Imyaka 100 Ubwami bw’Imana butangazwa!
1. Ni igiki abasavyi ba Yehova baremeshejwe gukora ubu hakaba haheze hafi imyaka 100?
1 “Raba, Umwami ari ku ngoma! Muri abakozi bamwamamaza. Ku bw’ivyo rero, tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’ubwami bwiwe.” Haraheze hafi imyaka 100 umuvukanyi Rutherford avuze ayo majambo akabura. Muri ayo majambo abasavyi ba Yehova bararemeshejwe kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami hirya no hino kw’isi. Kandi twarabikoze vy’ukuri! Nka kumwe kw’abakirisu bo mu ntango, twaramamaje inkuru nziza y’Ubwami “mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.” (Kol. 1:23) Dusubije amaso inyuma mu myaka 100 iheze, ni ibiki twakoze mu gutangaza Ubwami bw’Imana? Twobandanya gute kubutangaza uko twegereza kurumanya imyaka 100 kuva ubwo Bwami buvutse?
2. Ni ku rugero rungana iki ibisohokayandikiro vyacu vyatangaje Ubwami bw’Imana?
2 Dusubize amaso inyuma: Haraheze imyaka myinshi ibisohokayandikiro vyacu bitangaza Ubwami bw’Imana. Kuva mu 1939 ikinyamakuru cacu nyamukuru ciswe ngo Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova. Akenshi ico kinyamakuru kiravuga ivyerekeye Ubwami be n’ivyo buzorangura. Ikinyamakuru Be maso! na co nyene kirerekana ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene dukwiye guhanga amaso. Ntibitangaje rero kubona ivyo binyamakuru bibiri ari vyo bihindurwa mu ndimi nyinshi kandi bigakwiragizwa cane kuruta ibindi vyose mw’isi!—Ivyah. 14:6.
3. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe twakoresheje mu gutangaza Ubwami bw’Imana?
3 Abasavyi ba Yehova barakoresheje uburyo butandukanye mu gutangaza Ubwami bw’Imana. Kera, twakoresha imiduga isamiriza amajwi, ibiganiro vyo kw’iradiyo be n’ivyuma bagendana vyarekura amajwi. Ubwo buryo bwose bwaradufashije gukwiragiza inkuru nziza ku bantu benshi bashoboka igihe abamamaji b’Ubwami bari bake. (Zab. 19:4) Muri iyi myaka ya vuba, twarasohoye ibiganiro vyacu ku muhora wa jw.org, gutyo turamamaza Ubwami ku bantu amamiliyoni, aho hakaba harimwo n’ababa mu bihugu aho igikorwa cacu kiburabuzwa.
4. Ni uburyo budasanzwe ubuhe bwo gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami twatanguje?
4 Abasavyi ba Yehova baratanguje kandi ubundi buryo budasanzwe bwo gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami. Nk’akarorero, kuva mu myaka ya 1995, igikorwa turangura inzu ku nzu twaracongeyeko ivyo kwamamaza mu bibanza abantu basamiramwo akayaga, ku maparakingi be no mu bibanza badandarizamwo. Mu misi iheze, twarashizeho intunganyo idasanzwe yo kwamamaza ku mugaragaro mu bisagara bininibinini. Vyongeye, amashengero atari make ariko aragira uruhara mu kwamamaza ku mugaragaro mu vyibare vyayo bicamwo abantu benshi akoresheje twa tuntu dufise amapine bagenda barasunika be n’amameza ariko ibisohokayandikiro. Ariko ntiwumve, kwamamaza inzu ku nzu biguma ari bwo buryo nyamukuru dukoresha mu kwamamaza Ubwami bw’Imana.—Ivyak. 20:20.
5. Ni uturyo utuhe umwaka w’umurimo mushasha uzoronsa benshi muri twebwe?
5 Dutereze amaso imbere: Mu ntango y’umwaka w’umurimo muri Nyakanga, benshi bazotangura ubutsimvyi busanzwe. Nawe uzoba urimwo? Nimba utazoba urimwo, ubona woshobora kuzoza urasaba ubutsimvyi bwo gufasha? Waba ushobora gukora ubutsimvyi canke utabishobora, nta gukeka ko Yehova azoguhezagira kubera utwigoro twose ugira kugira ngo ugire uruhara bimwe bishitse mu gutangaza Ubwami bwiwe.—Mal. 3:10.
6. Ni kubera iki ukwezi kwa Gitugutu 2014 kudasanzwe?
6 Muri Gitugutu 2014 imyaka 100 izoba irumanye Ubwami bw’Imana buvutse. Birabereye kuba muri ukwo kwezi integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi izokwibanda ku Bwami bw’Imana. Mubona gute tugize akigoro ko kuzoha ico kinyamakuru abantu benshi bashoboka? Uko duhanga amaso kazoza, ese umwe wese muri twebwe yobandanya “[ku]menyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana” abo bose boyumviriza.—Ivyak. 8:12.