27 MUKAKARO–2 MYANDAGARO 2026
URURIRIMBO RWA 56 Nyurwa n’ukuri
Nugume ukomeye mu kwizera igihe uriko uriga amashure yiyongereye
«Aho tugeze hose mu gutera imbere, tubandanye kugendera muri iyo nzira nyene mu rutonde.»—FLP. 3:16.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingingo ngenderwako zine zo muri Bibiliya zogufasha kuguma ukomeye mu kwizera igihe uhisemwo kwiga amashure yiyongereye.
1-2. (a) Nimba wahisemwo kwiga amashure yiyongereye, ni igiki ukeneye kubandanya ukora? (b) Bisobanura iki ‘kubandanya ugendera muri iyo nzira nyene mu rutonde’? (Abafilipi 3:16)
HARI Ivyabona vya Yehova bahisemwo kwiyongeza amashure barangije amashure yisumbuye. Bashobora kuba babona ko ayo mashure azotuma baronka akazi kazobafasha gukorera Yehova. Nimba wahisemwo kwiga amashure yiyongereye, wokora iki kugira ugume ufitaniye na Yehova ubucuti bukomeye? (Yak. 4:8a) Nta gukeka ko washikiwe n’ibintu bigerageza ukwizera kwawe mu myaka wamaze wiga kandi ukaguma ushikamye. Urakeneye rero ‘kubandanya ugendera muri iyo nzira nyene mu rutonde’, ni ukuvuga kubandanya ukorera Yehova udahemuka nk’uko usanzwe ubigira.—Soma Abafilipi 3:16.
2 Irivuga ry’ikigiriki ryakoreshejwe mu mvugo ngo «kugendera muri iyo nzira nyene mu rutonde» akenshi ryakoreshwa mu kuvuga ukuntu abasoda baguma batambuka bari ku rutonde. Nimba rero wahisemwo kwiga amashure yiyongereye, urakeneye kuguma utera uja imbere mu gikorwa ca Yehova, ata guhagarara canke gusubira inyuma. Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino ingingo ngenderwako zine zo muri Bibiliya zogufasha. Izo ngingo ngenderwako usanzwe uzizi. Warazisunze muri kahise kandi uzokenera kubandanya uzisunga igihe uzoba uriko uriga ayo mashure yiyongereye, n’igihe uzoba umaze kuyarangiza.
NUGUMANE URUTONDE RWIZA RW’IVY’IMPWEMU
3. Ni ingorane iyihe ushobora kugira uriko uriga amashure yiyongereye?
3 Ingorane. Amashure yiyongereye arashobora kugutwara umwanya w’ibintu vy’impwemu wahora ukora buri musi. Kubera ko wipfuza kuronka amanota meza, woshobora gutangura kubona ko ibikorwa vy’impwemu bitagihambaye cane. Woshobora no gutangura gufata minenerwe amakoraniro, indimiro, kwiyigisha no gusenga.—Ivyah. 2:4.
4. Bisobanura iki kwama ufise ‘vyinshi ukora mu gikorwa c’Umukama’? (1 Abakorinto 15:58)
4 Soma 1 Abakorinto 15:58. Kugira ikinga rigume rigenda bisaba ko umuntu aguma arikanyaga. Muri ubwo buryo nyene, kugira ugume ukomeye mu kwizera bisaba ko uguma ufise ‘vyinshi ukora mu gikorwa c’Umukama.’ Ivyo ntibisobanura gusa kumara umwanya mu bikorwa vy’Imana, ahubwo bisobanura canecane kubona ko ivyo bikorwa ari vyo bikwiye kuja imbere y’ibindi mu buzima bwawe. Nubone ko gukorera Yehova ari vyo biza imbere, ivy’amashure na vyo bigakurikira. (Mat. 22:37) Mushiki wacu umwe akiri muto yitwa Samantha avuga ati: «Imbere y’uko ntangura amashure yiyongereye, nari mfise umwiyemezo w’uko amashure aramutse ahungabanije urutonde rwanje rw’ivy’impwemu noca ndayaheba.»
5. Wokora iki kugira ugumane urutonde rwiza rw’ivy’impwemu?
5 Ico wokora imbere yo gutangura amashure yiyongereye. Nugire umwiyemezo wo kuguma ushira imbere gukorera Yehova. Niwibaze uti: «Ni ibiki nategekanije kugira nzogume nitaba amakoraniro, namamaza kandi niyigisha ntahorereza?» (Yos. 1:8; Mat. 28:19, 20; Heb. 10:25) Niwibaze kandi uti: «Nkiri mu mashure yisumbuye, noba narashobora kuguma nshira imbere ibikorwa vy’impwemu?» Nimba ubona ko hari ibitagenze neza, ni ibiki woryohora? Niwiyemeze kugumana urutonde rwawe rw’ivy’impwemu igihe uriko uriga amashure yiyongereye. Ni vyiza ko witwararika ivyigwa, ariko ntukwiye kureka ngo bigutware umwanya w’ibikorwa vy’impwemu.a—Mat. 6:24.
6. Ni ibimenyetso ibihe woraba igihe uriko urisuzuma? (Raba n’ifoto.)
6 Niwamara gutangura ayo mashure yiyongereye, uraguma wisuzuma, kumbure ubigire buri kwezi. Niwibaze uti: «Noba ngishira imbere ibikorwa vy’impwemu?» Nube maso ku bimenyetso bikwereka ko hari ibitagenda neza. Nk’akarorero, ushobora kuba usigaye uza urasiba amakoraniro canke ucererwa, canke ushobora kuba uguma wiyumvira ivyo mw’ishure kandi uri mw’ikoraniro, canke na ho ukaba witaba amakoraniro kuri zumu gusa. Nurabe kandi ko ugisenga canke ugisoma Bibiliya nka kera, canke ko udakora indimiro wikurayo, uramutse ugiye ugakora akanya gato cane. Ubonye ibimenyetso nk’ivyo, nuce ugira ico ukoze udatebaganye. Ntureke ngo amashure atume udashira imbere ibikorwa vy’impwemu.
Ntureke ngo amashure akubuze gushira imbere ibikorwa vy’impwemu (Raba ingingo ya 6)
‘NUZIGAME UBUSHOBOZI BWAWE BWO KWIYUMVIRA’
7. Ni ingorane izihe ushobora kugira uriko uriga amashure yiyongereye?
7 Ingorane. Bivanye n’igisata uriko uriga, vyoshika bakakwigisha «ubwenge bw’iyi si n’ivyiyumviro ata co bimaze vy’uruhendo», nk’ivyerekeye ihindagurika canke kutemera Imana. (Kol. 2:8) Barashobora no kuguteramwo agatima ko kwiyizigira. Umuvukanyi umwe akiri muto avuga ati: «Ntibatwigisha ivyigwa gusa, ahubwo baratwigisha n’uburyo bwo kwiyumvira, kandi akenshi wasanga budahuye n’uburyo Yehova abona ibintu. Nk’akarorero, batwigisha ko kazoza kacu kari mu maboko yacu. Ivyo vyatumye ntangura kwiyumvira ko ntakeneye Yehova kugira mpimbarwe. Vyaciye bingora kumwihekako.»
8. Kubera iki bihambaye ko ‘uzigama ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira’? (Imigani 5:1, 2)
8 Soma Imigani 5:1, 2. Bibiliya ikuremesha «[kuzigama] ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira.» Mu bisanzwe, umuntu azigama canke akingira ikintu kiba kiri mu kaga. N’ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira buri mu kaga. (1 Pet. 5:8) Ukuntu isi ibona ibijanye n’inyifato runtu hamwe n’inkomoko y’ubuzima, canke ukuntu bavuga ko ata Mana iriho, vyoshobora gutuma utangura gukekeranya ku vyo wize muri Bibiliya. Abigisha n’abandi bantu babona ko ivyiyumviro vyabo ari vyo biri hejuru, ariko mu vy’ukuri biri hasi. Kanatsinda ni «ubupfu ku Mana.»—1 Kor. 3:18-20.
9. Wokora iki kugira uzigame ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira?
9 Ico wokora imbere yo gutangura amashure yiyongereye. Kugira uzigame ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira, nurabe neza ko wajijutse ku vyo wemera imbere y’uko uja muri ayo mashure yiyongereye. Niwibaze ibibazo nk’ibi: «Kubera iki nemera Imana? Nemezwa n’iki ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana? Ni igiki kinjijura ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’inyifato runtu ziruta kure n’iyo ivyiyumviro vy’ino si?» Vyongeye, nta gukeka ko wahanganye n’ivyiyumviro vy’iyi si ukiri mu mashure yisumbuye. Kuba hari abantu bemera cane ivy’ihindagurika, vyoba vyaratumye ukwizera kwawe kugoyagoya? Inyifato mbi y’abanyeshure mwahoze mwigana yoba yaratumye uja mu kigeragezo bitagoranye? Nimba ubona ko hari ibitagenze neza, wokora iki ubu kugira urushirize kujijuka ku vyo wemera? Niwiyemeze kuzigama ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira igihe uzoba uriko uriga amashure yiyongereye.—2 Tim. 2:16-18.b
10. Wokora iki kugira ubandanye gukingira ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira?
10 Nugume wisuzuma igihe uriko uriga amashure yiyongereye. Niwibaze uti: «Noba ndiko ndandukirwa n’inyifato y’abantu bankikuje batubaha Imana? Noba nshobora kumenya ko ivyo bariko barigisha ari ubwenge bw’iyi si, ko atari ukuri? Noba narajijutse ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene buzotorera umuti ingorane z’abantu?» Kugira uzigame ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira, nubandanye kwiga Ijambo ry’Imana n’umwete. Kwiga Bibiliya no kuyizirikanako bizogufasha kurushiriza kujijuka ko uri mu kuri.—1 Tim. 4:15.
NUKORESHE NEZA UMWANYA WAWE
11. Ni ingorane iyihe ushobora kugira uriko uriga amashure yiyongereye?
11 Ingorane. Ivyigwa birashobora kugutwara umwanya munini, canecane nk’igihe uriko urigira ibibazo canke igihe hari utundi dukorwa two kw’ishure ubwirizwa kurangiza ku mwanya kanaka. Rero udakoresheje umwanya neza, urashobora kurengerwa n’amaganya canke mbere ukaruha ugasanzara. Ni co gituma bihambaye cane ko witwararika amagara yawe.
12. Ni ibiki ukwiye kuronderera umwanya? (Abanyefeso 5:15, 16)
12 Soma Abanyefeso 5:15, 16. Birashobora kuba urugamba ‘gukoresha neza umwanya wawe.’ Urakwiye rero kugira uburimbane. Nk’akarorero, naho ukeneye umwanya wo kwitwararika ivyigwa, birahambaye cane kandi ko umarana umwanya n’umuryango wawe hamwe n’abo musangiye ukwemera. (Zab. 133:1; Imig. 18:1) Ariko ntiwumve, kwikomeza mu kwizera ni vyo biza imbere y’ibindi vyose. (Mat. 6:33) Ushobora kandi kuba ufise amabanga ujejwe mu muryango hamwe n’akazi ubwirizwa kwitwararika. Vyongeye, urakeneye kwitwararika amagara yawe mu kuruhuka bihagije no mu kugira agasiporo. (Umus. 4:6; 1 Tim. 4:8) Kugira ivyo vyose ubishobore, bisaba ko umenya gukoresha neza umwanya.
13. Wokora iki kugira ukoreshe neza umwanya?
13 Ico wokora imbere yo gutangura amashure yiyongereye. Bibiliya ivuga ko gutegekanya ibintu imbere y’igihe bituma umuntu aroranirwa. (Imig. 21:5) Ku bw’ivyo, nugire urutonde rwiza imbere yo gutangura amashure yiyongereye. Kugira ivyo ubishikeko, nurabe ingene wahora ukoresha umwanya igihe wari mu mashure yisumbuye. Nimba ubona ko hari ibitagenze neza, ni ibiki woryohora? Nugire urutonde rwiza kugira ushobore gukoresha neza umwanya.c
14. Ni ibibazo ibihe vyogufasha kwisuzuma?
14 Nugume wisuzuma igihe uriko uriga amashure yiyongereye. Niwibaze uti: «Noba ndonka umwanya uhagije wo kuruhuka no kugira agasiporo? Noba nkironka umwanya wo kwifatanya n’abo dusangiye ukwemera? Noba nshobora guheza udukorwa two kw’ishure ku gihe? Nimba ntashobora kubiheza ku gihe, vyoba ari kubera ari vyinshi canke ni kubera ndabikora ku munota wa nyuma? Incuti n’abagenzi boba babona ko hari ivyo nkeneye guhindura?» Waba ukeneye guhindura urutonde rwawe canke guhindura gusa uburyo ukora ibintu, nubigire udatebaganye. Woshobora no kuganira n’abavukanyi bakoresha neza umwanya wabo ukumviriza ivyiyumviro baguterera.—Imig. 11:14.
NUGUME ‘UGENDANA N’ABANYABWENGE’
15. Ni ingorane iyihe ushobora kugira uriko uriga amashure yiyongereye?
15 Ingorane. Iyo uriko uriga amashure yiyongereye, abo mwigana boshobora kuza baragusaba ko mwoteramana inyuma y’ivyigwa. Woshobora kwumva umenga nta co bitwaye. Nakare, hari vyinshi muhuriyeko kuko akenshi muba muri kumwe mw’ishure. Woshobora mbere no kubona ko hari vyinshi muhuriyeko n’abo mwigana kuruta bamwebamwe mu bo musangiye ukwemera. Ariko rero, urakeneye kuba maso. Naho hari ivyo muhuriyeko n’abo mwigana, ntimusangiye ukwemera. Kandi uko umarana umwanya munini na bo, ni ko usanga usigaye wiyumvira nka bo. (1 Kor. 15:33) Uwitwa Michael, akaba yamaze imyaka ine yiga ivy’umuyagankuba, yasanze ivyo ari ukuri. Avuga ati: «Kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu naba ndi ku kazi, ndi kumwe n’abo dukorana. Ukuntu bafata abo badasangiye igitsina, imiziki bumviriza n’imvugo mbi bakoresha vyaratanguye kungirako ingaruka, nkabona ko ivyo bakora atari bibi cane.»
16. Ibivugwa mu Migani 13:20 bitwigisha iki?
16 Soma Imigani 13:20. Bibiliya iratugabisha ku kaga ko kwifatanya n’abagenzi babi. Ariko ivuga ko «uwugendana n’abanyabwenge azoba umunyabwenge.» Icigwa kiratomoye: Abo twifatanya baratugirako ingaruka nziza canke mbi. Rero, nugiranire ubugenzi n’abakunda Yehova nk’uko nawe umukunda, kandi bakwipfuriza ineza.—Zab. 101:6, 7; 119:63.
17. Wokora iki kugira wirinde abagenzi babi?
17 Ico wokora imbere yo gutangura amashure yiyongereye. Nushinge umwanya uzomarana n’abo mwigana, ushinge n’aho ubugenzi bwanyu buzogarukira. Icabona yitwa Trenton avuga ati: «Ndagaragariza umutima mwiza abo twigana, ariko simarana umwanya na bo inyuma y’ivyigwa. Ndababona nk’abo twigana gusa, sindababona nk’abagenzi banje somambike.» Ni uturimbi utuhe nawe wokwishingira? Kugira ivyo ubishobore, nuzirikane uturimbi wishingiye ukiri mu mashure yisumbuye. Nimba ubona ko hari ibitagenze neza, ni ibiki woryohora? Niwiyemeze kuguma ‘ugendana n’abanyabwenge’ no kwirinda kwifatanya n’abadasenga Yehova.d
18. Wokwisuzuma gute? (Raba n’ifoto.)
18 Uko haca igihe kanaka, nuze urisuzuma. Niwibaze uti: «Noba ndiko ndiyegereza cane abo twigana? Inyifato yabo, imvugo yabo n’agatima bagaragaza, vyoba biriko biragira ingaruka ku kuntu mvuga no ku kuntu niyumvira? Ubwo Yehova ntabona ko hari ivyo nkeneye kuryohora?» (Zab. 1:1) Ubonye ko hari ivyo ukeneye guhindura, nuce ugira ico ukoze udatebaganye. Nurabe neza ko abagenzi bawe somambike ari abakunda Yehova nk’uko umukunda. N’ikindi kandi, ntugonanwe kubwira inkuru nziza abo mwigana. Ni wewe ufise akaryo keza ko kubafasha kumenya Yehova.
Ntugonanwe kubwira inkuru nziza abo mwigana (Raba ingingo ya 18)e
NIWITEGURE
19. Ni ibiki wokora kugira ntuzogwe mu kaga uriko uriga amashure yiyongereye? Tanga akarorero.
19 Umuntu yipfuza kuja gutembera mu misozi canke mu mashamba aritegura imbere y’uko agenda. Naho adashobora kumenya ingorane zose ashobora kuzogira, araraba neza ko amagara yiwe yomukundira kugira urwo rugendo, akambara impuzu zibereye urwo rugendo kandi akaba azi neza iyo agiye. Ibintu nk’ivyo ni vyo nawe wokora igihe wiga amashure yiyongereye. Nugume ukomeye mu kwizera, wambare «umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana», kandi ube ufise ihangiro ryo kuninahaza Yehova muri vyose aho kurondera ivyo isi ibona ko bihambaye.—Ef. 6:11-13; 1 Kor. 9:26, 27; 10:31.
20. Ni gute ‘woguma usuzuma yuko uri mu kwizera’?
20 Bibiliya iduhimiriza iti: «Nimugume musuzuma yuko muri mu kwizera, mugume mwisuzuma ngo mwerekane ico mwebwe ubwanyu muri.» (2 Kor. 13:5) Urashobora kubigira igihe uriko uriga amashure yiyongereye. Nuze urisuzuma mu mice twabonye muri iki kiganiro. Woba ugumana urutonde rwiza rw’ivy’impwemu? Woba uzigama ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira mu kwirinda ubwenge bw’iyi si? Woba uriko urakoresha neza umwanya wawe? Woba uriko uragiranira ubugenzi n’abakirisu bagenzawe ukirinda abagenzi babi? Ivyo ni ibibazo umwe wese muri twebwe akeneye kwibaza yaba ari kw’ishure, ku kazi canke ahandi hantu. Niwiyemeze kuguma ukomeye mu kwizera uko ivyawe vyoba vyifashe kwose. Nuhere amazinda ko Yehova azohezagira utwigoro twawe.—Imig. 3:5, 6.
URURIRIMBO RWA 87 Ingo muruhurirwe
a Nimba wipfuza ibindi vyiyumviro vyogufasha kuguma ukomeye mu kwizera, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Urwaruka ruribaza . . . Ni ibiki nzokenera gukora inyuma yo kubatizwa?—Igice ca 1: Nugumane umwete.»
b Nimba wipfuza ibindi vyiyumviro vyogufasha kuzigama ububasha bwawe bwo kwiyumvira, raba ikiganiro kivuga ngo «Ntuhendwe n’“ubukerebutsi bw’iyi si”» mu Munara w’Inderetsi wo muri Rusama 2019.
c Nimba wipfuza ibindi vyiyumviro vyogufasha gutunganya ibikorwa vyawe vya buri musi, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Urwaruka ruribaza . . . Ni gute nokoresha neza umwanya wanje?»
d Nimba wipfuza ibindi vyiyumviro vyogufasha guhitamwo neza abagenzi, raba icigwa ca 48 c’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera kivuga ngo «Nuhitemwo neza abagenzi.»
e INSOBANURO Y’IFOTO: Mushiki wacu yiga ivyo gutunganya imishatsi ariko arabwira inkuru nziza uwo bigana.