1914-2014 Imyaka 100 irarangiye Ubwami bw’Imana buriko buraganza!
Mu 1922, umuvukanyi J.F. Rutherford yavuganye umutima rugabo ati: “Raba, Umwami ari ku ngoma! . . . Tangaze Umwami n’ubwami bwiwe.” Muri uyu mwaka ugira 100 Ubwami bw’Imana bumaze buganza, ayo majambo yiwe aracatweza umutima. Nimuze rero twese hamwe dukore uko dushoboye kwose uku kwezi kwa Myandagaro tukugire ukudasanzwe mu gufasha abandi kwiga ivyerekeye Ubwami bw’Imana biciye ku muhora wacu wa jw.org!