Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Rus.
“Abantu benshi bavuga ko bemera gusa ivyo bashobora kubona. Woba nawe ariko ubibona? [Rindira yishure, uce usoma Abaroma 1:20.] Iki kinyamakuru kirashira ahabona kamere zitatu z’Imana dushobora kubonera neza mu vyo yaremye kikongera kigaca irya n’ino ibijanye n’ukuntu kumenya izo kamere bishobora kugira ico bikoze kuri twebwe.”
Réveillez-vous! Rus.
“Abantu benshi muri iki gihe baratinya kazoza. Woba wibaza ko ibintu bizorushiriza kugenda neza canke ko bizokwunyuka? [Rindira yishure, uce usoma Ivyahishuwe 21:3, 4.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma dushobora kwizigira yuko vuba Imana izotorera umuti ingorane zikomeye zataye abantu ku w’amazi.”
Umunara w’Inderetsi 1 Rus.
“Kuba ivyago vy’ivyaduka bigenda birongerekana vyatumye bamwebamwe bibaza ko Imana iriko iraduhana. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma 1 Yohani 4:8.] Iki kiganiro kirasigura igituma Imana atari yo ituma haba ugucumukura guterwa n’ivyago vy’ivyaduka.” Numwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 30.
Réveillez-vous! Rus.
Soma Matayo 6:10. Nuce ubaza uti: “Woba umaze kwibaza umugambi Imana ifitiye isi uwo ari wo? [Rindira yishure.] Twisunze Bibiliya, Imana yari ifitiye umugambi isi kuva mu ntango kandi uwo mugambi ntiwahindutse. Iki kiganiro kirabisigura.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.