Umwana wawe yovuga iki?
BAVYEYI: Mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2010, urupapuro rwa 16-20, twaravuze ibijanye n’uko mwoza muragira udukino tw’imyimenyerezo muri kumwe n’abana banyu. Iki kiganiro kiratanga ivyiyumviro vyobafasha gutegura umwana wanyu kugira ngo avyifatemwo neza mu ngorane zishika kw’ishure. Hari aho mwoshima kugira utwo dukino tw’imyimenyerezo kuri wa mugoroba wagenewe Ugusenga kwo mu muryango.
ABANA b’Ivyabona vya Yehova barahura n’ingorane nyinshi. Abo bigana barakunda kubabaza igituma batagira uruhara mu bikorwa binaka, nk’ukuramutsa ibendera, uguhimbaza imisi mikuru yo kwibuka ivuka, be n’ibindi bintu bikorwa bijanye n’imisi mikuru. Umuhungu wawe canke umukobwa wawe niyahura n’ibibazo nk’ivyo, azokwishura gute?
Abana bamwebamwe b’abakirisu bishuye gusa bati: “Sinshobora kubigira. Idini ndimwo rirabibuza.” Abo bana barakwiye gukezwa kubera yuko baba bashikamye. Iyo nyishu baba batanze yoshobora gutuma badasubira kubabaza ibindi bibazo. Ariko rero, Bibiliya iduhanura kuba ‘abiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese adusavye impamvu’ y’ivyo twemera. (1 Pet. 3:15) Kwiburanira harimwo n’ibindi uretse gusa kuvuga ngo: “Sinshobora kubigira.” Naho nyene bamwebamwe batemera ivyo tubabwira, hari aboshima kumenya imvo zituma dufata izo ngingo.
Abakiri bato benshi b’Ivyabona bariganiye inkuru zo muri Bibiliya abo bigana, bakoresheje ibisohokayandikiro nka ca gitabu kivuga ngo Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Izo nkuru zoshobora gufasha abana b’Ivyabona gusigura igituma bakora canke badakora ibintu binaka. Abanyeshure bamwebamwe barumviriza bitonze izo nkuru zo muri Bibiliya, kandi ivyo vyaratumye abana batari bake batangura kwiga Bibiliya. Abandi banyeshure boshobora gusanga bigoye kwumviriza inkuru yose uko yakabaye yo muri Bibiliya. Igihe inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya zidasiguwe neza, zoshobora kugora cane ku buryo abanyeshure batazitahura. Uwitwa Minhee w’imyaka 11, igihe umugenzi wiwe yamutumira ku musi mukuru wo kwibuka ivuka ryiwe, yamubwiye ati: “Bibiliya ntitubwira guhimbaza imisi mikuru yo kwibuka ivuka. Umuntu avugwa muri Bibiliya ari we Yohani Umubatizi, yishwe ku musi wo kwibuka ivuka.” Ariko rero, Minhee aribuka yuko uwo mugenzi wiwe yasa n’uwutategereye inyishu amuhaye.
Rimwe na rimwe, kwereka uwundi munyeshure ishusho canke inkuru iri muri kimwe mu bitabu vyacu, usanga bifasha. Tuvuge iki mu gihe abayobozi b’ishure bavuze yuko batipfuza ko abana baha abandi banyeshure ibisohokayandikiro bivuga ivy’idini? Abana bacu boba bashobora gushinga intahe mu buryo buri n’ico buvamwo n’igihe nyene badafise ibisohokayandikiro? Mushobora gute gufasha abana banyu kwiburanira?
Nimugire udukino tw’imyimenyerezo
Kugira udukino two kwimenyereza i muhira birafasha, abavyeyi bakaza barishira mu kibanza c’abanyeshure bigana n’abana babo. Uko abana bagerageza kuburanira ukwizera kwabo, hari aho abavyeyi boshima kubakeza ku bw’utwigoro bagira no kubereka ingene boryohora ubuhanga bwabo bwo gufasha abandi kuzirikana be n’igituma ari vyiza. Nk’akarorero, nimubagire inama yo gukoresha amajambo abanyeshure bari mu rugero rwabo bashobora gutahura. Agahungu k’imyaka icenda kitwa Joshua kavuga yuko abanyeshure bigana batatahura amajambo nk’aya ngo “ijwi ryo mu mutima” be n’“ukuba intahemuka.” Vyarabaye ngombwa rero ko gakoresha amajambo arushirije kuba ayoroshe kugira ngo kabafashe kuzirikana.—1 Kor. 14:9.
Abanyeshure bamwebamwe babaza ikibazo boshobora gutakaza ugushimishwa mu gihe bahawe inyishu ndende. Igihe abakiri bato b’Ivyabona babaremesheje kugira uruhara mu kiyago bakongera bakabafasha kuzirikana, boshobora gutuma abo banyeshure baguma bashimishijwe. Agakobwa k’imyaka cumi kitwa Haneul kavuga gati: “Abanyeshure twigana bakunda umuntu ayaga na bo, ntibakunda uwubasigurira.” Kugira ngo uremeshe ikiyago, nubaze ibibazo, hanyuma wumvirize witonze igihe umuntu aserura ivyiyumviro vyiwe.
Ibiyago biri aho hepfo birerekana ukuntu abana b’abakirisu boshobora gufasha abanyeshure bigana kuzirikana. Ntibikenewe ko umwana afata ku mutwe ivyo biyago kubera ko usanga abana batandukanye, kandi ukuba ibintu biba vyifashe mu buryo butandukanye bisaba ko hatangwa inyishu zitandukanye. Ku bw’ivyo, umwana w’Icabona arakwiye kugira iciyumviro mu bwenge, akagishira mu majambo yiwe bwite, agaca agiserura yisunze ukuntu ibintu vyifashe be n’abanyeshure bigana. Nimba mufise abana bari ku ntebe y’ishure, nimugerageze gukina na bo udukino dushingiye kuri ivyo biyago.
Kumenyereza abana bisaba umwanya n’akigoro. Abavyeyi bakirisu baripfuza kwinjiza mu bana babo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bakongera bakabumvisha kugira ngo babeho bisunga izo ngingo ngenderwako.—Gus. 6:7; 2 Tim. 3:14.
Ku mugoroba mwageneye Ugusenga kwo mu muryango ukurikira, muze mugerageze gukina n’abana banyu udukino dushingiye ku biyago vyatanzwe ng’aha. Nimurabe ukuntu ivyo bishobora kuba ngirakamaro. Muribuke yuko intumbero atari iyo gufata ku mutwe inyishu canke amajambo. Mu bisanzwe, mwoshobora gusubiramwo mu buryo bw’agakino ikintu coshobora gushika, mukabigira incuro nka zingahe, mukaza muratanga inyishu zitandukanye hanyuma mukaraba ukuntu abana banyu bavyifatamwo ku nyishu imwimwe. Uko bagerageza gusigura ishingiro ry’ivyo bemera, nimubafashe kuba abantu bagira ibitegereka kandi bakoresha ubugenge. Uko igihe kizogenda kirahaca, muzokwigisha abana banyu ukuntu boburanira ivyo bemera imbere y’abanyeshure bigana, ababanyi, hamwe n’abigisha.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 4, 5]
IMISI MIKURU YO KWIBUKA UMUSI UMUNTU YAVUKIYEKO
Mariya: Bite ga Yoha? Nagomba kugutumira ku musi mukuru wo kwibuka umusi navukiyeko.
Yohani: Wakoze kuba wanyiyumviriye Mari. Nokwibariza igituma uzogira umusi mukuru wo kwibuka umusi wavukiyeko?
Mariya: Ni kugira ngo mpimbaze uwo musi navukiyeko. None wewe ntuhimbaza umusi wavukiyeko?
Yohani: Oya, nta wo mpimbaza.
Mariya: Kubera iki? Umuryango wanje warahimbawe igihe navuka.
Yohani: Umuryango wanje umeze nk’uwawe. Na wo nyene warahimbawe igihe navuka. Mugabo sinibaza ko ico ari co cotuma nza ndagira buri mwaka umusi mukuru wo kwibuka umusi navukiyeko. Igihe abantu benshi bariko baragira imisi mikuru yo kwibuka imisi bavukiyeko, usanga biyumvira ko bahambaye kuruta abandi bose. Ariko none ubwo Imana si yo ihambaye kuruta? Vyongeye, ubwo ntidukwiye kuyishimira kubera yuko yaduhaye ubuzima?
Mariya: Ushaka kuvuga yuko ntakwiye kugira umusi mukuru wo kwibuka umusi navukiyeko?
Yohani: Mari, iyo ni ingingo wifatira. Mugabo ubona gute uzirikanye kuri iki kintu? Mu gihe abantu benshi bahimbarwa no kuronka ingabirano igihe co kwibuka umusi bavukiyeko, Bibiliya yoyo ivuga yuko gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa. Aho kuguma twiyumvira ivyacu mu gihe co kwibuka umusi twavukiyeko, ubwo ntivyoba vyiza dukengurukiye Imana, tukiyumvira abandi, tukongera tukabakorera ivyiza?
Mariya: Sinari bwigere niyumvira ico kintu. Ni ukuvuga rero yuko abavyeyi bawe bataguha ingabirano?
Yohani: Barayimpa nyene. Mugabo ntibarindira umusi navukiyeko. Barampa ingabirano igihe cose bavyipfuje. Ivyo tube turabiretse; ariko none Mari, ntiwoshima kumenya ukuntu ivyo guhimbaza imisi mikuru yo kwibuka imisi abantu bavukiyeko vyatanguye?
Mariya: Bimbwire none.
Yohani: Urazi, ejo nzokwiganira inkuru ishimishije ivuga ibijanye no kwibuka umusi umuntu yavukiyeko, hakaba haciye igihe kirekire cane ivyo bibaye.
KURAMUTSA IBENDERA
Gatarina: Kara, kubera iki utaramutsa ibendera?
Karara: Urakoze kumbaza ico kibazo, Gatari. Wonkundira nkabanza nkakwibariza igituma wewe uramutsa ibendera?
Gatarina: Ndabigira kubera ko nkunda igihugu canje.
Karara: Ndazi yuko ukunda nyoko wawe, Gatari. Ariko ntumuramutsa nka kurya uramutsa ibendera, si vyo none?
Gatarina: Uvuze ukuri. Mbega urazi? Ndamutsa ibendera kubera ko ndaryubaha. None wewe ntiwubaha ibendera?
Karara: Ndaryubaha. Ariko none umuntu wese twubaha canke ikintu cose twubaha duca tubiramutsa nka kurya abantu baramutsa ibendera?
Gatarina: Urazi ga sha ko ari vyo! Ndubaha umwigisha wacu, mugabo sindamuramutsa nka kurya ndamutsa ibendera. Emwe, ndabona yuko ntazi igituma ndamutsa ibendera.
Karara: Gatari, abantu benshi biyumvira yuko ibendera rigereranya igihugu cabo. Kuramutsa ibendera bisobanura yuko biteguriye gukorera igihugu cabo ikintu ico ari co cose. Mugabo jewe ivyo sindavyemera na gato. Sinshobora guha ubuzima bwanje igihugu canje kubera yuko Imana ari yo yabumpaye. Narafashe ingingo yo kuyiha ubuzima bwanje. Naho rero nubaha ibendera, sindariramutsa.
Gatarina: Ndatahuye.
Karara: Uko biri kwose Gatarina, ndahimbawe kubona wambajije ico kintu. Kandi igihe cose uzoba ushaka kumenya igituma nkora canke ntakora ibintu binaka, ntuze witinye kumbaza. Ico womenya coco, Bibiliya ivuga yuko umwami wa Babiloni yigeze gutegeka abantu kwunamira igishusho, ubu hakaba haciye igihe kirekire ivyo bibaye. Hari abanse kucunamira, naho nyene bari gushobora kuhasiga ubuzima.
Gatarina: Ni vyo? Vyabagendeye gute?
Karara: Ndaza kukubwira ivyabo mu gihe co kwivuna umusase.
IBIKORWA VYO KW’ISHURE BIFITANIYE ISANO N’IVYA POLITIKE
Misheri: Timo, wiyumvira ko ari nde akwiye guserukira ishure ryacu?
Timoteyo: Nta n’umwe nshigikiye mu bazokwitoza.
Misheri: Kubera iki?
Timoteyo: Jewe nsanzwe nifitiye indongozi nziza kuruta izindi zose. Kubera ko ndi umukirisu, nariyemeje gukurikira Yezu. Urumva rero ko ntashobora gutora iyindi ndongozi. Woba none uzi igituma niyumvira ko Yezu ari we Ndongozi itagira agahaze?
Misheri: Oya, kandi sinkeneye kubimenya.
Timoteyo: Nta ngorane, niwaramuka ushatse kubimenya, nzohimbarwa no kubikubwira.
[Ifoto]
“Bite ga Yoha? Nagomba kugutumira ku musi mukuru wo kwibuka umusi navukiyeko”
[Ifoto ku rup. 3]
“Kubera iki utaramutsa ibendera?”