Tuburanire Ukwizera Kwacu
“Mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge.”—1 PETERO 3:15.
1, 2. Ni kuki Ivyabona vya Yehova badatangazwa n’ukurwanywa, ariko bipfuza iki?
MU BIHUGU vyinshi, Ivyabona vya Yehova muri rusangi bazwi yuko ari abantu b’inzirabugunge kandi bigenza runtu. Benshi bababona ko ari abagenzi beza badatera ingorane n’imwe. Yamara, igitangaje n’uko abo Bakirisu baremesha amahoro bacumukujwe n’uruhamo rw’akarenganyo—mu bihe vy’intambara no mu bihe vy’amahoro. Ntibatangara kubona hari ababarwanya gutyo. Mu vy’ukuri, bari bavyiteze. Nakare, barazi yuko Abakirisu b’abizerwa bo mu kinjana ca mbere G.C. ‘bankwa.’ None abita ku rutare kugira ngo babe abayoboke nyakuri ba Kirisitu muri iki gihe bokwitega gute kugirirwa ibitandukanye n’ivyo? (Matayo 10:22) Kanatsinda, Bibiliya ivuga iti: “Abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa.”—2 Timoteyo 3:12.
2 Ivyabona vya Yehova ntibarondera guhamwa, eka mbere ntibanezerezwa no gushikirwa n’amagume ivyo bishobora gukwega, nko gutanga ihadabu, gufungwa, canke kugirirwa nabi. Bipfuza ‘kwama mu mahoro batekereje’ kugira ngo bashobore kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ata kintu kibabuza. (1 Timoteyo 2:1, 2) Barashima umwidegemvyo wo mu vy’idini bafise mu bihugu vyinshi utuma babandanya ugusenga kwabo, kandi barakora uko bashoboye babishizeko umutima ngo “[b]uzure n’abantu bose,” ushizemwo n’abategetsi b’intwaro z’abantu. (Abaroma 12:18; 13:1-7) Ni kuki none ‘bankwa’?
3. Ni imvo imwe iyihe ituma Ivyabona vya Yehova bankwa ku karenganyo?
3 Ku bwa ngingo, Ivyabona vya Yehova baranswe ku karenganyo bivuye ku mvo zisa n’izatuma Abakirisu ba mbere bahamwa. Imvo ya mbere, Ivyabona vya Yehova bagendera mu vyo bemera mu vy’idini ku buryo ivyo bituma bamwebamwe batabakunda. Nk’akarorero, baramamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana n’umwete, ariko usanga abantu kenshi batahura nabi umwete wabo, bakabona ko ukwamamaza inkuru nziza kwabo ari “ukwinjiza abantu mw’idini ku nguvu.” (Gereranya n’Ivyakozwe 4:19, 20.) Baritaramura kandi mu vya politike y’amahanga no mu ntambara zayo, kandi rimwe na rimwe ivyo vyarategerewe nabi ngo Ivyabona ni abanyagihugu b’ibihemu.—Mika 4:3, 4.
4, 5. (a) Ivyabona vya Yehova baremetswe gute ibirego vy’ikinyoma? (b) Abantu canecane bahora kenshi batuma Ivyabona vya Yehova bahamwa ni bande?
4 Imvo ya kabiri, Ivyabona vya Yehova baremetswe ibirego vy’ibinyoma—ibinyoma bitagira shinge na rugero hamwe n’ukuvuga ukutariko ivyo bizera. Ivyo vyatumye baboneka nk’akadumbi kabi mu bihugu bimwebimwe. Vyongeye, kubera ko barondera kuvurwa hadakoreshejwe amaraso mu buryo buhuje n’icipfuzo cabo co kugamburukira itegeko ryo muri Bibiliya risaba ‘kwirinda amaraso,’ barabeshewe ngo ni “abica abana” canke ngo ni “akadini ko kwiyahura.” (Ivyakozwe 15:29) Mugabo ikintu c’ukuri n’uko Ivyabona vya Yehova babona ko ubuzima bufise agaciro ntangere kandi bakarondera kuvurwa bo hamwe n’abana babo mu buryo burushirije kuba bwiza bushoboye kuboneka. Ibirego vy’uko abana benshi b’Ivyabona vya Yehova bapfa uko umwaka utashe bivuye ku vy’uko banka guterwa amaraso, nta shingiro na rimwe bifise. Nta muntu ashoboye gutanga ibitigiri vy’abo ivyo bishikira. Kubera ko ukuri kwo muri Bibiliya kutabonwa kumwe n’abagize umuryango bose, Ivyabona baragirijwe kandi ngo basenyura imiryango. Yamara, abazi Ivyabona vya Yehova barazi ko bafitiye ubuzima bw’umuryango icubahiro cinshi, kandi bakagerageza gukurikira amabwirizwa yo muri Bibiliya y’uko umunega n’umutambukanyi bakundana kandi bakubahana, abana na bo bakagamburukira abavyeyi babo, baba bizeye canke batizeye.—Abanyefeso 5:21–6:3.
5 Mu biringo vyinshi, abantu canecane batuma haba uruhamo ku basavyi ba Yehova vyibonekeje ko ari abaturwanya bo mu madini, abakoresheje akosho bafise ku bategetsi b’ivya politike hamwe n’abanyamakuru bakagerageza guhagarika imirimo Ivyabona barangura. None twebwe, Ivyabona vya Yehova, dukwiye kubona gute ukurwanywa mwene ukwo—kwaba kuvuye ku vyo twizera no ku vyo tugira canke bitewe n’ibirego vy’ikinyoma?
‘Ukugira Ibitegereka Kwanyu, Nikumenywe n’Abantu Bose’
6. Ni kuki bihambaye kubona abari hanze y’ishengero rya gikirisu mu buryo burimbanye?
6 Imbere ya vyose, turakeneye kubona ibintu mu buryo bukwiriye—ni ukuvuga, uko Yehova abona ibintu—ku vyerekeye abatifatanije natwe mu vyo twizeye mu vy’idini. Ahandiho, twosanga twikwegeye ukurwanywa n’abandi canke bakadutuka bidakenewe. Intumwa Paulo yavuze iti: ‘Ukugira ibitegereka kwanyu, nikumenywe n’abantu bose.’ (Ab’i Filipi 4:5, NW) Ni co gituma rero Bibiliya ituremesha kubona mu buryo burimbanye abatari mw’ishengero rya gikirisu.
7. Kuguma ‘tutandujwe n’isi’ birimwo iki?
7 Ku rundi ruhande, Ivyanditswe biradukebura bitomora neza “kwirinda ngo nti[t]wanduzwe n’ivy’isi.” (Yakobo 1:27; 4:4) Ijambo “isi” ngaha, nk’uko biri n’ahandi henshi muri Bibiliya, ryerekeza ku kivunga c’abantu batari mu Bukirisu bw’ukuri. Tuba muri ico kibano c’abantu; duhurira ku kazi, kw’ishure, mu babanyi. (Yohana 17:11, 15; 1 Ab’i Korinto 5:9, 10) Yamara, twirinda kwanduzwa n’isi mu kwiyubara ngo ntitugire inyifato, imvugo, hamwe n’uburyo twigenza bidahuye n’inzira zigororotse z’Imana. Ni ivy’ingirakamaro kandi ko tumenya ingeramizi iri mu vy’ukugiranira imigenderanire ya somambike n’iyi si, na canecane tuyigiraniye n’abagaragaza ko banka urunuka ingingo ngenderwako za Yehova.—Imigani 13:20.
8. Ni kubera iki ya mpanuro idusaba kuguma tutandujwe n’isi itaduha ishingiro na rimwe ryo gukengera abandi?
8 Ariko rero, impanuro yo kuguma tutandujwe n’isi nta shingiro na rimwe iduha y’uko dutegerezwa gukengera abatari Ivyabona vya Yehova. (Imigani 8:13) Gira wibuke akarorero k’indongozi z’ivy’idini z’Abayuda, kavuzwe mu kiganiro caje imbere y’iki. Idini batsimbataje Yehova ntiyayiraba ryiza; eka iyo dini ntiyaterereye umuganda mu vy’ukugira imigenderanire myiza n’abatari Abayuda. (Matayo 21:43, 45) Bivuye ku gatima ko kwibona ubugororotsi, abo bagabo b’ishaka ndenzarugero baragaya Abanyamahanga. Nta mwikeko nk’uyo tugira, ngo tugaye abatari Ivyabona. Nka kumwe kw’intumwa Paulo, twipfuza ko abo bose bumva ukuri kuri mu butumwa bwo muri Bibiliya bokwemerwa n’Imana.—Ivyakozwe 26:29; 1 Timoteyo 2:3, 4.
9. Ukubona ibintu ku burimbane kandi mu buryo bushingiye ku Vyanditswe, bikwiye guhindura gute uburyo tuvuga ivyerekeye abatemera ivyo twizeye?
9 Ukubona ibintu ku burimbane kandi mu buryo bushingiye ku Vyanditswe, birakwiye guhindura uburyo tuvuga abatari Ivyabona. Paulo yabwirije Tito kwibutsa Abakirisu bari mw’izinga ry’i Kerete “kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza, no kwengenga, berekana ubugwaneza bgose ku bantu bose.” (Tito 3:2) Urabona ko Abakirisu bǎtegerezwa “kutagira uwo” bambika ibara—eka mbere n’uwutari Umukirisu i Kerete, bamwebamwe muri bo bakaba bari bazwi ku kubesha kwabo, ubukuzi bw’inda bwabo n’ubunebwe bwabo. (Tito 1:12) Urumva rero ko vyoba bidahuje n’Ivyanditswe hamwe twovuga amajambo yo gusuzugura igihe tuba turiko turavuga abadashigikira ivyo twizeye. Inyifato yo kwibona ko dusumba abandi ntizobakwegera ku gusenga Yehova. Ahubwo, igihe tubona abandi mu buryo buhuye n’ingingo zitegereka zo mw’Ijambo rya Yehova kandi tukabafata muri ubwo buryo nyene, tuba ‘dusharije inyigisho’ y’Imana.—Tito 2:10.
Igihe co Gucereza n’Igihe co Kuvuga
10, 11. Yezu yerekanye gute ko yari azi (a) “igihe co gucereza”? (b) “igihe co kuvuga”?
10 Mu Musiguzi 3:7 havuga ko hari “igihe co gucereza n’igihe co kuvuga.” Ngaho rero ni ho hari ingorane: kumenya kwirengagiza abaturwanya n’igihe co kuvuga kugira ngo tuburanire ukwizera kwacu. Turashobora kwigira vyinshi ku karorero k’umuntu yamye atagira agasembwa mu vy’ukwigengesera—na we ni Yezu. (1 Petero 2:21) Yaramenya “igihe co gucereza.” Nk’akarorero, igihe abaherezi bakuru hamwe n’abashingantahe bamwagiriza imbere ya Pilato, Yezu “[n]tiyishu[ye] na rimwe.” (Matayo 27:11-14) Ntiyashatse kuvuga ikintu na kimwe cobujije ko ukugomba kw’Imana kurangukira kuri we. Ahubwo yahisemwo kureka ngo ibikorwa akora imbere y’abantu vyivugire. Yari azi yuko mbere n’ukuri kutohinduye imizirikanyi n’imitima yabo yuzuye ubwishime. Ni co gituma rero yirengagije ikirego cabo, aranka kwonona agacerere kiwe yari yagize nkana.—Yesaya 53:7.
11 Ariko rero, Yezu yaramenya kandi “igihe co kuvuga.” Hari igihe yahaririza abamuvuga nabi adakikiriza kandi atarya umunwa, ahinyuza ibirego vyabo vy’ibinyoma. Nk’akarorero, igihe abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo bagerageza kumutyoza mu maso y’ishengero mu kumwagiriza ko asenda amadiyamoni biciye kuri Beyezebuli, Yezu yahisemwo kubeshuza ivyo birego vy’ikinyoma. Akoresheje ivyiyumviro vy’agahana hamwe n’ikigereranirizo gikomeye, yarasenyuye ico kinyoma. (Mariko 3:20-30; raba kandi Matayo 15:1-11; 22:17-21; Yohana 18:37) Ni nk’ukwo nyene, Yezu amaze kugurishwa hanyuma agafatwa, igihe yarengutswa imbere ya Sentare Nkuru y’Abayuda, Kayafa Umuherezi Mukuru n’urwenge n’akantu yabajije ati: “Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana”! N’ico gihe nyene cari “igihe co kuvuga,” kubera ko kuguma ataco avuze vyari gutahurwa ko yanse kwemera ko ari we Kirisitu. Ni co gituma rero Yezu yishuye ati: “Urarivuze.”—Matayo 26:63, 64; Mariko 14:61, 62.
12. Ni ibiki vyatumye Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga muri Ikoniyo?
12 Rimbura kandi akarorero ka Paulo hamwe na Barunaba. Mu Vyakozwe 14:1, 2 havuga hati: “Muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera. Arikw Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data.” Bibiliya imwe, The New English Bible, isomwa uku: “Ariko Abayuda batahindukiriye Ubukirisu baragumuye Abanyamahanga hanyuma babatera kwanka urunuka Abakirisu.” Kubera babona ko kwiyamiriza ubwo butumwa bidakwiye, nya Bayuda barwanya Abakirisu baciye bagira isekeza ry’ugukorakoranya ibirego, bagerageza gutuma abanyagihugu b’Abanyamahanga binuba Abakirisu.a Ewe kuntu urwanko banka Abakirisu rutegerezwa kuba rwari rukomeye! (Gereranya n’Ivyakozwe 10:28.) Paulo na Barunaba biyumviriye ko ico cari “igihe co kuvuga,” banka ko abigishwa bashasha bodendeburwa n’ukwambikwa ibara n’abantu. “[Paulo na Barunaba] bamara imisi myinshi bavuga batabobotereza kubg’[ubukuru bwa Yehova],” Yehova na we yerekana ko avyemeye mu kubaha ububasha bwo gukora ibitangaro. Ivyo vyatumye bamwe “baherēra ku Bayuda, abandi ku ntumwa.”—Ivyakozwe 14:3, 4.
13. Igihe twambiswe ibara, ni ryari kenshi na kenshi aba ari “igihe co gucereza”?
13 Dukwiye kuvyifatamwo gute none igihe batwambitse ibara? Ivyo vyose biva ku kuntu ibintu biba vyifashe. Mu bihe bimwebimwe bisaba ko dushira mu ngiro ya ngingo ivuga yuko hariho “igihe co gucereza.” Na canecane twobigira dutyo igihe abiyemeje kuturwanya bagerageje kudushira mu bihari bitagira epfo na ruguru. Dukwiye kutibagira ko abantu bamwebamwe usanga gusa badashaka kumenya ukuri. (2 Ab’i Tesalonike 2:9-12) Kwita ku rutare kugira ngo dufashe kuzirikana abafise imitima yuzuye ubwirasi ishingiye ku kubura ukwizera, ntaco bivamwo. Igisumba ivyo, mu gihe twokwisuka mu guharira n’umuntu wese w’umubeshi atwagirije, twosanga twataye umurimo uhambaye cane kuruta kandi uzana impera—ni wo wo gufasha abafise umutima w’inzirabugunge bashaka vy’ukuri kwiga ukuri kwa Bibiliya. Urumva rero ko igihe duhanganye n’abanyabihari barondera gukwiragiza ibinyoma bitwambika ibara, impanuro yahumetswe ni iyi: “Mubazibukire.”—Abaroma 16:17, 18; Matayo 7:6.
14. Ni mu buryo ubuhe dushobora kuburanira ukwizera kwacu imbere y’abandi?
14 Birumvikana ko ivyo bidasigura ko tutaba turwaniye ukwizera kwacu. Kanatsinda, hariho kandi “igihe co kuvuga.” Birakwiye ko turazwa ishinga n’abantu b’inziraburyarya baba barabwiwe amajambo atwambika ibara. Turemera n’umutima ukunze gusigurira neza abandi ivyo twizeye; si ivy’imbeshere, ntitugisha ako karyo. Petero yanditse ati: “Mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza [n’icubahiro kigera kure, NW].” (1 Petero 3:15) Igihe abantu bashimishijwe vy’ukuri babajije ikimenyamenya c’ivyizerwa tuburanira, igihe babaririkiza ivyerekeye ibirego vy’ibinyoma vyavuzwe n’abaturwanya, tuba dukwiye kuburanira ukwizera kwacu, tugashikiriza inyishu nziza zishingiye kuri Bibiliya. Vyongeye, ukwigenza neza kwacu gushobora kuvuga vyinshi. Igihe abatwitegereza bafise umutima wo kwumva biboneye ko tugerageza vy’ukuri kubaho duhuje n’ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana, barashobora guca babona ko ibirego turementanirizwa ari ibinyoma.—1 Petero 2:12-15.
Hogirwa Iki Igihe Hagizwe Iyamamaza ryo Kuducokora?
15. Ni akarorero kamwe akahe k’ingene Ivyabona vya Yehova bavuzwe ukutariko mu makuru?
15 Rimwe na rimwe, Ivyabona vya Yehova baravuzwe ukutariko mu makuru. Nk’akarorero, kw’igenekerezo rya 1 Nyandagaro 1997, ikinyamakuru co mu Burusiya carasohoye ikiganiro c’agacokoro. Mu vyo cavuze harimwo inkuru y’uko ngo Ivyabona basaba ku nguvu abo mw’idini yabo ‘kwirukana abagore babo, guta abagabo babo n’abavyeyi babo mu gihe badatahura kandi batifatanije na bo mu kwizera kwabo.’ Umuntu uwo ari we wese azi vy’ukuri Ivyabona vya Yehova arazi ko ico kirego ari ikinyoma. Bibiliya yerekana ko Abakirisu bakwiye gukunda abo mu muryango batizeye, bakanabubaha, kandi Ivyabona barihata gukurikiza iyo nyobozo. (1 Ab’i Korinto 7:12-16; 1 Petero 3:1-4) Naho ari ukwo, ico kiganiro caracapuwe, kandi abasomyi benshi baciye rero bamenya inkuru itari yo. Dushobora gute none kuburanira ukwizera kwacu igihe twambitswe ibara?
16, 17, ushizemwo n’uruzitiro. (a) Umunara w’Inderetsi wigeze kuvuga iki ku vyerekeye ukuntu twovyifatamwo igihe hashikirijwe inkuru zitari zo mu makuru? (b) Ni mu bihe ibihe Ivyabona vya Yehova bashobora kwishura ku makuru abavuga nabi?
16 No muri ivyo nyene, hariho “igihe co gucereza n’igihe co kuvuga.” Umunara w’Inderetsi igihe kimwe warabiseruye muri ubu buryo: “Kwirengagiza inkuru y’ikinyoma ishikirizwa mu makuru canke tukaburanira ukuri mu buryo bukwiriye, biva ku kuntu ibintu vyifashe, ku wukwiragiza ako gacokoro uwo ari we, n’intumbero yiwe.” Mu bihe bimwebimwe vyoba vyiza kuruta kwirengagiza inkuru zivuga ibintu nabi, gutyo tukaba dutumye ivyo binyoma bitarushiriza kumenyekanishwa.
17 Mu bindi bihe na ho kirashobora kuba “igihe co kuvuga.” Umumenyeshamakuru w’umwizerwa arashobora kuba yarabwiwe amakuru atari yo ku vyerekeye Ivyobona vya Yehova kandi akaba yoshobora kwakira inkuru y’imvaho ku bitwerekeye. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ugukosora Ivyavuzwe Uko Bitari.”) Igihe inkuru zityoza zishikirijwe n’ibinyamakuru zitumye haba umwikeko ushobora kubangamira igikorwa cacu co kwamamaza inkuru nziza, abaserukira ishami ry’Ishirahamwe Watch Tower barashobora kwibwiriza kuburanira ukuri bakoresheje uburyo bumwebumwe bubereye.b Nk’akarorero, abakurambere bakwije ibisabwa barashobora kugenwa kugira ngo bashikirize ukuri, bakabicisha nko kuri televiziyo, aho usanga bitagizwe vyoboneka ko Ivyabona vya Yehova babuze inyishu. Ivyabona umwumwe barakorana mu buryo buranga ubwenge, n’ubuyobozi bw’Ishirahamwe Watch Tower hamwe n’abariserukira, mu bibazo mwene ivyo.—Abaheburayo 13:17.
Kuburanira Inkuru Nziza Hakoreshejwe Amategeko
18. (a) Ni kuki tudakeneye uruhusha ruvuye ku ntwaro z’abantu ruturekurira kwamamaza inkuru nziza? (b) Dukurikira ingendo iyihe igihe batwankiye kwamamaza inkuru nziza?
18 Uruhusha dufise rwo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ruva mw’ijuru. Yezu, uwatubwirije gukora ico gikorwa, yahawe “ububasha bgose mw ijuru no mw isi.” (Matayo 28:18-20; Ab’i Filipi 2:9-11) Ni co gituma tudakeneye uruhusha ruva ku ntwaro z’abantu rwo kwamamaza inkuru nziza. Naho ari ukwo, turemera icese yuko kuba dufise umwidegemvyo wo mu vy’ugusenga bifasha kugira ubutumwa bw’Ubwami bukwire hose. Mu bihugu dufisemwo umwidegemvyo wo kurangura ugusenga kwacu, turakoresha amategeko kugira ngo tuwukingire. Aho twankiwe kuronka umwidegemvyo mwene uwo, turita ku rutare ngo tuwuronke hakoreshejwe amategeko. Intumbero yacu si uguhindura ibintu vyo mu kibano ariko ni “[ukuburanira] ubutumwa bgiza.”c—Ab’i Filipi 1:7.
19. (a) Ni igiki gishobora kuva mu ‘guha Imana ivy’Imana’? (b) Umwiyemezo wacu ni uwo gukora iki?
19 Kubera ko turi Ivyabona vya Yehova, turemera icese Yehova ko ari we Segaba wa Vyose. Amategeko yiwe ni kaminuza. Turagamburukira intwaro z’abantu tubishizeko umutima, gutyo tukaba ‘duhaye Kayisari ivya Kayisari.’ Mugabo nta kintu na kimwe tuzoreka ngo kitubuze kurangura ibanga rihambaye cane kuruta—ari ryo ry’‘uguha Imana ivy’Imana.’ (Matayo 22:21) Turategera bimwe vyuzuye yuko kugira gutyo bizotuma ‘twankwa’ n’amahanga, ariko ivyo turemera ko biri mu bigize ico ukuba umwigishwa bisaba. Ivyo Ivyabona vya Yehova babishitseko bakoresheje amategeko muri iki kinjana ca 20 birashinga intahe yuko twiyemeje kuburanira ukwizera kwacu. Tubikesheje ugufashwa na Yehova hamwe n’ugufatwa mu mugongo na we, tuzobandanya “[ata gu]horereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza.”—Ivyakozwe 5:42.
[Utujambo tw’epfo]
a Igitabu kimwe, Matthew Henry’s Commentary on the Whole Bible, gisigura yuko Abayuda barwanya Abakirisu “babigize igikorwa kugenda bagana [Abanyamahanga] baba bazinanye na gatoyi, hanyuma bakavuga ivyo biyumvira vyose canke uruyeri urwo ari rwo rwose bashoboye kudendekeranya, atari kugira ngo babashiremwo ukugaya Ubukirisu gusa, ariko kandi babarementanirize.”
b Inyuma y’aho nya kiganiro c’agacokoro gisohowe mu kinyamakuru co mu Burusiya (icavuzwe ku ngingo ya 15), Ivyabona vya Yehova baritwaye ku Biro Bikuru vy’Uburusiya Bijejwe Guca Imanza z’Amatati Ajanye n’Amakuru, basaba ko hasubirwamwo ivyo birego vy’ibinyoma vyavuzwe muri ico kiganiro. Ejobundi sentare yarasohoye ingingo ihana bimwe bikomeye ico kinyamakuru kubera ko cacapuye ikiganiro cambika ibara.—Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Munyonyo 1998, urupapuro 26-27.
c Raba ikiganiro “Gukingira Inkuru Nziza y’Ubwami Hakoreshejwe Amategeko,” mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Kigirama 1998, urupapuro 19-22.
Woba Uvyibuka
◻ Ni kuki Ivyabona vya Yehova ‘bankwa’?
◻ Dukwiye kubona gute abatifatanya natwe mu vyo twemera vy’idini?
◻ Ni akarorero akahe karimbanye Yezu yerekanye k’ukuntu yifata ku bamurwanya?
◻ Igihe twambitswe ibara, dushobora gushira mu ngiro gute ya ngingo y’uko hari “igihe co gucereza n’igihe co kuvuga”?
[Uruzitiro ku rup. 28]
Ugukosora Ivyavuzwe uko Bitari
“Mu gisagara c’i Yacuiba, muri Boliviya, hari umugwi w’abarokore b’aho basavye televiziyo kwerekana isinema yoba yari yarateguwe n’abahuni. Aho abakurambere baboneye ingaruka mbi itewe n’ico kiganiro ca televiziyo, bafashe ingingo yo kugendera imirongo ibiri ya televiziyo hanyuma basaba ko boriha amahera kugira ngo yereke abanyagihugu kuri televiziyo ya mavidewo Les Témoins de Jéhovah—Un nom, une organisation hamwe na La Bible: Un récit historique exact, des prophéties dignes de foi. Uwugaba insamirizi aho amariye kuraba ayo mavidewo y’Ishirahamwe, yarashavujwe n’ukuntu nya kiganiro c’abahuni cavuze ibintu uko bitari, hanyuma aca yemera ko hashikirizwa ku buntu amatangazo y’Ivyabona vya Yehova yerekeye iteraniro ry’intara ryari ryegereje. Abitavye iryo teraniro bari benshi mu buryo budasanze, abantu benshi b’inzaraburyarya batangura kubaza ibibazo bivuye ku mutima igihe Ivyabona babagendera bari mu gikenurwa.”—Annuaire des Témoins de Jéhovah 1997, urupapuro 61-62.
[Ifoto ku rup. 29]
Rimwe na rimwe, Yezu yarahinyuza ku mugaragaro ibirego vy’abamuvuga nabi