ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lff icig. 59
  • Urashobora kuguma uri intahemuka mu ruhamo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kuguma uri intahemuka mu ruhamo
  • Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • TWINJIRE MU MIZI
  • INCAMAKE
  • RONDERA N’IBINDI
  • Nuhimbarwe igihe uri mu ruhamo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Niwitegurire uruhamo ubu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Ingene Yehova adufasha kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Kwihanganira ibigeragezo biratuma Yehova ashemezwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
lff icig. 59
Icigwa ca 59. Abapolisi babiri batwaye umuvukanyi umwe aboshe, bakaba bariko baca imbere y’abamenyeshamakuru be n’Ivyabona vya Yehova bagenziwe.

ICIGWA CA 59

Urashobora kuguma uri intahemuka mu ruhamo

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

Bitebe bitebuke, abakirisu b’ukuri bose bazobarwanya bongere babahame. Ivyo vyoba bikwiye kudutera ubwoba?

1. Kubera iki twiteze guhamwa?

Bibiliya ivuga itomora iti: “Abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.” (2 Timoteyo 3:12) Yezu yarahamwe kubera ko yanse kugira uruhara mw’isi ya Shetani. Natwe ntituri ab’isi. Rero ntibidutangaza kuba duhamwa n’intwaro zo muri iyi si be n’amadini.—Yohani 15:18, 19.

2. Twokwitegurira gute uruhamo?

Turakeneye kurushiriza kwizigira Yehova muri iki gihe. Nufate akanya buri musi ko gusenga no gusoma Ijambo ry’Imana. Niwitabe amakoraniro buri ndwi. Ivyo bintu bizotuma uronka inkomezi zizogufasha kugumana umutima rugabo niwashikirwa n’uruhamo naho rwoba ruva mu muryango. Intumwa Paulo, uwahuye n’uruhamo akatari gake, yanditse ati: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya.”—Abaheburayo 13:6.

Kwamamaza kenshi na vyo nyene biradufasha kurushiriza kugira umutima rugabo. Kwamamaza biratwigisha kwizigira Yehova no kudatinya abantu. (Imigani 29:25) Nitwagira umutima rugabo wo kwamamaza ubu, tuzoba twiteguriye no kuguma twamamaza igihe intwaro zizoba zabujije igikorwa cacu.—1 Abatesalonika 2:2.

3. Kwihanganira uruhamo bitugirira akamaro akahe?

Mu vy’ukuri ntiduhimbarwa bariko baraduhama, mugabo igihe twihanganiye uruhamo, ukwizera kwacu kurarushiriza gukomera. Turarushiriza kwiyegereza Yehova iyo twiboneye ukuntu adufasha igihe tuba tudafise inguvu zo kwumirako. (Soma Yakobo 1:2-4.) Yehova arababara igihe tuba turiko turahamwa. Ariko aranezerwa igihe tugumye twumiyeko. Bibiliya ivuga iti: “Nimba mukora iciza mukababazwa yamara mukavyihanganira, ico ni ikintu gishimwa ku Mana.” (1 Petero 2:20) Nitwaguma turi abizigirwa, Yehova azoduhezagira mu kuduha ubuzima budahera mw’isi nshasha. Ico gihe abantu bose bazoba bakorera Yehova kandi nta n’umwe azobarwanya.—Matayo 24:13.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe igituma bishoboka ko tuguma turi intahemuka kuri Yehova n’igihe abantu baba bariko baraturwanya be n’ukuntu Yehova azoduhezagira.

Umwigeme agiye kwigisha Bibiliya, naho abavyeyi biwe bariko baramurwanya cane.

4. Urashobora kuguma uri intahemuka abo mu muryango bariko barakurwanya

Yezu yari azi ko vyoshitse abo mu muryango ntibashigikire ingingo twafashe yo gukorera Yehova. Nimusome Matayo 10:34-36, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki vyoshobora gushika mu muryango igihe hari uwufashe ingingo yo gukorera Yehova?

Kugira ubone akarorero, nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

IVIDEWO: Yehova yaratwitoreye (5:13)

  • Ni igiki wokora hamwe incuti canke umugenzi yokubuza gukorera Yehova?

Nimusome Zaburi 27:10 na Mariko 10:29, 30. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:

  • Uwo muhango ushobora gute kugufasha igihe incuti canke abagenzi bakurwanije?

5. Nubandanye ukorera Yehova n’igihe uri mu ruhamo

Igihe hari abariko baratubuza gukorera Yehova, kwumirako bisaba umutima rugabo. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

IVIDEWO: Barerekanye umutima rugabo naho bariko barahamwa (6:27)

  • Ni gute ubwo burorero bwo muri iyo videwo bugukomeje?

Nimusome Ivyakozwe 5:27-29 n’Abaheburayo 10:24, 25. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki bihambaye ko tubandanya gukorera Yehova mbere n’igihe igikorwa co kwamamaza canke amakoraniro vyoba bibujijwe?

6. Yehova azogufasha kwihanganira uruhamo

Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi, baba abato canke abakuze, barabandanya gukorera Yehova badahemuka mbere n’igihe baba bari mu ruhamo. Kugira ubone ikibafasha, nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

IVIDEWO: Yehova Imana azonkomeza (3:40)

  • Muri iyo videwo, ni igiki cafashije ivyo Vyabona kwihangana?

Nimusome Abaroma 8:35, 37-39 n’Abafilipi 4:13. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:

  • Ico canditswe cogukura amazinda gute ko ushobora kwihanganira uruhamo urwo ari rwo rwose?

Nimusome Matayo 5:10-12, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki wohimbarwa naho woba uriko urahamwa?

Ivyabona vya Yehova bo mu gihe ca none bihanganiye uruhamo be no gupfungwa bazira ukwizera kwabo.

Abasavyi ba Yehova amamiliyoni baragumye ari intahemuka mu ruhamo. Nawe wobishobora!

HARI ABAVUGA BATI: “Sinoshobora kwihanganira uruhamo.”

  • Ni ivyanditswe ibihe vyoshobora gufasha abantu nk’abo kwizigira ko bobishobora?

INCAMAKE

Yehova araha agaciro utwigoro tugira two kumukorera n’igihe boba bariko baraduhama. Tubifashijwemwo na we, turashobora kuguma turi intahemuka.

Wize iki?

  • Kubera iki abakirisu b’ukuri bokwitega uruhamo?

  • Ni igiki wokora ubu kugira witegurire uruhamo?

  • Ni igiki cotuma wizigira ko ushobora gukorera Yehova naho woba uri mu ruhamo rumeze gute?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ukuntu uwo muvukanyi akiri muto asigura ingene Yehova yamufashije kwihangana igihe yari apfunzwe azira kutagira aho ahengamiye.

Ntudendebukirwe igihe uhanganye n’uruhamo (2:34)

Nurabe icafashije abubakanye bamwe kuguma bakorera Yehova badahemuka mu myaka myinshi bamaze bariko barabarwanya.

Gusukurira Yehova mu gihe c’amahinduka (7:11)

Nurabe ukuntu wogira umutima rugabo bariko baraguhama.

“Niwitegurire uruhamo ubu” (Umunara w’Inderetsi, Mukakaro 2019)

Dukwiye kubona gute uruhamo rwo mu muryango kandi ni igiki twokora kugira hagume amahoro maze tugume dukorera Yehova?

“Ukuri ntikuzana ‘amahoro, atari inkota’” (Umunara w’Inderetsi, Gitugutu 2017)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika