Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 27 Ruheshi 2005. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 2 Rusama gushika ku ndwi itangura ku wa 27 Ruheshi 2005. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37.]
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni kubera iki ingereranyo be n’imvugo mberanya ari ibikoresho bikomeye vyo kwigisha? (Ita. 22:17; Zab. 1:3; Yak. 3:6) [be rup. 240 ing. 2-4, uruzitiro]
2. Ni hehe dushobora gukura uturorero twigisha ivyigwa vy’agaciro, ariko rero dukwiye kwiyubara ku biki mu bijanye n’ivyo? [be rup. 242 ing. 1-2]
3. Ni ibiki dukeneye kwama twibuka igihe duhitamwo ibigereranirizo vyorushiriza kuba kirumara? [be rup. 244 ing. 1-2]
4. Ni kubera iki dukwiye gukoresha ibintu umuntu ashobora kubona mu kwigisha kwacu, kandi ni gute Yehova ivyo yabikoze? [be rup. 247 ing. 1-2, uruzitiro]
5. Twokoresha gute ibintu umuntu ashobora kubona igihe turi mu busuku bwo mu ndimiro? [be rup. 248 ing. 1–rup. 249 ing. 2]
IKIGANIRO NO. 1
6. Ni ubuyobozi ubuhe buri mw’Ijambo ry’Imana ku biraba ugushira abana mw’ishure? [w03 15/3 rup. 12 ing. 2; rup. 14 ing. 4]
7. Ni gute Yehova yerekanye ko yitwararika Dawidi akiri muto, kandi ni gute Dawidi yerekanye ko akunda Yehova? [w03 15/4 rup. 29 ing. 4; rup. 30 ing. 3]
8. Ni kubera iki Yehova yahimbawe n’ishikanwa rya Abeli, kandi ivyo bidukura amazinda ku biki? (Ita. 4:4) [w03 1/5 rup. 28 ing. 4–rup. 29 ing. 1]
9. Mu Migani 3:11 (NW), ni ‘ugutozwa indero na Yehova’ ukuhe kuhavugwa, dukeburwa kudatera akagere? [w03 1/10 rup. 20 ing. 2-4]
10. Imvugo ‘kubumbwa n’ivyo ufise’ isobanura iki mu buryo ikoreshwa muri 1 Timoteyo 6:6-8? [w03 1/6 rup. 9 ing. 1-2; rup. 10 ing. 1]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Soma 2 Samweli 6:8, 9. Igihe ibintu vyari bikomeye, Dawidi yabanje gushavura, hanyuma agira ubwoba, kumbure aranegeka kuri Yehova ico cago. Ni icigwa ikihe dushobora kwigira kuri iyo nyifato yagize?
12. Ni igiki twokwigira ku kuba Dawidi yaragerageje kuzana isandugu y’isezerano i Yeruzalemu, hamwe ubwa mbere? (2 Sam. 6:2-9)
13. Inyuma y’aho Dawidi na Batisheba bacumuriye, ni kubera iki umwana wabo yategerejwe gupfa, kandi mu Gusubira mu vyagezwe 24:16 be no muri Ezekiyeli 18:20 havuga ko umwana atazozira ibigabitanyo vya se? (2 Sam. 12:14; 22:31)
14. Tuzi gute yuko ivyo Ziba yavuze ku vyerekeye Mefibosheti cari ikinyoma? (2 Sam. 16:1-4)
15. Ni kubera iki ukuntu Mefibosheti yakiriye ivyabaye hagati yiwe na Ziba bitubera akarorero keza? (2 Sam. 19:24-30)