ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 38 rup. 170-175
  • ‘Barazimije amakari y’umuriro’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Barazimije amakari y’umuriro’
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Yaranse kwihumanya
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Kurikirana iterambere ryawe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 38 rup. 170-175

38 BA BAHEBURAYO BATATU

‘Barazimije amakari y’umuriro’

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

IGIHE Hananiya, Mishayeli na Azariya bashikirwa n’ikigeragezo batari biteze, bashobora kuba baribwiye bati: «Ese iyo tuba kumwe na Daniyeli!» Yari umugenzi wabo somambike kandi yari afise ukwizera gukomeye. Ariko bigaragara ko atari ho yari igihe bashikirwa n’ikigeragezo giteye ubwoba. Abanyababiloni bari barahinduye amazina y’abo basore batatu babita Shadrake, Meshake na Abedinego.

Vyose vyatanguye igihe Nebukadinezari yashinga igishusho amahero. Cari gifise uburebure bw’imetero nka 27 n’ubwaguke bw’imetero hafi zitatu. Umwami yaratunganije ibirori bidasanzwe vyo gutangura kwunamira ico gishusho, kandi yategetse ko abategetsi bose bo mu ntwaro yiwe baba ari ho bari. Ba Baheburayo batatu babwirizwa kugamburuka iryo tegeko ry’umwami bakitaba ivyo birori.

Umusuku w’umwami yaramenyesheje abari aho uko ibintu bigiye kugenda. Haza gutangura kwumvikana umuziki, kumbure kugira abari aho bitegurire gukora ibikurikira. Bose baza guca ‘bapfukama maze basenge ico gishusho.’ None ba basore batatu baca bakora iki? Bari bazi neza ko Yehova abuza gusenga ibigirwamana.—Kuv. 20:​4, 5.

Bategetswe ku mugaragaro ngo basenge ikigirwamana, batagisenze bagaca bicwa

Umuziki waravuze, abantu bose baca barunama barasenga ca gishusho. Ariko ba basore batatu bagumye bahagaze kandi nta gukeka ko abantu nka bose bababonye. Hari Abakaludaya baciye baja kurega abo Bayuda ku mwami Nebukadinezari. Bamubwiye bati: «Shadrake, Meshake na Abedinego, ntibakwubaha mwami! Ntibakorera imana zawe, kandi banse gusenga ca gishusho c’inzahabu washinga.» Umwami yaciye ategeka ko babazana imbere yiwe maze arababaza n’ishavu n’akantu nimba ivyo babagirije ari vyo. Bataranamwishura, yaciye abatera ubwoba. Yababwiye ko agira abahe akandi karyo, kandi ko batamugamburukiye ‘ubwo nyene baca batererwa mw’ifuru yaka umuriro.’ Yababwiye ko ata mana n’imwe ishobora kubarokora.

Hananiya, Mishayeli na Azariya bahagaze mw’isinzi ry’abantu bapfukamiye igishusho amahero c’inzahabu Nebukadinezari yashinze. Hari abarinzi batatu bafise ibirwanisho bariko baraza babagana.

Ariko Hananiya, Mishayeli na Azariya bari biyemeje kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Babwiye umwami ko «nimba ari ukwo bitegerezwa kugenda», Imana yabo ishobora kubarokora ikabakiza urwo rupfu rubabaje. Bongeyeko bati: «Ariko naho itodukiza, numenye mwami, yuko tudashobora gukorera imana zawe canke gusenga igishusho c’inzahabu washinze.» Nebukadinezari yaciye arushiriza kurungura n’ishavu, aca ategeka ko bongereza umuriro muri iyo furu bace baboha abo basore babaterereyo. Iyo furu yari ishushe cane ku buryo abagiye gutayo abo Baheburayo baciye bahitanwa n’imbeya z’umuriro!

Ariko Nebukadinezari yaciye abona ikintu camuteye ubwoba. Aravye muri uwo muriro, ntiyabonyeyo abantu batatu gusa, ahubwo yabonyeyo bane. Bariko baritemberera muri uwo muriro kandi nta co wari wabagize! Umwami kandi yarabonye ko uwo muntu agira kane «asa n’umwana wa za mana.» Nebukadinezari yaciye yegera iyo furu, ahamagara ba basore ngo basohoke.

Ba Baheburayo batatu bahagaze mw’ifuru yaka umuriro batangaye. Umumarayika wa Yehova ahagaze imbere yabo. Nebukadinezari n’abarinzi biwe bari hanze, bihweza muri iyo furu bumiwe.

Abantu bose baratangaye babonye abo basore bavuye muri uwo muriro ata na kimwe babaye, ata n’agashatsi ko ku mitwe yabo kahiye, n’impuzu zabo ata co zabaye. Nta n’akamoto k’umwotsi wabumvako! Imigozi yari ibaboshe ni yo gusa yari yabavuyeko. Uwo mwami w’umunyabubasha na we nyene yaratangaye. Yarakeje abo Baheburayo batatu kubera bagamburukiye Imana yabo. Yavuze ati: «Bayizigiye, banka kugamburuka itegeko ry’umwami, kandi bemeye gupfa aho gukorera canke gusenga iyindi mana kiretse Imana yabo.»

Uwo mwami w’umunyabwibone yaciye ategeka ko umuntu wo mu bwami bwiwe azovuga nabi Yehova azoca yicwa. Yaciye aduza igiti abo basore batatu. Ariko Yehova wewe yarabateye iteka gusumba aho. Ntiyigeze yibagira ukwizera bagaragaje. Nk’akarorero, haciye imyaka myinshi, intumwa Pawulo ahumekewe yaranditse ibijanye n’‘abazimije amakari y’umuriro’ kubera ukwizera kwabo kudasanzwe. Ashobora kuba yari afise ku muzirikanyi umutima rugabo wa Hananiya, Mishayeli na Azariya.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Daniyeli 3:​1-30

  • Abaheburayo 11:​33, 34

Ikibazo co kuganirako:

Hananiya, Mishayeli na Azariya berekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ivyo abacukuzi bubuye bishigikira gute inkuru ivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 3? (w23.07 31) A

    © The Trustees of the British Museum. Licensed under CC BY-NC-SA 4.0. Source. Modifications: Box added

    Ifoto A: Itafari rituriye ririko ikidodo c’izina rya Nebukadinezari

  2. 2. Amazina y’Abanyababiloni bahaye ba Baheburayo batatu ashobora kuba asobanura iki? (dp 35 ing. 14-wcgr)

  3. 3. Ni igiki cerekana ko Nebukadinezari yakunda cane ivyo gusenga? (dp 69 ing. 3-wcgr) B

    Umwami Nebukadinezari ahagaze hejuru ku nzu, ariko arihweza umunara yubatse.

    Ifoto B: Nebukadinezari yarubatse yongera arasubizaho insengero z’imana nyinshi z’Abanyababiloni

  4. 4. Kubera iki «abantu bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye» bemeye gusenga igishusho ca Nebukadinezari kandi bashobora kuba bari bifitiye izindi mana basenga? (Dan. 3:7; dp 73 ing. 10-wcgr)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Ba Baheburayo batatu bagumye ari intahemuka kuri Yehova mu kwanka kurya ibifungurwa bihumanye. Mu nyuma, bagumye bashikamye n’igihe ubuzima bwabo bwari mu kaga. None ivyo bitwigisha iki ku bijanye no kuguma turi intahemuka no mu tuntu umenga nta co tuvuze? (Luka 16:10) C

    Udufoto: Imice itatu twokwerekanamwo ko turi abizigirwa mu bintu bisa na bitobito. Ivyo birerekanwa mu mafoto akurikira. Mushiki wacu ariko aragura kuri internet impuzu iciye bugufi. Iruhande y’imashini yiwe hari ibinyamakuru birimwo imideri. Umuvukanyi ashitse ku kazi samoya n’iminota 29. Abandi bakozi bari hafi yiwe bariko bararaba ibintu muri telefone. Mushiki wacu ariko arambara umusentire imbere yo gutwara imodoka.

    Ifoto C

  • Turi mu ruhamo, twokwigana gute izi kamere za ba Baheburayo batatu? (Dan. 3:​16-18)

    • Ukwicisha bugufi

    • Ubwitonzi

    • Ukudahemuka

  • Wokwigana gute umutima rugabo w’abo basore batatu?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Hananiya, Mishayeli na Azariya nibazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Umukirisu yogaragaza gute icubahiro ariko akaguma ata ho ahengamiye mu birori vy’igihugu?

Nugume ata ho uhengamiye mu biringo muhuriramwo n’abantu benshi (4:25)

Niwishire mu kibanza c’abo basore batatu, urabe n’ibindi vyigwa wohigira.

«Bararokowe mw’itanure ry’umuriro!» (Urukurikirane rwo kuri internet «Udukorwa tujanye no kwiga Bibiliya»-wcgr)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika