ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/6 rup. 4-7
  • Isi iriko yerekeza hehe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isi iriko yerekeza hehe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki ata bumwe buhari?
  • Hakenewe iki?
  • Ingene ubumwe bw’isi buzoboneka
  • Ubumwe ni bwo buranga ugusenga kw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ubumwe bw’isi vyabugendeye gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ubumwe mu vy’Ugusenga Muri Iki Gihe—Busigura Iki?
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Umuryango wa Yehova Urinovora Iyungabumwe ry’Agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/6 rup. 4-7

Isi iriko yerekeza hehe?

UBUMWE BW’ISI. Ni ikintu ciza cane. None hari n’umwe atabwipfuza? Egome, ikibazo cerekeye ubumwe abantu barakiganiriyeko cane. Akatari gake, indongozi z’isi zaraganiriye cane kuri ico kibazo mu manama. Muri Myandagaro mu mwaka wa 2000, indongozi z’amadini zirenga 1.000 zarahuriye i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu nama yitiriwe ikimpumbi yerekeye amahoro kw’isi. Barayaze ku kungene botorera umuti amatati yo kw’isi. Ariko rero, inyifato y’abari kwitaba iyo nama ubwayo yaragaragaje yuko amatati yatse indaro mw’isi. Umuhinga mu vy’amategeko y’idini rya isilamu ava i Yerusalemu yaranse kwitaba iyo nama kubera ko yarimwo indongozi yo mw’idini ry’Abayuda. Abandi na bo barababaye kubera ko indongozi y’idini ry’Ababuda bita Dalai Lama itari yatumiwe mu misi ibiri ya mbere kugira ngo Ubushinwa ntibushavure.

Muri Gitugutu mu mwaka wa 2003, ibibazo vyerekeye umutekano w’isi vyaraganiriweko n’ibihugu vyo ku nkengera y’ibahari Pasifike, mu nama yabereye mu gihugu ca Tayilande yari yerekeye ugufashanya mu vy’ubutunzi hagati y’ibihugu vya Aziya be n’ivyo mu karere ka Pasifike (APEC). Ibihugu 21 vyari muri iyo nama vyarasezeranye bishimitse ko bigiye gusambura imirwi ya ba gaterabwoba, vyongera biremeranya ku buryo bwo kwongereza umutekano kw’isi. Yamara, muri iyo nama abari baserukiye ibihugu batari bake baridogeye umushikiranganji wa mbere umwe ku majambo yavuze, ayo bivugwa yuko kwari nk’ugutera Abayuda igitero cuzuye urwanko.

Ni kubera iki ata bumwe buhari?

Naho hagirwa ibiganiro vyinshi ku vyerekeye icokorwa kugira ngo isi yunge ubumwe, nta bintu vyinshi biboneka bivamwo. Ni kubera iki vyabandanije kwankira abantu gushikira ubumwe bw’isi no mu kinjana ca 21 kandi abenshi bagira utwigoro tuvuye ku mutima?

Igice kimwe c’inyishu kibonekera mu vyavuzwe n’umwe muri ba bashikiranganji ba mbere bari bitavye ya nama ya APEC. Yavuze ati: “Hariho ikintu citwa ukwishimira igihugu”. Egome, ikibano c’abantu cariziziwe n’ukwishimira igihugu. Igihugu kimwekimwe cose be n’umugwi w’ubwoko umwumwe wose usanga vyipfuza kugira umwidegemvyo wo kwihitiramwo ababatwara. Ukwishira n’ukwizana kw’igihugu gufatanije n’agatima ko guhiganwa be n’umwina, vyavuyemwo uruvange ruteye akaga. Akenshi, igihe inyungu z’igihugu ziteye kubiri n’inyungu z’isi yose, inyungu z’igihugu ni zo zica zitwararikwa.

Ukwiratira igihugu kuradondorwa neza n’amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Ikīza gitera amagorwa” (Zaburi 91:3, NW). Ukwiratira igihugu kwabaye nk’icago gitera abantu, kigashikana abantu ku gucumukura kutagira uko kungana. Agatima ko kwiratira igihugu, agatuma abantu banka abandi, kamaze ibinjana n’ibindi kariho. Muri iki gihe, ukwiratira igihugu kurabandanya gukokeza amacakubiri, kandi abategetsi b’abantu barananiwe kubihagarika.

Abakuru benshi baremera ko ukwiratira igihugu be n’ukwikwegerako ari wo muzi w’ingorane z’isi. Nk’akarorero, uwahoze ari Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU) ari we U Thant yavuze ati: “Nyinshi cane mu ngorane ziduhanze muri iki gihe ziva ku nyifato zitabereye. . . . Muri izo nyifato harimwo ukwiratira igihugu kubuza abantu kubona kure, ugasanga hari abavuga bati: ‘Kiguma ari igihugu canje, caba kigira vyo canke kitagira vyo’”. Ariko rero, ico ntikibuza ko muri iki gihe ibihugu vyatwawe no kwikwegerako birushiriza kuvuza induru bisaba ukwishira n’ukwizana. Abamaze gushika ku kwishira no kwizana ntibipfuza ko ubwo bwigenge bwabo buvako na gatoya. Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe (International Herald Tribune) cavuze ibikurikira ku vyerekeye Ishirahamwe ry’Abanyaburaya: “Ugukebana be n’ukutizigirana biguma ari vyo bintu vy’ishimikiro bikoreshwa muri politike y’ibihugu vya Buraya. Ibihugu vyinshi bigize Ishirahamwe ry’Abanyaburaya, n’ubu ntivyemera ko hogira na kimwe muri vyo kirusha ibindi ububasha ngo giheze kibije imbere”.

Ijambo ry’Imana Bibiliya riradondora ata kwihenda ingaruka z’ubutegetsi bwose bw’abantu, mu kuvuga riti: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi” (Umusiguzi 8:9). Kubera ko imigwi y’abantu hamwe n’abantu ubwabo bafashe isi bakayigabaguramwo ibihugu vyigenga, bariboneye iranguka ry’ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya igira iti: “Uwigungira ukwiye aba arondera ivyo yiharije gusa, kand’arwanya inama nziza zose”.​—Imigani 18:1.

Umuremyi wacu, we azi icotubera ciza kuruta, mu mugambi wiwe ntihigeze habamwo ivy’uko abantu bishiriraho intwaro zabo bwite ngo biganze. Mu kwishiriraho izo ntwaro, abantu barirengagije umugambi w’Imana bongera birengagiza yuko ibintu vyose ari ivyayo. Muri Zaburi 95:3-5 hagira hati: “Uhoraho [ni] Imana ihambaye, n’Umwami ahambaye, asumba ibigirwamana vyose. I kuzimu hari mu kuboko kwiwe; kand’impinga z’imisozi miremire na zo n’iziwe. Ikiyaga n’iciwe, ni we yakiremye: Intoke ziwe ni zo zabumvye i musozi”. Imana ni yo Segaba abikwiriye abantu bose bakwiye guhanga amaso ngo abaganze. Kubera ko ibihugu biriko biharanira ukwishira n’ukwizana, biriko birwanya igomba ry’Imana.​—Zaburi 2:2.

Hakenewe iki?

Uburyo bumwe rudende buzotuma isi yunga ubumwe, ni uko isi yose yotwarwa n’ubutegetsi bumwe burondera ineza y’abantu bose. Abantu benshi biyumvira baremera ko ico kintu gikenewe. Ariko rero, abavyemera akenshi usanga baronderera ahatari ho. Nk’akarorero, abantu benshi bagize ico babivuzeko, ushizemwo n’indongozi z’amadini, barahimirije abantu guhanga amaso Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU) ngo ni ryo rizozana ubumwe bw’isi. Ariko rero, amashirahamwe y’abantu, naho yoba afise ivyiyumviro vyiza gute, ntiyigeze ashobora gutorera umuti ingorane z’abantu bo kw’isi yose. Ahubwo riho, menshi muri yo yabaye gusa ikimenyamenya c’uko mu bihugu bitari bike ata bumwe buharangwa.

Bibiliya itugabisha kutaziga umuti w’ingorane ku mashirahamwe y’abantu mu kuvuga iti: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza” (Zaburi 146:3). Ku bijanye n’ukuronka ubumwe none, vyoba bisobanura ko kabaye? Ihibambewe. Hariho ubundi buryo bwo gushika kuri ubwo bumwe bw’isi.

Benshi ntibazi ko Imana imaze gushinga intwaro ishoboye gutuma isi yunga ubumwe. Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yehova Imana iti: “Ni jewe niyimikiye umwami wanje kuri Siyoni, umurwa wanje wera. Nsaba, nzoguha amahanga, az’abe umwandu wawe, n’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe” (Zaburi 2:6, 8). Urabona yuko ico canditswe kivuga ko Yehova Imana ‘yimitse umwami wiwe’, uwo avuga ko ari ‘ubura bwiwe’ mu murongo wa 7. Uwo si uwundi atari Umwana w’Imana wo mu buryo bw’impwemu aruta abandi bose ari we Yezu Kirisitu, uwahawe ububasha bwo kuganza amahanga yose.

Ingene ubumwe bw’isi buzoboneka

Abantu benshi ntibemera icese ubwo butegetsi bwo mw’ijuru Imana yashinze. Amahanga abandanya kwumira ku burenganzira yibwira ko afise bwo kwishira no kwizana. Ariko rero, Imana ntizokwihanganira abanka kwemera icese ukugaba n’ukuganza kwayo be n’intwaro yashinze. Ku vyerekeye abanka kwemera iyo ndinganizo, muri Zaburi 2:9 hagira hati: “[Wewe Mwana w’Imana Yezu Kirisitu] uzobavunaguza inkoni y’icuma, uzobamenagura nk’ikibumbano”. Amahanga yaba abizi canke atabizi, ubu ari mu rugendo ruzoyashikana ku kwihurira n’Imana. Igitabu ca nyuma ca Bibiliya kiravuga ivyerekeye “abami bo mw isi yose” bakoranirizwa hamwe “ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose” (Ivyahishuriwe 16:14). Amahanga be n’inzira zayo zitera amacakubiri bizokurwaho. Ivyo bizotuma intwaro y’Imana ishobora kurangura igikorwa cayo ata kiyitangira.

Kubera yuko Yehova Imana ari we Segaba w’ibiriho vyose, abicishije ku Mwana wiwe azokoresha ububasha abigiranye ubukerebutsi mu guhindura ibikeneye guhindurwa kugira ngo haboneke isi yunze ubumwe. Intwaro y’Imana izozana ubumwe nyakuri yongere ihezagire abakunda ukugororoka bose. Ubona gute ufashe iminuta mikeyi ugasoma Zaburi 72 muri Bibiliya yawe? Muri iyo Zaburi, haradondora mu buryo menyeshakazoza ivyo ubutegetsi burongowe n’Umwana w’Imana buzokorera abantu. Bazokwibonera ubumwe nyakuri bw’isi, kandi ingorane zabo zose zizoba zavuyeho: uri agahahazo, uri ubugizi bwa nabi, uri ubukene, be n’izindi.

Muri iyi si y’amacakubiri, benshi biyumvira yuko icizigiro nk’ico kidashoboka na gato. Mugabo uwokwiyumvira gutyo yoba yihenze. Nta kintu na kimwe mu vyo Imana yasezeranye kitashitse, kandi n’ubu ivyo yasezeranye ntibizokwigera bireka gushika (Yesaya 55:10, 11). Woba wipfuza kuzobona iryo hinduka? Urashobora kuzoribona. Nkako, hariho abantu bamaze gutangura kwitegurira ico gihe. Baturuka mu mahanga yose, mugabo aho kurwana, ubu bariko bayobokera ubusegaba bw’Imana bunze ubumwe (Yesaya 2:2-4). Uti abo ni bande? Ni Ivyabona vya Yehova. Ubona gute witavye ubutumire baguha bwo kuja aho bagirira amakoraniro? Urashobora rwose kuzohimbarwa no kwifatanya mu buryo buruhura n’abantu bashobora kugufasha kuyobokera ubusegaba bw’Imana, maze ukazokwinovora ubumwe butazokwigera buhera.

[Amafoto ku rup. 7]

Abantu baturuka mu mahanga yose bariko baritegurira kuzoba mw’isi yunze ubumwe

[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]

Saeed Khan/AFP/Getty Images

[Abo dukesha ifoto ku rup. 5]

Umugore atuntuye: Igor Dutina/AFP/Getty Images; abari mu mugumuko: Said Khatib/AFP/Getty Images; ibiduga vy’intambara: Joseph Barrak/AFP/Getty Images

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika