Ivyitwa ngo ni ugukiza ku gitangaro bigirwa muri iki gihe vyoba biva ku Mana?
MU BIHUGU bimwebimwe, biramenyerewe kubona abashengerera mu bibanza bifatwa ko ari vyeranda, abenshi bakaba bavuga yuko ngo ari ho bakiriye ubumuga n’indwara zitwa ko zidakira. Mu bindi bihugu, hari abapfumu bivugisha yuko bakiza abantu bakoresheje ububasha nsigabwenge. Mu yindi mihingo na ho, haragirwa ibikorane vyo gusengera abantu aho usanga abarwaye batwawe n’inyiyumvo bashobora gusimba bava ku dukinga twabo tw’ibimuga canke bagashiburira nka hariya ibibando vyabo vyo kwishimikiza maze bakavuga yuko ngo bakize.
Abakora mwene ivyo bitangaro vyo gukiza usanga ahanini bari mu madini atandukanye kandi ugasanga akenshi bamwe bita abandi ngo ni ibihemu, abanyabinyoma canke abapagani. Ikibazo gica kivyuka ni iki: Imana yoba ikora ibitangaro ibicishije kuri iyo migwi indiri y’abantu akenshi usanga idacana uwaka? Turazi yuko Bibiliya ivuga iti: “Imana [si] Imana y’umuvurungano, ahubwo ni iy’amahoro.” (1 Abakorinto 14:33) Ko ari ukwo biri, wumva none mwene ivyo bintu vyitwa ngo ni ugukiza ku gitangaro mu vy’ukuri biva ku Mana? Abantu bamwebamwe basengera abarwaye bavuga yuko ngo babakiza babishobojwe n’ububasha bwa Yezu. Reka turimbure ukuntu Yezu yakiza abantu.
Ukuntu Yezu yakiza abantu
Yezu yakiza abarwaye mu buryo butandukanye cane n’uko abasengera abarwaye bo muri iki gihe bivugisha ko babigira. Nk’akarorero, Yezu yakiza uwo ari we wese yaza kuri we arondera gufashwa. Ntiyakiza abantu banaka yaba yarobanuye mw’isinzi ry’abantu maze abandi ngo abareka bagende atabakijije. Vyongeye, abo Yezu yakiza barakira neza kandi akenshi yabigira ako kanya nyene. Bibiliya ivuga iti: “Isinzi ryose ryariko rirondera kumukorako, kubera ko ububasha bwamuvamwo bukabakiza bose.”—Luka 6:19.
Mu buryo butandukanye n’abasengera abarwaye bo muri iki gihe, abo usanga akenshi baca bagiriza uwurwaye ko atagira ukwizera igihe vyanse ko akira, Yezu we yarakijije mbere n’abantu bamwebamwe batari bwagaragaze ko bamwizera. Nk’akarorero, igihe kimwe Yezu yaregereye umugabo umwe w’impumyi yaje kuri we atari yanamuhamagaye, maze aramukiza. Mu nyuma, Yezu yamubajije ati: “Urizera Umwana w’umuntu?” Uwo mugabo yasubijeyo ati: “Ni nde ga mutungwa, ngo ndamwizere?” Yezu yamubwiye ati: “Uwuriko aravugana nawe ni we w’uyo.”—Yohani 9:1-7, 35-38.
Hari aho wokwibaza uti: ‘Niba umuntu atategerezwa kubanza kwizera kugira ngo Yezu amukize, ni kubera iki none Yezu yakunda kubwira abo yaba akijije ati: “Ukwizera kwawe kuragukijije”?’ (Luka 8:48; 17:19; 18:42) Mu kuvuga ayo majambo, Yezu yaba ariko yerekana ko abamurondera babitumwe n’ukwizera bakira, mu gihe abanka kumwegera na bo baca bahomba ako karyo. Abo yakiza indwara ntibakira kubera ukwizera kwabo; bakira bivuye ku bubasha bw’Imana. Bibiliya ivuga ku bijanye na Yezu iti: “Imana yamurobanuje impwemu nyeranda be n’ububasha, hanyuma [aca] mu gihugu akora iciza yongera akiza abo bose bahahazwa na wa Mubesheranyi; kubera ko Imana yari kumwe na we.”—Ibikorwa 10:38.
Muri ivyo bintu bibonwa ko ari ugukiza bigirwa muri iki gihe, usanga akenshi amahera ari co kintu gisa n’igishirwa imbere cane. Abasengera abarwaye barazwi ko ari ba karuhariwe mu vyo gutoza amahera. Hari umwe muri abo basengera abarwaye bivugwa ko yatoje imiliyoni 89 z’amadolari y’Abanyamerika (nk’amarundi imiliyaridi zirenga 90) mu mwaka umwe, biciye ku vyo yakoreye hirya no hino kw’isi. Amashirahamwe yegamiye amadini na yo nyene arungukira ku bantu bashengerera mu bibanza bifatwa ko ari vyeranda bizigira ko bazokizwa indwara. Yezu wewe ntiyigeze atoza amahera mu bantu yakiza. Igihe kimwe, yaranabagaburiye. (Matayo 15:30-38) Igihe Yezu yarungika abigishwa biwe kwamamaza, yababwiye ati: “Mukize abarwaye, muzure abapfuye, muhumanure abarwaye imibembe, mwirukane amadayimoni. Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Matayo 10:8) Ni kubera iki ibikorwa vy’abasengera abantu bo muri kino gihe bitandukanye cane n’ivyo Yezu yakoze?
Ivyitwa ngo ni ugukiza bikomoka hehe?
Mu myaka yagiye irarengana, hari abahinga mu vy’ubuvuzi basuzumye ivyo abanyedini basengera abantu bavuga ngo barakora. None bashitse ku ki? Twisunze ikinyamakuru kimwe candikirwa i Londres (Daily Telegraph), hari umuganga umwe wo mu Bwongereza yamaze imyaka 20 atohoza ivy’ico kibazo, yavuze ati: “Ibivugwa n’abiyita ko bakiza abantu ku gitangaro, nta kintu na kimwe co mu vy’ubuvuzi kivyemeza.” Yamara rero, abantu benshi baremera ata buryarya ko bakijijwe indwara biciye ku bubasha buva ku bisigarira vy’abitwa aberanda, ku bibanza bifatwa ko ari vyeranda canke ku banyedini basengera abantu. None abo bantu boba bashobora kuba barahenzwe?
Muri ya Nsiguro yiwe rurangiranwa yo ku Musozi, Yezu yavuze yuko abahumvyi bo mu madini bomubwiye bati: “Mukama, Mukama, . . . [ntitwakoze] ibikorwa vyinshi vy’ububasha mw’izina ryawe?” Yamara, yobishuye ati: “Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe.” (Matayo 7:22, 23) Ku bijanye n’aho ububasha abo bantu bivugisha ko bafise buva, intumwa Paulo yagabishije ati: “Ukuhaba kw’uwo mugarariji kwisunga ikora rya Shetani n’ibikorwa vy’ububasha vyose n’ibimenyetso be n’ibitangaza vy’ububeshi n’uruhendo rwose rw’ukutagororoka.”—2 Abanyatesalonika 2:9, 10.
Ikigeretseko, ivyo bintu vyitwa ngo ni ugukiza, ivyo usanga bifitaniye isano n’ibisigarira vy’abitwa aberanda, ibigirwamana be n’ibishushanyo, ntibishobora kuba bikomoka ku Mana. Uti kubera iki? Ni kubera yuko Ijambo ry’Imana ritegeka mu buryo butomoye riti: “Muhunge ugusenga ibigirwamana,” rikavuga kandi riti: “Mwirinde ibigirwamana.” (1 Abakorinto 10:14; 1 Yohani 5:21) Ivyo bintu vyitwa ngo ni ugukiza biri mu mayeri wa Mubesheranyi akoresha kugira ngo yonkore abantu ku gusenga kw’ukuri. Bibiliya ivuga iti: “Shetani ubwiwe aguma yihindura umumarayika w’umuco.”—2 Abakorinto 11:14.
Icatuma Yezu be n’intumwa bakiza abantu
Ibikorwa nyakuri vy’ugukiza ku gitangaro bivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vyarerekanye neza ko Yezu be n’intumwa bakomoka ku Mana. (Yohani 3:2; Abaheburayo 2:3, 4) Ibikorwa vy’ugukiza ku gitangaro Yezu yakoze vyarashigikiye kandi ubutumwa yamamaza. Bibiliya ivuga iti: “Agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo yongera yamamaza inkuru nziza y’ubwami, akiza n’indwara z’ubwoko bwose.” (Matayo 4:23) Ibikorwa vy’ububasha vya Yezu, bino bikaba bitarimwo gusa ugukiza abarwaye, ariko bikaba vyarimwo n’ukugaburira amasinzi y’abantu, ukugira ububasha ku bidukikije hamwe mbere no kuzura abapfuye, vyaragaragaje ivyo azokorera abantu bagamburuka igihe Ubwami bwiwe buzoba butegeka. Ese ukuntu iyo ari inkuru nziza!
Ivyo bikorwa vy’ububasha, canke ingabirano ziva ku mpwemu, vyarangiranye n’urupfu rwa Yezu n’urw’intumwa hamwe n’urw’abo bose bahawe izo ngabirano biciye kuri izo ntumwa. Intumwa Paulo yanditse ati: “Zaba ingabirano z’ukuvuga ubuhanuzi, zizokurwaho; zaba indimi [zivugwa biciye ku gitangaro], zizohagarara; bwaba ubumenyi [buhishurwa n’Imana], buzokurwaho.” (1 Abakorinto 13:8) Uti kubera iki? Ivyo bikorwa vy’ububasha, ushizemwo n’ugukiza abarwaye, ntibigikenewe kubera ko vyamaze gushitsa intumbero yavyo, iyo na yo ikaba yari iyo kwerekana yuko Yezu yari we Mesiya yasezeranywe be n’uko ishengero rya gikirisu ryatoneshwa n’Imana. Ubu rero, ‘vyarakuweho.’
Naho biri ukwo, ibitangaro Yezu yakoze vyo gukiza birafise ubutumwa buhambaye bidushikiriza muri iki gihe. Hamwe twokwitwararika ivyo Yezu yigishije ku bijanye n’Ubwami bw’Imana tukongera tukavyizera, turashobora kwitegana umushasharo igihe ubu buhanuzi bwahumetswe buvuga ngo “Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye,” buzoranguka haba mu buryo bw’umubiri canke mu bijanye n’ubucuti dufitaniye n’Imana.—Yesaya 33:24; 35:5, 6; Ivyahishuwe 21:4.