Ugukizwa kw’Abantu ku Gitangaro Kuregereje
“NTITWARIBGABONE ben’ibi.” Ivyo vyavuzwe n’abiboneye Yezu akiza ku gitangaro nk’aka kanya umugabo w’ikimuga. (Mariko 2:12) Yezu kandi yarakijije impumyi, ibiragi, n’ibirema, kandi n’abagendanyi biwe baragira kuno nyene. None Yezu ivyo yabikoreshwa n’ububasha nyabaki? Ukwizera kwagira uruhara ruki? Ivyo bintu vyabaye mu kinjana ca mbere bituboneshereza gute ku vyerekeye ugukiza ku gitangaro kuba muri iki gihe?—Matayo 15:30, 31.
“Ukwizera Kwawe Kuragukijije”
Abakirisha ukwizera bo muri iki gihe barakunda cane gusubiramwo amajambo Yezu yabwiye umugore yari amaze imyaka 12 arwaye umwicuko w’amaraso yari yaje kuri we ngo amuvure, bakavuga ngo: “Ukwizera kwawe kuragukijije.” (Luka 8:43-48) Ayo majambo ya Yezu none yoba yerekana yuko uwo mugore ukuvūrwa kwiwe kwavuye ku kwizera kwiwe? Ako koba kari akarorero k’ivyitwa “ugukirisha ukwizera” nk’uko bigirwa muri kino gihe?
Dúsomye inkuru yo muri Bibiliya twitonze, turabona yuko kenshi na kenshi Yezu n’abigishwa biwe batasaba yuko abarwaye babanza kwatura ukwizera kwabo imbere y’uko bavurwa. Uwo mugore duhejeje kuvuga yaraje, hanyuma ata kintu na kimwe arabwira Yezu, aromboka akora ku mutamana wiwe amuturutse inyuma hanyuma “ako kanya umugende w’amaraso urakama.” Ikindi gihe, Yezu yarakijije umugabo yari mu bari baje kumufata. Yaranakijije umugabo atagira iciyumviro namba ku vyerekeye Yezu uwo ari we.—Luka 22:50, 51; Yohana 5:5-9, 13; 9:24-34.
None ukwizera kwarangūra uruhara ruki? Igihe Yezu n’abigishwa biwe bari mu ntara y’i Tiro n’i Sidoni, hari umugore w’Umunyafoyinike yaje hanyuma arasemerera ati: “Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni.” Iyumvire umwiheburo yarimwo igihe yambamba ati: “Ntabara se Mugenzi.” Yezu yuzuye ikigongwe, asubizayo ati: “Ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje: bikubere nk’uk’ugomba.” Maze umukobwa wiwe yarakize “uwo mwanya.” (Matayo 15:21-28) Birumvikana, ukwizera kwarimwo. Ariko kwari ukwizera kwa nde? Urabona yuko ukwizera Yezu yashimagije kwari ukwizera kwa nyina w’umwana, ntikwari ukw’umwana arwaye. None kwari ukwizera iki? Nya mugore mu guhamagara Yezu ngo “Mugenzi, Mwana wa Dawidi,” yari yemeye icese yuko Yezu yari Mesiya yasezeranywe. Ntikwari gusa ukuvuga ko yizeye Imana canke ko yizeye ububasha bwa nyene gukiza. Igihe Yezu yavuga ngo “Ukwizera kwawe kuragukijije,” yashatse kuvuga yuko abaruhijwe mu gihe batamwizera yuko ari we Mesiya, batoshoboye kuza kuri we ngo bakizwe.
Muri utwo turorero two mu Vyanditswe, turashobora kubona yuko ugukiza kwaranguwe na Yezu kwari gutandukanye rwose n’ivyo dukunda kubona canke ivyo abantu bavuga ko bagira. Amasinzi nta kintu yagize kivuye ku kanyengetera karenze urugero—nk’ukuyogora, ukuririmba, ukurira, uguta ubwenge, n’ibindi—kandi na Yezu nta bintu vy’ukwisaza yagize. Vyongeye, Yezu ntaho yigeze ananirwa no gukiza abamugaye yitwaje ivy’uko batagira ukwizera, canke ngo amashikanwa batanze ntiyabaye menshi bihagije.
Ugukiza ku Bubasha bw’Imana
Ugukiza kwa Yezu n’abigishwa biwe kwaba gute? “Ubushobozi bg[a Yehova, NW] bgari muri we bgo gukiza indwara” ni ko Bibiliya yishura. (Luka 5:17) Muri Luka 9:43 havuga yuko inyuma y’ikizwa rimwe ‘bose batangajwe n’ububasha bw’Imana bw’icubahiro.’ Birabereye rero kubona Yezu atirase ngo ni we akiza. Igihe kimwe yabwiye umuntu yari yaruhuye uguturubikwa n’amademo, ati: “Ja i muhira i wawe mu b’i wanyu, ubabarire ivyo Umwami Imana igukoreye vyose, kand’ingen’ikugiriye ikigongwe.”—Mariko 5:19.
Kubera ko Yezu n’intumwa bǎkiza ku bubasha bw’Imana, biroroshe kubona igituma hatǎma hakenewe ko uwuvurwa agira ukwizera kugira akire. Mugabo rero, vyari bikenewe ko nyene gukiza agira ukwizera gukomeye. Ni co gituma igihe abagendanyi ba Yezu bananirwa n’ugusenda idemo ifise ububasha budasanzwe, Yezu yababwiye impamvu ati: “N’ukwizera kwanyu guke.”—Matayo 17:20.
Icatumye Hakorwa Ugukiza ku Gitangaro
Naho nyene Yezu yakoze ugukiza kwinshi mu gihe c’igikenurwa ciwe co kw isi, ico yakurikirana ubwa mbere nticari ‘igikorwa c’ugukiza.’ Ugukiza ku gitangaro kwiwe—ukwo yakora ata kwagiriza abantu na rimwe canke ngo yigere abasaba amashikanwa—kwaza inyuma y’icamuraza ishinga imbere y’ibindi, kimwe c’‘ukuvuga ubutumwa bwiza bw’ubwami.’ (Matayo 9:35) Iyo nkuru ivuga yuko igihe kimwe ‘yabakiriye, ababwira ivy’ubwami bw’Imana, kandi abagomba kuvūrwa arabakiza.’ (Luka 9:11) Mu nkuru zo mu Njili, Yezu kenshi yahamagarwa ngo “Mwigisha,” ariko ntiyigera ahamagarwa ngo “Muvûzi.”
Ni kuki none Yezu yakiza abantu ku gitangaro? Canecane kwari ukugira yemeze akaranga kiwe k’uko yari we Mesiya yari yarasezeranywe. Igihe Yohani Umubatizi yatabwa mu mvuto ku karenganyo, yararondeye kuronka ikimwemeza yuko yari yashikije ico Imana yari yamurungitse gukora. Yarungitse abigishwa biwe bwite kuri Yezu kubaza bati: “Mbeg’uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?” Raba ico Yezu yabwiye abigishwa ba Yohani: “Ni mugende mubarire Yohana ivyo mwumva n’ivyo mubona. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.”—Matayo 11:2-5.
Egome, ivy’uko Yezu atakora ugukiza kwonyene ariko kandi yakora n’ibindi bintu ku bitangaro vyanditswe mu Njili, biremeza bishimitse akaranga kiwe k’uko yari “wa wundi akwiye kuza,” Mesiya yasezeranywe. Ntivyari bikenewe yuko hagira umuntu n’umwe aja ku vyo ‘kwitega uwundi.’
Ukuvura ku Gitangaro Kurahaba Ubu?
Twoba none dukwiye kwitega ko muri iki gihe Imana igaragariza ububasha bwayo mu vy’ukuvūra? Ekaye. Kubera ivyo bikorwa vy’ibitangaza Yezu yakoze ku bubasha bw’Imana, yarakuyeho amazinda yose ko yari we Mesiya Imana yari yarasezeranye ko yoje. Ibintu Yezu yakoze vy’ububasha biranditswe muri Bibiliya kugira bose babisome. Ntibikenewe ko Imana yemeza ububasha bwayo mu kuja irasubiriramwo iyaruka ry’abantu ryose ibikorwa mwen’ivyo.
Noneho ivy’ugukiza abantu be n’ibindi bikorwa vy’ibitangaza, vyari n’aho bigeza mu gushwirura. Hariho mbere n’abiboneye ibitangaro Yezu akora ariko ntibizera yuko afashwe mu mugongo na Se wo mw ijuru. “Naho yakoreye ibimenyetso bingaho imbere yabo, ntibārushe bamwizera.” (Yohana 12:37) Ni co gituma intumwa Paulo aho amariye kuvuga ivy’ingabire z’igitangaza zinyuranye Imana yahaye abo mw ikorane ry’Abakirisu ryo mu kinjana ca mbere—iz’ukuvugishwa, kuvuga mu ndimi, gukiza, n’izindi—yahumekewe kuvuga ati: “Ukuvugishwa n’Imana kuzokūrwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubgenge buzokūrwaho. Kuko tuzi agace, kandi tuvugishwa n’Imana agace, ariko, ah’igihingūye kizoshikira, ivy’agace bizokūrwaho.”—1 Ab’i Korinto 12:28-31; 13:8-10.
Birumvikana yuko ukwizera Imana ari ukwa nkenerwa kugira tumererwe neza. Ariko rero, ugushingira ukwizera ku mihango y’ikinyoma y’ivy’ukuvurwa, birahava bigatuma umuntu arimarima. Vyongeye, ku biraba igihe c’iherezo, Yezu yatanze iyi mburizi: “Hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.” (Matayo 24:24) Turetse ivy’ukwirarira hamwe n’uruhendo, hobayeho kandi n’ibikorwa vy’ububasha bwa gishetani. Ibishíka vyitwa ko ari ibidasigurika rero ntibikwiye kudutangaza, kandi ivyo ntabwo ari ishingiro ry’ukwizera Imana nyakwo.
Kubera ko ata n’umwe muri iki gihe avūra nk’uko Yezu yabigira, twoba none duhomvye? Habe na gato. Mu vy’ukuri, abakijijwe na Yezu amaherezo barasubiriye kwongera kurwara. Bose barashaje hanyuma barapfa. Ivyiza bakuye ku gukizwa vyari ibimara igihe gito ubiravye. Yamara, ukuvūrwa ku gitangaro kwagizwe na Yezu kurafise insobanuro ndende, mu buryo bw’uko kwagereranya imihezagiro yobonetse muri kazoza.
Ni co gituma bamwe Alexandre na Benedita twavuga ubwa mbere aho bamariye kwihweza Ijambo ry’Imana Bibiliya, batasubiriye kwizera ivy’ugukirisha ukwizera vya kino gihe hamwe n’ivy’ukuvura kw’ubupfumu. Mugabo rero baremera rwose yuko ugukiza ku gitangaro atari ibintu vyahereye muri kahise. Uti kuki? Nk’uko abangana amamiliyoni bavyiteze kw isi yose, abo biteze imihezagiro y’ugukizwa ku ngoma y’Ubwami bw’Imana.—Matayo 6:10.
Ukurwara n’Ugupfa Ntibizoba Bikiriho
Nk’uko twabibonye ubwa kare, ikintu ca mbere Yezu yarondera gushikako mu gikenurwa ciwe ntikwari ugukiza abarwaye no gukora ibindi bitangaro. Ahubwo ugukwiririza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni kwo yagize igikorwa ciwe ca mbere. (Matayo 9:35; Luka 4:43; 8:1) Ubwo Bwami ni yo nzira Imana izokoresha kugira ikize abantu ku gitangaro yongere ikureho umwononekare wose icaha be n’amakemwa vyazanye ku muryango w’abantu. Ivyo none izobishitsa gute kandi ryari?
Kirisitu Yezu yaratereje amaso ku binjana biri imbere, yereka intumwa Yohani ibintu vya kazoza: “Noneh’agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo”! (Ivyahishuriwe Yohana 12:10) Ibimenyamenya bihari vyose vyerekana yuko guhera mu 1914, umwe arwanya Imana mukuru ari we Shetani, yaterewe hasi mu micungararo y’isi, ubu Ubwami bw’Imana bukaba bukora bwa kintu kitari umugani! Yezu yaravyagijwe bwa Mwami w’Ubwami bwa kimesiya, ubu na ho akaba agabirije kurangura amahinduka akomakomeye kw isi.
Si kera, intwaro ya Yezu yo mw ijuru izotegeka ikibane c’abantu gishasha c’ubutungane, kikazoba ari nk’“isi nshasha.” (2 Petero 3:13) Ico gihe ibintu bizomera gute none? Ehe ube uracirwa agace: “Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, . . . [Kandi Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe Yohana 21:1, 4.
Woshobora kwiha ishusho y’ukuntu ubuzima buzoba bumeze ugukizwa kw’amahanga ku gitangaro nikwaranguka? “Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye: abantu bahaba bazoba bahariwe ukugabitanya kwabo.” Egome, Imana izoshitsa ivyo abakirisha ukwizera batokwigera bakora. “Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose.” Vy’ukuri, “Umwami [Yehova, NW] azohanagura amosozi ku maso ya bose.”—Yesaya 25:8; 33:24.
[Ifoto ku rup. 7]
Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana abantu bazokizwa ku gitangaro