ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/4 rup. 7-11
  • Turondere kuyoborwa n’Imana muri vyose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turondere kuyoborwa n’Imana muri vyose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki twokwizigira ubuyobozi Yehova atanga?
  • Ni ryari dukenera ubwo buyobozi?
  • Ingeramizi ziri mu kutarondera ubuyobozi Imana itanga
  • Dusabwa iki kugira ngo dukurikize ubuyobozi Imana itanga?
  • Yehova atuyobora gute?
  • Nugume ugamburuka ubuyobozi bwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Yehova arayobora abasavyi biwe mu nzira y’ubuzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Wokwisunga iki mu gufata ingingo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Bibiliya iradufasha gutandukanya iciza n’ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/4 rup. 7-11

Turondere kuyoborwa n’Imana muri vyose

“Iyi Mana [ni] Imana yacu ibihe bitazoshira, ni yo izoturōngōra gushitsa ku rupfu.”​—ZAB. 48:14.

1, 2. Ni kubera iki dukwiye gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga aho kwizigira ubukerebutsi bwacu bwite, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka?

IGIHE tugumye twiyumvira ibintu ata co bimaze canke vyonona, biroroshe ko twihenda. (Imig. 12:11) Bishitse tukumva vy’ukuri turashaka gukora ikintu kitabereye ku mukirisu, umutima wacu usanga akenshi uca utuvyuramwo imvo zitujijura ngo tugikore. (Yer. 17:5, 9) Ku bw’ivyo rero, umwanditsi wa Zaburi yaragaragaje ubukerebutsi igihe yasenga asaba Yehova ati: “N’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe, bindōngōre.” (Zab. 43:3) Yarizigiye Yehova aho kwizigira ubukerebutsi bwiwe bwari n’aho bugarukira, kandi nta rindi sôko ryiza kuruta iryo yari gushobora kurondereramwo ubuyobozi. Cokimwe n’uwo mwanditsi wa Zaburi, vyoba vyiza turondereye ubuyobozi ku Mana.

2 Ariko none ni kubera iki ubuyobozi Yehova atanga ari bwo dukwiye kwizigira gusumba ubundi bwose? Dukwiye kuburondera ryari? Ni kamere izihe dukwiye gutsimbataza kugira ngo tubwungukireko, kandi Yehova atuyobora gute muri iki gihe? Ivyo bibazo bihambaye birarimburwa muri iki kiganiro.

Ni kubera iki twokwizigira ubuyobozi Yehova atanga?

3-5. Ni imvo izihe zituma twizigira tugaherezako ubuyobozi Yehova atanga?

3 Yehova ni we Data wa twese wo mw’ijuru. (1 Kor. 8:6) Arazi umwumwe wese muri twebwe bimwe bitagira agahaze kandi arashoboye gusoma ibwina mu mitima yacu. (1 Sam. 16:7; Imig. 21:2) Umwami Dawidi yabwiye Imana ati: “Urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, umenyera kure ivyo niyumvira. Kukw ata jambo riza mu rurimi rwanje wewe Uhoraho utararimenya rwose.” (Zab. 139:2, 4) Ko Yehova atuzi neza, dushobora gute none gukekeranya ku bijanye n’uko yoba azi icotubera ciza kuruta ibindi? Ikigeretseko, Yehova ni we afise ubukerebutsi bwose. Arabona ikintu ico ari co cose, akaraba ibwina kurusha uwundi muntu uwo ari we wese, akaba kandi amenya ingaruka z’ibintu kuva mu ntango yavyo. (Yes. 46:9-11; Rom. 11:33) Ni we “Mana, imwe y’inkerebutsi yonyene.”​—Rom. 16:27.

4 Ubukurikira, Yehova aradukunda kandi yama nantaryo atwipfuriza ivyiza. (Yoh. 3:16; 1 Yoh. 4:8) Kubera ko ari Imana y’urukundo, araturonsa ivyo dukeneye atitangiriye itama. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ingabirano nziza yose be n’impano itunganye yose iva hejuru, kuko imanuka iva kuri Se w’imico yo mw’ijuru.” (Yak. 1:17) Abemera kuyoborwa n’Imana barungukira cane kuri ukwo kuba ari Umutanzi wa cane.

5 Ubwa nyuma, Yehova ni mushoboravyose. Ku bijanye n’ivyo, umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Ūba mu bgigobeko bg’Īsumba vyose azokwama ari mu gitūtu c’Īshobora vyose. Ndabgira Uhoraho, nt’Ur’ubuhungiro bganje n’igihome kinkīngira, Imana yanje nizigira.” (Zab. 91:1, 2) Igihe dukurikiza ubuyobozi Yehova atanga, tuba turiko turaronderera ubuhungiro kuri ya Mana idashobora kunanirwa. No mu gihe tworwanywa, Yehova aradushigikira. Ntazoduhemukira. (Zab. 71:4, 5; Soma Imigani 3:19-26.) Vy’ukuri, Yehova arazi icotubera ciza kuruta, aratwipfuriza icotubera ciza kuruta, vyongeye arafise ububasha bwo kuturonsa icotubera ciza kuruta. Ese ukuntu vyoba biranga ubupfu hamwe twokwirengagiza ubuyobozi atanga! None ni ryari dukenera ubwo buyobozi?

Ni ryari dukenera ubwo buyobozi?

6, 7. Ni ryari dukenera ubuyobozi Yehova atanga?

6 Mu vy’ukuri, ubuyobozi Imana itanga tubukeneye mu buzima bwacu bwose, ni ukuvuga kuva tukiri bato gushika tugeze mu zabukuru. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Iyi Mana [ni] Imana yacu ibihe bitazoshira, ni yo izoturōngōra gushitsa ku rupfu.” (Zab. 48:14) Cokimwe n’uwo mwanditsi wa Zaburi, abakirisu b’inkerebutsi ntibigera bareka kuronderera ubuyobozi ku Mana.

7 Nta gukeka ko hariho ibihe usanga twumva yuko dukeneye gufashwa bimwe vyihutirwa cane. Rimwe na rimwe birashika tukumva ko ‘tugowe’, kumbure bitewe n’uko turiko turahamwa, turwaye indwara ikomeye canke dukuwe mu kazi giturumbuka. (Zab. 69:16, 17) Muri mwene ivyo bihe, usanga bihumuriza kwitura Yehova, twizigiye tudakeka ko azodukomeza kugira ngo twihangane kandi ko azotuyobora kugira ngo dufate ingingo nziza. (Soma Zaburi 102:17.) Ariko rero, turakeneye kandi gufashwa na we no mu bindi bihe. Nk’akarorero, igihe tubwira ababanyi bacu inkuru nziza y’Ubwami, turakenera ubuyobozi Yehova atanga niba twipfuza ko intahe dushinga iba ngirakamaro. Vyongeye, igihe cose dufata ingingo, yaba ari iyijanye n’ivy’ukwisamaza, ukwambara canke ukwitunganya, uguhitamwo abagenzi, akazi, amashure canke ikindi kintu ico ari co cose, tuba dukoze ibiranga ubukerebutsi dukurikije gusa inyobozo Yehova atanga. Tuvugishije ukuri, ntihazokwigera habaho igihe na kimwe aho tutazokenera ubuyobozi.

Ingeramizi ziri mu kutarondera ubuyobozi Imana itanga

8. Igihe Eva yarya ku camwa cari carabujijwe vyagaragaje iki?

8 Ariko rero, uribuka yuko dutegerezwa kugira umutima ukunze wo gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga. Imana ntizoduhatira kubigenza gutyo niba ata vyo dushaka. Eva ni we muntu wa mbere yahisemwo kudakurikiza ubuyobozi Yehova atanga, kandi akarorero yatanze karerekana ukuntu gufata ingingo mbi nk’iyo bishobora gukwega akarambaraye. Zirikana kandi ku co ivyo vyagaragaje. Eva yariye icamwa cari carabujijwe kubera yuko yashatse “[kumera] nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.” (Ita. 3:5) Mu kubigenza gutyo, yari yishize mu kibanza c’Imana, ngo abe ari we yifatira ingingo ku bijanye n’iciza n’ikibi aho gukurikiza inyobozo Yehova atanga. Ukwo ni ko yateye akagere ubusegaba bwa Yehova. Yashatse kuba bugabo bwigaba. Umunega wiwe ari we Adamu, yarakurikiye iyo ngendo nyene y’ubugarariji.​—Rom. 5:12.

9. Mu gihe duteye akagere ubuyobozi Yehova atanga, tuba mu vy’ukuri turiko turakora iki, kandi ni kubera iki ivyo bitaranga ubukerebutsi na gato?

9 Muri iki gihe, niba tudakurikiza ubuyobozi Yehova atanga, na twebwe nyene tuba tutemera icese ubusegaba bwiwe. Nk’akarorero, iyumvire umuntu afise akamenyero ko kuraba amashusho n’amasanamu yerekana ubushegabo. Niba yifatanya n’ishengero rya gikirisu, arazi inyobozo Yehova atanga kuri ico kintu. Ibintu vyanduye no kuvugwa ntibikwiye kuvugwa, tutavuze ivyo kubiraba umuntu arondera kwiryoherererwa mu vy’igitsina. (Ef. 5:3) Mu gutera akagere inyobozo Yehova atanga, umuntu nk’uyo aba ahakanye ubusegaba bwa Yehova mu kwiyamiriza ububemutwe bwiwe. (1 Kor. 11:3) Ivyo ntibiranga ubukerebutsi na gato, kubera ko, nk’uko Yeremiya yabivuze, “[bita]ri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.”​—Yer. 10:23.

10. Ni kubera iki dukwiye gukoresha ubushobozi bwacu bwo kwihitiramwo mu buryo buranga ko hari ico tubazwa?

10 Hari aboshobora guhinyura ayo majambo Yeremiya yavuze, bakavuga yuko ngo kubera ko Yehova yaduhaye ubushobozi bwo kwihitiramwo, ntiyari akwiye namba kugira ico avuze ku bijanye n’ingene tubukoresha. Yamara, ntiwibagire yuko ubwo bushobozi bwo kwihitiramwo ari ikintu twajejwe bukaba n’ingabirano. Turi n’ico tubazwa n’Imana ku bijanye n’ivyo duhitamwo kuvuga no gukora. (Rom. 14:10) Yezu yavuze ati: “Akanwa kavuga bivuye ku bibogaboga mu mutima.” Yavuze kandi ati: “Mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ubusambanyi, ukwiba, ugushinga intahe z’ikinyoma, ukurogota.” (Mat. 12:34; 15:19) Ku bw’ivyo rero, ivyo tuvuga be n’ivyo dukora birahishura agatima dufise. Biragaragaza ico turi koko. Ni co gituma umukirisu w’inkerebutsi arondera kuyoborwa na Yehova muri vyose. Muri ubwo buryo, Yehova aca abona ko uwo mukirisu ‘atunganye mu mutima’, maze na we agaheza ‘akamugirira neza’.​—Zab. 125:4.

11. Twigira iki ku nkuru yerekeye Abisirayeli?

11 Niwibuke inkuru yerekeye Abisirayeli. Igihe iryo hanga ryagira amahitamwo meza, rikagamburuka amabwirizwa ya Yehova, na we yarabakingira. (Yos. 24:15, 21, 31) Ariko, akenshi wasanga bakoresha nabi ubushobozi bwabo bwo kwihitiramwo. Mu gihe ca Yeremiya, Yehova yavuze ibiberekeye ati: “Ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.” (Yer. 7:24-26) Mbega ukuntu vyari bibabaje! Ese tutokwigera dutera akagere ubuyobozi Yehova atanga kandi ngo tugende twisunga ivyo umutima wacu utubwiye, tubitumwe n’ugukomantaza umutima canke ukuryoherwa birenze urugero, maze ngo ducike ‘abasubira inyuma, bataja imbere’!

Dusabwa iki kugira ngo dukurikize ubuyobozi Imana itanga?

12, 13. (a) Ni kamere iyihe ituma twipfuza gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga? (b) Ni kubera iki ukwizera ari ntahara?

12 Urukundo dukunda Yehova ruratuma twipfuza gukurikiza ubuyobozi atanga. (1 Yoh. 5:3) Ariko rero, Paulo yarashize ahabona ikindi kintu dukeneye igihe yavuga ati: “Tugenda twisunga ukwizera, tutisunga ukubona.” (2 Kor. 5:6, 7) Ni kubera iki ukwizera guhambaye? Urabona, Yehova aratuyobora mu “nzira zo kugororoka,” mugabo izo nzira ntizituma umuntu agira ubutunzi canke ahabwa ivyubahiro muri iyi si. (Zab. 23:3) Ku bw’iyo mvo rero, amaso yacu y’ukwizera akwiye kuguma yituniye ku mpera zo mu vy’impwemu ata co zogereranywa, zizanwa n’ugusukurira Yehova. (Soma 2 Abakorinto 4:17, 18.) Vyongeye, ukwizera kuradufasha kubumbwa n’ibintu bibayabaye vy’umubiri dufise.​—1 Tim. 6:8.

13 Yezu yarerekanye ko ugusenga kw’ukuri gusaba ukwitanga, ukwo kwitanga na kwo kukaba gusaba ukwizera. (Luka 9:23, 24) Abasavyi b’Imana bamwebamwe b’abizigirwa baragize ibintu bihambaye bahevye, barihanganira ubukene, agahahazo, ukwinubwa, mbere n’uguhamwa bimwe bikomeye. (2 Kor. 11:23-27; Ivyah. 3:8-10) Ukwizera gukomeye ni kwo kwonyene kwabashoboje kubigenza gutyo banezerewe. (Yak. 1:2, 3) Ukwizera gukomeye kuratuma twizigira duherejeko yuko gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga ari co kintu cama nantaryo ari co ciza kuruta ibindi. Ni co cama kitubera iciza kiramba. Nta makenga dufise ku bijanye n’uko impera abihangana badahemuka bazoronka ihambaye kuruta kure n’iyo imibabaro iyo ari yo yose y’igihe gito ibashikira.​—Heb. 11:6.

14. Ni kubera iki Hagari vyabaye ngombwa ko agaragaza ukwicisha bugufi?

14 Rimbura kandi uruhara ukwicisha bugufi kurangura mu vyo gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga. Akarorero kerekeye Hagari incoreke ya Sara, karavyerekana. Igihe Sara yabona ko amaze igihe kinini ata kana aronse, yaciye aha Hagari Aburahamu, maze uno asama inda ya Aburahamu. Ico gihe, Hagari yaciye yishima kuri inabuja, uwari ingumba. Ivyo vyatumye Sara ‘atangura gucisha bugufi’ (NW) Hagari, na we ahava arahunga. Umumarayika wa Yehova yarahwanye na we maze amubwira ati: “Subira kwa nyokobuja, uce bugufi musi yiwe.” (Ita. 16:2, 6, 8, 9) Kumbure Hagari yoba yari yahisemwo ubundi buyobozi. Kugira ngo akore ahuza n’ubuyobozi yari yahawe n’uwo mumarayika, yobwirijwe kuvavanura n’agatima ko kwishima yari afise. Ariko, Hagari yarakoze yicishije bugufi nk’uko umumarayika yari yamubwiye, kandi umwana wiwe, ari we Ishimayeli yaravukiye ahantu hatekanye se wiwe yari akambitse.

15. Dondora ibihe bimwebimwe wosanga gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga bidusaba kwicisha bugufi muri iki gihe.

15 Gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga hari aho vyosaba ko na twebwe nyene twicisha bugufi. Hari abobwirizwa kwemera iciyumviro c’uko uburyo bunaka bwo kwisamaza bakunda budahimbara Yehova. Umukirisu yoshobora kuba yababaje uwundi maze bigakenerwa ko amusaba ikigongwe. Canke na ho yoshobora kuba yakoze ikosa maze akaba akeneye kuryemanga. Bite ho mu gihe umuntu akoze icaha gikomeye? Arakeneye kwicisha bugufi maze akaturira abakurambere ico caha. Umuntu ashobora mbere kuba yaraciwe mw’ishengero. Kugira ngo yemererwe kugarukanwa, ategerezwa kwigaya yicishije bugufi agahindukira. Muri ivyo bihe no mu bindi bisa n’ivyo, usanga amajambo yo mu Migani 29:23 ahumuriza cane, na yo akaba agira ati: “Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, arik’uw’umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.”

Yehova atuyobora gute?

16, 17. Dushobora gute kwungukira cane kuri Bibiliya, yo sôko ry’ubuyobozi Imana itanga?

16 Isôko ruheta dukuramwo ubuyobozi Imana itanga ni Bibiliya, ryo Jambo ryayo ryahumetswe. (Soma 2 Timoteyo 3:16, 17.) Kugira ngo twungukire cane kuri iryo Jambo, tuba dukoze ibiranga ubukerebutsi tutarindiriye ngo tubanze gushikirwa n’ikintu kigoye maze ngo abe ari ho turondera amajambo yo mu Vyanditswe yodufasha. Ahubwo riho, dukwiye kugira akamenyero ko gusoma Bibiliya ku musi ku musi. (Zab. 1:1-3) Muri ubwo buryo ni ho duheza tukamenyera amajambo yahumetswe. Turaheza tukabona ibintu nk’uko Imana ibibona, maze tukaba abama biteguriye mbere no guhangana n’ingorane zidushikira giturumbuka.

17 Vyongeye, birahambaye ko tuzirikana ku vyo dusoma mu Vyanditswe kandi ukwo kuzirikana tukakujanisha n’isengesho. Igihe tuzirikana twitonze ku vyanditswe vyo muri Bibiliya, turarimbura ingene twobikoresha mu bihe binaka. (1 Tim. 4:15) Igihe dushikiwe n’ingorane zikomeye, turasenga Yehova tumusaba ngo adufashe kuronka ubuyobozi dukeneye. Impwemu ya Yehova izodufasha kwibuka ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe z’ingirakamaro tuba tumaze gusoma muri Bibiliya ubwayo canke mu bitabu bishingiye kuri yo.​—Soma Zaburi 25:4, 5.

18. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova akoresha umuryango wacu wa gikirisu kugira ngo atuyobore?

18 Umuryango wacu wa gikirisu ni irindi sôko ry’agaciro tworondereramwo ubuyobozi Yehova atanga. Intimatima y’uwo muryango ni wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” aserukirwa n’Inama Nyobozi, iyo na yo ikaba iguma ituronsa ibifungurwa vyo mu vy’impwemu bisohorwa mu buryo bw’ibisohokayandikiro bicapuwe be no mu buryo bw’amaporogarama ajanye n’amakoraniro be n’amateraniro. (Mat. 24:45-47; Gereranya n’Ibikorwa 15:6, 22-31.) N’ikindi kandi, uwo muryango wa gikirisu urimwo abantu bahumuye, na canecane abakurambere, bakwije ibisabwa kugira ngo bafashe umwumwe wese ku giti ciwe bongere batange impanuro zishingiye ku Vyanditswe. (Yes. 32:1) Urwaruka rwo mu ngo za gikirisu rurafise irindi sôko ry’agaciro. Abavyeyi barwo bizera ni ubukuru Imana yashizeho urwo rwaruka ruremeshwa kwama nantaryo rurondererako ubuyobozi.​—Ef. 6:1-3.

19. Ni imihezagiro iyihe twironkera kubera ko tubandanya kurondera ubuyobozi Yehova atanga?

19 Emwe, Yehova araturonsa ubuyobozi mu buryo butari buke, kandi vyoba vyiza tubwungukiyeko bimwe bishitse. Igihe Umwami Dawidi yavuga ibijanye n’igihe Abisirayeli bari abizigirwa, yagize ati: “Ba sogokuruza bacu bārakwizigira: bārakwizigira, nawe ukabakiza. Bāragutakambira, bagakizwa: bārakwizigira, ntibamāramāre.” (Zab. 22:3-5) Nitwakurikiza ubuyobozi Yehova atanga tubigiranye ukwizigira, na twebwe ‘ntituzomaramara.’ Ntituzotaha zirayoye ku bijanye n’icizigiro dufise. ‘Nitwakorera Yehova urugendo rwacu rwose’, aho kwiheka ku bukerebutsi bwacu bwite, no muri iki gihe nyene tuzokwironkera imihezagiro myinshi. (Zab. 37:5) Vyongeye, nitwashishikara iyo ngendo tudahemuka, iyo mihezagiro izoba iy’ibihe bidahera. Umwami Dawidi yanditse ati: “Uhoraho akunda imanza ziroranye, ntaheba abakunzi biwe. Bazigamwa ibihe vyose. . . . Abagororotsi bazoragwa [“isi,” NW], ba[yi]bemw’ibihe bidashira.”​—Zab. 37:28, 29.

Woshobora kubisigura?

• Ni kubera iki twizigira ubuyobozi Yehova atanga?

• Igihe duteye akagere ubuyobozi Yehova atanga biba bigaragaza iki?

• Ni mu bihe bimwebimwe ibihe usanga umukirisu akeneye kwicisha bugufi?

• Yehova atuyobora gute muri iki gihe?

[Amafoto ku rup. 8]

Woba uhanga amaso Yehova mu mice yose y’ubuzima bwawe?

[Ifoto ku rup. 9]

Eva yarateye akagere ubusegaba bwa Yehova

[Ifoto ku rup. 10]

Ni kamere iyihe Hagari yari akeneye kugaragaza niba yashaka gukurikiza ubuyobozi yari yahawe n’umumarayika?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika