ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/05 rup. 3-4
  • Shemeza Yehova mw’ishengero rinini

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Shemeza Yehova mw’ishengero rinini
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Tugume twiteze Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Dukurikire Kristu mu kwifata mu buryo buranga icubahiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Amahwaniro y’intara ni igihe c’ugusenga giteye umunezero
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Woba witeguriye amazimano y’ivy’impwemu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 6/05 rup. 3-4

Shemeza Yehova mw’ishengero rinini

1, 2. Ni akaryo akahe ihwaniro ry’intara riduha, kandi ni uburyo bumwe ubuhe bwo kubishitsa?

1 Amahwaniro y’intara tugira uko umwaka utashe araduha akaryo keza cane ko kuninahaza Yehova. Inyiyumvo tugira ni nk’iza Dawidi, uwaririmvye ati: “Nanje nzogushimira mw ishengero rinini, nzoguhimbariza mu bantu benshi” (Zab. 35:18). Kw’Ihwaniro ry’intara ryimirije ryataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana”, ni gute tworaba neza ko twebwe abantu bunze ubumwe dutuma Yehova ashemezwa?

2 Uburyo bumwe dushobora kubigira, ni mu kuntu twigenza. Hari abajejwe ikibanza kimwe c’ihwaniro bavuze bati: “Dufatiye ku mahwaniro muhora mugira, twabwiye ayandi madini yipfuza gukotesha iki kibanza ko yoza kuraba ukuntu Ivyabona vya Yehova bategura ihwaniro, kubera ko batunganya ibintu neza cane”. Biciye ku kuntu tuboneka, ku kuntu dukorana mu mwumvikano be no ku kuntu twigenza, umwe wese muri twebwe aratuma tuvugwa neza gutyo, Imana yacu ikaba ari yo iba ivuzwe neza bikwiriye.—1 Pet. 2:12.

3, 4. Ni gute urupfasoni ruzodufasha kwambara mu buryo bubereye abasuku bakirisu, haba kw’ihwaniro canke inyuma y’ibiringo vy’ihwaniro?

3 Ukuntu tuboneka: Kugira twambare kandi twitunganye mu buryo butuma Yehova ashemezwa, bisaba ukwifata rupfasoni (1 Tim. 2:9). Igitabu c’Ishure ry’Ubusuku ku rupapuro rwa 132, kivuga giti: “Umuntu yifata rupfasoni arazwa ishinga n’ukutababariza abandi ubusa, be n’ukudakwegera ubwenge bw’abantu kuri we bitabereye”. Mu bihugu vyinshi, impuzu zitaranga urupfasoni ziraharawe. Ariko rero, Yehova arashima rwose akigoro mugira ko kumuserukira mu buryo bubereye (Ivyak. 15:14). Naho ihwaniro ryobera mu kibanza kiberamwo inkino canke iyindi nyubakwa yo kwinezererezamwo, iryo koraniro ritubera “ishengero rinini” muri iyo misi itatu ihwaniro rimara. Ku bw’ivyo, kubera ko tuba dukoraniye imbere ya Yehova, dukwiye kwambara rupfasoni kubera ko ahambaye kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi.—1 Ngo. 29:11.

4 Turakeneye kandi kwitwararika ukuntu tuboneka imisi yose inyuma y’ikiringo c’ihwaniro. Naho vyoshika tukipfuza kwambara impuzu zirushirije kuba izitworohereza mu gihe co kwisamaza canke igihe turiko turafungura muri resitora, birahambaye ko tuguma twambaye kandi twitunganije mu buryo bubereye “[a]bavuga yuko bubaha Imana” (1 Tim. 2:10). Inyambaro ibereye ntifatirwa ku biharawe mw’isi (1 Yoh. 2:16, 17). Ibitabu vyacu vya gikirisu birimwo amashusho yerekana inyambaro y’abagabo n’abagore iranga urupfasoni, ibereye, umuntu yokwambara mu bihe bitandukanye. Kwambara agakarata karanzi igihe turi mu gisagara kiberamwo ihwaniro, kizoba ikintu cibutsa ko turi abasuku bakirisu igihe cose.—2 Kor. 6:3, 4.

5. Ni akarorero keza akahe katanzwe n’abantu bo mu misi ya Ezira?

5 Twubahe imeza ya Yehova: Mu misi ya Ezira igihe yagira asome Ivyanditswe, ‘abantu baravuye hasi’ babitumwe n’icubahiro be n’igishika bari bafitiye inyigisho bagira baronke. Igihe Ezira yariko arasoma “abantu bose bari bateze amatwi bumviriza” (Neh. 8:3, 5, 6). Baremera ko Yehova ari we yariko arababwira, maze ivyo bituma batega ugutwi babigiranye icubahiro. Twoba natwe twifata gutyo mu kiringo c’amahwaniro tugira?

6, 7. Twokwerekana gute ko twubaha imeza ya Yehova yo mu buryo bw’impwemu?

6 Umukama Segaba w’ijuru n’isi yaraduteretse amazimano (Yes. 25:6; 1 Kor. 10:21). Nimba duha agaciro kanini ikibanza dufise ku meza ya Yehova yo mu buryo bw’impwemu, intumbero yacu izoba iyo kwitaba ihwaniro mu misi itatu yose rizomara. Woba waramaze kuringaniza ivy’uburaro, uburyo bwo kwiyunguruza canke woba waramaze gusaba uruhusha ku kazi? Woba waramaze gutegekanya umwanya uhagije wo kwitegura n’uw’urugendo ku buryo uzoshika ahabera ihwaniro hakiri kare kugira uronke aho wicara, ube kumwe n’abavukanyi bacu wongere wifatanye na bo mu gushemeza Yehova mu ruririmbo n’isengesho vyugurura?—Zab. 147:1.

7 Ukwubaha imeza ya Yehova bizotuma dutega yompi porogarama twongere twirinde kuza turavugana n’abandi bidakenewe, kuza turafungura canke kuza turitembereza mu tuyira. Biciye kuri wa mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge, Yehova ariko aratanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu dukeneye ubu (Mat. 24:45). Nta n’umwe muri twebwe yoshima ko haba ikintu na kimwe muri ivyo kimucika. Abavyeyi bakwiye kwicarana n’abana babo maze bakabafasha kuhungukira bimwe vyuzuye.—Gus. 31:12.

8. Ni ibiki dusabwa gukora ku bijanye n’imfungurwa za sasita, kandi kubera iki?

8 Dusabwa kugenda twitekereye impamba aho kuva ku kibanza c’ihwaniro mu karuhuko ka sasita ngo tuje kurondera ivyo dufungura. Abenshi mu bitavye ihwaniro ryo mu mwaka uheze barakwiriye gukezwa kuko bakurikije ubwo buyobozi. Mbega ukuntu vyoba vyiza twese tubigejeje gutyo muri uyu mwaka (Heb. 13:17)! Iyo ntunganyo iratanga akaryo keza ko kwifatanya n’abavukanyi bacu mu buryo bwubaka kakongera kagatuma harangwa ubumwe n’amahoro, ari na vyo bitera iteka Yehova.—Zab. 133:1.

9, 10. Ni akandi karyo akahe ko gushemeza Yehova ihwaniro riduha?

9 Gushinga intahe akaryo kizanye: Igihe tugiye ku kibanza c’ihwaniro canke tuvuyeyo, turaronka uturyo twinshi two gushemeza Yehova dukoresheje iminwa yacu (Heb. 13:15). Twaba turiko turafungura muri resitora canke twaba turiko turayaga n’abakozi bo mw’ihoteli, nimuze turondere uturyo two gushinga intahe. Imizirikanyi n’imitima yacu izokwuzura ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu. Nimuze dusangire ivyo bintu vyiza na barya duhura tutari tuvyiteze.—1 Pet. 3:15.

10 Turarindiranye igishika ako karyo ko guhezagira Yehova “mu masinzi akoranye” (Zab. 26:12, NW). Nimuze tuzoshemeze Yehova kw’Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana”.

[Box on page 4]

Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro ry’intara

◼ Ibihe porogarama izoberako: Muri iyo misi yose itatu, porogarama izohora itangura 2:30 zo mu gitondo. Hasigaye iminuta mikeyi ngo ikiringo c’ihwaniro gitangure, umuhagarikizi azoba yicaye ku mukiruruko mu gihe umuziki w’Ubwami wugurura uzoba uriko uravuga. Muri ico gihe twese dukwiye gufata ivyicaro kugira porogarama itangure mu rupfasoni. Porogarama izorangira 10:05 zo ku muhingamo ku wa gatanu no ku wa gatandatu, ku w’iyinga na ho irangire 9:10 zo ku muhingamo.

◼ Ugufatira abandi ibibanza: Ukwiye gufatira ibibanza abantu mwazananye mu muduga gusa canke abo mubana mu rugo.

◼ Intererano: Ugutunganya ivy’ihwaniro ry’intara biratwara amahera menshi. Turashobora kwerekana ko dukenguruka mu gutanga intererano zivuye ku mutima ku Ngoro y’Ubwami i wacu canke kw’ihwaniro, ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.

◼ Imfungurwa za sasita: Turabasavye muzoze mwitekereye impamba, aho kuzova mu kibanza c’ihwaniro mugiye kurondera ibifungurwa mu karuhuko ka sasita. Ntivyemewe kuzana inzoga ahabera ihwaniro.

◼ Ugufata amajwi n’amasanamu: Ivyuma bifata amajwi n’amasanamu vy’ubwoko ubwo ari bwo bwose ntibikwiye gucomekwa ku muyagankuba canke ku vyuma biduza amajwi vy’aho hantu kandi bikwiye gukoreshwa gusa mu buryo budatuma abandi basamara.

◼ Telefone ngendanwa: Umuntu akwiye kuyizimya kugira ntasamaze abandi.

◼ Amasanganya hamwe no gutabarwa vyihutirwa: Mu kibanza c’ihwaniro habaye ibintu bisaba gutabarwa vyihutirwa, turagusavye uce ubimenyesha uwakira abantu akwegereye na we azoce abimenyesha Urwego rwo gutabara abarwaye kugira ngo abantu bacu bajejwe ico gikorwa babimenyereye bari ngaho bashobore kuraba ukuntu ivyo bintu bikomeye maze bagire ico bafashije.

◼ Uburaro: Hazoboneka amasomero yo kuraramwo. Akenshi bizokenerwa ko umwe wese yizanira ibisaswa hamwe n’ibikoresho vyo guteka. Turabasavye muzosige aho hantu hasukuye ni mwataha. Ivyo bizoshingira intahe ikomeye izina rya Yehova be n’abasavyi biwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika