ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/12 rup. 6
  • Woba uvyibuka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uvyibuka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Rwaruka, nimunanire akosho k’urunganwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ingene wotsinda akosho k’urunganwe
    Be maso!—2014
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/12 rup. 6

Woba uvyibuka?

Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

• Ivyo kwemera yuko Imana iba yaranditse imbere y’igihe ibishikira umuntu ni kimwe mu bintu biranga amadini yakomotse kuri nde?

Ivyiyumviro n’inyigisho vya Kaluvino birashimika ku nyigisho yuko ngo Imana iba yaranditse imbere y’igihe ibishikira umuntu. Inyigisho z’umwe mu bantu batunganije ivy’idini bushasha Jean Cauvin (ari we Yohani Kaluvino) ziratsimbataye mu madini nk’iry’abitwa aba réformés, aba presbytériens, aba congrégationalistes n’aba puritains.​—1/9, urupapuro rwa 18-21.

• Kayini yakuye hehe umugore?

Umugore wa Kayini ategerezwa kuba yakomotse kuri Eva, uno akaba yavyaye “abahungu n’abakobwa.” (Ita. 5:4)​—1/9, urupapuro rwa 25.

• Ni umumarayika uwuhe Imana yarungitse imbere ya Isirayeli igihe yabakura mu Misiri? (Kuv. 23:20, 21)

Ni ikintu cumvikana kwemera yuko uwo mumarayika, uwo ‘izina rya Yehova ryari muri we,’ yari Umwana w’imfura w’Imana, uno akaba yahavuye aba Yezu.​—15/9, urupapuro rwa 21.

• Ni kubera iki igitabu ca 1 Abakorinto kivuga ibijanye n’inyama zashikaniwe ibigirwamana?

Ibitungwa vyarashikanwa mu nsengero z’Abagiriki n’iz’Abaroma, mugabo inyama zitaba zariwe mu gihe c’ivyo birori zarashobora kugurishwa mu tuguriro abantu bose baguriramwo inyama. Abakirisu ntibagira uruhara mu nsengo y’igipagani; ariko rero ntibari bakeneye kubona yuko inyama zivuye aho hantu zagurishwa mu kaguriro zaba zihumanye. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ibigurishwa mu kaguriro k’inyama vyose mubandanye kubirya ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima; kuko ‘isi n’ibiyuzuye ari ivya Yehova.’” (1 Kor. 10:25, 26)​—1/10, urupapuro rwa 12.

• Ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri, ni ukwisigura kumwekumwe ukuhe kutemerwa n’Imana?

‘Biragoye cane. Nta vyo nshaka. Nta mwanya mfise. Nta vyo nshoboye. Hari uwambabaje.’ Izo si imvo zumvikana zotuma umuntu adakurikiza amategeko y’Imana.​—15/10, urupapuro rwa 12-15.

• Ni ibintu bimwebimwe ibihe wokora kugira ngo utume amakoraniro ya gikirisu aba ayubaka kuri wewe no ku bandi?

Nuyategure hakiri kare. Nuyitabe udahorereza. Nushike hakiri kare. Nuze ufise ibikoresho vyose. Niwirinde ibisamaza. Nuyagiremwo uruhara. Nutange insasanuro ngufi. Nushikirize ibiganiro ushingwa. Nukeze abagize uruhara. Niwifatanye n’abandi imbere be n’inyuma y’amakoraniro.​—15/10, urupapuro rwa 22.

• Indwara y’imibembe, iyirimwo n’indwara muri iki gihe yitwa la maladie de Hansen, iboneka mu nkuru iyihe yo muri Bibiliya ivuga ibijanye n’agakobwa kamwe?

Mu Bami ba kabiri ikigabane ca 5 haravuga ibijanye n’agakobwa k’Akisirayelikazi, kano kakaba kari agasukukazi mu nzu y’umukuru w’ingabo w’Umunyasiriya yitwa Namani. Kubera ko yari arwaye imibembe, kashikirije iciyumviro c’uko yoja ku muhanuzi Elisha kugira ngo amukize.​—1/11, urupapuro rwa 22.

• Dushobora kwigira iki ku kuba Aroni yaratwawe n’akosho k’urunganwe?

Igihe Musa atari ho yari ari, Abisirayeli barahimirije Aroni ngo abahingurire imana. Yaratwawe n’akosho kabo maze arabigira. Ivyo vyerekana yuko abakiri bato atari bo gusa batwarwa n’akosho k’urunganwe. Karashobora gushikira mbere n’abakuze bipfuza gukora ibigororotse. Turakeneye kunanira akosho k’urunganwe.​—15/11, urupapuro rwa 8.

• Ivyiyumviro vy’ukuri be n’ibirimwo ukwihenda

Shetani si umugani: ni ukuri. (2 Kor. 11:14) Umuntu wese iyo apfuye aca aja mu karere k’impwemu: ni ukwihenda. (Umus. 9:5) Abamarayika b’abizigirwa baratwitaho: ni ukuri. (Zab. 34:7) Yezu arangana n’Imana: ni ukwihenda. (1 Kor. 11:3)​—1/12, urupapuro rwa 8-9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika