Turankwa duhorwa ubusa
“Bānyankiye ubusa”.—YOHANA 15:25.
1, 2. (a) Kubera iki bamwebamwe bazazanirwa igihe abakirisu bavuzwe nabi, mugabo kubera iki amajambo nk’ayo adakwiye kudutangaza? (b) Ni insobanuro iyihe y’ijambo “kwanka” twihweza muri iki kiganiro (Raba akajambo k’epfo.)?
IVYABONA VYA YEHOVA barihatira kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo bituma bavugwa neza mu bihugu vyinshi. Ariko rero, birashika rimwe na rimwe bakavugwa ukutari kwo. Nk’akarorero, umutegetsi umwe wo mu vy’intwaro mu gisagara ca St. Petersburg mu Burusiya, yibutse ibi: “Ivyabona vya Yehova twababwirwa nk’akadumbi k’idini gakorera mu kinyegero kataja ahabona kandi gakeragura abana, eka kandi abari muri ko bakiyica”. Mugabo uwo mutegetsi nyene amaze gukorana n’Ivyabona vya Yehova mu bijanye n’ihwaniro mpuzamakungu rimwe, yavuze ati: “Ubu ndabona ko ari abantu basanzwe, bamwenyura . . . Ni abanyamahoro kandi baratekereje, kandi barakundana cane”. Yongeyeko ati: “Mu vy’ukuri sintahura igituma abantu babavugako ibinyoma nk’ivyo”.—1 Petero 3:16.
2 Abasavyi b’Imana ntibanezerezwa no kwambikwa ibara mu kwitwa inkozi z’ikibi, yamara ntibatangara igihe abantu babavuze nabi. Yezu yari yaraburiye abayoboke biwe ati: “Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka. . . . Vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Bānyankiye ubusaa’” (Yohana 15:18-20, 25; Zaburi 35:19; 69:4). Imbere y’aho, yari yabwiye abigishwa biwe ati: “Nyen’urugo ko bamwise Beyezebuli, non’abo mu rugo rwiwe ntibazorushiriza kubīta bartyo?” (Matayo 10:25). Abakirisu baratahura yuko kwihanganira ugusigwa iceyi nk’ico ari kimwe mu bigize ca “giti co kubabarizwako” bemera kwikorera igihe bacitse abayoboke ba Kirisitu.—Matayo 16:24, NW.
3. Uguhamwa kw’abambaji b’ukuri kugarukira ku bangana iki?
3 Uruhamo rwashikiye abambaji b’ukuri kuva kera na rindi, kuva igihe ca “Abeli umugororotsi” (Matayo 23:34, 35). Ntirwagarukiye gusa ku bantu bakeyi. Yezu yavuze ko abayoboke biwe “[bok]wanswe na bose” babahora izina ryiwe (Matayo 10:22, ni twe tubihiritse.). Vyongeye, intumwa Paulo yanditse yuko abasavyi b’Imana bose, harimwo n’umwumwe wese muri twebwe, bakwiye kwitega guhamwa (2 Timoteyo 3:12). Ni kubera iki bahamwa?
Isôko ry’urwanko rutagira ishingiro
4. Bibiliya ihishura gute isôko ry’urwanko rwose rutagira ishingiro?
4 Ijambo ry’Imana rihishura yuko kuva mu ntango hamye hariho inkwezi y’urwo rwanko. Rimbura nk’akarorero igandagurwa rya wa muntu wa mbere w’ukwizera, Abeli. Bibiliya ivuga yuko mwenewabo Kayini, umwe yamugandagura, “yar’uwa wa Mubi” Shetani wa Mucokoranyi (1 Yohana 3:12). Kayini yaragaragaje agatima nk’aka Shetani, maze Mucokoranyi aramukoresha kugira ngo ashitse imigambi yiwe y’ububisha. Bibiliya kandi irahishura uruhara Shetani yagize muri vya bitero bikaze yatera Yobu na Yezu Kirisitu (Yobu 1:12; 2:6, 7; Yohana 8:37, 44; 13:27). Igitabu c’Ivyahishuriwe kirerekana mu buryo butomoye isôko ry’uruhamo rushikira abayoboke ba Yezu, mu kuvuga giti: “Uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe” (Ivyahishuriwe 2:10, ni twe tubihiritse.). Ego cane, Shetani ni we sôko ry’urwanko rwose rutagira ishingiro rushikira abasavyi b’Imana.
5. Ni igiki kiri inyuma y’urwanko Shetani yanka abambaji b’ukuri?
5 Ni igiki kiri inyuma y’urwanko Shetani yanka abambaji b’ukuri? Mu mugambi ugaragaza ukwiyemera kw’akaburarugero, Shetani yarahigishije wa “Mwami ahoraho”, Yehova Imana (1 Timoteyo 1:17; 3:6). Aharira avuga yuko Imana izitira birenze urugero ibiremwa vyayo mu kuntu ibitegeka, be n’uko ngo ata n’umwe asukurira Yehova abitumwe n’imvo nziza, yuko abantu bamusukurira babitumwe gusa n’ubwikunzi. Shetani yirarira avuga yuko, yemerewe kugerageza abantu, ngo ashobora gutuma bose bareka gusukurira Imana (Itanguriro 3:1-6; Yobu 1:6-12; 2:1-7). Mu kwambika ibara Yehova ngo ni umunyagahahazo, umubeshi, kandi ko ata co ashoboye, Shetani arondera kwigira segaba nka Yehova. Gutyo rero, ishavu afitiye abasavyi b’Imana rikaburwa n’icipfuzo afise co gusengwa.—Matayo 4:8, 9.
6. (a) Ikibazo c’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova kitwerekeye gute umwumwe ku giti ciwe? (b) Gutahura ico kibazo bidufasha gute kuguma turi intadohoka (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 16.)?
6 Woba ubona ingene ico kibazo cerekeye ubuzima bwawe? Kubera ko uri umusavyi wa Yehova, ushobora kuba warabonye yuko naho gukora ivyo Imana igomba bisaba akigoro gakomeye, ivyiza biva mu kubikora ari ntangere. Ariko none wokora iki nka hamwe ukuntu ivyawe vyifashe mu buzima kwotuma bikugora kubandanya kwisunga amategeko n’ingingo ngenderwako vya Yehova, eka no kugucumukuza bikagucumukuza? Vyongeye wokora iki nka hamwe wobona umenga nta nyungu ubikuramwo? Mbega none woca ushika ku ciyumviro c’uko kubandanya gusukurira Yehova ata co bimaze? Canke urukundo ukunda Yehova be n’ukuba uha agaciro cane kamere ziwe zihambaye vyotuma ubandanya kugendera mu nzira ziwe zose (Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13)? Mu kureka Shetani akaduteza amagume amwamwe, Yehova yarahaye umwumwe wese muri twebwe akaryo ko gutanga inyishu ku giti ciwe ku kibazo Shetani yavyuye.—Imigani 27:11.
“Ni babatuka”
7. Ni uruyeri rumwe uruhe Mucokoranyi akoresha kugira ngo agerageze kudukura kuri Yehova?
7 Ubu na ho, nimuze turimbure twitonze kimwe mu bikorwa vy’uruyeri Shetani akoresha mu kugerageza gushigikira ikibazo yavyuye, ico gikorwa c’uruyeri kikaba ari ukubambika ibara. Yezu yise Shetani ‘se w’ibinyoma’ (Yohana 8:44). Izina rimudondora ari ryo “Mucokoranyi”, ryerekana yuko ari we muntu nyamukuru acokora Imana, ijambo ryayo ryiza be n’izina ryayo ryeranda. Mucokoranyi aritoraguza, agakoresha ibirego vy’ibinyoma, be n’ibinyoma vyeruye mu guhigisha ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, akongera agakoresha urwo ruyeri nyene kugira ngo yambike ibara abasavyi b’Imana b’intahemuka. Mu gutuka bimwe bibi ivyo Vyabona, arashobora gutuma ikigeragezo gikaze kirushiriza mbere kuba ikigoye kwihanganira kuri bo.
8. Shetani yasize iceyi Yobu gute, kandi Yobu vyamugizeko ingaruka iyihe?
8 Rimbura ivyashikiye Yobu, uwo izina ryiwe risobanura ngo “Uwugirirwa nabi”. Turetse ivy’uko Shetani yatumye Yobu atakaza ivyo yari atunze, abana biwe, n’amagara yiwe akahabonera, yaratumye kandi Yobu aboneka nk’umunyavyaha yariko ahanwa n’Imana. Naho Yobu yari asanzwe ari umuntu yubahwa cane, yahavuye akengerwa, mbere akengerwa n’incuti ziwe be n’abagenzi somambike biwe (Yobu 19:13-19; 29:1, 2, 7-11). Vyongeye, Shetani akoresheje abigira abiruzi, yararondeye ‘kuvunaguza Yobu amajambo’ mu kwitoraguza ngo Yobu ategerezwa kuba yarakoze icaha gikomeye, hanyuma bamwagiriza imbonankubone yuko ari umunyavyaha (Yobu 4:6-9; 19:2; 22:5-10). Ese ukuntu ivyo vyoba vyaravunye umutima Yobu!
9. Shetani yatumye gute Yezu aboneka nk’umunyavyaha?
9 Kubera ko Umwana w’Imana ari we kizigenza mu gushigikira ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, ni we muntu wa mbere na mbere Shetani yerekejeko urwanko rwiwe. Igihe Yezu yaza kw’isi, Shetani yararondeye kumusiga iceyi mu buryo bw’impwemu, nk’uko yabigize kuri Yobu, atuma Yezu aboneka nk’umunyavyaha (Yesaya 53:2-4; Yohana 9:24). Abantu baramwise imborerwa n’umukunzi w’inda bongera bavuga yuko ‘arimwo dayimoni’ (Matayo 11:18, 19; Yohana 7:20; 8:48; 10:20). Bamwagirije ibinyoma vy’uko ngo arogota (Matayo 9:2, 3; 26:63-66; Yohana 10:33-36). Ivyo vyaratuntuza Yezu, kubera yari azi yuko vyaca bisiga iceyi Se wiwe (Luka 22:41-44). Amaherezo, Yezu yaramanitswe nk’inkozi y’ikibi y’ikivume (Matayo 27:38-44). Mu kuguma ari intadohoka bimwe bitagira agahaze, Yezu yarihanganiye “ibihāri [vyinshi] bihambaye . . . abanyavyaha bāmuhāririje”.—Abaheburayo 12:2, 3.
10. Amasigarira y’abasizwe Shetani yabahagurukiye gute mu bihe vya none?
10 Mu bihe vya none, amasigarira y’abayoboke ba Kirisitu basizwe na bo nyene Shetani yarabagiriye urwanko. Shetani adondorwa ko ari “Umurezi [w’abavukanyi ba Kirisitu] . . . , abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu” (Ivyahishuriwe 12:9, 10). Kubera ko Shetani yirukanywe mw’ijuru maze akagumizwa mu micungararo y’isi, yarongereje utwigoro twiwe two kwerekana yuko abavukanyi ba Kirisitu ari ibivume bigayitse (1 Ab’i Korinto 4:13). Mu bihugu bimwebimwe, abantu barabasize iceyi mu kubita akadumbi k’idini gateye akaga, nka kumwe nyene vyari bimeze ku bakirisu bo mu kinjana ca mbere (Ivyakozwe 24:5, 14; 28:22). Nk’uko twabibonye mu ntango, barambitswe ibara biciye ku maporopagande y’ibinyoma. Yamara, “mu cubahiro no mu gakēngērwe, mu mugayo no mw ishimwe”, abavukanyi ba Kirisitu basizwe, bashigikiwe na bagenzi babo b’“izindi ntama”, barihatiye bicishije bugufi ‘kwitondera ivyagezwe n’Imana no gukora igikorwa co gushingira Yezu intahe’.—2 Ab’i Korinto 6:8; Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 12:17.
11, 12. (a) Ni igiki coshobora gutuma rimwe na rimwe abakirisu batukwa? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe umukirisu yoshobora kubabazwa ahorwa ubusa kubera ukwizera kwiwe?
11 Ariko ntiwumve, si ukuvuga yuko ibitutsi vyose abasavyi b’Imana umwumwe ukwiwe batukwa, babitukwa bahorwa “ukugororoka” (Matayo 5:10). Ingorane zimwezimwe zirashobora guturuka ku dusembwa twacu bwite. Nta kintu tubikuramwo kidasanzwe hamwe ‘twokwihanganira gukubitwa ibipfunsi duhowe icaha’. Ariko rero, “igishimwa” mu nyonga za Yehova ni iyo umukirisu “ahanūwe n’ijwi ryo mu mutima gukora ivy’Imana igomba, [yihanganiye] imibabaro ahōwe ubusa” (1 Petero 2:19, 20). Ni ryari ivyo vyoshobora gushika?
12 Bamwebamwe barafashwe nabi kubera banse kugira uruhara mu migenzo ijanye n’amaziko iteye kubiri n’Ivyanditswe (Gusubira mu vyagezwe 14:1). Urwaruka rw’Ivyabona rwaratutswe ibitutsi vy’urudaca kubera rwumira ku ngingo mfatirwako za Yehova zijanye n’ukwigenza runtu (1 Petero 4:4). Abavyeyi bakirisu bamwebamwe baragirijwe babesherwa ngo “baranjanjwa” canke ngo “barakora amabi”, kubera barondeye yuko abana babo bavurwa hadakoreshejwe amaraso (Ivyakozwe 15:29). Abakirisu baraciriwe umukenke n’incuti be n’ababanyi kubera gusa yuko bacitse abasavyi ba Yehova (Matayo 10:34-37). Abo bose bariko barakurikiza icitegererezo cashizweho n’abamenyeshakazoza be na Yezu ubwiwe mu bijanye no kubabazwa bahorwa ubusa.—Matayo 5:11, 12; Yakobo 5:10; 1 Petero 2:21.
Kwihanganira ibitutsi
13. Ni igiki codufasha kudatakaza uburimbane bwacu bwo mu vy’impwemu igihe dututswe bimwe bikomeye?
13 Igihe dututswe bimwe bibi duhorwa ukwizera kwacu, twoshobora gucika intege, nk’uko vyagendeye wa mumenyeshakazoza Yeremiya, maze tukiyumvamwo yuko tudashobora kubandanya gusukurira Imana (Yeremiya 20:7-9). Ni igiki codufasha kugumana uburimbane bwacu bwo mu vy’impwemu? Nurondere kubona ico kibazo nk’uko Yehova akibona. Abaguma ari intahemuka mu bigeragezo Yehova ababona nk’abatsinze, ntababobona nk’abatsinzwe (Abaroma 8:37). Nugerageze kumera nk’uwubona mu bwenge abashigikiye ukugaba n’ukuganza kwa Yehova naho Shetani yarondera kubatetereza ukungana iki: muri abo twovuga abagabo n’abagore nka Abeli, Yobu, Mariya nyina wa Yezu be n’abandi bizerwa ba kera, tutibagiye abo dusangiye ukwizera bo mu bihe vya none (Abaheburayo 11:35-37; 12:1). Nuzirikane ku ngendo yabo y’ukutadohoka. Ico gipfungu kinini c’intahemuka kiratwakura ngo twifatanye na co mu kibanza c’abatahukana intsinzi, cabikiwe abanesha isi biciye ku kwizera kwabo.—1 Yohana 5:4.
14. Isengesho duturanye ubwira rishobora gute kudukomeza kugira ngo tugume turi intahemuka?
14 Mu gihe ‘amazinda abaye isinzi muri twebwe’, turashobora kwitura Yehova mw’isengesho duturanye ubwira, Yehova na we azoduhumuriza yongere adukomeze (Zaburi 50:15; 94:19). Azoduha ubukerebutsi dukeneye kugira ngo twihanganire ikigeragezo yongere adufashe kuguma twitwararika ca kibazo gihambaye, ni ukuvuga ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, ico kibazo kikaba ari co gituma abasavyi biwe bashikirwa n’urwanko rutagira ishingiro (Yakobo 1:5). Yehova arashobora kandi kuturonsa “amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Ukwo gutekana gutangwa n’Imana kuradushoboza kuguma dutekanye kandi dushikamye igihe duhanganye n’imikazo ikomeye, ntitugire inkeka canke ubwoba. Yehova akoresheje impwemu yiwe, arashobora kudushigikira mu bintu ivyo ari vyo vyose areka bikadushikira.—1 Ab’i Korinto 10:13.
15. Ni igiki codufasha kwirinda kugira umujinya igihe ducumukura?
15 Ni igiki codufasha kutagirira umujinya abatwanka baduhora ubusa? Niwibuke yuko abansi bacu nyamukuru ari Shetani n’amadayimoni (Abanyefeso 6:12). Naho abantu bamwebamwe baduhama babizi kandi bakabigira nkana, benshi mu barwanya abasavyi b’Imana babigira babitumwe n’ukutamenya canke bakoreshejwe n’abandi (Daniyeli 6:4-16; 1 Timoteyo 1:12, 13). Yehova yipfuza yuko “abantu bose” baronka akaryo ko ‘gukizwa bagashika ku kugira ubumenyi ntagakosa’ (1 Timoteyo 2:4, NW). Kukaba nkako, bamwebamwe mu bahoze baturwanya, ubu ni abavukanyi bacu bakirisu bitumwe n’uko bihweje ingendo yacu izira umugayo (1 Petero 2:12). Ikindi kandi, turashobora gukura icigwa mu karorero ka Yozefu wa muhungu wa Yakobo. Naho Yozefu yagiriwe nabi cane biturutse kuri bene se, ntiyababikiye inzika. Kubera iki? Kubera yatahura yuko ukuboko kwa Yehova kwari muri ivyo bintu, kukayobora ibintu kugira ngo gushitse umugambi wiwe (Itanguriro 45:4-8). Muri ubwo buryo nyene, Yehova arashobora gutuma imibabaro iyo ari yo yose dutezwa ku karenganyo ivamwo ukuninahazwa kw’izina ryiwe.—1 Petero 4:16.
16, 17. Ni kubera iki tudakwiye guhagarika umutima ku twigoro abaturwanya bagira kugira ngo bahagarike igikorwa co kwamamaza?
16 Ntidukwiye guhagarika umutima birenze urugero mu gihe abaturwanya basa n’aberewe mu kiringo kinaka mu vyo gutangira iterambere ry’inkuru nziza. Yehova ubu ariko arahindisha amahanga agashitsi biciye ku ntahe iriko irashingwa kw’isi yose, kandi ibintu vy’igiciro biriko biraza (Hagayi 2:7). Kirisitu Yezu, we Mwungere mwiza, yavuze ati: “Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira. Kandi nanje mbaha ubu[zima] budashira, . . . kandi nta wushobora kubashikura mu kuboko kwanje” (Yohana 10:27-29, ni twe tubihiritse.). Abamarayika beranda na bo nyene baragira uruhara muri rya genya rihambaye ryo mu buryo bw’impwemu (Matayo 13:39, 41; Ivyahishuriwe 14:6, 7). Ku bw’ivyo rero, nta kintu na kimwe abaturwanya bavuga canke bakora gishobora gutangira umugambi w’Imana.—Yesaya 54:17; Ivyakozwe 5:38, 39.
17 Akenshi, inabi abaturwanya barondera kutugirira, usanga ihinduka ukundi. Mu kibano kimwe co muri Afirika, harakwiragijwe ibinyoma vyinshi bikomeye ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova, harimwo n’ivy’uko ngo basenga Shetani. Kubera ivyo, igihe cose Ivyabona băba bagendeye uwitwa Grace, uno yaca yiruka inyuma y’inzu kwinyegeza gushika bagiye. Umusi umwe umupasitori wo mw’idini yarimwo yarashize hejuru kimwe mu bitabu vyacu maze abwira abari ngaho bose kwirinda gusoma ico gitabu kubera ko cotumye baheba ukwizera kwabo. Ivyo vyatumye Grace ashaka kumenya ibirimwo. Ivyabona basubiye kumugendera, ha kwinyegeza yarayaze na bo maze arahabwa ikopi yiwe bwite ya nya gitabu. Inyigisho ya Bibiliya yaratangujwe, maze mu 1996 arabatizwa. Ubu Grace akoresha umwanya wiwe mu kurondera abandi bantu bashobora kuba barabwiwe ibinyoma ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova.
Nukomeze ukwizera kwawe ubu
18. Ni kubera iki dukeneye gukomeza ukwizera kwacu imbere y’uko ibigeragezo bikomeye vyaduka, kandi dushobora kugukomeza gute?
18 Kubera ko Shetani ashobora kuduteza urwanko rutagira ishingiro umwanya uwo ari wo wose, birahambaye ko dukomeza ukwizera kwacu ubu. Ivyo dushobora kubigira gute? Raporo yavuye mu gihugu kimwe aho abasavyi ba Yehova bamaze igihe bahamwa yavuze ibi: “Hari ikintu kimwe cagaragaye: Abafise utumenyero twiza mu vy’impwemu kandi bakaba bakenguruka ukuri kwa Bibiliya bimwe bigera ibwina, ntibibagora kuguma bashikamye igihe ibigeragezo bishitse. Mugabo abasiba amakoraniro ‘mu gihe kibereye’, bakaza barasiba igikorwa co mu ndimiro kandi bakaza baradohoka mu tuntu dutoduto, kenshi baragwa igihe bageze mu kigeragezo kimeze nk’‘umuriro’” (2 Timoteyo 4:2). Nimba ubona ko hariho ahantu kanaka ukeneye kuryohora, nugire akigoro ko kuryohora udatebaganye.—Zaburi 119:60.
19. Ukutadohoka kw’abasavyi b’Imana gushitsa iki igihe bahanganye n’urwanko rutagira ishingiro?
19 Ukutadohoka kw’abambaji b’ukuri igihe babangamiwe n’urwanko rwa Shetani, ni ikimenyamenya kizima c’uko Yehova ari we afise uburenganzira bwo kugaba no kuganza, ko ari we abikwiriye be n’uko agaba akongera akaganza mu buryo bugororotse. Ukudahemuka kwabo kuranezereza umutima w’Imana. Naho abantu bashobora kubasiga iceyi bimwe bibi, umwe igitinyiro ciwe kirengeye isi n’ijuru “[n]tamāramāzwa no kwitwa Imana yabo”. Nkako, ku vyerekeye izo ntahemuka zose, birashobora kuvugwa mu buryo bukwiriye ngo: “Isi ntiyar’ibereye ko bayibamwo”.—Abaheburayo 11:16, 38.
[Akajambo k’epfo]
a Mu Vyanditswe, Ijambo “kwanka” rifise insobanuro zitari nke zigenda ziratandukana gatogato. Ahantu hamwehamwe risobanura gusa gukunda buhoro (Gusubira mu vyagezwe 21:15, 16). “Kwanka” birashobora kandi gusobanura kwanka ikintu bimwe bikomeye mugabo udafise umugambi wo kukigirira nabi, ahubwo ukarondera kucirinda kubera wiyumvamwo ko kigushisha cane. Ariko rero, ijambo “kwanka” rirashobora kandi gusobanura urwanko rukomeye, rumwe rudahera akenshi ruherekezwa n’inzigo. Iyo nsobanuro y’iryo jambo ni yo twihweza muri iki kiganiro.
Woshobora kubisigura?
• Ni igiki kiri inyuma y’urwanko rutagira ishingiro rugirirwa abambaji b’ukuri?
• Shetani yakoresheje gute iceyi mu kugerageza gusenyura ukutadohoka kwa Yobu n’ukwa Yezu?
• Yehova adukomeza gute kugira ngo duhagarare dushikamye igihe duhanganye n’urwanko ruva kuri Shetani?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 16]
Baratahuye ikibazo nyezina cari inyuma y’ingorane zabo
Icabona ca Yehova umwe wo mu gihugu ca Ukraine, aho igikorwa co kwamamaza Ubwami camaze imyaka irenga 50 kibujijwe, yavuze ati: “Ivyo Ivyabona vya Yehova baciyemwo ntibikwiye kurabirwa gusa ku vy’ukuntu abantu bafata abandi. . . . Benshi mu bategetsi baba gusa bariko bakora akazi kabo. Igihe intwaro yaba ihindutse, abategetsi baca bahindura, mugabo twebwe twaguma turi ba bandi. Twaratahuye yuko isôko nyezina ry’ingorane zacu ryari ryarahishuwe muri Bibiliya.
“Ntitwabona gusa ko turi abantu bazira ubusa bagirirwa nabi n’abantu b’agahahazo. Icadufashije kwihangana kwabaye ugutahura neza ca kibazo cavyurwa mw’itongo rya Edeni, kimwe c’ukumenya nimba Imana ari yo ifise uburenganzira bwo gutegeka. . . . Twarashigikiye ikibazo kitaraba gusa inyungu z’abantu mugabo kandi kiraba inyungu za Segaba w’isi n’ijuru. Twaratahura bimwe bishika kure ibibazo nyezina vyari inyuma y’ivyo bintu. Ivyo vyatumye dukomera vyongera biradushoboza kuguma turi intadohoka no mu bihe bigoye kuruta ibindi vyose”.
[Ifoto]
Victor Popovych, yafashwe mu 1970
[Ifoto ku rup. 13]
Ni nde yari inyuma y’iceyi Yezu yasizwe?
[Amafoto ku rup. 15]
Yobu, Mariya be n’abasavyi b’Imana bo mu bihe vya none, nk’akarorero Stanley Jones, barashigikiye ukugaba n’ukuganza kwa Yehova