirira Bibiliya n’ibitabu vyose bishingiye kuri yo. Ariko rero uwo mushiki wacu aho gucika intege, ukwizera kwiwe kwarushirije gukomera. (Heb. 10:39) Avuga ati: «Nari niteze uruhamo kuko ubuhanuzi bwari bwarabivuze. Guhamwa vyaranjijuye ko nari narubuye idini ry’ukuri.»

12. Ni ibiki vyafashije umuvukanyi umwe kwihanganira uruhamo?

12 Naho twiteze uruhamo, kurwihanganira birashobora kutatworohera. Ku bijanye n’ikiringo umuvukanyi umwe yamaze mw’ibohero, yavuze ati: «Rimwe na rimwe naracika intege canke nkuzura amaganya ku buryo ata kindi nkora atari ukurira gusa.» None ni ibiki vyafashije uwo muvukanyi kwihangana? Avuga ati: «Naguma nsenga buri gihe. Imisi yose mu gitondo nahera ku gusenga. Ku murango na ho nyene, narasenga igihe cose naba nshikiwe n’ibintu bitoroshe. Igihe na ho naba nashavuye kubera abandi bamfashe nabi, naca nja mu kazu ka surwumwe nkiyugarana maze ngasenga.» Uwo muvukanyi kandi yarazirikana ku burorero bw’abasavyi ba Yehova ba kera be n’ab’ubu bagumye ari intahemuka. Ivyo vyaramufashije kwihanganira uruhamo no kuronka ya mahoro Yezu yasezeranira abigishwa biwe.—Yoh. 14:27; 16:33.

13. Ni igiki codufasha gutsinda urwanko?

13 Urukundo rwacu rurakomeye kurusha urwanko. Yezu yagumye akunda Se wiwe n’umutima wiwe wose gushika no ku kanyuma. Yezu yarakunda kandi abigishwa biwe. (Yoh. 13:1; 15:13) Igihe natwe dukunda Yehova n’abavukanyi bacu muri ubwo buryo, biratuma dutsinda urwanko. Uti gute? Kurimbura akarorero k’intumwa Pawulo biratuma turonka inyishu y’ico kibazo.

14. Ni giki cafashije Pawulo gushikama igihe yari ahanganye n’urupfu?

14 Gatoyi imbere y’uko Pawulo yicwa, yandikiye umugenzi wiwe Timoteyo ati: «Imana ntiyaduhaye impwemu y’ubwoba, ahubwo yaduhaye impwemu ituma tugira ububasha, n’urukundo.» (2 Tim. 1:7) None Pawulo yashaka kuvuga iki? Yashaka kuvuga ko urukundo rukomeye umukirisu akunda Yehova, rushobora gutuma yihanganira ingorane zikomeye cane. (2 Tim. 1:8) Nta nkeka rero ko urukundo Pawulo yakunda Yehova rwamufashije kuguma ari intahemuka kuri we igihe yari ahanganye n’urupfu.—Ivyak. 20:​22-24.

15. Muri iki gihe, abavukanyi na bashiki bacu bagaragarizanya gute urukundo ruzira ubwikunzi? (Raba n’ifoto.)

15 Mu vy’ukuri, turakunda abavukanyi na bashiki bacu baguma ari intahemuka mu ruhamo. Muri iki gihe, hari abemera gushira ubuzima bwabo mu kaga kubera abavukanyi babo, nka kumwe nyene Prisika na Akwila bemera guhakwa kwicwa kubera Pawulo. (Rom. 16:​3, 4) Nk’akarorero, mu Burusiya abavukanyi benshi baragiye ku ma sentare gutera intege bagenzi babo bari bafashwe. Igihe mushiki wacu umwe yari yafashwe yabona abavukanyi na bashiki bacu benshi bagiye kuri sentare kumushigikira, yaragize ikigumbagumba gikomeye ku buryo amara akanya ataravuga. Urukundo ruzira ubwikunzi bamugaragarije rwaramukomeje igihe nyene yari abikeneye. Ese ukuntu duhimbarwa no kubona urukundo rwacu rukomeye kurusha urwanko!

Mushiki wacu umwe atwawe n’abapolisikazi babiri ku muduga, abandi bavukanyi na bashiki bacu na bo bakaba bariko baramukomera amashi.

No mu bihugu aho usanga igikorwa cacu kibujijwe canke kiburabuzwa, abavukanyi bacu baragaragarizanya urukundo ruzira ubwikunzi (Raba ingingo ya 15)c


16. Kubera iki intumwa Petero yavuze ko abahamwa bahorwa gukorera Imana bahiriwe? (1 Petero 4:14)

16 Turazi ko kwihanganira urwanko bituma twemerwa n’Imana. (Soma 1 Petero 4:14.) Intumwa Petero yavuze ko abihanganira guhamwa bahorwa gukorera Imana bahiriwe. Uti kubera iki? Kubera ko urwo ruhamo ari ikimenyamenya c’uko ‘impwemu y’Imana iri kuri twebwe.’ Petero yari azi ingene gushimwa n’Imana be no kwihanganira uruhamo bituma umuntu yiyumva. Gatoyi inyuma ya Pentekoti yo mu 33, indongozi z’idini zararungitse abapolisi bo ku rusengero kugira ngo bafate Petero be n’izindi ntumwa kubera ko bariko baramamaza. Mugabo Petero yaraburaniye ukwizera kwiwe abigiranye ubutinyutsi. (Ivyak. 5:​24-29) Mbere n’inyuma yaho we n’izindi ntumwa babashishuriye, bagumye bamamaza. Baranezerewe kubera ko bari ‘batewe iteka ryo guteterezwa kubera izina rya Yezu.’ Na twebwe igihe twihanganiye ibigeragezo turashobora guhimbarwa.—Ivyak. 5:​40-42.

17. Mw’ijoro rya buca Yezu apfa, yabwiye iki abigishwa biwe?

17 Mw’ijoro rya buca Yezu apfa, yabwiye abigishwa biwe ati: «Uwunkunda . . . azokundwa na Dawe, nanje nzomukunda.» (Yoh. 14:21) Turashashaye cane kuzobaho igihe gukorera Yehova bizotuma dukundwa aho gutuma twankwa. (2 Tes. 1:​6-8) Ariko rero mu kurindira ico gihe, nimuze turemeshwe twongere dukomezwe n’imvo nyinshi dufise zituma tunezerwa igihe abandi batwanse.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni imvo izihe zituma abigishwa ba Yezu bankwa?

  • Ni mu buryo ki urukundo rwacu rukomeye kuruta urwanko?

  • Ni imvo izihe zotuma tunezerwa igihe abandi batwanse?

URURIRIMBO RWA 149 Ururirimbo rw’intsinzi

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

b INSOBANURO Y’AMAFOTO: Ivyakinywe vyerekana Ignacio ariko arabwira inkuru nziza umwigisha wiwe.

c INSOBANURO Y’IFOTO: Ivyakinywe vyerekana abavukanyi bagiye gushigikira uwo basangiye ukwemera agira aje gufungwa azira ukwizera kwiwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika