Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 18 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 18 MYANDAGARO
Ururirimbo rwa 78 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 11 ing. 17-22, n’uruzitiro ruri ku rup. 116 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 10-13 (Imin. 10)
No. 1: Guharūra 10:1-16 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: “Mbega uyu muntu yakuye hehe ubu bukerebutsi?”—cf rup. 48-49 ing. 4-8 (Imin. 5)
No. 3: Nurushirize kwiyegereza Imana be n’uwo mwubakanye—lv rup. 121 ing. 3–rup. 123 ing. 5 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 15: “Imyaka 100 Ubwami bw’Imana butangazwa!”—Igice ca 1. (Ingingo ya 1-3) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku ngingo zitatu za mbere. Uhejeje kubaza ikibazo c’ingingo ya 3, nubaze abamamaji babiri bamaze igihe kirekire ari Ivyabona. Nubasabe bigane ingene igikorwa co kwamamaza cagenda igihe baba abamamaji.
Imin. 15: “Imyaka 100 Ubwami bw’Imana butangazwa!”—Igice ca 2. (Ingingo ya 4-6) Ibibazo n’inyishu. Murangije ingingo ya 5 n’iya 6, nubaze abatsimvyi babiri bigane ivyo bakoze kugira batangure umurimo w’igihe cose.
Ururirimbo rwa 103 n’isengesho