37 DANIYELI
Yaranse kwihumanya
DANIYELI yari kure y’iwabo. Abanyababiloni bari barakuye mu Buyuda umuryango wa ba Daniyeli hamwe n’iyindi miryango myinshi, bayijana kure cane i Babiloni, rukaba rushobora kuba rwari urugendo rw’amezi nk’ane. Muri abo bantu bajanywe mu bunyagano, baratoyemwo Daniyeli n’iyindi misore babakura mu miryango yabo babajana ku murwa mukuru. Daniyeli yaragiraniye ubugenzi n’abandi Baheburayo batatu bakiri bato, ari bo Hananiya, Mishayeli na Azariya. Abo basore baratanguye kuronswa ukumenyerezwa kwotumye babaho nk’Abanyababiloni.
Daniyeli yari akeneye umutima rugabo kugira agume ari intahemuka kuri Yehova igihe yari kure y’umuryango wiwe
Abo basore bagishika ku kirimba, umwami Nebukadinezari yaciye ategeka umusuku wiwe Ashipenazi ngo abahindurire amazina. Amazina menshi y’igiheburayo wasanga aninahaza Imana y’ukuri. Nk’akarorero, izina Daniyeli risobanura ngo «Umucamanza wanje ni Imana.» Ariko menshi mu mazina y’Abanyababiloni wasanga aninahaza imana zabo z’ikinyoma. Daniyeli rero bamwise Beluteshazari, bisobanura ngo «Kingira ubuzima bw’umwami.» Ayo majambo yari mw’isengesho batura imana y’ikinyoma Beli. Umwami kandi yashaka ko abo basore batangura kwiyumvira no gukora nk’Abanyababiloni. Yaciye ategeka ko babigisha kuvuga no kwandika ururimi rw’Abanyababiloni kugira bazokorere ku kirimba. Hari n’ibindi umwami yategetse.
Umwami yategetse Ashipenazi gutunganya ivy’uko abo basore baronswa ukumenyerezwa. Babwirizwa gufungura ku bifungurwa vy’umwami no ku muvinyu wiwe. Ivyo vyari ibifungurwa vyizavyiza kuruta ibindi. Abakiri bato bamwebamwe bashobora kuba babona ko gufungura kuri ivyo bifungurwa ari iteka ridasanzwe. Ariko Daniyeli yarabonye ko we n’abo Baheburayo batatu bagenziwe bakwiye kuba maso kuri ivyo bifungurwa. Uti kubera iki?
Daniyeli ashobora kuba yarazirikanye ati: «Aba bantu batugize imbohe barazi ko hari ibifungurwa tudafungura kubera bibujijwe mu mategeko ya Yehova. Ubwo ntibazogerageza gutuma tugambararira Yehova mu kuduha ibifungurwa Imana ivuga ko bihumanye? Nibaduha inyama hoho, ubwo zizoba zakuwemwo amaraso neza, canke bazogerageza gutuma turenga kw’itegeko rya Yehova ribuza kurya amaraso? Canke ubwo ntibazohava baduha ibifungurwa vyashikaniwe imana z’ikinyoma? Mbega hoho ntibazohava baduha umuvinyu mwinshi bigatuma tutaba tugishobora gufata ingingo nziza?»a
Daniyeli ashobora kuba yarasenze cane ku bw’ico kibazo yongera arabaza ba bagenzi biwe batatu ico bavyiyumvirako. ‘Yarafashe ingingo mu mutima wiwe’ y’ico abwirizwa gukora kugira ahimbare Yehova. Yaciye aja kuganira na Ashipenazi. Daniyeli abigiranye icubahiro, yarasavye ko bomureka we na bagenziwe ntibarye ku bifungurwa vy’umwami. Yehova yari kumwe na Daniyeli kuko yatumye Ashipenazi adaca amukarira. Ariko Ashipenazi yaratinye ko Daniyeli na bagenziwe boshobora kurwara hamwe batorya ivyo bategetswe, ivyo bikaba vyotuma Nebukadinezari amuhana. Daniyeli yarumvirije ivyo Ashipenazi amubwiye, aca arafata akanya ko kuzirikana ivyo bokora. Mu nyuma, Daniyeli abigiranye umutima rugabo yarasavye umurinzi ko yobareka bagafungura imboga gusa bakanywa n’amazi mu kiringo c’imisi cumi, hanyuma akazoraba uko basa abagereranije n’iyindi misore. Uwo murinzi yaravyemeye!
Iyo misi cumi iheze, abo basore bane basa neza kuruta abandi bose. Bari bafise amagara meza ku buryo baciye babareka ngo babandanye kwirira imboga no kwinywera amazi. Ivyo vyarerekanye neza ko Yehova yahezagiye ukwizera n’umutima rugabo vya Daniyeli na bagenziwe. Ico kintu ntibigeze bacibagira.
Nk’uko ikigabane gikurikira kivyerekana, mu nyuma abo bagenzi ba Daniyeli barashikiwe n’ikintu giteye ubwoba cane, bakaba bari bakeneye umutima rugabo kugira bagamburukire Yehova. Daniyeli na we nyene yarabandanije kugira umutima rugabo ubuzima bwiwe bwose gushika apfuye afise nk’imyaka 100. Nk’akarorero, yarasiguriye umwami indoto Yehova yari yatumye arota, mbere n’igihe izo ndoto zaba zisigura ko hari ibintu bibi vyoshikiye uwo mwami. Imyaka myinshi inyuma y’aho, igihe hatwara Belushazari, Daniyeli yaramubwiye ko ibintu vyanditswe ku ruhome vyasigura ko Belushazari yokwishwe. N’igihe Daniyeli yari yitereye mu myaka, baramutereye mu kinogo carimwo intambwe zishonje cane. Muri ivyo bintu vyose vyamushikiye, yagumye agaragaza wa mutima rugabo yari afise kuva akiri muto. Ntibitangaje rero kuba umumarayika wa Yehova yavuze ko Daniyeli ari ‘umuntu akundwa cane’!
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Daniyeli yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ibivugwa muri Daniyeli 1:1 n’ibivugwa muri Yeremiya 25:1 vyoba bivuguruzanya? (dp 18-19 ing. 14-15-wcgr)
2. Ivyandikano vy’Abanyababiloni vyemeza gute ko hariho «ububiko burimwo itunga ry’imana [ya Nebukadinezari]»? (Dan. 1:2; it «Trésor» ing. 3-wcgr) A
© The Trustees of the British Museum. Licensed under CC BY-NC-SA 4.0. Source. Modifications: Box added
Ifoto A: Ivyandikano vya Nebukadinezari vyanditseko «inzu y’ububiko» mu rusengero rwa Merodaki
3. «Abaherezi bakora ivy’amageza» bari bajejwe iki? (Dan. 1:20; it «Magie et sorcellerie» ing. 2-6-wcgr) B
Ifoto B: Igisate c’Abanyababiloni gisigura uburyo bwo kuvura umuntu vyiyumvirwa ko yafashwe n’imizimu
4. Mu mboga Daniyeli na bagenziwe barya hashobora kuba harimwo n’ibiki? (Dan. 1:12; dp 40 ing. 25-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Abakiri bato bokwigira iki kuri Daniyeli ku bijanye no kuba intahemuka kuri Yehova n’igihe bataba bari kumwe n’imiryango yabo?
Kuba Daniyeli yari ‘yarafashe ingingo mu mutima’ imbere y’igihe vyamufashije gute kugira umutima rugabo? (Dan. 1:8) Twomwigana gute? C
Ifoto C
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Daniyeli?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Daniyeli niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Nurabe ividewo yigana ivyabaye muri iyi nkuru yo muri Bibiliya.
Daniyeli: Ubuzima bwiwe bwaranzwe n’ukwizera: Igice ca 1—Agace (13:07)
Abakiri bato bo muri iki gihe bokwigana gute umutima rugabo wa Daniyeli n’ukudahemuka kwiwe?