‘Kugira uronke ubuzima budahera’
“Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”—YOHANI 17:3.
UBUMENYI burashobora gukiza ubuzima. Igihe agahungu k’amezi cumi kitwa Nouhou karwara, nyina wako, uno akaba yakora mu vy’amagara y’abantu mu karere iwabo muri Nijeri, yari azi ico akwiye gukora. Yarateguriye umuhungu wiwe amazi y’ubuzima asubirira ayatakaye mu mubiri mu gufata amazi meza akayavanga n’isukari be n’umunyu. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana (UNICEF) rivuga ko kuba “yaciye agira ico akoze kandi agaca anyarukira kwa muganga vyatumye umwana wiwe anyaruka gukira.”
Ubumenyi bwo muri Bibiliya na bwo nyene burashobora gukiza ubuzima. Wa mwanditsi wa mbere wa Bibiliya Musa yavuze ati: “[Si] ijambo ata co rimaze kuri mwebwe; ahubwo ni ryo buzima bwanyu, kandi biciye kuri ryo muzoshobora kuramb[a].” (Gusubira mu vyagezwe 32:47) Bibiliya yoba vy’ukuri ishobora gutuma turamba? Ni mu buryo ki ari yo buzima bwacu?
Ibiganiro bitanu vyo muri uru rukurikirane vyaje imbere y’iki vyerekanye ko Bibiliya ari igitabu ntangere uravye ubuhanuzi bwayo bwo kwizigirwa, amakuru y’ukuri itanga mu vya kahise no mu vy’ubuhinga, ukuntu ibiyigize bihuza be n’ukuntu irimwo ubuyobozi ngirakamaro. Ivyo biragaragaza ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu. Ivuze ko yerekana inzira yotuma uramba, ukaronka ubuzima budahera, wumva none bitabereye ko uyisuzuma witonze?
Tukuremesheje kurondera kumenya ukuntu ubumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya bushobora gutuma uronka amahoro yo mu mutima ubu, muri kazoza na ho ukaronka agahimbare. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kukwereka ukuntu woronka ubwo bumenyi.
[Uzuritiro/Ifoto ku rup. 9]
Bibiliya nta ho ihuriye n’ibindi bitabu kuko ari yo yonyene itanga inyishu zimara akanyota ku bibazo bihambaye twibaza nk’ibi:
• Kubera iki turi ng’aha kw’isi?
• Kubera iki hari imibabaro myinshi gutya?
• Hoba hari icizigiro ku banje bapfuye?
Urashobora kuronka inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo muri iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.