Abantu ushobora kwizigira
Uwitwa Santiago, uno akaba ari umushoferi w’itagisi muri Arijantine, igihe umuntu umwe yibagirira isakoshi mw’itagisi yiwe ntiyarinze kwibaza ico yokora. Yaciye ayisubiza nyeneyo. Ico kintu Santiago yakoze coshobora kubonwa ko ari igisanzwe, uretse ko nya sakoshi yarimwo amadolari y’amanyamerika arenga 32.000 (ni ukuvuga amarundi nka 40.000.000)!
WOBA ushobora kwiha ishusho isi ibamwo abantu b’abizigirwa gusa? Ese ukuntu ubuzima bwoba butandukanye n’uko buri ubu! Woshobora gusigira umwana wawe umukozi amurera ata bwoba biguteye. Ntivyokenerwa ko wugara inzu yawe. Ivyo none vyoba ari indoto nsa?
Ivyiza biva ku mico runtu
Intumwa Paulo yavuze ku bimwerekeye no ku vyerekeye abakirisu bagenziwe ati: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Ivyo ni vyo Ivyabona vya Yehova bihatira gukora. Intumbero yabo ni iyo kugaragaza kamere zivugwa muri Bibiliya muri Yesaya 33:15 ahagira hati: “Hari umuntu agendera mu bugororotsi budahengeshanya kandi akavuga ibigororotse, aterekwa inyungu y’akarenganyo iva ku bubeshi, akunkumura amaboko yiwe ngo ntiyakire igiturire.” None bamwebamwe bakurikiye gute iyo ngendo irangwa ukwizigirwa?
● ‘Kuvuga ibigororotse.’ Uwitwa Domingo, akaba ari Icabona ca Yehova, akora muri Filipine mu murima w’inazi. Avuga ati: “Abantu benshi ntibabwiza ukuri abakoresha babo. Nk’akarorero, igihe basoromye inazi, ntibabwira umukoresha wabo igitigiri nyaco c’imipfuko bakuyemwo. Gutyo barashobora kwigurishiriza mu mpisho imipfuko imwimwe.”
Kubera ko Domingo n’umuryango wiwe batashaka kubesha ku bw’inyungu y’umukoresha mu bijanye n’ivyo bimbuye, bagira birukanwe muri nya murima. Ariko rero, Domingo avuga ati: “Twarabwiye uwo mukoresha wacu yuko tutobesha naho vyoba ngombwa ko twirukanwa. Amaherezo, uwo mukoresha wacu yavuze yuko Ivyabona vya Yehova ari abantu beza umuntu yoshobora kwizigira, aca araduha irindi tongo ryo kurima.”
● ‘Kuterekwa inyungu y’akarenganyo.’ Uwitwa Pierre, akaba ari umukuru mu vyo gutoza amakori mu ntara imwe ya Kameruni, yararonse uturyo twinshi two gutunga bitagoranye. Igihe yashingwa ari bwo bwa mbere igikorwa co guhemba abakozi b’igihe gito, yarabonye ikintu kitagenda neza. Pierre asigura ati: “Imishahara yahabwa abakozi bapfuye canke abarangije kontara zabo. Aho kwiyumvira ko nari gushobora gutwara ayo mahera, naguma nandika neza ibijanye na yo maze nkayashira mw’isandugu y’intamenwa.”
None ivyo vyavuyemwo iki? Pierre avuga ati: “Haciye imyaka ibiri, baraje gusuzuma ukuntu ikigega cifashe. Nararyohewe cane vy’ukuri kuba narashoboye gushikiriza raporo nyayo maze ndabasubiza ya mahera naza ndabika, ico gihe akaba yari amaze kuba menshi cane. Bene kugira iryo suzuma barankeje cane kuba ntiba.”
● Kwirinda ‘kwakira igiturire.’ Igihe Ricardo yakora akazi ko kwemeza ko impapuro zinaka ari iz’ukuri (notaire) i Rio de Janeiro muri Berezile, abantu batari bake bararondera kumuha igiturire. Avuga ivyo yibuka ati: “Igihe kimwe, hari umushingwamanza yagerageje kumpa igiturire. Yaribwirije kurungika iwanje mwene ca cuma gisoma utudisiki twitwa CD. Muri iyo misi, mwene ico cuma cari kigezweho kandi kizimvye.”
None Ricardo yakoze iki? Avuga ati: “Twe n’umukenyezi wanje twarafashe ingingo yo kudatekurura mbere ico cuma. Naciye nja ku biro vya nya mushingwamanza atari avyiteze na gato, maze nshira ico cuma ku meza yiwe. Kari akaryo keza ko kumusigurira igituma ndakigarukanye. Ico kintu nari nkoze caratangaje mu buryo budasanzwe umunyamabanga wiwe.”
Naho Ivyabona vya Yehova atari bo bonyene bihatira kuba abagororotse, uko bagize umugwi barazwi ko ari abizigirwa. Ico ni co giherutse gutuma muri Polonye umuyobozi umwe w’amamangazini y’impuzu ajejwe ivy’urudandaza aha akazi Ivyabona vya Yehova gusa. Uwo muyobozi yavuze ati: “Ahantu hose usanga hari abantu b’inzirabugunge, mugabo Ivyabona vya Yehova barafise ingingo ngenderwako, kandi babaho bazisunga.”
Ubukene ntibwobuza umuntu kuba umwizigirwa
Abantu benshi biyumvira ko ubukene ari imvo yumvikana yotuma umuntu ataba inzirabugunge. Nk’akarorero, raporo imwe yashikirijwe kuri televiziyo yitwa CNN iravuga ibijanye n’agahungu k’imyaka 14 ko muri Nijeriya wasanga imisi yose kariko karahenda abantu kuri Internet kugira kironkere amahera. Mu kwisigura, kavuga gati: “None mushaka ngire nte? Ni je ntuze umuryango, uno ukaba ugizwe na mushikanje, mawe na [dawe]. Umuntu ategerezwa kubaho.”
Ego niko, Bibiliya ntisezerana yuko abantu baguma bagororotse bazoronka itunga, ariko irabakura amazinda yuko bazoronka ibintu vya nkenerwa mu buzima. Muri Yesaya 33:16 havuga hati: “Umukate wiwe azowuhabwa koko; ikigega ciwe c’amazi ntikizokama.”
Ariko rero, hari abokwibaza bati: ‘Kuba umwizigirwa bishobora gute gufasha umuntu igihe akenye cane? Tuvuge iki ku bantu bagwa bavyuka buri musi kugira gusa baronke icorirenza?’
Rimbura ivyerekeye Berthe, uno akaba ari umupfakazi wo muri Kameruni adandaza indimbako, ni ukuvuga udutumbura dusongoye turimwo umunyu dukozwe mw’ifu y’imyumbati, akatudandariza ku kameza kiwe gatoya. Avuga ati: “Mu bisanzwe mu gatekero kamwekamwe kose haba harimwo indimbako 20. Abadandaza bamwebamwe usanga bafise akamenyero ko gushiramwo indimbako 17 gusa canke 18, mugabo jewe sinipfuza kuronka amahera mu guhenda abakiriya.”
Urudandaza rwa Berthe rwoba none rumwinjiriza? Si ko vyama. Avuga ati: “Akenshi ndamara umusi wose ata co ngurishije. Mugabo igihe nsavye abadandaji b’ibifungurwa ngo bampe isahani, nkababwira yuko ntaragurisha, barabimpa kubera baba bazi yuko ninaronka amahera nzoca ndabariha. Ivyo biterwa n’uko banyizigira, kandi kugira ngo abandi bakwizigire bisaba igihe.”
Imana dukwiye kwizigira
Turarushiriza kwizigira umuntu igihe tubona ko imvugo yiwe ijana n’ingiro. Yosuwa, uno akaba yari indongozi muri Isirayeli ya kera, yavuze ku vyerekeye Imana ati: “Nta muhango n’umwe utashitse mu mihango myiza yose Yehova yari yara[tanze] . . . ; yose yararangutse.” (Yosuwa 21:45) Twoba natwe dufise imvo zumvikana zo kwizigira Imana?
Imihango Imana itanga ni iyo kwizigirwa rwose ku buryo Imana igereranya ivyo ivuga n’imvura. (Yesaya 55:10, 11) Nkako, ni igiki cobuza imvura kugwa, kunywesha isi, no gutuma ivyatsi bimera? Nta na kimwe! Muri ubwo buryo nyene, nta na kimwe cobuza imihango Imana itanga kuranguka.
Umwe muri iyo mihango tuwusanga muri 2 Petero 3:13, ahagira hati: “Nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha n’isi nshasha, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.” Imana ifise umugambi wo gukura kw’isi abantu bose baronderera inyungu kuri bagenzi babo bitwaje ko bano babizigira. Woba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye ukuntu Imana izoshitsa uwo mugambi wayo? Niwiture Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu, canke wandike ukoresheje aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 8]
KUBA INZIRABUGUNGE BIRAVAMWO IVYIZA
Uwitwa Lucio, uno akaba ari Icabona ca Yehova wo muri Filipine, yari gushobora kuba ingunge. Yasanze amadolari y’Abanyamerika 27.500 (amarundi arenga 33.000.000) mu bubiko bw’imeza ishaje yari mu biro yari yasabwe gusukura. Ivyo biro be n’ayo mahera vyari ivy’umukoresha wiwe, uno akaba yari yafashe urugendo rujanye n’ivy’akazi. Lucio avuga ati: “Bwari bwo bwa mbere mbona idolari!”
Igihe uwo mukoresha wiwe yahindukira, Lucio yaciye amushikiriza nya mahera. None havuyemwo iki? Lucio avuga ati: “Umukoresha wanje yaciye anshinga amabanga yiyongereye. Mbere yarahaye umuryango wanje wose aho kuba. Naho ubuzima bugoye muri Filipine, ndabona vy’ukuri yuko Yehova Imana yatubunga- bunze kubera yuko twisunze amategeko yiwe.”
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 9]
UMUNZANE UTIBA
Akazu Moïse adandarizamwo karazwi neza mw’isoko ry’i Douala muri Kameruni, aho agurishiriza amafi. Avuga ati: “Akazu ndandarizamwo nakise Munzane kubera yuko muri iryo soko ryose umunzane wanje ari umwe mu minzane mikeyi itaziritse. Ndazi ko abantu bama basuzuma ko noba ntiba. Iyo bansavye ikilo c’amafi, ndakibaha. Bama baronka uburyo bwo gupimisha ayo mafi ahandi. Igihe babigize, iminzane yaho ica ibereka yuko ayo mafi apima ikilo kirenga! Baca bamenya ko ntarondeye kubiba! Abantu benshi barambwira bati: ‘Tuza kugushorera kubera yuko utiba.’”
[Ifoto ku rup. 7]
“Twarabwiye uwo mukoresha wacu yuko tutobesha naho vyoba ngombwa ko twirukanwa.”—Domingo wo muri Filipine.
[Ifoto ku rup. 7]
“Bene kugira iryo suzuma barankeje cane kuba ntiba.”—Pierre wo muri Kameruni.
[Ifoto ku rup. 7]
“Hari umushingwamanza yagerageje kumpa igiturire. . . . Twe n’umukenyezi wanje twarafashe ingingo yo kudatekurura mbere ico cuma.”—Ricardo wo muri Berezile.
[Ifoto ku rup. 7]
Akenshi Berthe aramara umusi wose ata co agurishije. Mugabo abandi badandaji b’ibifungurwa baramuha ibifungurwa kubera bazi yuko niyaronka amahera azoca abariha