ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/05 rup. 6
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 6/05 rup. 6

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Rus.

“Igihe uwacu apfuye, ni ibisanzwe kwumva twipfuza kwongera kumubona. Si vyo none? [Rindira yishure.] Benshi bariruwe n’umuhango w’izuka uri muri Bibiliya. [Soma Yohana 5:28, 29.] Iki kinyamakuru kiravuga ivyerekeye igihe izuka rizobera be n’abazozuka abo ari bo neza na neza”.

Réveillez-vous! 8 Rus.

“Abavyeyi benshi ntibareka ngo abana babo bapfe ivyo barorereye. Vyoba vyarakubereye urugamba kuronka amasinema abereye ku muryango wanyu? [Rindira yishure, maze uce usoma Abanyefeso 4:17.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ukuntu abavyeyi bofasha abana babo guhitamwo uburyo bwiza bwo kwinezereza”.

Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Rus.

“Woba wibaza ko hazogera igihe tukaba mw’isi itagiramwo ubukene? [Rindira inyishu.] Raba ivyo Imana isezerana. [Soma Yesaya 65:21.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iravuga ivy’ukuntu uwo muhango uzoranguka”. Nutunganye ivyo kuzogaruka kugira murabire hamwe iki kibazo kibaza ngo: Iryo hinduka ryasezeranywe rizoba ryari?

Réveillez-vous! 22 Rus.

“Abantu benshi barumvise ko kwinonora imitsi bifise akamaro kanini kugira umuntu agire amagara meza, yamara rero abatari bake bariyemerera ko batinonora bihagije. Si vyo none? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ivyerekeye akamaro ko kwama umuntu yinonora imitsi, kikongera kikerekana uburyo bumwebumwe dushobora gukoresha, naho dufishe vyinshi ducurumbamwo”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika