ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Rusama rup. 32
  • Nushire imbere ivyungura Ubwami nka Manayeni

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nushire imbere ivyungura Ubwami nka Manayeni
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Ivyo bijanye
  • Guma uri maso mu vy’impwemu muri iyi misi ya nyuma
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Abato Bibuka Umuremyi Wabo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Nufate ingingo nziza ku bijanye n’amashure yiyongereye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • ‘Nutume inzira yawe iroranirwa’—Wobigenza gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Rusama rup. 32

UMUNTU AVUGWA MURI BIBILIYA

Nushire imbere ivyungura Ubwami nka Manayeni

Manayeni yari umwe mu bavukanyi baja imbere abandi mw’ishengero ry’i Antiyokiya mu kinjana ca mbere. Yari «yiganye na Herodi umutware w’intara.» (Ivyak. 13:1) Manayeni rero yari yarize amashure akomakomeye, kandi ashobora kuba yakuriye mu muryango wifashe.

Naho ari ukwo, Manayeni yahisemwo kuba umukirisu no gushigikira ishengero. Ntiyakoresheje amashure yari yarize canke ubucuti yari afitaniye n’abategetsi kugira ngo yiteze imbere. Ahubwo nyabuna, yahisemwo gukorera abavukanyi biwe.

Akarorero ka Manayeni karatwereka ko gukorera Yehova ari vyo bihambaye cane kuruta kurondera kuba rurangiranwa muri iyi si. Cokimwe na Manayeni, turakwiye gushira imbere ivyungura Ubwami aho kwiruka inyuma y’ivy’isi. (Mat. 6:33) Vyongeye, naho kwiga amashure atari bibi, turakwiye kwitwararika gushira imbere «ibihambaye kuruta ibindi» kandi tukaba maso kugira ngo ivy’umubiri ntibibangamire ugusenga kwacu.—Flp. 1:​9, 10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika