ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/11 rup. 15
  • “Uwo musi sinzopfa ndawibagiye”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Uwo musi sinzopfa ndawibagiye”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Umwana wawe yovuga iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Baritanze babikunze​—Muri Tirkiya
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Nukorere Yehova ata kigusamaza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/11 rup. 15

“Uwo musi sinzopfa ndawibagiye”

“UKWICWA n’intuntu ni ingorane ikunze kuvugwa cane kurusha izindi, kandi birashoboka ko ari yo ngorane y’amagara yo mu mutwe abakiri bato bakunda kugira ihambaye kuruta izindi”. Ivyo bivugwa n’urwego rumwe rwo muri Ositaraliya rwashinzwe na Leta rwitwa Beyondblue. Itohoza ryagizwe ryerekana yuko abakiri bato bo muri Ositaraliya nka 100.000 bagira intuntu buri mwaka.

Abakirisu b’urwaruka na bo nyene birashika bakicwa n’intuntu. Ariko rero, kwizera Yehova vyarafashije benshi muri bo gutsinda inyiyumvo mbi no kuroranirwa mu buto bwabo. Ivyo vyatumye bashimwa n’abandi bantu. Uti gute?

Reka turabe ivyashikiye umwigeme umwe w’imyaka 18 yitwa Claire. We na nyina wiwe basanzwe bari mw’ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Melbourne. Igihe se wa Claire yata urugo, Claire yarishwe n’intuntu. Yamara ukwizera yari afise muri Se wiwe wo mw’ijuru Yehova kwagumye gukomeye. Umusi umwe, umuganga yitwa Lydia yitaho umuryango wabo, yaraje i muhira kwa ba Claire gusuzuma nyina wa Claire yari arwaye. Mu nyuma, yaciye abaza Claire abigiranye umutima mwiza niba Claire yoshima ko amwunguruza akamushikana ku mamangazini. Mu nzira, uwo muganga yabajije Claire ko yoba afise umuhungu bakundanye. Claire yamusiguriye yuko, kubera ari Icabona ca Yehova, adashobora gukwegana n’abahungu arondera gusa kwidagadura. Ivyo vyaratangaje uwo muganga. Claire yaciye amusigurira ukuntu Bibiliya yari yaramufashije gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu buzima. Yahavuye amwemerera kumuzanira igitabu gishingiye kuri Bibiliya cari caramufashije cane. Ico gitabu cavuga ngo Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazi.

Hashize imisi itatu Lydia aronse ico gitabu, yaraterefonye nyina wa Claire kugira amubwire ukuntu camuryoheye. Yaciye asaba ibindi bitabu bitandatu vyo guha bagenziwe bakorana. Igihe Claire yabimushira, uwo muganga yaramusiguriye ukuntu yajorejwe n’ukwizera kwiwe. Claire yaciye amusaba ko bokwigana Bibiliya. Erega umuganga utanse yaremeye.

Claire yaramaze amezi nk’angahe agirira uwo muganga inyigisho ya Bibiliya mu mwanya w’akaruhuko ko kwihereza imfungurwa za sasita. Mu nyuma Lydia yarabajije Claire niba yoshima gushikiriza ijambo mu nama nkarishabwenge imwe ku bijanye n’ukwicwa n’intuntu mu rwaruka. Naho Claire yabanje kumera nk’uwutinya, yaremeye. Abantu barenga 60 ni bo bitavye nya nama nkarishabwenge. Abahinga mu vy’amagara yo mu mutwe bashika bane, bose bakaba bari bakuze, barashikirije ijambo abari ng’aho. Reka rero Claire na we afate ijambo. Yarashimitse ku kuntu bihambaye yuko urwaruka rugiranira ubucuti n’Imana. Yarasiguye yuko Yehova Imana yitaho cane urwaruka akongera agafasha abantu bose barondera gufatwa mu mugongo no guhumurizwa na we. N’ikigeretseko, yaraseruye ko yemera adakeka yuko Yehova vuba agiye gukuraho indwara zose zo ku mubiri n’izo mu mutwe (Yesaya 33:24). None iyo ntahe nziza Claire yashinze yavuyemwo iki?

Claire yavuze ati: “Ico kiringo kirangiye, nagiye mbona benshi baza aho ndi bambwira ukuntu batangajwe cane no kwumva uwukiri muto avuga ivyerekeye Imana”. Yabandanije ati: “Naratanze ibitabu Ibibazo urwaruka rwibaza bigera kuri 23. Abigeme batatu mu bari ng’aho barampaye inomero zabo za telefone. Umwe muri bo ubu ariko ariga Bibiliya. Emwe, uwo musi sinzopfa ndawibagiye”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika