ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 39 rup. 176-179
  • «Nimba ari ugupfa, mpfe nta kundi»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • «Nimba ari ugupfa, mpfe nta kundi»
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Yakoranye ubukerebutsi, ubutwari n’umutima uzira ubwikunzi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yakoranye ubukerebutsi, ubutwari, ata bwikunzi
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yaraburaniye abasavyi b’Imana
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yaraburaniye abasavyi b’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 39 rup. 176-179

39 ESITERI

«Nimba ari ugupfa, mpfe nta kundi»

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

HARI umugore akiri muto ariko aja aho umwami yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami. Arazi ko ashobora gupfa kubera ko agiye kurenguka imbere y’umwami atahamagawe. Afise ubwoba, ariko abandanya kujayo. Uwo ni nde none, kandi ni igiki catumye afata iyo ngingo yo kuja kuraba umwami?

Uwo mugore ni Esiteri. Abavyeyi biwe bapfuye akiri agakobwa gatoyi. Morudekayi mwenesewabo, akaba yamusumvya imyaka myinshi, «yaciye amutwara amurera nk’umukobwa wiwe», aramwitwararika. Baba i Shushani, igisagara umwami yabamwo mu nganji y’Ubuperesi, aho Morudekayi yakorera ari umusuku w’umwami. Esiteri yarakuze aba umukobwa «mwiza [agira] n’umutumba uteye neza.»

Umusi umwe umwami Ahasuwerusi (uwushobora kuba ari Zerusi wa mbere) yarafashe ingingo yo kurondera uwundi mugore, baca batangura kurondera abakobwa b’isugi bezabeza muri iyo nganji yose. Abasuku b’umwami barabonye ubwiza budasanzwe Esiteri yari afise, baca baramujana ku kirimba. Imbere y’uko bamujana ku kirimba, Morudekayi ‘yaramubujije kugira uwo abwiye’ ko ari Umuyudakazi.

Aho ku kirimba, «uwabona Esiteri wese yumva amukunze.» Haheze amezi 12 bariko baramusiga kugira arushirize gusa neza, baramujanye imbere y’umwami. Umwami ‘yaramushimye, aramukunda’, aca aba ari we ahitamwo mu bandi. Yaciye aba umwamikazi muri iyo nganji nganzasi ikomeye! Ariko Esiteri yabandanije kugamburukira Morudekayi, ntiyahishura ko ari Umuyudakazi.

Muri iyo misi, umwami yaragenye umugabo yitwa Hamani ngo abe umushikiranganji wa mbere muri iyo ntwaro. Hamani yaranka Morudekayi kubera ko yanse kumwunamira. Morudekayi yavyanse kubera ko yari umusavyi w’Imana w’intahemuka. Biboneka ko Hamani yava mw’ihanga ry’abantu Yehova yabona ko ari abansi biwe. Hamani yarashavuriye cane Morudekayi aca agira umugambi wo kwica Abayuda bose muri iyo nganji. Igihe Morudekayi yamenya uwo mugambi wa Hamani, yarababaye cane. Yaciye arungikira Esiteri ubutumwa, aramwinginga kuja ku mwami kugira avugire ihanga ryiwe. Ivyo vyari gusaba ko Esiteri agira umutima rugabo udasanzwe.

Esiteri yarasiguriye Morudekayi ko ashobora kwicwa niyarenguka imbere y’umwami atatumiwe. Vyari bizwi ko uwa mwami akaza ishavu. Naho vyari ukwo, Morudekayi yaramuremesheje, aramwibutsa ko ashobora kuba yabaye umwamikazi kugira akingire abasavyi ba Yehova. Vyatumye Esiteri arema. Yavuze ati: «Nimba ari ugupfa, mpfe nta kundi.» Esiteri yasavye gusa ko abantu bo mw’ihanga ryiwe bisonzesha imisi itatu. Nta gukeka ko Esiteri yasenze cane n’Abayuda bakamusengera cane. Yaciye arenguka imbere y’umwami.

Umwamikazi Esiteri ariko arasenga mu gacerere ku bwinjiriro bw’ikigo c’umwami. Ahagaze ahantu umwami Ahasuwerusi atabona yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami. Hari abarinzi b’umwami bariko baramuraba ariko arasenga.

Igihe Ahasuwerusi yabona Esiteri ahagaze mu kigo c’umwami, ntiyamushavuriye. Ntiyategetse ko yicwa. Ahubwo riho, yamusavye kuvuga ico yipfuza. Esiteri yamwishuye ko yipfuza kumutumira we na Hamani ku nzimano yari yabateguriye. Kuri izo nzimano, Esiteri yarerekanye ko yiyubara cane kandi ko ari inkerebutsi. Nta na kimwe yavuze ku bijanye n’umugambi wa Hamani wo kwica Abayuda. Yaciye gusa yongera gutumira umwami na Hamani ku zindi nzimano yobateguriye bukeye. Imbere y’uko Hamani aja kuri izo zindi nzimano, yarashinze igiti bomanitseko Morudekayi. Ariko Hamani ntiyari azi ko uwo mugambi wiwe uza kumukwegera akarambaraye.

Yari akeneye kujijura umugabo wiwe, umwami w’umunyabubasha, ngo ahagarike ubwicanyi bwagira bukorerwe abasavyi b’Imana

No kuri izo nzimano zigira kabiri, Ahasuwerusi yarasubiye gusaba Esiteri ngo amubwire ico yomukorera. Esiteri yaciye amubwira ico yipfuza ko amufasha. Yaramubwiye abigiranye icubahiro ko hari umugambi uriko urategurwa wo kumwica no kwica ihanga ryiwe. Yavuze ko yari gushobora kuguma yinumiye, ariko ko uwo mugambi mubi wotumye umwami ahahombera. Erega igitangaje, Ahasuwerusi yaciye amubaza uwateguye uwo mugambi mubi. Esiteri yaciye avuga ko uwo mubisha ari Hamani! N’ishavu n’akantu, umwami yaciye ategeka ko Hamani yicwa. Hamani yahavuye amanikwa kuri ca giti nyene yari yashingiye Morudekayi.

Hamani yari yizigiye ko agira yice Morudekayi, aherengeteze n’abasavyi b’Imana bose mu nganji y’Ubuperesi. Mugabo, ni we yishwe hamwe n’abandi bansi ba Yehova n’abasavyi biwe. Emwe, Yehova yarakoresheje umugore akiri muto w’umutima rugabo n’ukwizera mu gukingira abasavyi biwe!

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Esiteri 1:1–9:​1, 5, 13-17

Ikibazo co kuganirako:

Esiteri yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ni ibiki vyerekana ko ibivugwa muri iyi nkuru vyabaye koko? (ia 138, uruzitiro) A

    Ungnad, Arthur. “Neubabylonische Privaturkunden aus der Sammlung Amherst.” Archiv für Orientforschung, vol. 19, 1959, pp. 74–82

    Ifoto A: Igisate co mu Buperesi ha kera canditseko Marduka (Morudekayi)

  2. 2. Ni kubera iki Morudekayi yanse kwunamira Hamani? (ia 130 ing. 18)

  3. 3. Ni igiki cerekana ko Shetani n’amadayimoni yiwe ari bo bashaka guhonya Abayuda? (g02 8/9 7 ing. 3–8 ing. 2-wcgr) B

    Cube. Lot of Yahali, puru. Neo-Assyrian Clay. (YPM BC 021122). Courtesy of the Peabody Museum, Division of Anthropology, Babylonian Collection, Yale University; peabody.yale.edu

    Ifoto B: Akantu bakoresha kera mu kugira ubupfindo

  4. 4. Ni ubuhanuzi ubuhe Esiteri na Morudekayi bashikije? (ia 142, uruzitiro)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Esiteri yagumye ari inkerebutsi kandi agamburuka n’igihe atari kumwe n’abandi basavyi ba Yehova. Abakiri bato bomwigirako iki muri iki gihe?

  • Ahasuwerusi yarateze yompi Esiteri kubera yamuyagishije abigiranye ukwihangana, ukwigengesera kandi akamubwiza ukuri kwose. Abakenyezi bakirisu bokwigana gute Esiteri? C

    Mushiki wacu ariko araganiriza umugabo wiwe atari Icabona bariko baranywa akayi bicaye iruhande y’umuriro. Afise Bibiliya izinguruye akaba ariko aragira ikimenyetso yerekana ahantu hasa neza.

    Ifoto C

  • Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Esiteri?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Esiteri niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Nurabe muri aka karirimbo ivyigwa vyinshi abana bokwigira kuri Esiteri.

Esiteri yari afise umutima rugabo (2:09)

Abavukanyi bo mu bihe vya none biganye gute Esiteri igihe abo basangiye ukwizera bari bakeneye gukingirwa?

Niwigane abatorana ya mihango biciye ku kwihangana: Morudekayi na Esiteri (3:05)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika