ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/4 rup. 3-7
  • Twamirire kure “ibitagira ikimazi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twamirire kure “ibitagira ikimazi”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Twamirire kure imana ata co zimaze
  • Ntitureke icipfuzo c’umubiri ngo gicike imana
  • Tugabe ku majambo ata co amaze
  • Ingene twokwamirira kure amajambo ata co amaze
  • Niwirinde Gukurikira “Ibitagira Ikimazi”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • ‘Kugira uronke ubuzima budahera’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ririmba ururirimbo rw’akamwemwe k’Ubwami
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Turahimbarwa Kubona Yehova Atwereka Inzira Yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/4 rup. 3-7

Twamirire kure “ibitagira ikimazi”

“Ūkurikira ibitagira ikimazi nta mutima agira.”​—IMIG. 12:11.

1. Ibintu bimwebimwe dufise vy’agaciro ni ibihe, kandi twobikoresha mu buryo ubuhe bwiza kuruta ubundi?

TWEBWE abakirisu, twese turafise ibintu vy’agaciro bitandukanye. Ivyo vyoshobora kuba birimwo ukugira amagara meza canke inkomezi ku rugero runaka, ubushobozi bwo kwiyumvira mvukanwa canke ubutunzi bunaka. Kubera ko dukunda Yehova, turahimbarwa no gukoresha ivyo bintu mu murimo tumurangurira, gutyo tukaba twitabiriye akamo kahumetswe duterwa kagira gati: “Wubahishe Uhoraho ibintu vyawe [“vy’agaciro,” NW].”​—Imig. 3:9.

2. Ni ingabisho iyihe Bibiliya itanga ku bijanye n’ibintu ata co bimaze, kandi iyo ngabisho ikora gute uyifashe ukwo nyene iri?

2 Ariko rero, Bibiliya kandi iravuga ivyerekeye ibintu ata co bimaze, maze igaca itugabisha ku bijanye n’ugukoresha nabi ivyo dutunze mu gukurikirana ivyo bintu. Ku bijanye n’ivyo, rimbura amajambo dusanga mu Migani 12:11 agira ati: “Ūrima itongo ryiwe azogira indya nyinshi, arik’ūkurikira ibitagira ikimazi nta mutima agira.” Biroroshe kubona ingene uwo mugani uvuga ukuri, uwufashe ukwo nyene uri. Igihe umuntu akoresheje umwanya wiwe be n’inguvu ziwe mu kwita ku rutare kugira ngo abesheho umuryango wiwe, usanga bishoboka rwose ko uwo muryango ushikira ugutekanirwa ku rugero runaka. (1 Tim. 5:8) Yamara rero, mu gihe akoresheje nabi ivyo atunze, agakurikirana ibintu ata co bimaze, aba agaragaje ko ‘ata mutima agira,’ ni ukuvuga ko ataba abona ibintu mu buryo buri ku burimbane be n’uko ivyo akora ataba abitumwa n’imvo nziza. Birashoboka rwose ko umuntu nk’uwo azosanga hari ibintu vya nkenerwa abuze.

3. Ingabisho Bibiliya itanga ku vyerekeye ibintu ata co bimaze ikora gute mu bijanye n’ugusenga kwacu?

3 Bite ho mu gihe twerekeje iyo ngingo ngenderwako yo muri uwo mugani ku gusenga kwacu? Ico gihe duca tubona ko umukirisu asukurira Yehova abigiranye umwete kandi adahemuka, yironkera ugutekanirwa nyakuri. Arashobora kwizigira adakeka ko Imana imuhezagira muri iki gihe, akongera akagira icizigiro kitanyiganyiga cerekeye kazoza. (Mat. 6:33; 1 Tim. 4:10) Ariko rero, umukirisu asamazwa n’ibintu ata co bimaze aba ashize mu kaga ubucuti afitaniye na Yehova be n’icizigiro afise cerekeye ubuzima budahera. None ivyo twovyirinda gute? Dutegerezwa kumenya neza ibintu “bitagira ikimazi” mu buzima bwacu ivyo ari vyo, maze tugatsimbataza umwiyemezo wo kuvyamirira kure.​—Soma Tito 2:11, 12.

4. Tubivuze muri rusangi, ibintu ata co bimaze ni ibiki?

4 None ivyo bintu ata co bimaze ni ibiki? Tubivuze muri rusangi, bishobora kuba ari birya bintu vyose bitubuza gusukurira Yehova n’umutima wacu wose. Nk’akarorero, vyoshobora kuba birimwo uburyo butandukanye bwo kwiruhura. Ego ni ko, birakenewe ko umuntu yiruhura. Yamara rero, igihe dukoresheje umwanya munini cane mu bintu vyitwa ko bitwenza, ntituwukoreshe mu gukora ibijanye n’ugusenga kwacu, ukwiruhura kwoca gucika ikintu ata co kimaze, cogira ico cononye ku kumererwa neza kwacu kwo mu vy’impwemu. (Umus. 2:24; 4:6) Kugira ngo umukirisu yirinde ivyo bintu, akwiye gutsimbataza ukugira uburimbane mu kwihweza neza ukuntu akoresha umwanya wiwe w’agaciro. (Soma Abakolosayi 4:5.) Ariko hariho ibintu ata co bimaze usanga biteye akaga cane kuruta ukwiruhura. Muri ivyo harimwo imana z’ikinyoma.

Twamirire kure imana ata co zimaze

5. Bibiliya akenshi ikoresha gute imvugo ngo “ibitagira ikimazi”?

5 Birashimishije kubona iyo mvugo ngo “ibitagira ikimazi” yerekeza ku mana z’ikinyoma mu vyanditswe nka vyose vyo muri Bibiliya ibonekamwo. Nk’akarorero, Yehova yabwiye Abisirayeli ati: “Mutegerezwa kutihingurira imana ata co zimaze, kandi mutegerezwa kutishingira igishusho c’ikibazano canke inkingi nyeranda, kandi mutegerezwa kudashira mu gihugu canyu ibuye bwa gishusho c’indatwa kugira muryunamire; kuko ndi Yehova Imana yanyu.” (Lew. 26:1, NW) Umwami Dawidi yanditse ati: “Uhoraho a[ra]hambaye, abereye gushimwa cane: n’uw’igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose. Kukw ibigirwamana vy’amahanga vyose ar’ubusa, arik’Uhoraho ni we yaremye amajuru.”​—1 Ngo. 16:25, 26.

6. Ni kubera iki imana z’ikinyoma ata co zimaze?

6 Nk’uko Dawidi yavyerekanye, dukikujwe n’ibintu vyerekana ko Yehova ahambaye. (Zab. 139:14; 148:1-10) Ese ukuntu Abisirayeli bari baratewe agateka kuba bari bafitaniye na Yehova ubucuti bushingiye kw’isezerano! Uzi ukuntu babaye ibipfu kuba baza baramutera akagera maze bakunamira ibishusho vy’ibibazano be n’inkingi nyeranda! Mu bihe vy’amagume, imana zabo z’ikinyoma zaragaragara ko ata co zimaze koko, zikananirwa kwikiza ubwazo, abazisenga na bo bagasigara batagira gitabara.​—Abac. 10:14, 15; Yes. 46:5-7.

7, 8. “Ubutunzi” bushobora gute gucika nk’imana?

7 Mu bihugu vyinshi muri iki gihe, abantu baracunamira ibishusho vyakozwe n’abantu, kandi imana mwene izo usanga ata co zimaze muri iki gihe nk’uko nyene vyari bimeze na kera. (1 Yoh. 5:21) Ariko rero, Bibiliya iradondora ibindi bintu bifatwa nk’imana uretse ibishusho. Nk’akarorero, rimbura amajambo Yezu yavuze agira ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azomata kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.”​—Mat. 6:24.

8 None “ubutunzi” bushobora gute gucika nk’imana? Nk’akarorero, zirikana kw’ibuye ryaba riri mu murima munaka mu gihe ca Isirayeli ya kera. Ibuye nk’iryo ryarashobora kuba ngirakamaro mu bijanye n’ukwubaka inzu canke uruhome. Ariko kandi, igihe ryaba rishinzwe bwa “nkingi nyeranda” canke bwa “gishusho c’indatwa,” ryaca ribera igitsitaza abasavyi ba Yehova. (Lew. 26:1) No muri ubwo buryo nyene, amahera usanga ari ngirakamaro. Turayakenera kugira ngo gusa tube turamaze kabiri, vyongeye turashobora kuyakoresha mu buryo ngirakamaro mu murimo turangurira Yehova. (Umus. 7:12; Luka 16:9) Ariko, mu gihe ivyo kurondera amahera vyoba ari vyo dushira imbere y’umurimo wa gikirisu turangura, mu vy’ukuri amahera yoba acitse imana yacu. (Soma 1 Timoteyo 6:9, 10.) Muri iyi si aho gukurikirana inyungu zo mu vy’amahera ari co kintu gihambaye cane ku bantu, dutegerezwa kwiyemeza neza ko tugumana uburimbane mu kuntu tubibona.​—1 Tim. 6:17-19.

9, 10. (a) Umukirisu abona gute ibijanye n’ukwiga amashure? (b) Ni ingeramizi iyihe iri mu kwiga amashure ahanitse?

9 Akandi karorero k’ikintu c’ingirakamaro gishobora gucika ikintu ata co kimaze ni ukwiga amashure yo mw’isi. Turipfuza ko abana bacu biga amashure akwiye kugira ngo bazoshobore kwitunga mu buzima. N’igihambaye kuruta, umukirisu yize aba arushirije kuba uwushoboye gusoma Bibiliya akayitahura, kuzirikana ku ngorane maze akagira ivyiyumviro vyumvikana ashitseko hamwe no kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya mu buryo butomoye kandi bujijura. Kwiga amashure akwiye bisaba igihe, yamara uwo uba ari umwanya ukoreshejwe neza.

10 Ariko none, tuvuge iki ku bijanye n’ukwiga amashure ahanitse, ayo na yo umuntu akaba ayakurikiranira muri za kaminuza? Abantu benshi babona ko ari ikintu ntahara kugira ngo umuntu aroranirwe. Yamara, abantu benshi bakurikirana mwene ayo mashure bayarangiza imizirikanyi yabo isigaye yuzuyemwo ivyiyumviro vyonona. Mwene ayo mashure aratunyaga imyaka y’ubuto usanga ari iy’agaciro yoshobora gukoreshwa neza kuruta mu gusukurira Yehova. (Umus. 12:1) Kumbure ntibitangaje kubona mu bihugu aho abantu benshi bize mwene ayo mashure, usanga abamera Imana basigaye bari ku rushi. Aho kwizigira ko ugutekanirwa kuzova mu vyo kwiga amashure ahanitse y’iyi si, umukirisu yizigira Yehova.​—Imig. 3:5.

Ntitureke icipfuzo c’umubiri ngo gicike imana

11, 12. Ni kubera iki Paulo yavuze yuko bamwebamwe ‘imana yabo ari inda’?

11 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abafilipi, arashira ahabona ikindi kintu gishobora gucika imana. Aravuga abantu bamwebamwe bigeze kuba ari abo basangiye ugusenga, ati: “Hariho benshi, abo nahora nkunda kuvuga kera ariko ubu ho nkaba nongera kubavuga ndira, bariko bagenda nk’abansi b’igiti co gusinzikarizwako ca Kristu, kandi iherezo ryabo ni ugutikizwa, kandi imana yabo ni inda, . . . kandi imizirikanyi yabo iri ku bintu vyo kw’isi.” (Flp. 3:18, 19) None inda y’umuntu ishobora gute kuba imana?

12 Kuri abo bantu bari bamenyeranye na Paulo, biboneka ko icipfuzo co gutwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri cacitse igihambaye kuruta ic’ugusukurira Yehova bari kumwe na Paulo. Hari aho bamwebamwe boba baratwawe cane n’ivyo kurya canke ivyo kunywa ku buryo bacitse abanyamunoho canke imborerwa. (Imig. 23:20, 21; gereranya no Gusubira mu vyagezwe 21:18-21.) Abandi na bo hari aho boba barahisemwo kwungukira cane ku turyo bashobora kuba bararonswa n’isi mu kinjana ca mbere, maze ivyo biraheza bibabuza gusukurira Yehova. Ese tutokwigera tureka ngo icipfuzo co kugira icitwa ngo ni ubuzima bwiza gitume tudendebukirwa mu murimo turangurira Yehova n’umutima wacu wose!​—Kol. 3:23, 24.

13. (a) Umwina ni iki, kandi Paulo yawudondoye gute? (b) Dushobora gute kwirinda umwina?

13 Paulo yaravuze kandi uwundi muce ujanye n’ugusenga kw’ikinyoma. Yanditse ati: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ukwipfuza kubi, n’umwina, ari kwo gusenga ibigirwamana.” (Kol. 3:5) Umwina ni icipfuzo gikomeye co kuronka ikintu tudafise. Ivyo bishobora kuba bijanye n’ukuronka ibintu vy’umubiri. Bishobora kuba birimwo mbere n’ukwipfuza guhuza ibitsina mu buryo butemewe. (Kuv. 20:17) Wumva none atari ikintu co kuzirikanako cane kubona mwene ivyo vyipfuzo ari cokimwe n’ugusenga ibigirwamana, ni ukuvuga ugusenga imana y’ikinyoma? Yezu yarakoresheje amajambo akomeye kugira ngo yerekane yuko bihambaye cane ko vyanka bikunda ducungera mwene ivyo vyipfuzo bibi.​—Soma Mariko 9:47; 1 Yoh. 2:16.

Tugabe ku majambo ata co amaze

14, 15. (a) Ni ibintu “bitagira ikimazi” ibihe vyatsitaje abantu benshi mu gihe ca Yeremiya? (b) Ni kubera iki amajambo Musa yavuze yari ay’agaciro?

14 Ibintu ata co bimaze bishobora kuba birimwo n’amajambo tuvuga. Nk’akarorero, Yehova yabwiye Yeremiya ati: “Abo ba kamenyi bavuga ibinyoma mw izina ryanje: sinabatumye, nta co nabageze, nta co nababariye: babarotorera ivyo beretswe vy’ibinyoma, n’indagu, n’ibitagira ikimazi, n’ubuhuhuta bgo mu mitima yabo.” (Yer. 14:14, ni twe dushimitse.) Abo bahanuzi b’ibinyoma bivugisha yuko bavuga mw’izina rya Yehova, ariko bariko baremesha ivyiyumviro vyabo bwite, ni ukuvuga ubukerebutsi bwabo bwite. Ni co gituma ivyo bavuga vyari “ibitagira ikimazi.” Nta gaciro vyari bifise kandi vyari biteye akaga koko mu vy’impwemu. Mu 607 B.G.C., abantu benshi bumviye ayo majambo ata co amaze urupfu rwarabakubiranije, bagwa mu maboko y’abasoda b’Abanyababiloni.

15 Igitandukanye n’ivyo, Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Mushire imitima yanyu ku majambo yose mbabariye uyu musi. . . . Ivyo ntimubigire ivyoroshe; kukw ari vyo bugingo bganyu, kandi ni mwavyitondera bizobahesha kurambira mu gihugu, ico mugiye kujabuka Yorodani ngo mucinjire.” (Gus. 32:46, 47) Egome, amajambo Musa yavuze yari yahumetswe n’Imana. Ni co gituma yari ay’agaciro, akaba yari ntahara koko ku bw’ineza y’iryo hanga. Abumviye ayo majambo bararamvye bongera barasagamba. Ese twokwama nantaryo twamirira kure amajambo ata co amaze maze tukumira ku majambo y’agaciro yerekeye ukuri.

16. Tubona gute amajambo abanyasiyansi bavuga ateye kubiri n’Ijambo ry’Imana?

16 Twoba twumva ibintu ata co bimaze bivugwa muri iki gihe? Ego cane. Nk’akarorero, abanyasiyansi bamwebamwe bavuga yuko inyigisho y’ivy’ihindagurika be n’ivyo bubuye mu yindi mice vyerekana yuko bitagikenewe ko umuntu yemera Imana, ahubwo ko ikintu ico ari co cose gishobora gusigurwa hisunzwe uko ibintu ubwavyo bisanzwe vyikora. Ayo majambo aranga ubwibone yoba akwiye kuturaza ishinga? Habe namba! Ubukerebutsi bw’abantu nta ho buhuriye n’ubukerebutsi bw’Imana. (1 Kor. 2:6, 7) Ariko rero, turazi yuko igihe inyigisho z’abantu ziba ziteye kubiri n’ivyo Imana yahishuye, usanga nantaryo izo nyigisho ari zo ziba atari iz’ukuri. (Soma Abaroma 3:4.) Naho siyansi yateye imbere mu mice imwimwe, Bibiliya iguma ivuga uku kuri ku bijanye n’ukuntu ibona ubukerebutsi bw’abantu: “Ubukerebutsi bw’iyi si [ni] ubupfu ku Mana.” Ukwiyumvira kw’abantu ukugereranije n’ubukerebutsi bw’Imana butagira urugero, usanga ata co kumaze.​—1 Kor. 3:18-20.

17. Ivyo abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu be n’abahuni bavuga bikwiye kubonwa gute?

17 Akandi karorero kajanye n’amajambo ata co amaze tugasanga mu bakuru b’amadini y’abiyita abakirisu. Bivugisha ko bavuga mw’izina ry’Imana, ariko vyinshi mu vyo bavuga usanga bidashingiye ku Vyanditswe, kandi ugasanga mu bisanzwe ata gaciro bifise. Abahuni na bo nyene baravuga amajambo ata co amaze, bakivugisha yuko bafise ubukerebutsi kurusha wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yagenywe. (Mat. 24:45-47) Yamara rero, abahuni bavuga ibijanye n’ubukerebutsi bwabo bwite, kandi ivyo bavuga nta co bimaze, ni igitsitaza kuri uwo ari we wese yobumviriza. (Luka 17:1, 2) None dushobora gute kwirinda guhendwa na bo?

Ingene twokwamirira kure amajambo ata co amaze

18. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora gushira mu ngiro impanuro dusanga muri 1 Yohani 4:1?

18 Ya ntumwa Yohani, uwari yitereye mu myaka, yaratanze impanuro nziza cane ku bijanye n’ivyo. (Soma 1 Yohani 4:1.) Mu guhuza n’iyo mpanuro Yohani yatanze, twama nantaryo turemesha abo duhura mu gikorwa co kwamamaza ngo bageze ivyo bigishijwe mu kubigereranya n’ivyo Bibiliya yigisha. Iyo ni ingingo ngenderwako na twe nyene dukwiye kwisunga. Igihe hari ibintu twumvise binebagura ukuri canke vyambika ibara ishengero, baba abakurambere canke uwundi muvukanyi uwo ari we wese, nta n’umwe muri twebwe aca aja na rwo. Ahubwo riho, duca twibaza duti: “Ubwo uwuriko arakwiragiza iyo nkuru yoba ariko akora ahuza n’ivyo Bibiliya ivuga? Izo nkuru canke ivyo birego vyoba biteza imbere umugambi w’Imana? Vyoba biremesha amahoro mw’ishengero?” Ikintu cose twumva usanga gikurako agashambara umuryango wacu w’abavukanyi aho kuwukomeza, kiba ari ikintu ata co kimaze.​—2 Kor. 13:10, 11.

19. Abakurambere biyemeza neza gute ko ata majambo ata co amaze bavuga?

19 Ku bijanye n’amajambo ata co amaze, abakurambere na bo nyene barahakura icigwa gihambaye. Igihe cose bibaye ngombwa ko batanga impanuro, bama bibuka yuko ubushobozi bwabo buri n’aho bugarukira, akaba ari co gituma batarota batanga impanuro ata kindi zishingiyeko uretse ubumenyi bwabo bwite. Bakwiye kwama nantaryo bishimikiza ivyo Bibiliya ivuga. Hariho itegeko ryumvikana dusanga mu majambo intumwa Paulo yavuze rigira riti: “Ntimurenge ibintu vyanditswe.” (1 Kor. 4:6) Abakurambere ntibarenga ku bintu vyanditswe muri Bibiliya. Kandi, tubivuze mu buryo bwagutse, ntibarenga ku mpanuro zishingiye kuri Bibiliya zanditswe mu bitabu vya wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.

20. Ni mu buryo butandukanye ubuhe usanga dufashwa kwamirira kure ibintu ata co bimaze?

20 Ibintu ata co bimaze, zaba ari “imana,” amajambo canke ikindi kintu cose, bironona cane. Ku bw’iyo mpamvu rero, twama nantaryo dusenga dusaba Yehova ngo adufashe kumenya ivyo bintu vyose ivyo ari vyo, kandi twama turondera kuyoborwa na we mu bijanye n’ukuntu twovyamirira kure. Igihe tubigenjeje gutyo, tuba rero twifadikanije n’umwanditsi wa Zaburi mu kuvuga duti: “Ukebukishe amaso yanje, noye kurāba ibitagira ikimazi; ungirire muzima mu nzira zawe.” (Zab. 119:37) Mu kiganiro gikurikira, turarushiriza guca irya n’ino agaciro ko kwemera ubuyobozi bwa Yehova.

Woshobora kubisigura?

• Tubivuze mu rusangi, ni ibintu “bitagira ikimazi” ibihe dushobora kwamirira kure?

• Dushobora gute kwirinda ngo amahera ntacike nk’imana?

• Ni mu buryo ki ivyipfuzo vy’umubiri bishobora gucika ugusenga ibigirwamana?

• Dushobora gute kwamirira kure amajambo ata co amaze?

[Ifoto ku rup. 3]

Abisirayeli baremeshejwe ‘kurima itongo ryabo’ no kudakurikirana ibintu ata co bimaze

[Ifoto ku rup. 5]

Ntiwigere ureka ngo kwipfuza ibintu vy’umubiri bitume udendebukirwa mu murimo urangurira Yehova

[Ifoto ku rup. 6]

Amajambo abakurambere bavuga arashobora kuba ay’agaciro kanini cane

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika