Imana yaroye he?
Ku wa 11 Nyakanga 2001: Kw’isaha 2:46 zo mu gitondo, indege itwara ibidandazwa iraseka inyubakwa ndende y’icicaro gikuru c’ubucuruzi (World Trade Center) iherereye mu Buraruko, mu gisagara ca New York, hagaca hakurikira n’ibindi bitero vya ba gaterabwoba vy’urukurikirane. Mu minuta 102 ikurikira, abantu hafi 3.000 barahasiga ubuzima.
Ku wa 26 Kigarama 2004
Ca nyamugigima gifise ubukomezi bw’ibipimo 9 kiraduka mw’Ibahari Indiyano kikavumbura urukurikirane rw’ibisebuzi vya ruhonyanganda vyateye ibihugu 11 ushizemwo n’ivyo muri Afirika, gushika nko ku bilometero 5.000. Ku musi umwe gusa, abantu 150.000 barahasiga ubuzima canke bakabura irengero ryabo, abarenga umuliyoni na bo bagasigara badafise aho bakika umusaya.
Ku wa 1 Myandagaro 2009: Umugabo w’imyaka 42 ariko agendera ku gapikipiki ko mu mazi ari kumwe n’agahungu kiwe k’imyaka 5, maze biseka ku gice cubakishijwe imbaho co ku kivuko, aho bapakururira amato. Se w’uwo mwana aca agwa bukumbi. Agahungu kiwe koko agatima karacatera, ariko bukeye karahwera. Umwe mu ncuti zabo avugana umubabaro ati: “Twari twizigiye yuko haba igitangaro kakarokoka, none . . . ”
Igihe usomye amakuru ajanye n’ibitero vya ba gaterabwoba canke ivyago vy’ivyaduka, kibure igihe wewe ubwawe ushikiwe n’icago, woba uca wibaza nimba Imana ibona ibiriko biraba? Woba wibaza ko yoba yaraduhevye? Bibiliya iratanga inyishu ihumuriza, nk’uko tugira tubibone.
[Abodukesha ifoto ku rup. 3]
© Dieter Telemans/Panos Pictures
PRAKASH SINGH/AFP/Getty Images
© Dieter Telemans/Panos Pictures