Twisunze Bibiliya
Kubera iki Imana idakuraho Shetani?
IYABA wari ushoboye gukuraho imibabaro iriko irashikira uwundi muntu, wobigize? Abakora mu vyo gutabara abashikiwe n’ivyago akenshi barihutira kuja ahateye icago c’icaduka kugira ngo batabare abariko barashikirwa n’imibabaro bongere barokore abantu batazi na gato. Ku bw’ivyo, umuntu yoshobora kwibaza ati: ‘Kubera iki Imana itokwihutira gukuraho Shetani, we abazwa imibabaro itagira uko ingana ishikira abantu?’
Kugira ngo uronke inyishu y’ico kibazo, woshobora kwiha ishusho y’urubanza ruhambaye ruriko ruracibwa muri sentare. Uwagirizwa ubwicanyi, kubera ko arondera rwose guhagarika ibikorwa bijanye n’urwo rubanza, aravuga yuko umucamanza arenganya mu kuntu abihagarikira, mbere akemeza yuko uwo mucamanza aha igiturire umugwi w’abajejwe kwihweza urwo rubanza. Ku bw’ivyo, ivyabona vyinshi cane biremererwa gutanga ibimenyamenya.
Uwo mucamanza arazi yuko ibikorwa bijanye n’urwo rubanza nivyafata igihe kirekire bizoteza ingorane nyinshi, kandi aripfuza gusozera urwo rubanza atarinze kurutevya bidakenewe. Ariko rero, arazi yuko kugira ngo ace urubanza ruzoza rurisungwa mu guca izindi manza zishobora kuvyuka muri kazoza, ababurana bompi bategerezwa kuronswa igihe gihagije kugira ngo bashikirize ibimenyamenya bijanye n’izo mburano.
None ako karorero gafitaniye isano gute n’ukuntu Shetani, uwitwa kandi “igisato” n’“inzoka,” yahigishije Yehova, we “Musumbavyose kw’isi yose”? (Ivyahishuwe 12:9; Zaburi 83:18) Mu vy’ukuri Shetani ni nde? Ni ibirego ibihe yareze Yehova Imana? Vyongeye, Imana izomukuraho ryari?
Hashirwaho ikintu cogiye kirisungwa mu bijanye no kumenya ikibereye
Mu ntango, uwahavuye aba Shetani yari ikiremwa c’impwemu kitagira agasembwa, umwe mu bamarayika b’Imana. (Yobu 1:6, 7) Yigize Shetani igihe yatwarwa n’icipfuzo kiranga ubwikunzi co kurondera gusengwa n’abantu. Yaciye rero ahaririza uburenganzira Imana ifise bwo gutegeka, mbere avuga akikiriza yuko Imana itabereye kugamburukirwa. Yareze abantu yuko bakorera Imana igihe gusa ibahezagiye. Shetani yavuze yuko mu gihe abantu boba bari mu ngorane bose boca ‘bavuma’ Umuremyi wabo.—Yobu 1:8-11; 2:4, 5.
Kugira ngo ivyo birego vya Shetani vyishurwe, ntivyari bikenewe ko hakoreshwa inguvu gusa. Nkako, iyo Imana ica yica Shetani vyari gushobora gutuma bamwebamwe biyumvira yuko Shetani yari yavuze ukuri. Ni co gituma Imana, yo ifise ubukuru kaminuza, yaciye itangura ico twokwita ibikorwa bijanye no guca urubanza kugira ngo itorere umuti ibibazo vyari mu mizirikanyi y’abariko barihweza ivyo bintu bose.
Mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako ziwe be n’ubutungane bwiwe butagira agahaze, Yehova Imana yarerekanye yuko umwe wese mu bariko baraburana yozanye ivyabona vyotanze ibimenyamenya bimushigikira muri izo mburano. Igihe Imana yaretse ngo kihace caratumye abakomoka kuri Adamu baronka akaryo ko kubaho no gutanga ibindi bimenyamenya bishigikira Imana mu guhitamwo kugumana ugutungana kwabo imbere yayo babitumwe n’urukundo, naho baba bari mu ngorane zimeze gute.
Azorindira gushika ryari?
Yehova Imana arazi neza yuko mu gihe ivyo bikorwa bijanye no guca urubanza biriko biraba, abantu babandanya gushikirwa n’imibabaro. Ariko rero, arafise umwiyemezo wo gusozera urwo rubanza vuba bishoboka. Bibiliya ivuga yuko ari “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe [a]kaba n’Imana y’uruhoza rwose.” (2 Abakorinto 1:3) Biratomoye ko “Imana y’uruhoza rwose” itazoreka ngo Shetani amare igihe kiruta ico abwirizwa kumara, eka kandi ntizoreka ngo inkurikizi zavuye ku kosho kiwe zigumeho. Ku rundi ruhande, Imana ntizokuraho Shetani hataragera, ni ukuvuga rwa rubanza rwerekeye ibiriho vyose rutararangira neza.
Amaherezo ivyo bibazo nivyatorerwa inyishu, uburenganzira Yehova afise bwo gutegeka buzoba bwaremejwe bimwe bishitse. Urubanza ruzoba rwaciriwe Shetani ruzoza rurisungwa ibihe bidahera. Bishitse hagasubira kuvyuka ikibazo nk’ico, urwo rubanza azoba yaciriwe rwoshobora kwerekezwako rukaba nk’ikintu bitazoba bikenewe ko gisubirwamwo.
Igihe nicashika, Yehova Imana azotegeka Umwana wiwe ngo akureho Shetani be n’ibikorwa vyiwe vyose. Bibiliya iravuga ibijanye n’igihe Kristu “azoshikiriza ubwami Imana yiwe ari yo Se, niyamara guhindura ubusa intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose. Kuko ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe. Urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho.”—1 Abakorinto 15:24-26.
Birashimishije kuba Bibiliya isezerana yuko isi yose izoba Iparadizo. Nk’uko Imana yari yarabitegekanije mu ntango, abantu bazoba mw’Iparadizo irangwamwo amahoro! Bibiliya ivuga iti: “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.” Egome, “abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”—Zaburi 37:11, 29.
Rimbura icizigiro c’akaroruhore abasavyi b’Imana bafise kivugwa muri Bibiliya, ico na co kikaba ari iki: “Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”—Ivyahishuwe 21:3, 4.
WOBA UMAZE KUVYIBAZA?
● Shetani yagirije gute Imana n’abantu ibinyoma?—Yobu 1:8-11.
● Ni kamere z’Imana izihe zidukura amazinda yuko amaherezo izokuraho Shetani?—2 Abakorinto 1:3.
● Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga?—Ivyahishuwe 21:3, 4.
[Ifoto ku rup. 10]
Kugira ngo umucamanza ashike ku rubanza ruzoza rurisungwa mu bijanye no kumenya ikibereye, ababurana bompi bategerezwa kuronswa igihe gihagije kugira bashikirize ibimenyamenya bijanye n’izo mburano