Mbega Imana iriko ikora iki?
“N’iki gitumye uhagarara kure, [“Yehova,” NW] we? N’iki gitumye wihisha mu bihe vy’amarushwa?”—ZABURI 10:1.
WUMVIRIJE gusa amakuru avugwa, usanga yemeza ko tubayeho mu “bihe vy’amarushwa.” Igihe na ho ivyago biteye mu muryango, nk’akarorero igihe ubwacu dushikiwe n’ubugizi bwa nabi, isanganya rikomeye, canke iyo tubuze uwacu, twoshobora kwibaza duti: “Mbega Imana yoba ibibona? Ubwo yoba ibinezwe? Ubwo yoba inabaho?
Ariko none, woba umaze kuzirikana ku vy’uko ivyo twiteze ku Mana vyoshobora kuba bishingiye ku vyiyumviro bitari vyo? Tubitangire akarorero: Iyumvire umwana mutoyi ashavujwe n’uko se yagiye ku kazi. Uwo mwana yumva akumbuye se, akipfuza ko yotaha. Uwo mwana yumva umengo yahebwe. Amara umusi wose aguma abaza ngo “Dawe ari hehe?”
Turashobora guca tubona ko ivyo uwo mwana yiyumvira atari vyo. Kukaba nkako muri uwo mwanya, se aba ariko arakora kugira ngo aronse umuryango wose ivyo ukeneye. Ubwo tweho ntitwoba twiyumviriye ukutari kwo tuboroze duti: “Imana yaroye he”?
Nk’akarorero, hari aboshima ko Imana iba nk’umucamanza ajejwe ahanini guca ahasha ubwo nyene uwukoze ikibi wese. Hari n’abandi bibonera gusa ko Imana ari nka Bigaburo wo mw’ijuru ajejwe guhunda abantu ibintu vyizavyiza, akabaha nk’akazi, uwo bubakana, canke itike ituma batombora.
Ababona ibintu muri ubwo buryo bibaza yuko igihe Imana idaciye ihasha inkozi y’ikibi ubwo nyene canke ngo iduhe ivyo tuyisavye, ngo itegerezwa rero kuba itanezwe imibabaro yacu ikaba itazi n’ivyo dukeneye. Ariko rero, ukwo si ko biri na gato! Ico womenya coco ni uko muri iki gihe Yehova Imana ariko arakora kugira aronse umuryango w’abantu wose ivyo ukeneye, ariko akaba atariko abigira mu buryo abenshi babisaba.
Uti none Imana iriko ikora iki? Kugira ngo twishure ico kibazo, turakeneye kugaruka kuri ca gihe abantu batangura kubaho, igihe ubucuti bari bafitaniye n’Imana bwononekara bimwe bikomeye, ariko bukaba butononekaye ubutakivayo.
Ivyo icaha cononye
Niwihe ishusho y’inzu imaze imyaka myinshi ari umusaka. Igisenge caramaze gukoroka, inzugi zaravuyeko, kandi iyo nzu yaramaze kwononwa inyuma. Iyo nzu yarigeze kuba imeze neza, ariko ubu si ko ikimeze. Urimbuye ivyononekaye ingene bingana, urabona ko kuyisanura atari icoroshe; ntibizoba mu kanya gatoyi.
Ubu na ho rimbura ivyashikiye umuryango w’abantu bikawonona, hakaba haheze imyaka nka 6.000, igihe ikiremwa c’impwemu kitaboneka ari co Shetani cahenda Adamu na Eva ngo bagararize Imana. Ivyo bitaraba, umugabo n’umugore ba mbere bari bifitiye amagara atagira agahaze, bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera bari kumwe n’uruvyaro rwabo uko rwogiye rurakurikirana. (Itanguriro 1:28) Ariko rero, igihe Adamu na Eva bacumura, ni nk’aho bononye umuryango w’abantu wovutse.
Ntufatire mu rwara ivyo ubwo bugarariji bwononye. Bibiliya ivuga iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu] urupfu na rwo [ruza] biciye ku gicumuro.” (Abaroma 5:12) Uretse ko igicumuro cazanye urupfu, carononye n’ubucuti dufitaniye n’Umuremyi wacu congera kitugirira nabi ku mubiri, mu bwenge no mu nyiyumvo. Ivyo vyatumye tumera nk’inzu yabaye umusaka. Wa mugororotsi Yobu, avugishije ukuri, yaravuze muri make ivyacu uko bimeze igihe yerekana ko umuntu “amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa.”—Yobu 14:1, Bibiliya Yera.
None Imana yoba yaciye iheba umuryango w’abantu aho Adamu na Eva bamariye guhemuka? Ihibambewe! Kukaba nkako, kuva ico gihe gushika ubu, Data wa twese wo mw’ijuru yagumye akora ku bw’ineza y’umuryango w’abantu. Kugira urushirize gutahura ivyo neza na neza ariko aradukorera, rimbura ibintu bitatu bikeneye gukorwa kugira ngo inzu isanurwe be n’ingene kimwe cose muri vyo gifitaniye isano n’ivyo Imana yakoze kugira ngo umuryango w’abantu usanurwe, ni ukuvuga usubire kumera neza.
1 Nyene iyo nzu yononekaye, amaze kuyisuzuma, ategerezwa kuraba nimba yoyisanura canke yoyisambura.
Inyuma ya bwa bugarariji bwo muri Edeni, Yehova Imana yaciye ubwo nyene amenyesha umugambi afise wo gutuma umuryango w’abantu usubira kumera neza. Yabwiye ca kiremwa c’impwemu kitaboneka catumye ubwo bugarariji buba, ati: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.”—Itanguriro 3:15.
Mu kuvuga ayo majambo, Yehova yarasezeranye yuko yokuyeho uwatanguje ubwo bugarariji muri Edeni. (Abaroma 16:20; Ivyahishuwe 12:9) Vyongeye, Yehova yaravuze imbere y’igihe yuko “uruvyaro” rwoje rwocunguye umuryango w’abantu rukawukiza igicumuro.a (1 Yohani 3:8) Iyo mihango yarashize ahabona iki kintu gihambaye c’ukuri: Imana yari igiye gusanura ivyo yaremye, aho kubisambura. Ariko rero, ukwo gutuma umuryango w’abantu usubira kumera neza kwosavye igihe.
2 Umuhinga mu vyo kwubaka arategura imigero yerekana neza ivyo ico gikorwa co gusanura kizoshikako.
Yehova Imana yarahaye Abisirayeli urutonde rw’amategeko yongera arabaha imigero y’urusengero bomusengeyemwo. Bibiliya ivuga iti: “Ivyo bintu [ni] igitutu c’ibizoza.” (Abakolosayi 2:17) Nka kurya kw’imigero, ivyo bintu vyagereranya ikintu gihambaye kuruta.
Nk’akarorero, Abisirayeli barashikana ibimazi vy’ibitungwa kugira ngo baharirwe ibicumuro. (Abalewi 17:11) Ico kintu bagira cari igitutu c’ikimazi gihambaye kuruta cotanzwe inyuma y’ibinjana n’ibindi, ni ukuvuga ikimazi cotumye umuryango w’abantu uronka ugucungurwa nyakwo.b Ukuntu itaberenakulo be n’urusengero Abisirayeli basengeramwo vyari bimeze, vyagereranya intambwe Mesiya yoje mu nyuma yoteye, kuva ku rupfu rwiwe rwo kwitangako incungu gushika aduze mw’ijuru.—Raba igicapo kiri ku rupapuro rwa 7.
3 Haratorwa umwubatsi azokwisunga ya migero maze agakora ico gikorwa co gusanura.
Yezu ni we yari Mesiya yasezeranywe yokwisunze icitegererezo ibimazi vy’Abisirayeli vyatanga, agaheza agatanga ubuzima bwiwe kugira ngo acungure umuryango w’abantu. Kukaba nkako, Yohani Umubatizi yise Yezu “Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi.” (Yohani 1:29) Yezu yaremeye abikunze ico gikorwa yashinzwe. Yavuze ati: “Namanutse mva mw’ijuru, atari ukugira ngo nkore ukugomba kwanje, mugabo ngo nkore ukugomba kw’uwandungitse.”—Yohani 6:38.
Ivyo Imana yagomba ko Yezu akora ntikwari gusa “[ugutanga] ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi,” ariko kandi harimwo n’ivy’uko yogiraniye n’abayoboke biwe isezerano ry’Ubwami. (Matayo 20:28; Luka 22:29, 30) Ubwo Bwami ni bwo buryo Imana izokoresha kugira ngo irangure umugambi ifitiye umuryango w’abantu. Ubutumwa bwerekeye ubwo Bwami bw’Imana bwitwa “inkuru nziza” kubera yuko busigura yuko Imana yashinze intwaro mw’ijuru kugira ngo yifatire mu minwe ivyo kw’isi.—Matayo 24:14; Daniyeli 2:44.c
Igikorwa co gusanura kirabandanya
Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yategetse abayoboke biwe ati: “Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda . . . Kandi ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.”—Matayo 28:19, 20.
Ku bw’ivyo, igikorwa co gusanura umuryango w’abantu, ni ukuvuga gutuma usubira kumera neza, nticorangiranye n’urupfu rwa Yezu. Cobandanije gushika ku “nsozero y’ivy’isi,” ico kikaba ari igihe Ubwami bw’Imana bwotanguye kwifatira mu minwe ivy’isi yacu. Ico gihe ni co tugezemwo. Ivyo tubimenyeshwa n’uko ca kimenyetso Yezu yavuga cerekeye “insozero y’ivy’isi” kiriko kirigaragaza muri kino gihe.d—Matayo 24:3-14; Luka 21:7-11; 2 Timoteyo 3:1-5.
Ubu mu bihugu 236, Ivyabona vya Yehova baragamburuka itegeko Yezu yatanze ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Kukaba nkako, iki kinyamakuru uriko urasoma kigenewe kugufasha kumenya n’ibindi vyinshi ku vyerekeye ubwo Bwami be n’ivyo buzokora. Ku rupapuro rwa 2 rw’imwe yose mu nomero z’Umunara w’Inderetsi, urahasanga aya majambo agira ati: “Iki kinyamakuru . . . kirahumuriza abantu biciye ku nkuru nziza y’uko vuba Ubwami bw’Imana, buno bukaba ari intwaro iriho koko yo mw’ijuru, bugiye gukuraho ubukozi bw’ikibi bwose maze buhindure isi Iparadizo. Kiraremesha abantu ngo bizere Yezu Kristu, uwapfuye kugira ngo dushobore kuronka ubuzima budahera kandi ubu akaba aganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana.”
Ego ni ko, muri iki gihe woshobora kwumva amakuru ajanye n’ibitero vya ba gaterabwoba canke ivyago vy’ivyaduka, kibure wewe ubwawe ugashikirwa n’icago kanaka. Ariko kwiga Bibiliya bizogukura amazinda yuko Imana itahevye umuryango w’abantu. Ushima itaduhevye, “[ntiri] kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ibikorwa 17:27) Kandi umuhango yatanze wo kugarura ico abavyeyi bacu ba mbere batakaje uzoranguka ata gisivya.—Yesaya 55:11.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka ikiganiro gisigura ido n’ido ibivugwa mw’Itanguriro 3:15, raba ikigabane ca 19 mu gitabu Niwiyegereze Yehova, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Ushaka amakuru yiyongereye, raba ikigabane ca 5 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
c Ushaka amakuru yiyongereye ku bijanye n’Ubwami bw’Imana, raba ikigabane ca 8 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
d Ushaka amakuru yiyongereye, raba ikigabane ca 9 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
[Igicapo/Amafoto ku rup. 7]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
“Ikigereranyo c’ahantu nyaho”—Ico ya Taberenakulo yagereranya
IGICANIRO
Cagereranya umutima ukunze Imana yagize wo kwakira inkuka Yezu yatanze.—ABAHEBURAYO 13:10-12.
UMUHEREZI MUKURU
Yagereranya Yezu.—ABAHEBURAYO 9:11.
1 Ku Musi w’Impongano, umuherezi mukuru yaratanga ikimazi c’ibicumuro vy’abantu bose.—ABALEWI 16:15, 29-31.
1 Kw’igenekerezo rya 14 Nisani mu 33 G.C., Yezu yaratanze ubuzima bwiwe ngo bube ikimazi ku bwacu.—ABAHEBURAYO 10:5-10; 1 YOHANI 2:1, 2.
AHERANDA
Hagereranya ukuba Yezu yari umwana w’Imana yavyawe n’impwemu.—MATAYO 3:16, 17; ABAROMA 8:14-17; ABAHEBURAYO 5:4-6.
IGIHUZU
Cagereranya umubiri w’inyama wa Yezu, kikaba cari igitangirizo catandukanya ubuzima bwo kw’isi n’ubwo mw’ijuru.—1 ABAKORINTO 15:44, 50; ABAHEBURAYO 6:19, 20; 10:19, 20.
2 Umuherezi mukuru yarinjira Aheranda Rwose mu kurengana ca gihuzu cahatandukanya n’Aheranda.
2 Yezu amaze kuzuka, yararenganye ca gihuzu mu kuduga mw’ijuru “kugira ngo . . . aduserukire mu nyonga z’Imana.”—ABAHEBURAYO 9:24-28.
AHERANDA RWOSE
Hagereranya ijuru.—ABAHEBURAYO 9:24.
3 Umuherezi mukuru amaze gushika Aheranda Rwose, yaracucagira makeyi ku maraso y’ikimazi imbere y’isandugu y’isezerano.—ABALEWI 16:12-14.
3 Mu gushikiriza agaciro k’amaraso yiwe yasheshwe, Yezu yaratanze impongano nyayo y’ibicumuro vyacu.—ABAHEBURAYO 9:12, 24; 1 PETERO 3:21, 22.