38 BA BAHEBURAYO BATATU
‘Barazimije amakari y’umuriro’
IGIHE Hananiya, Mishayeli na Azariya bashikirwa n’ikigeragezo batari biteze, bashobora kuba baribwiye bati: «Ese iyo tuba kumwe na Daniyeli!» Yari umugenzi wabo somambike kandi yari afise ukwizera gukomeye. Ariko bigaragara ko atari ho yari igihe bashikirwa n’ikigeragezo giteye ubwoba. Abanyababiloni bari barahinduye amazina y’abo basore batatu babita Shadrake, Meshake na Abedinego.
Vyose vyatanguye igihe Nebukadinezari yashinga igishusho amahero. Cari gifise uburebure bw’imetero nka 27 n’ubwaguke bw’imetero hafi zitatu. Umwami yaratunganije ibirori bidasanzwe vyo gutangura kwunamira ico gishusho, kandi yategetse ko abategetsi bose bo mu ntwaro yiwe baba ari ho bari. Ba Baheburayo batatu babwirizwa kugamburuka iryo tegeko ry’umwami bakitaba ivyo birori.
Umusuku w’umwami yaramenyesheje abari aho uko ibintu bigiye kugenda. Haza gutangura kwumvikana umuziki, kumbure kugira abari aho bitegurire gukora ibikurikira. Bose baza guca ‘bapfukama maze basenge ico gishusho.’ None ba basore batatu baca bakora iki? Bari bazi neza ko Yehova abuza gusenga ibigirwamana.—Kuv. 20:4, 5.
Bategetswe ku mugaragaro ngo basenge ikigirwamana, batagisenze bagaca bicwa
Umuziki waravuze, abantu bose baca barunama barasenga ca gishusho. Ariko ba basore batatu bagumye bahagaze kandi nta gukeka ko abantu nka bose bababonye. Hari Abakaludaya baciye baja kurega abo Bayuda ku mwami Nebukadinezari. Bamubwiye bati: «Shadrake, Meshake na Abedinego, ntibakwubaha mwami! Ntibakorera imana zawe, kandi banse gusenga ca gishusho c’inzahabu washinga.» Umwami yaciye ategeka ko babazana imbere yiwe maze arababaza n’ishavu n’akantu nimba ivyo babagirije ari vyo. Bataranamwishura, yaciye abatera ubwoba. Yababwiye ko agira abahe akandi karyo, kandi ko batamugamburukiye ‘ubwo nyene baca batererwa mw’ifuru yaka umuriro.’ Yababwiye ko ata mana n’imwe ishobora kubarokora.
Ariko Hananiya, Mishayeli na Azariya bari biyemeje kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Babwiye umwami ko «nimba ari ukwo bitegerezwa kugenda», Imana yabo ishobora kubarokora ikabakiza urwo rupfu rubabaje. Bongeyeko bati: «Ariko naho itodukiza, numenye mwami, yuko tudashobora gukorera imana zawe canke gusenga igishusho c’inzahabu washinze.» Nebukadinezari yaciye arushiriza kurungura n’ishavu, aca ategeka ko bongereza umuriro muri iyo furu bace baboha abo basore babaterereyo. Iyo furu yari ishushe cane ku buryo abagiye gutayo abo Baheburayo baciye bahitanwa n’imbeya z’umuriro!
Ariko Nebukadinezari yaciye abona ikintu camuteye ubwoba. Aravye muri uwo muriro, ntiyabonyeyo abantu batatu gusa, ahubwo yabonyeyo bane. Bariko baritemberera muri uwo muriro kandi nta co wari wabagize! Umwami kandi yarabonye ko uwo muntu agira kane «asa n’umwana wa za mana.» Nebukadinezari yaciye yegera iyo furu, ahamagara ba basore ngo basohoke.
Abantu bose baratangaye babonye abo basore bavuye muri uwo muriro ata na kimwe babaye, ata n’agashatsi ko ku mitwe yabo kahiye, n’impuzu zabo ata co zabaye. Nta n’akamoto k’umwotsi wabumvako! Imigozi yari ibaboshe ni yo gusa yari yabavuyeko. Uwo mwami w’umunyabubasha na we nyene yaratangaye. Yarakeje abo Baheburayo batatu kubera bagamburukiye Imana yabo. Yavuze ati: «Bayizigiye, banka kugamburuka itegeko ry’umwami, kandi bemeye gupfa aho gukorera canke gusenga iyindi mana kiretse Imana yabo.»
Uwo mwami w’umunyabwibone yaciye ategeka ko umuntu wo mu bwami bwiwe azovuga nabi Yehova azoca yicwa. Yaciye aduza igiti abo basore batatu. Ariko Yehova wewe yarabateye iteka gusumba aho. Ntiyigeze yibagira ukwizera bagaragaje. Nk’akarorero, haciye imyaka myinshi, intumwa Pawulo ahumekewe yaranditse ibijanye n’‘abazimije amakari y’umuriro’ kubera ukwizera kwabo kudasanzwe. Ashobora kuba yari afise ku muzirikanyi umutima rugabo wa Hananiya, Mishayeli na Azariya.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Hananiya, Mishayeli na Azariya berekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ivyo abacukuzi bubuye bishigikira gute inkuru ivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 3? (w23.07 31) A
© The Trustees of the British Museum. Licensed under CC BY-NC-SA 4.0. Source. Modifications: Box added
Ifoto A: Itafari rituriye ririko ikidodo c’izina rya Nebukadinezari
2. Amazina y’Abanyababiloni bahaye ba Baheburayo batatu ashobora kuba asobanura iki? (dp 35 ing. 14-wcgr)
3. Ni igiki cerekana ko Nebukadinezari yakunda cane ivyo gusenga? (dp 69 ing. 3-wcgr) B
Ifoto B: Nebukadinezari yarubatse yongera arasubizaho insengero z’imana nyinshi z’Abanyababiloni
4. Kubera iki «abantu bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye» bemeye gusenga igishusho ca Nebukadinezari kandi bashobora kuba bari bifitiye izindi mana basenga? (Dan. 3:7; dp 73 ing. 10-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Ba Baheburayo batatu bagumye ari intahemuka kuri Yehova mu kwanka kurya ibifungurwa bihumanye. Mu nyuma, bagumye bashikamye n’igihe ubuzima bwabo bwari mu kaga. None ivyo bitwigisha iki ku bijanye no kuguma turi intahemuka no mu tuntu umenga nta co tuvuze? (Luka 16:10) C
Ifoto C
Turi mu ruhamo, twokwigana gute izi kamere za ba Baheburayo batatu? (Dan. 3:16-18)
Ukwicisha bugufi
Ubwitonzi
Ukudahemuka
Wokwigana gute umutima rugabo w’abo basore batatu?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Hananiya, Mishayeli na Azariya nibazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Umukirisu yogaragaza gute icubahiro ariko akaguma ata ho ahengamiye mu birori vy’igihugu?
Nugume ata ho uhengamiye mu biringo muhuriramwo n’abantu benshi (4:25)
Niwishire mu kibanza c’abo basore batatu, urabe n’ibindi vyigwa wohigira.