ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/09 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 4/09 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante

“Wibaza ko ibintu vyose bishikira umuntu mu buzima ari ivyo aba yarandikiwe imbere y’igihe? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ibivugako. [Soma Umusiguzi 9:11.] Iki kinyamakuru kirasigura yuko, naho Imana yashinze imbere y’igihe kazoza keza igitangaza ku bijanye n’isi, irareka umwe wese muri twebwe akihitiramwo ubwiwe ukuntu abaho.”

Réveillez-vous! Ntwarante

“Abantu benshi muri iki gihe barafise imyitwarariko ijanye n’amahera, na canecane muri iki kiringo ivy’ubutunzi vyifashe nabi. Wewe woba none uvyemera? [Rindira yishure.] Raba iyi mpanuro irimwo uburimbane. [Soma 1 Timoteyo 6:8, 10.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ingingo ngenderwako zimwezimwe zo muri Bibiliya zodufasha gukoresha amahera dufise mu buryo butuma tugira amahoro yo mu mutima.”

Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante

“Gukora ibigororotse birashobora vy’ukuri kuba urugamba igihe abantu badushizeko umukazo wo gukora ukundi. Wewe wibaza ko ari igiki codufasha kwirinda kurugwamwo? [Rindira yishure. Nuce usoma Imigani 29:25.] Iki kiganiro c’ingirakamaro kirasigura muri rusangi imvo zitanu zotuma dutinya kudahimbara Imana aho gutinya kudahimbara abantu.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.

Réveillez-vous! Ntwarante

“Twese turashima kugira abagenzi beza. Ni kamere izihe woshima ko umugenzi aba afise? [Rindira yishure.] Raba iki kintu kivugwa muri Bibiliya. [Soma Imigani 17:17.] Iki kiganiro kiratugira inama ku bijanye no guhitamwo abagenzi be n’ukuntu umuntu yobera abandi umugenzi mwiza.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika