ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Ntwarante rup. 32
  • Nube intwari, ube n’intahemuka nka Benaya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nube intwari, ube n’intahemuka nka Benaya
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki twigira ku basavyi ba Yehova b’intahemuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Ividewo irimwo ubutumwa budata igihe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Gira umutima rugabo nka Sadoki
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Ntwarante rup. 32

UMUNTU AVUGWA MURI BIBILIYA

Nube intwari, ube n’intahemuka nka Benaya

Benaya yari umurwanyi w’intwari ku ngoma y’umwami Dawidi n’umwami Salomo. Kubera ko yari umwana w’umuherezi, mu bisanzwe ntiyari gufata ibirwanisho ngo aje mu ntambara. Naho ari ukwo, Benaya yaragize uruhara mu ntambara zo kurwanira Yehova kandi yaragaragaje ubutwari budasanzwe. Nk’akarorero, yariciye intambwe mu kinogo yongera yica umurwanyi umwe w’igihangange. Dawidi yaramwemera cane ku buryo yamugize umukuru w’abamucungerera ubuzima.—2 Sam. 23:​20-23.

Benaya yagumye ari intahemuka kuri Dawidi igihe Abusalomu na Adoniya bagarariza umwami. (2 Sam. 8:18; 15:18; 1 Abm. 1:8) Igihe na ho Dawidi yari amaze gusaza, Benaya yarashigikiye iyimikwa rya Salomo. (1 Abm. 1:​32-40) Ego cane, n’igihe abandi baba bahemutse, Benaya wewe yaguma ari intahemuka kuri Yehova no ku bami Yehova yaba yarobanuye.

Na twebwe turakeneye kugira umutima rugabo kugira ngo turwanye wa mwansi wacu akomeye ari we Shetani, be n’abamushigikiye. Turakwiye kandi kwiyemeza kuguma twisunga ingingo ngenderwako za Yehova. (Ef. 6:11; 1 Pet. 5:​8, 9) N’igihe hagize abahitamwo guheba Yehova, twebwe tuguma turi intahemuka kuri we, twizigiye ko azoduha impera.—2 Sam. 22:26.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika