Ivyodufasha gucungera inyiyumvo zacu
VYOBA bihora bishika inyiyumvo mbi zigasa n’iziganziye ubuzima bwawe? Woba ubabazwa n’ubusa canke woba ukaza ishavu? Vyoba bikunda gushika ukumva urengewe n’amaganya yo mu buzima? None ni igiki cogufasha?
Uguserura inyiyumvo ni ikintu gisanzwe ku bantu. Iyo inyiyumvo ziseruwe neza, ziratuma ubuzima burushiriza kubamwo agahimbare. Yamara rero, Bibiliya ivuga yuko “[“agahahazo”, NW] [ga]hindura umunyabgenge igipfu” (Umusiguzi 7:7). Muri iyi si aho usanga ubukazi n’amasanganya vyiraye, ni nde ga yemwe atobabazwa n’ibintu biba hirya no hino? Ariko ntiwumve, Ivyanditswe biravuga kandi biti: “[Nta] kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe” (Umusiguzi 3:22). Kugira ngo rero dutume ubuzima burushiriza kuryoha, turakeneye kwiga kunezerwa mu gutsimbataza inyiyumvo nziza. None twotsimbataza gute inyiyumvo nziza maze tukikuramwo izohava zitugirira nabi?
Kugira ico umuntu akoze akenshi biragabanya inyiyumvo mbi. Nk’akarorero, igihe twumvise amaganya kubera ingorane ziturengeye, ntibiba vyiza none duciye duhindura ivyo dukora ntivyame ari vya bindi canke tugahindura tukaja ahandi hantu, aho kureka ngo amaganya abe ari yo yiganzira ivyiyumviro vyacu? Gutembera kugira twisamaze, kwumviriza akaziki koroshe, kwinonora imitsi canke kugirira neza umuntu abikeneye, vyoshobora gutuma twumva hari ukuntu turuhuriwe canke bigatuma tugira agahimbare ku rugero runaka.—Ivyakozwe n’intumwa 20:35.
Ariko rero, uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kwikuramwo ivyiyumviro bibi, ni mu kwizigira Umuremyi wacu. Igihe iciyumviro kibi canse kutuvamwo, dukwiye guca ‘dukorera Imana amaganya yacu yose’ biciye kw’isengesho (1 Petero 5:6, 7). Bibiliya iradusubiriza umutima mu nda iti: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse. . . . Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, arik’Uhoraho ayamukiza yose” (Zaburi 34:18, 19). None ni igiki codufasha kwemera yuko Imana ishobora kutubera “umutabazi . . . n’umurokozi” (Zaburi 40:17)? Icobidufashamwo ni ukwiga Bibiliya be n’ukuzirikana ku burorero itanga bw’ibintu vyabayeho koko, vyerekana ingene Imana yitaho ineza y’abasavyi bayo.