UMUNTU AVUGWA MURI BIBILIYA
Nushire imbere ivyungura Ubwami nka Manayeni
Manayeni yari umwe mu bavukanyi baja imbere abandi mw’ishengero ry’i Antiyokiya mu kinjana ca mbere. Yari «yiganye na Herodi umutware w’intara.» (Ivyak. 13:1) Manayeni rero yari yarize amashure akomakomeye, kandi ashobora kuba yakuriye mu muryango wifashe.
Naho ari ukwo, Manayeni yahisemwo kuba umukirisu no gushigikira ishengero. Ntiyakoresheje amashure yari yarize canke ubucuti yari afitaniye n’abategetsi kugira ngo yiteze imbere. Ahubwo nyabuna, yahisemwo gukorera abavukanyi biwe.
Akarorero ka Manayeni karatwereka ko gukorera Yehova ari vyo bihambaye cane kuruta kurondera kuba rurangiranwa muri iyi si. Cokimwe na Manayeni, turakwiye gushira imbere ivyungura Ubwami aho kwiruka inyuma y’ivy’isi. (Mat. 6:33) Vyongeye, naho kwiga amashure atari bibi, turakwiye kwitwararika gushira imbere «ibihambaye kuruta ibindi» kandi tukaba maso kugira ngo ivy’umubiri ntibibangamire ugusenga kwacu.—Flp. 1:9, 10.