UMUNTU AVUGWA MURI BIBILIYA
Nube intwari, ube n’intahemuka nka Benaya
Benaya yari umurwanyi w’intwari ku ngoma y’umwami Dawidi n’umwami Salomo. Kubera ko yari umwana w’umuherezi, mu bisanzwe ntiyari gufata ibirwanisho ngo aje mu ntambara. Naho ari ukwo, Benaya yaragize uruhara mu ntambara zo kurwanira Yehova kandi yaragaragaje ubutwari budasanzwe. Nk’akarorero, yariciye intambwe mu kinogo yongera yica umurwanyi umwe w’igihangange. Dawidi yaramwemera cane ku buryo yamugize umukuru w’abamucungerera ubuzima.—2 Sam. 23:20-23.
Benaya yagumye ari intahemuka kuri Dawidi igihe Abusalomu na Adoniya bagarariza umwami. (2 Sam. 8:18; 15:18; 1 Abm. 1:8) Igihe na ho Dawidi yari amaze gusaza, Benaya yarashigikiye iyimikwa rya Salomo. (1 Abm. 1:32-40) Ego cane, n’igihe abandi baba bahemutse, Benaya wewe yaguma ari intahemuka kuri Yehova no ku bami Yehova yaba yarobanuye.
Na twebwe turakeneye kugira umutima rugabo kugira ngo turwanye wa mwansi wacu akomeye ari we Shetani, be n’abamushigikiye. Turakwiye kandi kwiyemeza kuguma twisunga ingingo ngenderwako za Yehova. (Ef. 6:11; 1 Pet. 5:8, 9) N’igihe hagize abahitamwo guheba Yehova, twebwe tuguma turi intahemuka kuri we, twizigiye ko azoduha impera.—2 Sam. 22:26.