3-9 MYANDAGARO 2026
URURIRIMBO RWA 113 Amahoro twifitiye
Niwubahirize ingingo abandi bafata
«Ntimucire urubanza abafise ivyiyumviro bitandukanye n’ivyanyu.»—ROM. 14:1.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene twogaragariza icubahiro abo dusangiye ukwemera igihe bafashe ingingo itandukanye n’iyo twari gufata.
1-2. Kubera iki bishika tugafata ingingo zitandukanye n’iz’abandi bakirisu?
VYOBA bimaze gushika hakagira umuntu agutora amahinyu kubera ingingo wafashe? Weho ntibirashika ugatora amahinyu umukirisu mugenzawe kubera ingingo yafashe? Nta gukeka ko nka twese ivyo bimaze kudushikira.
2 Ntitwotangara bishitse tugafata ingingo zitandukanye n’iz’abandi bakirisu b’abizigirwa. Uti kubera iki? Kubera ko tutameze kumwe. Umwe wese arafise ukuntu abona ibintu. Ukuntu twiyumvira bivana n’imico yacu, umuryango twakuriyemwo be n’ibintu twaciyemwo mu buzima. Ariko rero ntidukwiye kureka ngo ukwo kuntu tutabona ibintu kumwe bihungabanye amahoro n’ubumwe mw’ishengero.—Ef. 4:3.
3. Ni igiki gishobora gutuma dutora amahinyu ingingo umukirisu mugenzi wacu yafashe?
3 Igihe umukirisu afashe ingingo itandukanye n’iyo twari gufata, twoshobora kwumva umenga twomujijura ngo ahindure iyo ngingo canke tukumva umenga twobwira abandi ko tubona ko yafashe ingingo mbi. Twoshobora kuba tubitumwe n’imvo nziza. Erega turakunda abavukanyi na bashiki bacu kandi tubipfuriza ineza. (Imig. 17:17) Rero ntitwipfuza kubona bafashe ingingo zizotuma bicuza canke ngo zitume ubucuti bafitaniye na Yehova bwononekara.
4-5. Dukwiye gukora iki bishitse umukirisu agafata ingingo itandukanye n’iyo twari gufata?
4 Igihe tubonye ko umuvukanyi wacu yafashe ingingo itandukanye n’iyo twari gufata, twoba dukwiye kubiganira na we? Biravana. Nk’akarorero, hamwe twobona ko agomba gukora ikintu kirenga kw’itegeko ry’Imana, dukwiye kugerageza kumufasha guhindura uko abona ibintu kubera tumukunda. (Imig. 27:5, 6) Bite ho mu gihe umuvukanyi afashe ingingo itarenga ku mategeko y’Imana ariko gusa itandukanye n’uko tubona ibintu? Inyishu tuyisanga mu canditswe cacu c’ishimikiro. Ntidukwiye ‘gucira urubanza abafise ivyiyumviro bitandukanye n’ivyacu.’—Rom. 14:1.
5 Mugabo birashobora kutatworohera kwubahiriza ingingo uwo muvukanyi yafashe. Muri iki kiganiro, turaza kubona igituma dukwiye kwubahiriza ingingo abandi bafata n’ingene twobigira. Reka duhere ku kurimbura ingingo zimwezimwe umuntu ashobora kwifatira ariko zigashobora gutuma tumutora amahinyu.
NI IBINTU IBIHE VYOSHOBORA GUTUMA DUTORA AMAHINYU ABANDI?
6-7. Nuvuge ibintu vyoshobora gushika bigatuma dutora amahinyu abandi.
6 Nk’uko twamaze kubibona, twoshobora kubona ibintu ukunaka bivanye n’aho twakuriye canke ivyo twaciyemwo. Twoshobora kwibaza ko n’abandi ari ko babibona. Ariko ushobora gusanga atari ko babibona. Raba ibintu bimwebimwe bishobora gushika. Ikintu ca 1: Imbere y’uko umuvukanyi umwe amenya ukuri, yakuze abona se wiwe ari imborerwa. Uwo muvukanyi agiye mu mutororokano maze akabona abandi bavukanyi bariko baranywa inzoga. Ivyo biramutsitaza agaca ababwira ko ivyo bariko barakora bitabereye. Ikintu ca 2: Umudada yarigeze kurwara indwara ikomeye hama arayikira. Mu nyuma, arumvise uwundi mudada batoye iyo ndwara nyene. Aripfuza kumufasha, agaca amuhata ngo afate imiti yafashe, yirinde ibifungurwa kanaka canke ngo afate ingaburo yafashe. Ikintu ca 3: Umuvukanyi yahoze asenga mw’idini ry’ikinyoma. Ntiyipfuza gusubira gukora ikintu na kimwe gifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma. Mu nyuma arumva uwundi muvukanyi yitavye ibirori vy’amaziko mu rusengero, bigaca bimubabaza cane.a
7 Raba ibindi bintu bimwebimwe vyoshobora gushika. Ikintu ca 4: Umuvukanyi yakuze mu gihe abantu benshi babona ko bitabereye ko abagabo batereka ubwanwa canke ko abagore bambara amapantaro mu biringo bidasanzwe. Naho uwo muvukanyi azi ibiheruka guhinduka mu kuntu tubona ivyo bintu, aguma yerekana ko abavukanyi badakwiye gutereka ubwanwa kandi ko n’abadada bakwiye kwambara amajipo canke amakanzu mu maprograma y’ivy’impwemu. Ikintu ca 5: Umukurambere arazi umuvukanyi yagiye mu mashure yiyongereye mu nyuma agaheba ukuri. Mw’ishengero uwo mukurambere arimwo hari umuvukanyi akiri muto yafashe ingingo yo kwiga amashure yiyongereye. Wa mukurambere arahagarika umutima agaca agerageza kujijura uwo muvukanyi n’abavyeyi biwe ngo bahindure iyo ngingo bafashe.
8. (a) Ni igiki coshobora gutuma umuvyeyi atora amahinyu uwundi muvyeyi? (b) Ni mu buryo ubuhe gutora amahinyu abandi bishobora kubangamira ubumwe bw’ishengero?
8 Raba ikindi kintu cerekeye abavyeyi. Ikintu ca 6: Uri umuvyeyi, ukaba uriko urakora uko ushoboye kwose kugira urere abana bawe ‘mu kubatoza indero wongera ubakebura nk’uko Yehova yashinze.’ (Ef. 6:4) Ariko ushobora kuba ubona umenga abandi bavyeyi bararekerana ibintu. Nk’akarorero, barareka abana babo bagataha bwije, bagakina ama jeux atarimwo ubukazi, canke bagatunga telefone bakiri bato. Ivyo bituma umwana wawe abona ko urenza urugero. Ashobora kukubaza ati: «Kubera iki utomera nka papa naka canke mama naka?» Ivyo vyoshobora gutuma utora amahinyu abo bandi bavyeyi. Ico womenya co ni uko kuba abandi bafata ingingo zitandukanye n’izo twofata vyoshobora kutubabaza, bigatuma tubanegura. Nk’akarorero, twoshobora kunegura ukuntu bakoresha amahera, canke uburyo bwo kwisamaza bahitamwo. Ariko ntidukwiye kureka ngo uko tubona ibintu bitangure gutuma dutora amahinyu abavukanyi bacu ku buryo bibangamira ubumwe bw’ishengero.
9. Dukwiye kwibuka iki? (Raba n’ifoto.)
9 Naho ingingo umukirisu umwe yofata ishobora gutandukana n’iyo uwundi, ntivyama bisobanura ko umwe ari mu kuri uwundi atari mu kuri. (Rom. 14:5) Kuba turemeshwa ‘kwiyumvira duhuza’ ku bijanye n’ingingo ngenderwako za Yehova ntibisigura ko tubwirizwa kwiyumvira kumwe mu ngingo zose dufata. (2 Kor. 13:11) Gufata ingingo tubigereranye no gufata urugendo tuja ahantu kanaka. Akenshi usanga hari inzira zitandukanye zidushikana ahantu hamwe. Rero turahitamwo iyo ducamwo bivanye n’ivyo dukunda hamwe n’uburyo dufise. Muri ubwo buryo nyene, abakirisu barashobora gufata ingingo zitandukanye ariko zishikana ku kintu kimwe ni ukuvuga guhimbara Yehova. Rero ntiducira abandi urubanza kubera ingingo baba bifatiye.—Mat. 7:1; 1 Tes. 4:11.
Abantu boshobora guhitamwo inzira zitandukanye bocamwo mu kuja ahantu hamwe. N’abakirisu barashobora gufata ingingo zitandukanye mu bintu vyega umuntu ku giti ciwe ariko bose bagashimwa na Yehova (Raba ingingo ya 9)
KUBERA IKI TWOKWUBAHIRIZA INGINGO ABANDI BAFASHE?
10. Twisunze Yakobo 4:12, ni igiki tudafitiye uburenganzira, kandi kubera iki?
10 Bibiliya irerekana imvo zitari nke zotuma twubahiriza ingingo abandi bafashe. Raba zimwezimwe muri izo. Nta burenganzira dufise bwo gucira urubanza abandi ku ngingo zega umuntu ku giti ciwe. (Soma Yakobo 4:12.) Yehova ni we ashinga amategeko akaba n’umucamanza agororotse. Ni we wenyene afise uburenganzira bwo gushinga ingingo ngenderwako n’amategeko twokwisunga mu buzima. Rero Yehova ni we azocira urubanza abavukanyi na bashiki bacu, si twebwe. (Rom. 14:10) Nta burenganzira dufise bwo gucira urubanza abandi canke kubatora amahinyu ku ngingo bafata twisunze uko twebwe tubona ibintu.b
11. Tworemesha gute ubumwe mw’ishengero? (Raba n’ifoto.)
11 Yehova asaba abasavyi biwe kwunga ubumwe ariko ntabasaba kumera kumwe. Kanatsinda Yehova arakunda ubutandukane! Ivyo turabibonera mu vyo yaremye. Nk’akarorero, amababi abiri ari ku giti kimwe ntashobora gusa ijana kw’ijana. Zirikana kandi ku bijanye n’abantu. Mu bantu barenga imiliyaridi umunani bari kw’isi, nta n’umwe asa n’uwundi canke ngo amere nk’uwundi. Yehova yaturemye dutandukanye. Ntiyipfuza ko umuntu amera neza na neza nk’uwundi. Ariko ashaka ko twunga ubumwe. Rero ntidukwiye kureka ngo ivyo dutandukaniyeko biducanishemwo, ahubwo dukwiye kuremesha amahoro. Tubona ko ubumwe mw’ishengero ari bwo buhambaye kuruta uko tubona ibintu canke ivyo twikundira.—Rom. 14:19.
Yehova yaturemye dutandukanye ariko yipfuza ko twunga ubumwe (Raba ingingo ya 11)
INGENE TWOKWUBAHIRIZA INGINGO ABANDI BAFATA
12-13. Ni igiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe twiyumvira ko umuvukanyi yafashe «inzira itari yo»? (Abagalatiya 6:1; raba kandi uruzitiro ruvuga ngo «Igihe udashimye ingingo uwundi yafashe.»)
12 Igihe abandi bafashe ingingo zega umuntu ku giti ciwe. Niwibaze uti: «Yoba yafashe “inzira itari yo” canke yafashe gusa inzira itandukanye n’iyo nari gufata?» Nimba ariko afata inzira itari yo, irenga ku mategeko y’Imana, niwibaze uti: «Noba nkwije ibisabwa bishingiye ku Vyanditswe vyo kumubogora canke hariho uwundi muntu abereye kubikora?» Nimba ukwije ibisabwa vyo kumubogora, nugerageze kumufasha kuzirikana ubigiranye umutima w’ubwitonzi. (Soma Abagalatiya 6:1.) Ariko hari igihe wosanga yafashe gusa inzira itandukanye n’iyo wari gufata, idahuye n’uko ubona ibintu. Nimba ibintu vyifashe ukwo, ntugire amakenga ku bimwerekeye canke ngo utangure kuvuga nabi ingingo yafashe. Niwubahirize uburenganzira afise bwo kwifatira ingingo, kandi ntumucire urubanza.—Rom. 14:2-4.
13 Zirikana kuri aka karorero: Hamwe wojana n’umugenzi wawe muri restora, woba womuhata ngo asabe ibifungurwa nk’ivyo wewe wasavye? Oya nawe nu. Womurekera uburenganzira bwo kwihitiramwo ivyo yipfuza gufungura. Nakare, ivyo ahitamwo gufungura nta ngaruka vyogira mu mubiri wawe. Na wewe ntiwoshima ko umugenzi wawe agutegeka kurya nk’ivyo yariye. Muri ubwo buryo nyene, twokwerekana ko twubaha abandi mu kubareka bakifatira ingingo, ntitubahate ngo bakore ibihuye n’ivyo twebwe dushaka.
14. Woremesha gute ubumwe igihe ufata ingingo? (1 Abakorinto 8:12, 13)
14 Igihe ufata ingingo ku bintu vyega umuntu ku giti ciwe. Urashobora kuremesha ubumwe mu gukora ibishoboka vyose ukirinda kubabaza abandi. (Soma 1 Abakorinto 8:12, 13.) Vyoshika ukaba uzi neza ko ingingo ugira ufate ‘yemewe.’ Ariko nimba izobabaza uwundi muvukanyi, ubwo yoba ‘ifise akarusho’?c (1 Kor. 10:23, 24) Usanze yobabaza uwundi, ntugume wumiye ku burenganzira ufise, ahubwo nuzirikane uko abandi biyumva. (Rom. 15:1) None ntitwabonye ko abandi bakwiye kwubahiriza ingingo twafashe? Neza cane. Bakwiye kwubahiriza ingingo twafashe nk’uko natwe twubahiriza izabo. Ariko turakwiye kandi kugumiza ku muzirikanyi impanuro Bibiliya itanga mu Baroma 12:18 igira iti: «Nimukore ivyo mushoboye ku giti canyu kugira mubane amahoro n’abantu bose.» Ku bw’ivyo, turakora ivyo dushoboye vyose kugira tuzigame amahoro dufitaniye n’abandi, tukirinda kubababaza bidakenewe.
15. Abakurambere boremesha gute ubumwe mw’ishengero? (1 Abakorinto 4:6)
15 Abakurambere barubahiriza ingingo abandi bafashe. Abakurambere bararemesha ubumwe mw’ishengero mu kudashinga amategeko ku bintu vyega umuntu ku giti ciwe no mu ‘kutarenga ku bintu vyanditswe’ muri Bibiliya. (Soma 1 Abakorinto 4:6.) Bisigura kandi ko batarenga ku mpanuro zishingiye kuri Bibiliya ziri mu bitabu vyacu. Vyongeye, igihe umukirisu asavye imfashanyo, abakurambere baraba maso ntibashingire impanuro batanga ku vyiyumviro vyabo. Ahubwo bazishingira kw’Ijambo ry’Imana.—Yes. 48:17, 18.
16. Umukurambere yokwerekana gute ko yubahiriza ingingo yafashwe n’inama y’abakurambere?
16 Umukurambere arubahiriza kandi ingingo zafashwe n’inama y’abakurambere. Inama y’abakurambere imaze gusenga isaba impwemu y’Imana, igasuzuma ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe kandi ikaraba ingene bwoshirwa mu ngiro maze igafata ingingo, umukurambere wese akwiye gushigikira iyo ngingo n’igihe nyene ivyiyumviro vyiwe vyoba atari vyo vyakoreweko. (Ef. 5:17) Vyongeye, abakurambere baritwararika gukurikiza neza ubuyobozi butangwa muri Bibiliya no mu bitabu vyacu, ntibagerageze kurondera ukuntu bwohura n’uko bo babona ibintu. Nk’akarorero, umukurambere ntiyorondera kwishigikira akoresheje iryungane rimwe gusa ryo mu bitabu vyacu, mugabo akirengagiza kuraba iciyumviro nyamukuru kiri mu kiganiro iryo ryungane ryasohotsemwo.
17. Ni ivyiza ibihe biva ku kwubahiriza ingingo abandi bifatira?
17 Nk’uko twabibonye, twese ntitumeze kumwe. Umwe wese muri twebwe arafise uko abona ibintu kandi ivyo ni vyiza! Ntitumeze kumwe kandi ntitwakuriye hamwe ariko bituma ishengero rimera neza, twese tukumva twisanze. Rero, aho kureka ngo ubwo butandukane butume twicamwo imice, turaremesha amahoro. Turirinda kubabaza abandi kandi turubahiriza ingingo abandi bifatiye. Ivyo biravamwo ivyiza. Bituma ishengero ryunga ubumwe kandi rikarangwamwo umunezero.—Zab. 133:1; Mat. 5:9.
URURIRIMBO RWA 89 Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe
a Hari ibintu bitari bike bishobora gutuma umukirisu afata ingingo yo kwitaba ibirori vy’amaziko canke vy’ubugeni mu rusengero. Raba ikiganiro kivuga ngo «Ibibazo vy’abasomyi» mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2002.
b Birashika abakurambere bakicarira ikibazo c’umuntu yarenze amategeko y’Imana. Ariko rero, baguma bibuka ko baba bariko bakorera Yehova mu kwisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse, aho kwisunga ukuntu babona ibintu.—Gereranya na 2 Ngoma 19:6.
c Nk’akarorero, raba icigwa ca 35, iciyumviro ca 5 mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera.