ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Ntwarante rup. 20-25
  • Niwagaragaza ugutahura ‘uzororanirwa’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwagaragaza ugutahura ‘uzororanirwa’
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NIWICISHE BUGUFI AHO KUGARAGAZA UBWIBONE
  • NUTEKANE AHO GUTWARWA N’ISHAVU
  • NIWIZIGIRE YEHOVA AHO KUGIRA UBWOBA
  • IVYODUFASHA KUGUMA TUGARAGAZA UGUTAHURA
  • Akana kagizwe imbohe kavugira Imana
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Agakobwa k’Akisirayeli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Karipfuje kugira ico gafashije
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yaragagaje ariko mu nyuma aragamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Ntwarante rup. 20-25

25-31 RUSAMA 2026

URURIRIMBO RWA 135 ‘Ca ubwenge mwananje’

Niwagaragaza ugutahura ‘uzororanirwa’

«Uwerekana ko afise ugutahura azororanirwa.»—IMIG. 16:20.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene kugaragaza ugutahura vyodufasha kuvyifatamwo neza mu bihe bitoroshe.

1-2. Ugutahura ni iki, kandi kwodufasha gute?

VYOBA birashika ugafatwa mu buryo butaranga icubahiro wumva ko wari ubereye? Vyoba birashika umuntu akakwiyumvira uko utari canke akakubabaza? Canke na ho, woba warashikiwe n’ikintu kigutera ubwoba? Nimba bimaze kugushikira, uratahura ko mu bihe nk’ivyo, gukora ikibereye bitaba vyoroshe. Ariko igishimishije, Bibiliya iratwereka kamere idufasha mu bihe nk’ivyo be no mu bindi bihe, na yo akaba ari ugutahura.

2 Ugutahura ni ubushobozi bwo kubona kure. Kuratuma tumenya igituma ikintu kanaka cabaye canke igituma umuntu yavuze canke yakoze ukunaka. Ivyo bituma twitonda, tugakorana ubukerebutsi. Nk’akarorero, biradufasha ‘kugumya ururimi rwacu’ no kumenya igihe co ‘kuguma duhoze.’ (Imig. 10:19; Zab. 4:4) Biradufasha kandi gucungera ishavu ryacu no kwirengagiza ikosa tuba twakorewe. Vyongeye, biradufasha kwemera impanuro. (Imig. 19:20) Iyo tugaragaje ugutahura, usanga ivyo tuvuga n’ivyo dukora bihimbara Yehova, ariko kandi natwe bikatugirira akamaro, tutibagiye n’abandi. Igihe na ho dushikiwe n’ibintu bidushavuza, ntiduca dutwarwa n’ishavu maze ngo dukore ibitabereye. Reka turabe uburorero butatu bwo muri Bibiliya bwerekana ingene ugutahura gushobora kudufasha kwicisha bugufi, gutekana no kwizigira Yehova duherejeko.

NIWICISHE BUGUFI AHO KUGARAGAZA UBWIBONE

3. Namani yari nde?

3 Kugira ngo turoranirwe vy’ukuri, turakeneye kwirinda ubwibone. (1 Pet. 5:5) Ugutahura kurashobora kubidufashamwo. Uti gute? Raba akarorero ka Namani. Namani yaba muri Siriya, igihugu cari mu buraruko bwa Isirayeli. Yari umuntu yubahwa cane akaba n’umukuru w’ingabo za Siriya. Ariko rero, yari arwaye indwara ibabaza cane y’imibembe.—2 Abm. 5:1.

4. Namani yagaragaje gute ugutahura ku rugero kanaka?

4 Muka Namani yari afise agakozi k’Akisirayelikazi. Kamubwiye ko muri Isirayeli hari umuhanuzi yari gushobora gukiza umugabo wiwe. (2 Abm. 5:​2, 3) Namani yari gushobora kwiyumvira ati: «Agashumbakazi nk’aka ko mu gihugu c’abansi, hari ikintu congirira akamaro kombwira?» Ariko Namani yaragaragaje ugutahura ku rugero kanaka. Aho gutwarwa n’ubwibone ngo yirengagize amajambo y’ako gakobwa, yaricishije bugufi arafata nka nkama ivyo kari kavuze. Yaciye asaba uruhusha umwami wa Siriya rwo kuja muri Isirayeli kurondera uwomukiza.—2 Abm. 5:​4, 5.

5. Namani vyamugendeye gute igihe yashika muri Isirayeli?

5 Namani yaciye aja ku kirimba c’umwami wa Isirayeli ari we Yehoramu kugira amukize. Ariko Yehoramu yiyumviriye ko umwami wa Siriya ariko aramwigenzako. Umuhanuzi Elisha avyumvise, yaciye asaba umwami Yehoramu ngo amurungikire Namani. (2 Abm. 5:​6-9) Ariko ibintu ntivyagenze nk’uko Namani yari avyiteze. Elisha ntiyigeze anasohoka kumuraba canke ngo amuvugishe. Ahubwo yarungitse uwuja kubwira Namani ivyo yokora kugira ngo akire.—2 Abm. 5:10.

6. (a) Ni igiki gishobora kuba caratumye Namani yanka gukurikiza ivyo yabwiwe n’intumwa ya Elisha? (b) Abasuku ba Namani bagaragaje gute ugutahura, kandi vyavuyemwo iki? (2 Abami 5:​13, 14)

6 Mu ntango Namani ntiyakiriye neza ivyo intumwa ya Elisha yamubwiye. ‘Yaciye ashavura’, aca arivumbura ‘aragenda.’ (2 Abm. 5:​11, 12) Kubera iki? Ashobora kuba yiyumviriye ko batamuhaye icubahiro yari akwiriye nk’intwazangabo yo ku rwego rwo hejuru. Vyongeye, ashobora kuba yiyumviriye ko Elisha yasuzuguye igihugu ca Siriya. Icoba carabitumye cose, Namani yaranse akagaye yemera gusubira iwabo aho kurondera gukizwa. Ariko abasuku biwe baragaragaje ugutahura mu kumwinginga ngo yikubite agashi. Namani yahavuye areka ubwibone, aricisha bugufi maze aremera gukurikiza ivyo Elisha yari yamusavye gukora, kandi yaciye akira.—Soma 2 Abami 5:​13, 14.

7. Akarorero ka Namani katwigisha iki? (Imigani 22:4) (Raba n’amafoto.)

7 Twigira iki kuri iyi nkuru? Imbere yo kugira ico dukoze, turakwiye kubanza kurondera gutahura ibintu. Ugutahura kuratuma kandi tudatwarwa n’ibishobisho. Kuranatuma twicisha bugufi. Umuntu yicisha bugufi aratahura ko atazi ibintu vyose. Vyoshobora rero gukenerwa ko dufashwa n’abandi, canecane Yehova. Naho Namani atari bwabe umusavyi wa Yehova, yaragaragaje ugutahura ku rugero kanaka mu kwumviriza abandi y’icishije bugufi. Yarumvirije ka kisirayelikazi kakorera umugore wiwe, arumviriza abasuku biwe, n’igihambaye kuruta arumviriza n’umuhanuzi Elisha yaserukira Yehova. Naho Namani yari yababaye, yararetse ubwibone. Amaherezo yahavuye afata ingingo nziza yatumye aroranirwa. Na twebwe rero, turakwiye kubanza kuzirikana imbere yo kugira ico dukoze. Nk’akarorero, hagize uwuduha impanuro ishingiye ku Vyanditswe mugabo tukaba tutayemera canke igihe ishirahamwe riduhaye ubuyobozi tudatahura, turakwiye kubanza kuzirikana nimba ivyo tuza kuvuga canke gukora vyerekana ko twicisha bugufi canke ko dufise ubwibone.—Soma Imigani 22:4.

Amafoto: Umuvukanyi ariko arerekana ko afise ugutahura mu kwumviriza abandi yicishije bugufi. 1. Ariko arumviriza umuvukanyi arusha imyaka ariko aramuhanura akoresheje agatabu «Niwijukire gusoma no kwigisha.» 2. Ariko arumviriza mushiki wacu yitereye mu myaka ariko aramusigurira ingene ishengero ryatunganije ivyo kwamamaza ku mugaragaro. 3. Ariko arumviriza ikiganiro kuri televiziyo yacu akoresheje tablete yiwe.

Kurya Namani yicishije bugufi akumviriza abandi, na twebwe turakwiye kwumviriza abandi igihe baduhanuye, igihe badutuye ingorane, canke igihe turonse ubuyobozi buvuye kw’ishirahamwe (Raba ingingo ya 7)


NUTEKANE AHO GUTWARWA N’ISHAVU

8. Ni ryari vyohava bitugora kuguma dutekanye?

8 Ugutahura kurashobora kudufasha kuguma dutekanye maze tukirinda gutwarwa n’ishavu igihe tuba turi mu bintu bitesha umutwe. Tuvugishije ukuri, ntivyama vyoroshe na canecane igihe hari uwatubwiye nabi canke agakora ikintu kitubabaza. (Ef. 4:26) Reka turabe ingene Dawidi na Abigayili berekanye ugutahura mu gihe kitari coroshe.

9. Nabali yafashe gute Dawidi?

9 Raba ivyabaye igihe Dawidi n’ingabo ziwe bahungira mu bugaragwa bw’i Parani. (1 Sam. 25:1) Igihe bari muri ako gahinga, barakingiye abungere be n’ubusho bw’umugabo umwe w’umutunzi yitwa Nabali. (1 Sam. 25:​15, 16) Igihe ikiringo co kumwa ubwoya intama cagera, Dawidi yararungitse intumwa kuri Nabali aramwipfuriza amahoro, yongera aramusaba yicishije bugufi ko yomuronsa ibifungurwa. (1 Sam. 25:​6-8) Mugabo Nabali ntiyerekanye ko akenguruka na gato ivyo Dawidi n’ingabo ziwe bari baramukoreye. Yarafashe nabi izo ntumwa, mbere aranatuka Dawidi n’ingabo ziwe.—1 Sam. 25:​10, 11.

10. Dawidi na Abigayili bagaragaje gute ugutahura? (1 Samweli 25:​32, 33) (Raba n’ifoto.)

10 Iyo uza kuba uri Dawidi wari kwumva umerewe gute? Ngira uca utahura igituma Dawidi yashavuye cane. Emwe, yarashavuye cane ku buryo ashaka kwica Nabali. (1 Sam. 25:​13, 21, 22) Nkako, Dawidi mbere yariko aja gushitsa uwo mugambi iyo Abigayili wa mugore w’inkerebutsi atahaseruka. None Abigayili yerekanye gute ko afise ugutahura? Yaratahuye ko Dawidi yari umuntu mwiza naho yari yatwawe n’ishavu, akaba ari co gituma yakoze uko ashoboye kwose kugira amufashe guhwamika iryo shavu. Yaramuzaniye ibifungurwa vyinshi yongera aramuha impanuro yicishije bugufi. (1 Sam. 25:​18, 23-31) Dawidi na we yarerekanye ugutahura mu gutega yompi Abigayili, yongera aremera ko impanuro amuhaye yagaragaza ukuntu Yehova abona ibintu. Ivyo vyatumye Dawidi atekana maze aririnda gukora ikosa rikomeye.—Soma 1 Samweli 25:​32, 33.

Dawidi ateze yompi Abigayili apfukamye imbere yiwe amwinginga. Ingabo za Dawidi ziriko zibikurikiranira hafi. Abasuku ba Abigayili na bo bahagaze inyuma yiwe, bafise ingabire nyinshi mu minwe.

Kubera ko Dawidi na Abigayili bagaragaje ugutahura mu gihe kitari coroshe, baratumye ibara ritagwa (Raba ingingo ya 10)


11. Ugutahura kwodufasha gute igihe hari uwudushavuje? (Imigani 19:11)

11 Twigira iki kuri iyi nkuru? Ugutahura kuradufasha kudatwarwa n’ishavu, mbere n’igihe tuba dufise imvo zumvikana zo gushavura. Kuradufasha kandi kuzirikana ku ngaruka z’ivyo tuvuga canke dukora. (Soma Imigani 19:11.) Igihe Abigayili yibutsa Dawidi ukuntu Yehova abona ibintu, vyatumye Dawidi atsinda ishavu. Nimba nawe hariho ikintu kigushavuza canke kigutesha umutwe, nugerageze gutsinda ishavu. (Yak. 1:19) Niwiture Yehova mw’isengesho wongere ufate umwanya kugira umenye ukuntu abona ico kibazo. Nta nkeka ko bizogufasha gutekana.

12. Abandi bodufasha gute kubona kure no kuguma dutekanye?

12 Kurya nyene Yehova yakoresheje Abigayili kugira afashe Dawidi kubona kure, no muri iki gihe arashobora gukoresha abavukanyi na bashiki bacu kugira badufashe kubona ibintu nk’uko abibona. Igihe rero uri mu bintu bitesha umutwe, nubanze witure umukirisu ahumuye kugira ngo agufashe kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. (Imig. 12:15; 20:18) Nimba na ho ari wewe ugomba gufasha umugenzi ari mu bihe nk’ivyo, ubona gute wiganye Abigayili? Nugerageze kumufasha kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Yehova azohezagira utwigoro twose uzogira two gufasha abandi kubona kure no kuguma batekanye.

NIWIZIGIRE YEHOVA AHO KUGIRA UBWOBA

13. Ugutahura kwogufasha gute gutsinda ubwoba?

13 Rimwe na rimwe, turashikirwa n’ibintu bituma tugira ubwoba. Ugutahura kurashobora kudufasha kudatwarwa n’ubwoba, tukibuka ko ikintu cose co muri ino si codutera ubwoba ata co kivuze imbere ya Yehova, ya Mana y’ububasha budasanzwe. (Zab. 27:1) Yehova arashobora kudufasha mu bihe vyose, mbere n’ivyo tuba tubona ko tutazova imbere. Akarorero k’ivyashikiye Yona karabitwereka neza. Naho yari umuntu yubaha Imana, yari akeneye ugutahura kugira aroranirwe mu gikorwa kitoroshe yari yashinzwe.

14. Kubera iki Yona yagonanywe gukora igikorwa Yehova yari yamushinze?

14 Yehova yarashinze Yona igikorwa kitoroshe co kuja gutangariza Abanyaninewe urubanza Imana yari yabaciriye. (Yona 1:​1, 2) Iyo uza kuba ari wewe washinzwe ico gikorwa wari kwumva umerewe gute? Yona yari kugira urugendo rutoroshe n’amaguru, ava muri Isirayeli aja muri ico gisagara c’Abasiriya citwa Ninewe. Rwari urugendo rwomaze nk’ukwezi. Vyongeye, Abasiriya bari bazwi ko bari abantu b’inkozi z’ikibi katwa. Igisagara ca Ninewe mbere, citwa «igisagara gisesa amaraso.» (Nah. 3:​1, 7) Aho kujayo, Yona yaciye ahunga.—Yona 1:3.

15. Ni igiki cafashije Yona kurushiriza kwizigira Yehova? (Yona 2:​6-9)

15 Igihe Yona yariko arahunga, Yehova yaramwibukije ububasha afise mu kumurokora ku gitangaro. (Yona 1:​15, 17) Yona yarahakuye icigwa. Yaratahuye ko atari akwiye gutinya kuja i Ninewe, kubera ko Yehova yokoresheje ububasha bwiwe mu kumukingira. (Soma Yona 2:​6-9.) Igihe Yehova yasubira kumutumayo, yaremeye ata kugonanwa. Yaragiye i Ninewe kandi abantu baho baramwumvirije.—Yona 3:5.

16. Ugutahura kwodufasha gute igihe dufise ubwoba? (Imigani 29:25) (Raba n’amafoto.)

16 Twigira iki kuri iyi nkuru? Ntitwipfuza ko hagira ikintu na kimwe cotubuza gukorera Yehova, canecane ugutinya abantu. (Soma Imigani 29:25.) Ugutahura kwaratumye Yona adashira umutima ku ngorane zari kumushikira mu gikorwa yari yashinzwe, ahubwo awushira ku kuntu Yehova yomufashije. Na twebwe rero, tuzirikanye ku kuntu Yehova yagiye aradufasha, turashobora kurengera ivyodutera ubwoba. Ikindi codufasha, ni kuzirikana ku burorero bw’abavukanyi na bashiki bacu bagumye bashikamye mu bihe biteye ubwoba canke baroraniwe mu bikorwa bitoroshe bari bashinzwe kubera ko bihetse kuri Yehova.a (Heb. 13:6) Ese twokwerekana ko dufise ugutahura mu kwizigira Yehova duherejeko kandi tugafasha abandi kubigira!

Amafoto: 1. Umuhanuzi Yona ariko agenda atumbereye amarembo y’igisagara ca Ninewe. 2. Umuvukanyi w’umuyabaga ariko aca muri koridoro yo kw’ishure iwabo, irya n’ino yiwe hakaba huzuye ibintu Yehova yanka. Muri iyo koridoro yose hamanitswe utudarapo dufise amabara y’umunywamazi turanga abaryamana basangiye igitsina. Umusore umwe ariko atotezwa n’uwundi.

Akarorero ka Yona karatwigisha ko ugutahura gushobora kudufasha kwemera ubuyobozi Yehova aduha, kandi tukaroranirwa mu gikorwa kitoroshe twoshingwa (Raba ingingo ya 16)


IVYODUFASHA KUGUMA TUGARAGAZA UGUTAHURA

17. Ni ibiki vyodufasha kuguma tugaragaza ugutahura?

17 Nk’uko twamaze kubibona, ugutahura kurashobora kudufasha kuroranirwa igihe turi mu bihe bitoroshe. None ni ibiki bizodufasha kuguma tukugaragaza? Yehova ni we Soko ntangere ry’ugutahura, kandi ukwo gutahura arakuronsa abasavyi biwe biciye kw’Ijambo ryiwe no ku mpwemu yiwe nyeranda. (Neh. 9:20; Zab. 32:8) Araturonsa impanuro zidufasha gufata ingingo nziza no kudatwarwa n’ishavu canke ubwoba. (Zab. 119:​97-101) Kugira rero tugume tugaragaza ugutahura, turakwiye kwiyigisha Bibiliya tuvyitondeye kandi tugasaba Yehova ngo aturonse impwemu yiwe nyeranda y’ububasha. Ivyo bizodufasha kubona ibintu nk’uko Yehova abibona maze dukore ibimuhimbara.—Imig. 21:​11, akajambo k’epfo.

18. Twiyemeje gukora iki?

18 Ese twobandanya gusaba Yehova ngo aturonse ugutahura. (Zab. 14:2) Nitwabigira ntituzokwigera tuva «mu nzira y’ugutahura kwimbitse.» (Imig. 21:​16, akajambo k’epfo) Nimuze rero twiyemeze kwama tugaragaza ugutahura mu vyo dukora vyose. Ivyo bizotuma «turoranirwa.»

TWOKWEREKANA GUTE KO DUFISE UGUTAHURA NKA . . .

  • Namani?

  • Dawidi na Abigayili?

  • Yona?

URURIRIRMBO RWA 42 Isengesho ry’umusavyi w’Imana

a Raba nk’akarorero kuri jw.org canke JW Library®, inkuru y’uwitwa Georgiy Porchulyan mu «Nkuru z’ubuzima z’Ivyabona vya Yehova», mu gice kivuga ngo «Ibiza birasohoka.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika