Ivyo abandi batwiyumvirako vyoba biri n’ico bivuze?
ABANTU nka bose bararyoherwa no gushimagizwa. Gukezwa birashobora gutuma twumva turyohewe, bigatuma twumva ko hari ikintu twashitseko. Gushimwa birashobora gutuma twumva dushaka kurushiriza gukora neza. Ariko si ukwo twumva tumerewe igihe tubona yuko hari abatadushima. Mu gihe batakiriye neza ikintu kanaka twavuze canke twakoze, kibure bakatubwira amajambo yo kutunebagura, vyoshobora kuduca inkokora. Ivyo abandi batwiyumvirako vyoshobora kugira ikintu gikomeye bihinduye ku kuntu ubwacu twibona.
Twoba twihenze hamwe twokwirengagiza ingene abandi batubona. Abandi basuzumye inyifato yacu, turashobora vy’ukuri kuvyungukirako. Mu gihe ivyiyumviro vy’abandi bishingiye ku ngingo ngenderwako ziri hejuru zigenga inyifato runtu, birashobora kutugirira akamaro, bikatuvyurira umutima wo kuba abantu bagororotse (1 Ab’i Korinto 10:31-33). Ariko rero, abantu muri rusangi usanga babona ibintu mu buryo butari bwo. Iyumvire vya vyiyumviro bigoramye abakuru b’abaherezi hamwe n’abandi bari bafise ku vyerekeye Yezu Kirisitu igihe batangura ‘kuyogora bati: “Mumanike! Mumanike!”’ (Luka 23:13, 21-25, NW). Ivyiyumviro bishingiye ku makuru atari yo canke bitumwe n’ishari kibure umwikeko, hari aho twobwirizwa kuvyinyusha. Ku bw’ivyo, turakeneye kubona ibintu mu buryo bwiza maze tugakora ikibereye ku bijanye n’ivyiyumviro abandi bashikirije.
Ni ivyiyumviro vya nde biri n’ico bivuze?
Turashaka gushimwa n’abo dufatanije ugusenga kw’ukuri. Muri abo harimwo abo mu muryango bizeye hamwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bakirisu (Abaroma 15:2; Ab’i Kolosayi 3:18-21). Ukuba abo dusangiye ukwizera badukunda kandi bakatwubaha hamwe n’ukuntu usanga ‘bahumurizanya’, biri n’ikintu kinini bivuze kuri twebwe (Abaroma 1:11, 12). ‘Turicisha bugufi, tukiyumvira yuko bagenzi bacu baturuta’ (Ab’i Filipi 2:2-4). Ikigeretseko, turarondera gushimwa n’‘abatuyobora’, abo na bo bakaba ari abakurambere mw’ishengero.—Abaheburayo 13:17, NW.
Turipfuza kandi “gushingirwa intahe neza n’abo hanze” (1 Timoteyo 3:7). Urazi ukuntu biremesha iyo incuti zitizeye, abo dukorana be n’ababanyi bacu batwubaha! Vyongeye, ntitugerageza none gutuma abo tubwira inkuru nziza batubona neza kugira ngo bazokwakire neza ubutumwa bw’Ubwami? Iyo tuzwi mu kibano ko turi abantu badahumanye mu vy’inyifato runtu, bagororotse kandi b’imvugakuri, biraninahaza Imana (1 Petero 2:12). Ariko rero, ntitwokwigera turenga ku ngingo ngenderwako za Bibiliya turondera gushimwa n’abandi; eka kandi ntitwokwiyerekana uko tutari turondera ko abandi badutangarira. Dutegerezwa kumenya yuko tudashobora kunezereza abantu bose. Yezu yavuze ati: “Iyo muba ab’isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ab’isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka” (Yohana 15:19). Hoba none hari ico twokora kugira ngo dutume abaturwanya batwubaha?
Ingene twotuma abaturwanya batwubaha
Yezu yaburiye abigishwa bitwe ati: “Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira” (Matayo 10:22). Rimwe na rimwe, urwo rwanko rutuma twagirizwa ibintu vy’agacamutwe. Abategetsi bari n’aho bahengamiye boshobora kutwambika ibara batwita ngo turi abagarariji canke abagumutsi. Abaturwanya boshobora kuvuga yuko ngo turi akadumbi k’idini gatera umudugararo gategerezwa kuvaho (Ivyakozwe n’intumwa 28:22). Ivyo birego vy’ibinyoma birashobora rimwe na rimwe kubeshuzwa. Uti gute? Mu gukurikiza iyi mpanuro y’intumwa Petero igira iti: “Mwitegu[rir]e kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya” (1 Petero 3:15). Vyongeye, twoshobora gukoresha “ijambo rizima ritogawa, kugira ng’umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga”.—Tito 2:8.
Mu gihe tugerageza kwikurako iceyi, ntidukwiye gucika intege canke ngo twumve turengewe iyo batwambitse ibara. Yezu, wa Mwana w’Imana atagira agasembwa, yaragirijwe ko arogota, ko ari umugumutsi, eka mbere ko akoresha ubupfumu (Matayo 9:3; Mariko 3:22; Yohana 19:12). Intumwa Paulo yarambitswe ibara (1 Ab’i Korinto 4:13). Yezu na Paulo bompi barirengagije mwene ukwo kunebagurwa maze baguma bakora igikorwa cabo (Matayo 15:14). Bari bazi yuko batokwigeze bashobora gutuma abansi babo babashima kubera yuko “isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19). Muri iki gihe, na twebwe turanebagurwa. Ntidukwiye gutinya igihe abaturwanya buzuye urwanko bakwiragije ibinyoma ku bitwerekeye.—Matayo 5:11.
Ivyiyumviro biri n’ico bivuze koko
Ivyo abantu batwiyumvirako usanga bitandukanye rwose, ivyo bikaba bivana n’imvo baba bafise be n’ivyo baba baratwumviseko. Bamwe baradushimagiza kandi bakatwubaha, abandi na bo bakatwanka urunuka. Ariko rero, kubera ko tugengwa n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, turafise imvo yumvikana yo guhimbarwa no kwibera amahoro.
Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose” (2 Timoteyo 3:16, 17). Tuba abatoni kuri Yehova Imana no ku Mwana wiwe Yezu Kirisitu mu kwemera tubigiranye ugukenguruka ko Ijambo ry’Imana riba ari ryo rituyobora mu vyo dukora vyose. Nakare, ivyiyumviro vya Yehova n’ivy’Umwana wiwe ni vyo biri n’ico bivuze kuruta ibindi vyose. Ivyo batwiyumvirako ni vyo vyerekana agaciro nyakuri dufise. Ikiruta vyose, ubuzima bwacu buhagaze ku gushimwa na bo.—Yohana 5:27; Yakobo 1:12.
[Iciyumviro ku rup. 30]
“Gushimagizwa bituma numva maramaye kubera ko ndabihahamira cane naho ntavyerekana”.—VYAVUZWE N’UMURYOSHAMVUGO W’UMUHINDI YITWA RABINDRANATH TAGORE
[Amafoto ku rup. 31]
Ivyiyumviro vy’abo dusangiye ukwizera biri n’ico bivuze
[Abo dukesha ifoto ku rup. 30]
Culver Pictures