ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/11 rup. 27-31
  • “Murwanye wa Mubesheranyi” nk’uko Yezu yabigize

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Murwanye wa Mubesheranyi” nk’uko Yezu yabigize
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arazigama abasavyi biwe
  • Akarorero katagira agahaze mu vyo kurwanya wa Mubesheranyi
  • “Murwanye wa Mubesheranyi, na we azobahunga”
  • Murwanye Shetani, na we azohunga!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Niwigire ku kuntu Yezu yihanganiye ibigeragezo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/11 rup. 27-31

“Murwanye wa Mubesheranyi” nk’uko Yezu yabigize

“Murwanye wa Mubesheranyi, na we azobahunga.”​—YAK. 4:7.

1. Ni ukurwanywa ukuhe Yezu yari azi ko yohanganye na kwo ngaha kw’isi, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

YEZU KRISTU yari azi yuko yorwanijwe na wa Mubesheranyi. Ivyo vyaragaragarira mu majambo Imana yabwiye ya nzoka, ku bwa ngingo ikaba yariko iyabwira ca kiremwa c’ikibisha c’ikigarariji cavuga biciye kuri yo. Yavuze iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore [igihimba co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova], no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa [ni ukuvuga Yezu Kristu] umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Ita. 3:14, 15; Ivyah. 12:9) Ugukomeretswa kwa Yezu ku gitsintsiri vyasobanura yuko yorwaye igikomere c’igihe gito mu kwicwa igihe yari ngaha kw’isi, kubera ko Yehova yomuzuriye ubuninahazwa bwo mw’ijuru. Mugabo ugukomeretsa inzoka ku mutwe vyobaye bisobanura ko Mubesheranyi yogize igikomere c’urupfu, ico atokwigeze akira.​—Soma Ibikorwa 2:31, 32; Abaheburayo 2:14.

2. Ni kubera iki Yehova yari yizigiye adakeka ko Yezu yokwerewe mu kurwanya wa Mubesheranyi?

2 Yehova yari yizigiye ko igihe Yezu yari ngaha kw’isi yoshikije mu buryo bwiza igikorwa yari yamushinze be n’uko yorwanije wa Mubesheranyi. Ni kubera iki Yehova yari yizigiye ico kintu bigeze iyo? Kubera ko yari yamuremeye mw’ijuru kera cane, yaramwitegereje aramenya ko uwo “mukozi w’umuhanga” akaba n’“imfura mu biremwa vyose” yagamburuka be n’uko yari intahemuka. (Imig. 8:22-31; Kol. 1:15) Rero, igihe Yezu yarungikwa ngaha kw’isi hanyuma wa Mubesheranyi akemererwa kumugerageza gushika ku rupfu, Imana yari yizigiye idakeka yuko Umwana wayo w’ikinege yotahukanye intsinzi.​—Yoh. 3:16.

Yehova arazigama abasavyi biwe

3. Wa Mubesheranyi abona gute abasavyi ba Yehova?

3 Yezu yavuze ko wa Mubesheranyi ari “umutware w’iyi si” yongera agabisha abigishwa biwe yuko bohamwe, nk’uko na we nyene yahamwe. (Yoh. 12:31; 15:20) Iyi si, iyiri mu bubasha bwa Shetani wa Mubesheranyi, iranka abakirisu b’ukuri kubera ko basukurira Yehova kandi bakaba ari abamamaji b’ubugororotsi. (Mat. 24:9; 1 Yoh. 5:19) Wa Mubesheranyi arondera canecane amasigarira y’abasizwe bazohava bafadikanya na Kristu kuganza mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Shetani kandi arondera umugwi munini w’Ivyabona vya Yehova bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi izoba yahindutse Iparadizo. Ijambo ry’Imana rituburira riti: “Umwansi wanyu, wa Mubesheranyi, agendagenda nk’intambwe yivuga, arondera kurotsa umuntu.”​—1 Pet. 5:8.

4. Ni igiki cerekana ko abasavyi b’Imana berewe mu kurwanya wa Mubesheranyi muri iki gihe cacu?

4 Bwa shirahamwe rifashwe mu mugongo na Yehova Imana, turarwanya wa Mubesheranyi kandi bikatugendera neza. Rimbura ibi bintu vyabaye: Mu myaka 100 iheze, intwaro zimwezimwe z’agahotoro zafata abantu bunyamaswa kuruta izindi muri kahise, zaragerageje kuzimanganya Ivyabona vya Yehova. Mugabo igitigiri c’Ivyabona kibandanya kwongerekana, ubu kikaba kimaze gushika ku bantu bababa 7.000.000 bari mu mashengero arenga 100.000 akwiye kw’isi yose. Intwaro z’agahotoro zahama abasavyi ba Yehova ni zo nyabuna zazimanganye!

5. Ni gute amajambo yo muri Yesaya 54:17 vyagaragaye ko ari ay’ukuri uravye ivyashikiye abasavyi ba Yehova?

5 Mu kubwira ishengero rya Isirayeli ya kera, Imana yasezeranye iti: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe.” (Yes. 54:17) Uwo muhango vyaragaragaye ko ari uw’ukuri umuntu aravye ivyashikiye abasavyi ba Yehova hirya no hino kw’isi muri iyi “misi ya nyuma.” (2 Tim. 3:1-5, 13) Turabandanya kurwanya wa Mubesheranyi, kandi nta kirwanisho na kimwe mu vyo agerageza gukoresha kugira ngo azimanganye abasavyi b’Imana kimwerera, kuko Yehova ari ku ruhande rwacu.​—Zab. 118:6, 7.

6. Ni igiki ubuhanuzi bwa Daniyeli butubwira ku bijanye na kazoza k’ubutegetsi bwa wa Mubesheranyi?

6 Mu gihe c’iherezo ry’ivy’iyi si mbi, iririko riregereza cane, imice yose ijanye n’ubutegetsi bwa Shetani izokurwaho ubutakigaruka. Umuhanuzi Daniyeli, ahumekewe n’Imana, yamenyesheje imbere y’igihe ati: “Ku ngoma z’abo bami [abariho muri kino gihe cacu], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami [mw’ijuru] butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami [uburiho muri kino gihe]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” (Dan. 2:44) Ivyo ni vyashika, ubutegetsi bwa Shetani be n’ubw’abantu badatunganye buzozimangana. Akantu ako ari ko kose kagize ivy’iyi si ya Shetani kazoba kakuweho ubutakigaruka, kandi Ubwami bw’Imana buzotegeka isi yose ata kiburwanya.​—Soma 2 Petero 3:7, 13.

7. Tuzi dute ko abasavyi ba Yehova umwumwe wese ku giti ciwe bashobora kurwanya wa Mubesheranyi bakererwa?

7 Nta mazinda dufise ku bijanye n’uko ishirahamwe rya Yehova rizozigamwa kandi ko rizobandanya gusagamba mu vy’impwemu. (Soma Zaburi 125:1, 2.) Bite ho ku bitwerekeye? Bibiliya itubwira ko dushobora kwererwa mu kurwanya wa Mubesheranyi, nka kurya nyene Yezu yabigize. Nkako, ubuhanuzi Kristu yatanze biciye ku ntumwa Yohani burerekana ko naho Shetani aguma aturwanya, “isinzi rinini” ry’abafise icizigiro co kuzoba kw’isi rizorokoka iherezo ry’ivy’iyi si. Nk’uko Ivyanditswe bibivuga, basemerera bavuga bati: “Ubukiriro tubukesha Imana yacu yicaye kuri irya ntebe y’ubwami, be n’urya Mwagazi w’intama [Yezu Kristu].” (Ivyah. 7:9-14) Abasizwe bavugwa ko bariko baratsinda Shetani, kandi na bagenzi babo, ari zo “zindi ntama,” na bo nyene bariko barererwa mu kumurwanya. (Yoh. 10:16; Ivyah. 12:10, 11) Mugabo ivyo bisaba ko umuntu agira akigoro gakomeye akongera agasenga akobeje asaba ‘kurokorwa wa mubi.’​—Mat. 6:13.

Akarorero katagira agahaze mu vyo kurwanya wa Mubesheranyi

8. Ikigeragezo ca mbere wa Mubesheranyi yakoresheje mu kugerageza Yezu igihe yari mu gahinga cari ikihe, kandi Kristu yavyifashemwo gute?

8 Wa Mubesheranyi yaragerageje gusenyura ukutadohoka kwa Yezu. Igihe Yezu yari mu gahinga, Shetani yarakoresheje ibigeragezo arondera ko yogambararira Yehova. Ariko rero, Yezu yarasize akarorero katagira agahaze mu vyo kurwanya Shetani. Amaze imisi 40 n’amajoro 40 yisonzesha, biboneka ko Yezu yagize inzara nyinshi. Shetani yavuze ati: “Nimba uri umwana w’Imana, bwira aya mabuye acike imikate.” Mugabo Yezu yaranse gukoresha ububasha Imana yari yamuhaye, ku bw’inyungu ziwe bwite. Ahubwo riho, Yezu yavuze ati: “Vyanditswe ngo: ‘Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova.’”​—Mat. 4:1-4; Gus. 8:3.

9. Ni kubera iki dutegerezwa kunanira amayeri ya wa Mubesheranyi yo gufatira ku vyipfuzo ndemanwa dusanzwe dufise?

9 Muri iki gihe, wa Mubesheranyi ararondera gufatira ku vyipfuzo ndemanwa abasavyi ba Yehova basanzwe bafise. Dutegerezwa rero kugira umwiyemezo wo kunanira ivyipfuzo vyo guhuza ibitsina kutemewe, ivyo na vyo bikaba ari vyo vyeze muri iyi si itigenza runtu. Ijambo ry’Imana rivuga rishimitse riti: “Ngw’iki! Ntimuzi ko abatagororotse batazotorana ubwami bw’Imana? Ntimuzimizwe. Nta basambanyi, nta basenga ibigirwamana, nta barenga ibigo, nta bagabo babikirwa kugirwako ibidasanzwe bigirwa, nta bagabo baryamana n’abagabo . . . bazotorana ubwami bw’Imana.” (1 Kor. 6:9, 10) Biratomoye rero ko abantu babayeho mu buryo butaranga ukwigenza runtu kandi banka guhindura ingeso zabo batazokwemererwa kuba mw’isi nshasha y’Imana.

10. Nk’uko muri Matayo 4:5, 6 havyerekana, ni ikigeragezo kindi ikihe Shetani yakoresheje arondera gusenyura ukutadohoka kwa Yezu?

10 Ku bijanye na kimwe mu bigeragezo vyashikiye Yezu ari mu gahinga, Ivyanditswe bivuga biti: “Wa Mubesheranyi amujana mu gisagara ceranda, amushira ku munara w’urusengero, amubwira ati: ‘Nimba uri umwana w’Imana, ikororere hasi; kuko vyanditswe ngo: “Azotegeka abamarayika biwe ku bikwerekeye, na bo bazokurerura mu maboko yabo, ngo ntiwigere ukubita ikirenge cawe kw’ibuye.”’” (Mat. 4:5, 6) Shetani ni nk’aho yashaka kwerekana ko ivyo vyogaragaza mu buryo bw’igitangaro ububasha bwa Kimesiya Yezu afise. Yamara mu vy’ukuri, cobaye ari ikintu kitabereye, kiranga ubwibone, cotumye mbere Yezu adatoneshwa n’Imana canke ngo imushigikire. No muri ico gihe nyene, Yezu yagumye ari intadohoka kuri Yehova kandi mu kwishura yakoresheje icanditswe. Yavuze ati: “Vyanditswe kandi ngo: ‘Ntukageze Yehova Imana yawe.’”​—Mat. 4:7; Gus. 6:16.

11. Shetani ashobora kutugerageza gute, kandi vyovamwo iki?

11 Shetani yoshobora kutwosha kugira ngo twironderere icubahiro mu buryo butari bumwe. Yoshobora kugerageza kutwosha ngo twigane imideri y’isi mu vy’inyambaro no mu vy’ukwitunganya canke ngo twisuke mu vy’ukwinezereza guteye amakenga. Ariko none nka hamwe twokwirengagiza impanuro zo muri Bibiliya maze tukigana isi, ubwo twoba twokwitega ko abamarayika badukingira ingaruka mbi za mwene iyo ngendo? Naho Umwami Dawidi yigaye ivyaha yakoze mu bijanye na Batisheba, ntiyakingiwe ingaruka z’ivyo bintu yakoze. (2 Sam. 12:9-12) Nimuze ntitwigere tugerageza Yehova mu buryo butabereye, kumbure mu kugiranira ubucuti n’isi.​—Soma Yakobo 4:4; 1 Yohani 2:15-17.

12. Ni ikigeragezo ikihe kivugwa muri Matayo 4:8, 9, kandi Umwana w’Imana yavyifashemwo gute?

12 Ikindi kigeragezo wa Mubesheranyi yakoresheje mu gahinga cari kijanye no guha Yezu ububasha bwa gipolitike. Shetani yareretse Yezu ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo maze aca avuga ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfa kwikubita hasi ukansenga.” (Mat. 4:8, 9) Ese ukuntu ari ukutagira ico yibanga kubona arondera ugusengwa gukwiriye Yehova we musa be no kubona yosha Yezu kugira ngo ahemuke ku Mana! Biciye ku kwiyumvira cane icipfuzo yari afise co gusengwa, uwo mumarayika yahora ari umwizigirwa yaraguye mu caha kubera ubwibone bwiwe maze acika Umucokoranyi. (Yak. 1:14, 15) Mu buryo buhushanye rwose n’ubwo, Yezu wewe yari yiyemeje kuguma ari intahemuka kuri Se wiwe wo mw’ijuru, kikaba ari co gituma yavuze ati: “Ja hiyo, Shetani! Kuko vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.’” N’aha nyene Yezu yararwanije wa Mubesheranyi akoresheje amajambo atomoye kandi arimwo ugushikama. Umwana w’Imana ntiyipfuza kuba uwo muri iyi si ya Shetani mu buryo na bumwe kandi ntiyokwigeze asenga uwo mubisha.​—Mat. 4:10; Gus. 6:13; 10:20.

“Murwanye wa Mubesheranyi, na we azobahunga”

13, 14. (a) Mu kwereka Yezu ubwami bwose bwo mw’isi, ni igiki wa Mubesheranyi yariko aramuha? (b) Shetani agerageza gute kutwonona?

13 Wa Mubesheranyi, mu kwereka Yezu ubwami bwose bwo mw’isi, yariko aramuha ubutegetsi ata wundi muntu n’umwe yari bwaburonke. Shetani yibaza yuko ivyo Yezu yabonye vyomukwegereye maze bikamujijura yuko akwiye kuba indongozi y’isi yo mu vya politike ikomeye kurusha izindi zose. Muri iki gihe, wa Mubesheranyi ntaduha ubwami, ariko aragerageza kwonona imitima yacu biciye ku vyo tubona, ivyo twumva be n’ivyo twiyumvira.

14 Wa Mubesheranyi ni we aganza iyi si. Ku bw’ivyo ni we aganza n’ibimenyeshamakuru vyo muri yo. Ntibitangaje rero kubona ivyo isi isohora vyaba ivyo kuraba, kwumviriza canke gusoma vyuzuyemwo ubuhumbu be n’ubukazi. Ibintu iyi si ikoresha mu guhayanisha ibidandazwa bigerageza kudushiramwo icipfuzo co kugura ibintu vyinshi tutanakeneye. Biciye kuri ubwo buryo, wa Mubesheranyi yama atugerageza akoresheje ibintu vy’umubiri bikwegera bishobora guhimbara amaso yacu, amatwi yacu be n’imizirikanyi yacu. Mugabo igihe twanse kuraba, kwumviriza canke gusoma ibintu biteye kubiri n’Ivyanditswe, ku bwa ngingo tuba turiko turavuga duti: “Ja hiyo, Shetani!” Tuba rero twiganye Yezu mu kuba abantu bashikama kandi bafata ingingo mu twigoro tugira two kwamirira kure iyi si ihumanye ya Shetani. Ukuba tutari ab’iyi si ya Shetani biragaragarira kandi mu kuntu twimenyekanisha tubigiranye umutima rugabo ko turi Ivyabona vya Yehova be n’abayoboke ba Kristu haba ku kazi, kw’ishure, mu kibano be no mu ncuti zacu.​—Soma Mariko 8:38.

15. Ni kubera iki kurwanya Shetani bisobanura kuguma tugavye?

15 “Wa Mubesheranyi,” amaze kunanirwa ubugira gatatu gutuma Yezu adohoka ku Mana, ‘yaramuretse.’ (Mat. 4:11) Ariko rero, Shetani ntiyari ahagaritse kugerageza Yezu, kuko tubwirwa duti: “Nuko wa Mubesheranyi arangije ivyo amugerageresha vyose [mu gahinga], aramureka kugeza aronse akandi karyo keza.” (Luka 4:13) Igihe twerewe mu kurwanya wa Mubesheranyi, dukwiye gukengurukira Yehova. Ariko rero, dukwiye kandi kurondera kuguma dufashwa n’Imana, kubera ko wa Mubesheranyi azogaruka kutugerageza ikindi gihe we abona ko kibereye, atari igihe twebwe dushobora kuba twari twiteze ikigeragezo. Ku bw’ivyo, dutegerezwa kuguma tugavye ibihe vyose, twiteguriye gushishikara umurimo mweranda turangurira Yehova naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute.

16. Ni inguvu ikomeye iyihe Yehova aduha, kandi ni kubera iki dukwiye gusenga tuyisaba?

16 Kugira ngo twererwe mu twigoro tugira two kurwanya wa Mubesheranyi, dukwiye gusenga dusaba inguvu ikomeye kuruta izindi zose kw’isi no mw’ijuru, iyo na yo ikaba ari impwemu nyeranda y’Imana, tukayisaba twizigiye tudakeka ko dushobora kuyironka. Izodushoboza gukora ibintu tutoshoboye gukora n’inkomezi zacu bwite. Yezu yarakuye amazinda abayoboke biwe yuko boronse impwemu y’Imana, mu kuvuga ati: “Nimba . . . mwebwe, naho muri [abanyagasembwa, gutyo bikaba vyovugwa ko muri] babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!” (Luka 11:13) Nimuze tubandanye gusenga dusaba Yehova ngo aduhe impwemu nyeranda yiwe. Dufashwe mu mugongo n’iyo nguvu ikomeye kuruta izindi zose mu mwiyemezo wacu wo kurwanya wa Mubesheranyi, tuzoshobora gutahukana intsinzi. Uretse ko dukwiye gusenga tudahorereza kandi tubigiranye ubwira, turakeneye kandi kwambara wa mwambaro ukwiye w’ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu biva ku Mana kugira ngo ‘dushobore guhagarara dushikamye mu kurwanya uruyeri rwa wa Mubesheranyi.’​—Ef. 6:11-18.

17. Ni akanyamuneza akahe kafashije Yezu kunanira wa Mubesheranyi?

17 Hariho ikindi kintu cafashije Yezu kurwanya wa Mubesheranyi, kandi na twebwe coshobora kudufasha. Bibiliya ivuga iti: “Ku bw’akanyamuneza [Yezu] yashizwe imbere yarihanganiye igiti co gusinzikarizwako, asuzugura ibimaramare, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami y’Imana.” (Heb. 12:2) Turashobora kugira akanyamuneza nk’ako mu gushigikira ubusegaba bwa Yehova, mu gutera iteka izina ryiwe ryeranda be no mu kuguma tubona imbere yacu impera y’ubuzima budahera. Ese akanyamuneza tuzogira igihe Shetani n’ibikorwa vyiwe vyose bizoba vyarakuweho ubutagisubira kubaho maze ‘abagwaneza bakaragwa igihugu, bakanezererwa amahoro y’umusesekara’! (Zab. 37:11) Ku bw’ivyo rero, nimuze tubandanye kurwanya wa Mubesheranyi nk’uko Yezu yabigize.​—Soma Yakobo 4:7, 8.

Wokwishura gute?

• Ni ikimenyamenya ikihe gihari c’uko Yehova azigama abasavyi biwe?

• Yezu yatanze akarorero gute mu vyo kurwanya Shetani?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe ushobora kurwanya wa Mubesheranyi?

[Ifoto ku rup. 29]

Gucudika n’isi bituma twankana n’Imana

[Ifoto ku rup. 31]

Yezu yaramiriye kure ubwami bwose bw’isi Shetani yari amuhaye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika