ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/7 rup. 3
  • Ugukiza ku Gitangaro Mbega Kuracahaba?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ugukiza ku Gitangaro Mbega Kuracahaba?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ivyo bijanye
  • Ugukizwa kw’Abantu ku Gitangaro Kuregereje
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ivyitwa ngo ni ugukiza ku gitangaro bigirwa muri iki gihe vyoba biva ku Mana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ugukiza ku gitangaro kwose kugirwa kwoba kuva ku Mana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyabona vya Yehova boba basengera abarwaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/7 rup. 3

Ugukiza ku Gitangaro Mbega Kuracahaba?

“IZERE Yesu ukizwe!” Ivyivugo bimeze nk’ico vyatumye Alexandre, uwo mw isengero ry’Abevanjeliste, yiyumvira yuko gufata umuti kugira akire indwara arwaye kwoba ari ukutagira ukwizera. Yarajijutse yuko ukwizera kwiwe kwonyene kwomukijije ku gitangaro nk’uko akeneye. Uwitwa Benedita, umugatolikakazi w’umunyabwira, yarashitswe ku mutima cane igihe yumva ivyerekeye ibitangaro vy’ugukiza bibera mu rusengero rw’i Aparecida do Norte, muri leta ya São Paulo mu gihugu ca Brezile. Benedita yarakoresheje amajambo y’ugutongēra yari yarigishijwe na nyinabo, yambaza Mukenyezi Wacu w’i Aparecida, Mutagatifu Antoni, n’abandi “batagatifu” nyene kugira aronswe ububasha bw’ugukiza abarwaye.

Bisa n’uko no mu mpera z’ikinjana ca 20 hari abantu benshi bacizera ukuvurwa ku gitangaro. Ariko ni kuki bavyizera? Kumbure bamwe baterwa ishavu n’igihe ata kintu kinini abaganga bashoboye gukora kugira batabare ababo canecane abana babo, indwara, umubabaro hamwe n’ubucumukure. Abaruhijwe n’indwara zidakira vuba bashobora kwibaza yuko báravye ukuntu ubuvuzi bwa kino gihe buzimvye, ata co bohomba barondeye gukizwa ku kwizera. Hari ababona kuri TV amasengero anyuranye hamwe n’abantu bavuga ko ngo bovura Sida, ukudendeburwa n’umubabaro, kanseri, ibisazi, ukudarira cane kw’imitsi, hamwe n’izindi ndwara nyinshi. Baba bizeye ivyo bintu canke batavyizeye, bashobora kubona ko ata handi bari bute umutwe. Abandi na bo beméra yuko indwara barwaye iterwa n’imizimu mibi bashobora kwiyumvira yuko ubuvuzi busanzwe butagira ububasha bw’ukuyipfupfahaza.

Ku rundi ruhande, hari abarwanya bimwe bikomeye, canke mbere bakavuga nabi iciyumviro c’ivy’ukuvūrwa ku gitangaro n’“abatagatifu” bapfuye canke abakizandwara bariho. Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Jornal da Tarde, umutohoji w’ivy’abasoda bo mu mubiri, Dráusio Varella, yiyumvira yuko ukwemera ivy’ugukizwa ku gitangaro “bihenda ukwizera kw’ibitazi be n’abihebuye.” Yongerako ati: “Kubera ukwizigira ibitangaro, hari benshi boshobora guhebeshwa n’abo bangushi umuti nyawo.” Igitabu The New Encyclopædia Britannica na co, gisigura giti: “Ugukiza kudasanzwe kera kwavugirwa mu bibanza bitagatifu no mu birori vy’idini, siyansi y’ivy’ubuvuzi na yo ikaba ihengamiye ku gusigura yuko ivy’ukwo gukiza vyose biva ku buryo busanzwe bw’ugusinziriza bukorerwa ahameze neza.” Mugabo hariho benshi bemera yuko vy’ukuri bǎvuwe n’igitangaro. Kuri bo, ugukizwa kwarashobotse!

Abakunda gusoma Bibiliya barazi yuko Yezu Kirisitu yakijije abarwaye incuro zitari nke, ivyo akabikoreshwa n’‘ububasha bw’Imana.’ (Luka 9:42, 43) Boshobora rero kwibaza, bati ‘Mbega ububasha bw’Imana buracakora kandi bugatuma haba ugukizwa ku gitangaro muri iki gihe?’ Niba bugikora, ni kuki abagerageza gukiza bananirwa n’ugushika ku vyo basezeranye? Kwoba ari uko umurwayi adafise ukwizera guhagije canke ko ishikanwa yatanze atari rinini bihagije? Vyoba ari vyiza ku Mukirisu kurondera kuvurwa ku gitangaro igihe arwaye indwara ibabaza canke kumbure idakira? Vyongeye, ugukiza kw’intananirwa kwo ku gitangaro nka kumwe Yezu yarangūra kwoba kuzokwigera gusubira kuba? Ushobora kuronkera inyishu z’ivyo bibazo bihambaye mu gihimba gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika